Icandikano kiriko “rwa ruririmbo rwo ku Kiyaga” ni ikiraro gihuza ibiringo bibiri
KU WA 22 Rusama 2007, agahimba k’umuzingo wo mu giheburayo bivugwa ko ari uwo mu kinjana c’indwi canke ic’umunani G.C. karashizwe ahabona mu nzu y’iratiro ry’ivya kera y’i Yeruzalemu muri Isirayeli. Ako gahimba ni icandikano c’iminwe dusangako igisomwa co muri Kuvayo 13:19–16:1. Muri ico gisomwa harimwo ico bakunze kwita “Ururirimbo rwo ku Kiyaga,” runo rukaba ari rwa ruririmbo rw’intsinzi Abisirayeli baririmvye inyuma y’aho barokorewe ku gitangaro ku Kiyaga Gitukura. Ni kubera iki ugushirwa ahabona kw’ako gahimba k’umuzingo kuri n’ico kuvuze?
Inyishu ifitaniye isano n’igihe ico candikano candikiwe. Ya Mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu yanditswe hagati yo mu kinjana ca gatatu B.G.C. be n’ikinjana ca mbere G.C. Mu myaka nka 60 imbere yuko iyo mizingo yuburwa, icandikano c’iminwe co mu giheburayo ca kera gusumba ibindi cari icitwa Codex d’Alep, ikivugwa ko ari ico mu 930 G.C. Kiretse ibihimba bikeya vyatowe, nta bindi vyandikano vy’iminwe vyo mu giheburayo vyatowe vyoba bivugwa ko ari ivyo mu kiringo gitandukanya ibintu vyabaye mu myaka amajana.
Uwitwa James S. Snyder, uno akaba ari we muyobozi wa rya ratiro ry’ivya kera ryo muri Isirayeli, avuga ati: “Rwa ruririmbo rwo ku Kiyaga, ni ikiraro gihuza ikiringo co muri kahise kiri hagati y’igihe ca ya Mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu . . . be n’igihe ca ya Codex d’Alep.” Nk’uko abivuga, ico candikano c’iminwe be n’ibindi bisomwa vya kera vya Bibiliya “biratanga akarorero kadasanzwe k’ingene igisomwa cazigamwe kikaguma uko kiri.”
Ako gahimba k’umuzingo vyiyumvirwa ko ari kamwe mu vyandikano vyinshi vy’iminwe vyatowe mu mpera z’ikinjana ca 19 mw’isinagogi y’i Kayiro mu Misiri. Ariko rero, umuntu umwe yigenga yakora ivyo gutororokanya ivyandikano vy’iminwe vyo mu giheburayo, ntiyabona agaciro k’ico candikano gushika aho abonaniye n’umuhinga wavyo mu mpera y’imyaka ya 1970. Ico gihe ako gahimba karasuzumwe ikiringo kamaze hakoreshejwe bimwe bita karubone maze gaca kabikwa mu bintu vya kera, gushika aho gashiriwe ahabona muri rya ratiro ry’ivya kera ryo muri Isirayeli.
Mu kugira ico avuze ku bijanye n’ingene ako gahimba k’umuzingo gahambaye, uwitwa Adolfo Roitman, uno akaba ari umukuru w’igisata kimwe (Shrine of the Book) ca rya ratiro ry’ivya kera ryo muri Isirayeli, akaba ari na we ajejwe ya Mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu, agira ati: “Icandikano c’iminwe kiriko rwa ruririmbo rwo ku Kiyaga, kirerekana ukuntu impinduro ya Bibiliya y’Abamasoreti yamaze ibinjana n’ibindi ihererekanwa mu buryo burangwamwo ubwizigirwa budasanzwe. Biratangaje kubona muri kino gihe urwo ruririmbo rwo ku Kiyaga rutunganijwe nk’uko rwari rumeze hagati y’ikinjana ca 7 n’ica 8.”
Bibiliya ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe, kandi Yehova ni we canecane yayizigamye. Ikindi na co, Ivyanditswe vyarimuwe n’abanditsi bavyitondeye. Ku bw’ivyo rero, nta mazinda ko igisomwa ca Bibiliya dukoresha muri kino gihe ari ico kwizigirwa.
[Picture Credit on page 32]
Tuyikesha Israel Museum, Jerusalem