Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Ni ryari ba bantu baragurira ku nyenyeri bagiye kuraba Yezu?
Impinduro imwe ya Bibiliya ivuga ibi: “Ba Bamajusi ntibagiye kuraba Yezu aho yari mu bwato muri rya joro yavukiyemwo nk’uko ba bungere babigize. Baje haciye amezi makeya.” Ico gihe Yezu yari “umwana mutoya” kandi yaba mu nzu. (Mat. 2:7-11) Iyaba abo bantu barahaye Yezu izahabu be n’izindi ngabirano z’igiciro muri rya joro yavukiyemwo, ubwo Mariya yari gutanga ku rusengero utunyoni tubiri gusa haciye imisi 40 inyuma y’aho?—1/1, urupapuro rwa 31.
• Ni igiki abantu benshi bashobora gukora kugira ngo baryohore ubuzima bwabo?
Umuntu yoshobora kwibaza ati: ‘Noba nshobora kugira ivyo mpinduye ku kuntu ivyanje vyifashe maze nkorosha uburyo mbayeho?’ Ivyo Amy yarabigize. Yari yifise, mugabo ntiyari ahimbawe. Yaratahuye yuko ugukurikirana ivy’akazi ko muri ino si vyari hafi kumuzimiza akava mu kwizera. Ku bw’ivyo, yaciye afata ingingo yo gushira imbere ivy’Ubwami maze aramara ikiringo kinaka akora ubutsimvyi. Amy avuga ati: “Ubu ndumva nshize akanyota ku rugero ntari bwigere nshikanako” igihe nari ngikurikirana imigambi ijanye n’ivy’isi.—15/1, urupapuro rwa 19.
• Ni igiki coshobora gufasha ba inabibondo bamwebamwe gushira akanyota?
Ba inabibondo benshi barakora ubuzi. Bamwebamwe babigira kugira ngo baronse imiryango yabo ivyo ikeneye, abandi na bo kugira ngo barondere ukwigenga mu vy’amahera canke bigurire ibintu bizimvyezimvye. Hariho n’abandi bakora akazi kubera yuko bagahimbarirwa. Ba inabibondo bakirisu bararangura uruhara ruhambaye cane mu rugo, na canecane igihe umwana aba akiri muto. Hariho abahisemwo kugabanya umwanya bamara ku kuzi canke kugaheba kugira ngo barushirize kwitwararika imiryango yabo, ivyo bikaba vyaratumye bashira akanyota cane.—1/2, urupapuro rwa 28-31.
• Ni “iyaruka” irihe Yezu yerekejeko igihe yavuga amajambo ari muri Matayo 24:34?
Akenshi Yezu yakoresha ijambo “iyaruka” mu buryo bwerekeza ku kintu kibi, igihe yaba ariko abwira abantu babi canke ariko avuga ibiberekeye. Ariko Yezu si ko yabigize muri ico gihe yariko abwira abigishwa biwe, abari bimirije gusigwa impwemu nyeranda. Bobaye ari bo bashoboye cane gutahura ivyigwa biseruka mu majambo ari muri Matayo 24:32, 33. Ku bw’ivyo rero, bisa n’uko Yezu yariko yerekeza ku bayoboke biwe basizwe, abo mu kinjana ca mbere be n’abo ayo majambo arangukirako mu bihe vya none.—15/2, urupapuro rwa 23-24.
• Ni gute Itegeko ryari umurezi, nk’uko bivugwa mu Bagalatiya 3:24?
Akenshi umurezi wo mu bihe vya kera wasanga ari umusuku yizigirwa yitwararika umutekano w’umwana akongera akiyemeza neza ko ivyipfuzo se w’umwana yaba afitiye uwo mwana wiwe vyubahirizwa. Muri ubwo buryo nyene, Itegeko ryarakingira Abayuda utwosho twonona, nk’ukwabirana n’abapagani. Ariko rero, nka kurya vyagenda ku murezi w’umwana, Itegeko ryari iry’igihe gito, rikaba ryakoze gushika Kristu ashitse.—1/3, urupapuro rwa 18-21.
• Twisunze Yakobo 3:17, ni kamere izihe dukwiye kugaragaza?
Kubera yuko turi abatanduye, turakeneye kwamirira kure ibintu bibi tudatebaganye. (Ita. 39:7-9) Turakwiye kandi kuba abanyamahoro, tukirinda ubukazi canke ibikorwa vyohungabanya amahoro. Vyoba vyiza rero umwumwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba nzwi ko ndi umunyamahoro canke uwuyahungabanya? Noba nama mfise ivyo ntahurizako n’abandi? Noba ndi inkomwahato, canke nkunda kubabaza abandi? Canke na ho, noba ndi umuntu yiteguriye guharira abandi kandi nkaba ntihutira gushimika ku vy’uko ibintu ubwanje nisunga biba ari vyo bikurikizwa?’—15/3, urupapuro rwa 24-25.
• Ni kubera iki Yezu yakijije intambwe ku yindi umugabo umwe w’impumyi? (Mariko 8:22-26)
Bibiliya ntibitangira insiguro itomoye. Ariko rero, igihe Yezu yakiza intambwe ku yindi uwo mugabo w’impumyi, birashoboka yuko yashatse kumuha umwanya wo kugenda aramenyera gukoresha iyo ngabirano atahorana yo gushobora kubona. Ivyo bishobora kuba vyaragaragaje ukuntu Yezu yitwararitse mu buryo buranga urukundo uwo mugabo w’impumyi.—1/4, urupapuro rwa 30.