ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/4 rup. 25-28
  • Naho bari ukwa bonyene, ntibibagirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Naho bari ukwa bonyene, ntibibagirwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane bagira bari muri ivyo bigo
  • Imfashanyo ishengero ryotanga
  • Nitugume duhanahana amakuru na bo
  • Kuba uhari birahambaye
  • Twese turahungukira
  • Kwitaho abageze mu zabukuru ni ibanga ryega umukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Imana iritaho abageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/4 rup. 25-28

Naho bari ukwa bonyene, ntibibagirwa

INTUMWA Paulo yahanuye abakirisu bagenziwe ati: “Dukorere bose iciza, mugabo canecane incuti zacu mu kwizera.” (Gal. 6:10) Muri iki gihe, turacakurikiza ubwo buyobozi bwahumetswe, maze tukarondera uturyo two gukorera iciza abo dusangiye ukwizera. Mu bakwiriye kwitwararikanwa urukundo n’ishengero rya gikirisu, harimwo abavukanyi n’abavukanyikazi bacu twikundira baba mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru.

Ni ivy’ukuri ko mu bihugu bimwebimwe bimenyerewe ko imiryango yitwararikira i muhira abavyeyi bageze mu zabukuru. Ariko rero, mu bindi bihugu, usanga abageze mu zabukuru benshi bakunda kwitwararikwa n’ikigo kibabungabunga. Tuvuge iki ku bakirisu bageze mu zabukuru baba muri ivyo bigo? Ni ingorane izihe bagira? Bovyifatamwo gute nimba badafise abo mu muryango babafasha? Ishengero rya gikirisu ryobafasha gute? Kandi ni mu buryo ubuhe tugira ivyo tuhungukiye igihe twama twabagendeye?

Ingorane bagira bari muri ivyo bigo

Igihe abakirisu bageze mu zabukuru bagiye kuba mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru, boshobora gusanga bari mu cibare c’ishengero batamenyereye. Ico bivamwo n’uko Ivyabona bo muri iryo shengero boshobora kutiyumvira ivyo kuguma babagendera. Vyongeye, mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru abo bakirisu baba barimwo, boshobora kuba bakikujwe n’abantu bafise ukwizera gutandukanye n’ukwabo. Ivyo vyoshobora gushira ivyo Vyabona bagenzi bacu mu ngorane.

Nk’akarorero, mu turere tumwetumwe, usanga abakora muri ivyo bigo batunganya ivy’uko amadini ahasengera. Hari uwitwararika abageze mu zabukuru umwe yavuze ati: “Ivyabona bageze mu zabukuru bamwebamwe batagishobora kuvuga batomora, barashizwe ku dukinga tw’ibimuga bajanwa gusenga mu rindi dini batabajijwe ico bavyiyumvirako.” Ikigeretse kuri ivyo, abakora mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru barakunda gufatira ku misi mikuru y’ivuka, kuri Noweli canke kuri Pasika kugira ngo bagire ivyo bahinduriye abahaba. Hari mbere n’Ivyabona bo muri ivyo bigo bagaburiwe ibifungurwa ijwi ryabo ryo mu mutima ritari kubemerera gufungura. (Ibik. 15:29) Nitwaza turagendera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu, tuzoshobora kubafasha kumenya ingene bovyifatamwo muri bene izo ngorane.

Imfashanyo ishengero ryotanga

Abakirisu bo mu ntango baritwararika ibanga bari bajejwe ryo kuraba abageze mu zabukuru mu gihe baba badafise imiryango ibitwararika. (1 Tim. 5:9) Muri ubwo buryo nyene, abacungezi muri iki gihe baritwararika ivy’uko abageze mu zabukuru baba mu bigo bibabungabunga biri mu karere iwabo batirengagizwa.a Umukurambere umwe yitwa Robert, avuga ati: “Vyoba vyiza hamwe abacungezi bakirisu ari bo bigiriye kuraba abo bageze mu zabukuru kugira ngo babone ukuntu babayeho bongere basenge bari kumwe na bo. Ishengero rirashobora kugira vyinshi rikoze kugira ngo ribaronse ivyo bakeneye.” Turondeye umwanya wo kugendera abo bageze mu zabukuru, tuba twerekanye ko dutahura ukuntu bihambaye mu nyonga za Yehova kwitwararika abari n’ivyo bakeneye.​—Yak. 1:27.

Mu gihe bikenewe, abakurambere baratunganya babikunze ukuntu abavukanyi n’abavukanyikazi bari mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru vyo mu karere iwabo bofashwa. Robert aravuga ikintu kimwe gishobora kuba gikenewe, agira ati: “Turakwiye kuremesha abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru kwitaba amakoraniro ya gikirisu mu gihe babishoboye.” Ariko rero, ku baba batagishoboye gushika ku Ngoro y’Ubwami, abakurambere boshobora kugira izindi ndinganizo. Jacqueline, uwufise imyaka nka 85 akaba kandi arwaye indwara yonona mw’ihuriro ry’amagufa yitwa arthrose, akurikiranira amakoraniro kuri telefone. Avuga ati: “Gukurikirana amakoraniro mu gihe ariko araba birangirira akamaro kanini cane. Emwe, nta kindi kintu co muri iyi si noyaguza!”

Nimba hari umuvukanyi mukirisu ageze mu zabukuru adashoboye gukurikirana amakoraniro kuri telefone, abakurambere botunganya ivy’uko afatwa ku makaseti. Uwushira ayo makaseti umuvukanyi canke umuvukanyikazi ari mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru arashobora kutagisha ako karyo ko kumuremesha. Hari umucungezi avuga ati: “Tuganiriye n’abo bavukanyi n’abavukanyikazi ku bijanye n’amakuru y’abo mw’ishengero turimwo, bituma bumva ko bakiri muri uwo muryango wacu wo mu vy’impwemu.”

Nitugume duhanahana amakuru na bo

Ntibitangaje kuba abageze mu zabukuru benshi bata umutwe igihe bimukiye mu kigo kibitwararika. Ico ivyo bivamwo n’uko hari abaca basa n’abigungira ukwa bonyene. Ariko rero, tugendeye abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bageze mu zabukuru, kandi tukabereka yuko tuzobandanya kubashigikira, tuzoba tubafashije cane kugira amahoro yo mu mutima no kugira umunezero ku rugero runaka.​—Imig. 17:22.

Iyo ubushobozi bwo kwiyumvira canke bwo kwumva bw’abavukanyi canke abavukanyikazi bageze mu zabukuru bumaze kugabanuka canke bakaba bafise izindi ngorane zituma badashobora kuganira n’abandi, hari abohava bashika ku ciyumviro c’uko kubagendera ataco bimaze. Yamara, utwigoro tugira two kuguma tubagendera, naho kuganira na bo vyoba bigoye gute, turerekana ko tubandanya ‘kuba aba mbere mu vyo gutera iteka’ abo dusangiye ukwizera. (Rom. 12:10) Mu gihe umuvukanyi ageze mu zabukuru atanguye kuza arata ubwenge, twoshobora kumuremesha kwigana ivyo yabonye kera, mbere kuva mu bwana, canke tukamusaba akatubwira ingene yamenye ukuri kwo muri Bibiliya. Twokora iki mu gihe agerageza kurondera amajambo abereye yokoresha? Twokwumviriza twihanganye, kandi mu gihe vyoba bibereye, twovuga amajambo abiri canke atatu bisa n’uko ari yo ariko ararondera, canke tukavuga muri make ivyiyumviro agomba guserura, hanyuma tukamuremesha kubandanya. Nimba hari ibimusovye canke akaba avuga adatobora ku buryo bigora gutegera ivyo avuga, twogerageza gutahura ivyo ashaka kuvuga mu kurushiriza kumwumviriza.

Mu gihe naho atagishobora kuvuga, twoshobora gukoresha ubundi buryo. Hari umutsimvyi yitwa Laurence akunda kugendera umuvukanyikazi afise imyaka 80 yitwa Madeleine, akaba atagishobora kuvuga. Laurence arasigura ukuntu abigenza mu kuganira na we, agira ati: “Ndafata Madeleine ukuboko igihe turiko turasengera hamwe. Na we araheza akamfyonda buhorobuhoro, agaca amvunira ingohe mu kunyereka ko akengurutse ivyo bihe biteye umunezero tuba twamaranye.” Gufata ukuboko abo bagenzi bageze mu zabukuru canke kubagumbira bimwe bivuye ku mutima birashobora vy’ukuri kubasubiriza umutima mu nda.

Kuba uhari birahambaye

Kuguma ugendera abageze mu zabukuru birashobora gutuma barushiriza gufatwa neza. Uwitwa Danièle, akaba amaze imyaka 20 agendera Ivyabona bagenziwe bari mu bigo bijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru, avuga ati: “Iyo abakorera mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru babona ko hari uwama agendera umuntu kanaka ageze mu zabukuru, baca bamufata neza cane.” Robert, umwe twavuga, agira ati: “Ababungabunga abageze mu zabukuru barakunda kurushiriza gutega yompi umuntu yama yagendeye uwuba ariko arabungabungwa. Uwugendera rimwerimwe uwuba ariko arabungabungwa ntibakunda kumwubahiriza co kimwe n’uwo yama yaje.” Kubera ko akenshi hama hari imiryango igora ababungabunga abageze mu zabukuru, barashima amajambo yo gukenguruka babwirwa n’abagendera abariko barabungabungwa. N’ikindi kandi, iyo tugiye turarushiriza kugiranira imigenderanire myiza n’ababungabunga abageze mu zabukuru, boshobora kwumva barushirije kwubahiriza ivyo Ivyabona bageze mu zabukuru bariko barabungabunga bizera be n’ingingo ngenderwako bisunga.

Turashobora kandi kurushiriza kugiranira imigenderanire myiza n’abakora muri ivyo bigo mu kubafasha udukorwa tumwetumwe tworoshe. Mu turere tumwetumwe, usanga abakozi babishoboye bama ari bake, ivyo bigatuma abageze mu zabukuru batitwararikwa neza. Uwitwa Rébecca, akaba ari uwubungabunga abageze mu zabukuru, avuga ati: “Ibihe vyo gufungura usanga birimwo ibikorwa vyinshi. Ku bw’ivyo, vyoshobora kuba ibiringo vyiza vyo kugendera umugenzi maze ukamufasha gufungura.” Ntidukwiye kwitinya gusaba uwuhakorera ngo atugire inama ku bijanye n’ukuntu twofasha.

Igihe twama tugendera ikigo kimwe kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru, turashobora kubona ivyo umuvukanyi canke umuvukanyikazi wacu ageze mu zabukuru akeneye, tugaca twibwiriza kubimuronsa tubanje gusaba uruhusha abakora muri ivyo bigo. Nk’akarorero, twoshobora kwongereza ibisharizo biri mu cumba arimwo mu kumushirirayo amafoto y’abo akunda canke ibicapo abana bacafye. Dufise mu muzirikanyi ukumererwa neza kw’uwuba muri ico kigo, twoshobora kumuzanira agahuzu keza ko kurarana, canke utundi tuntu akenera nk’utuvuta two kwisiga, udusabuni n’utundi. Nimba muri ico kigo hari ubusitani, twoba twoshobora gusohokana hanze uwo mugenzi wacu kugira asame akayaga? Laurence, umwe twavuga, agira ari: “Madeleine si we abona harageze ko ngenda kumuraba nk’uko nama ndabigira ku ndwi ku ndwi. Iyo ngiye njanye abana, aca amwenyura ubwo nyene akibabona, akamwemwe kakamusya!” Ukwibwiriza mu buryo nk’ubwo birashobora kugira ikintu kinini bigize kuri bene abo baba mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru.​—Imig. 3:27.

Twese turahungukira

Kwama tugendera umuntu ageze mu zabukuru vyoshobora kugerageza ‘urukundo nyakuri rwacu.’ (2 Kor. 8:8) Mu buryo ki? Vyoshobora kutubabaza cane kubona ingene umugenzi wacu agenda ararushiriza kumererwa nabi. Laurence yiyemerera ati: “Mu ntango, ukuntu ivya Madeleine vyagenda birunyuka vyarambabaza cane ku buryo naboroga igihe cose naba mvuye ku mugendera. Mugabo narabonye ko isengesho rituranywe ubwira rishobora kudufasha kurengera umwitwarariko dufise, maze tukarushiriza kuba abantu baremesha.” Robert amaze imyaka n’iyindi agendera umuvukanyi umwe yitwa Larry arwaye indwara y’urujugumizi. Robert avuga ati: “Larry arasinzikajwe n’iyo ndwara ku buryo ntagishobora kwumva ikintu na kimwe avuga. Mugabo ndacumva ukwizera kwiwe iyo dusengeye hamwe.”

Igihe tugendeye abo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru, si bo gusa tuba dufashije, na twebwe nyene biratwungura. Umwiyemezo wabo wo kuguma biyegereje Yehova naho baba mu bantu badasangiye ukwizera, turawukurako icigwa co kugira ukwizera n’ukugaragaza umutima rugabo. Ukuba bashashaye ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu naho bafise ingorane yo kwumva no kubona birarushiriza kwerekana yuko ‘umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, mugabo ko abeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova.’ (Mat. 4:4) Kuba abageze mu zabukuru bahimbarwa n’utuntu dusanzwe, nk’ukumwenyura kw’akana canke ugusangira udufungurwa n’abandi, biratwibutsa ko dukwiye kubumbwa n’ivyo dufise. Ukuntu bakunda ivy’impwemu biradufasha kumenya ivyo dushira imbere y’ibindi.

Mu vy’ukuri, ishengero ryose rirungukira ku kuntu tugira akigoro mu gufasha abageze mu zabukuru. Ni kubera iki ari ukwo bimeze? Kubera ko abafise amagara make bungukira cane ku rukundo abavukanyi babagaragariza, baraha ishengero uturyo two kugaragaza impuhwe. Ku bw’ivyo, twese dukwiye kubona ko kwitwararika abageze mu zabukuru, naho vyoba bisaba igihe kirekire, ko bigize ugusukuriranira kwacu. (1 Pet. 4:10, 11) Mu gihe abakurambere bagiye imbere muri ico gikorwa, bazoba bafashije abandi bagize ishengero kubona ko ico gikorwa ca gikirisu kidakwiye gufatwa minenegwe. (Ezk. 34:15, 16) Dushigikiye abakirisu bagenzi bacu bageze mu zabukuru tubigiranye urukundo, tuba tuberetse yuko batibagiwe!

[Akajambo k’epfo]

a Umunyamabanga w’ishengero akimara kumenya ko hari umuvukanyi canke umuvukanyikazi wo mw’ishengero yagiye mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru kiri mu kandi karere, vyoba ngirakamaro kandi biranga urukundo aciye ubwo nyene abimenyesha abakurambere b’ishengero riri muri ako karere.

[Iciyumviro ku rup. 28]

“Iyo abakorera mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru babona ko hari uwama agendera umuntu kanaka ageze mu zabukuru, baca bamufata neza cane”

[Ifoto ku rup. 26]

Amasengesho avuye ku mutima dutura yofasha Ivyabona bagenzi bacu bageze mu zabukuru kugira amahoro yo mu mutima

[Ifoto ku rup. 26]

Tugaragarije igishika abo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru, bizobakomeza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika