Niwiyegereze Imana
Imana ifise umutima ukunze wo kubabarira
“WEWE Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira.” (Zaburi 86:5) Muri ayo majambo yeza umutima, Bibiliya iradukura amazinda yuko Yehova Imana ababarira cane. Hari ikintu cashitse mu buzima bw’intumwa Petero cerekana neza yuko Yehova “[a]kunda” kubabarira.—Yesaya 55:7.
Petero yari umwe mu bagenzi somambike ba Yezu. Ariko rero, mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi, Petero yaratsinzwe n’ubwoba bituma akora icaha gikomeye. Igihe bari mu rugo hafi y’aho Yezu yariko acirirwa urubanza ku karenganyo, Petero yarahakanye ku mugaragaro ko atazi Yezu, ivyo ntiyabigira rimwe gusa ahubwo abigira incuro zitatu. Petero agiheza kwihakana Yezu ubugira gatatu, aho yarahiye akarengwa ko atamuzi, Yezu yaciye “[ahindukira], araba Petero.” (Luka 22:55-61) Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu Petero yumvise amerewe igihe Yezu yamuraba? Kubera yuko Petero yatahuye ukuntu icaha yari ahejeje gukora cari gikomeye, “[vyaramwanse, aca] araturikisha ararira.” (Mariko 14:72) Iyo ntumwa yari yigaye itegerezwa kuba yaribajije nimba ukwo kwihakana Yezu incuro zitatu kwoba kwatumye bitagishoboka ko Imana imubabarira.
Inyuma y’aho Yezu azukiye, yaragiraniye ikiyago na Petero, ico kikaba ata makenga ko cakuye Petero amazinda yose ashobora kuba yari afise ku bijanye n’uko yoba yarababariwe. Yezu ntiyigeze amubwira amajambo yo kumuryagagura, eka nta n’urubanza yigeze amucira. Ahubwo yabajije Petero ati: “Urankunda?” Petero yishuye ati: “Egome, Mukama, urazi yuko ngufitiye igishika.” Yezu yasubijeyo ati: “Gaburira imyagazi yanje y’intama.” Yezu yarabajije ico kibazo nyene ubugira kabiri, maze Petero atanga ya nyishu nyene, kumbure arushiriza gushimika. Yezu yaciye avuga ati: “Ragira intama zanje ntonto.” Yezu yaciye abaza ico kibazo nyene ubugira gatatu, ati: “Uramfitiye igishika?” Ubu hoho, “Petero bi[ra]mutera intuntu” maze akavuga ati: “Mukama, urazi vyose; urazi yuko ngufitiye igishika.” Yezu asubizayo ati: “Gaburira intama zanje ntonto.”—Yohani 21:15-17.
Ni kubera iki none Yezu yabajije ibibazo yari asanzwe azi inyishu zavyo? Yezu yarashobora gusoma mu mitima, ku bw’ivyo yari azi ko Petero yamukunda. (Mariko 2:8) Mu kubaza ivyo bibazo, Yezu yarahaye Petero akaryo ko gusubira kwemeza incuro zitatu yuko amukunda. Amajambo Yezu yavuze mu kwishura, ayo na yo akaba agira ati: “Gaburira imyagazi yanje y’intama. . . . Ragira intama zanje ntonto. . . . Gaburira intama zanje ntonto,” yarakuye amazinda iyo ntumwa yari yigaye ko yari icizigiwe. Kanatsinda, Yezu yari ahaye Petero igikorwa co gufasha mu kwitwararika itunga ry’agaciro kuruta ayandi yose, iryo na ryo rikaba ari abayoboke ba Yezu akunda cane, abameze nk’intama. (Yohani 10:14, 15) Nta nkeka ko Petero ategerezwa kuba yararuhuriwe no kumenya ko yari akiri umwizigirwa mu nyonga za Yezu!
Biragaragara ko Yezu yababariye iyo ntumwa yiwe yari yigaye. Kubera yuko Yezu agaragaza bimwe bitagira agahaze kamere za Se be n’inzira ziwe, ivyo bica bidushikana ku ciyumviro c’uko na Yehova yababariye Petero. (Yohani 5:19) Yehova, aho kuba Imana yijijanya umutima mu bijanye no kubabarira, ni Imana y’imbabazi, “[i]gabirije guharira” umucumuzi aba yigaye. None ico si ikintu kidusubiriza umutima mu nda ga yemwe?