Ukuntu urupfu rwa Yezu rushobora kugukiza
HARACIYE nk’imyaka 2.000, ku musi mukuru wa Pasika y’Abayuda yo mu mwaka wa 33 G.C., umuntu w’inzirakarengane yishwe kugira ngo abandi bantu bazoshobore kubaho. None uwo muntu yari nde? Yari Yezu w’i Nazareti. Vyongeye, ni nde ashobora kwungukira kuri ico kintu ciza cane yakoze? Ni abantu bose muri rusangi. Umurongo wa Bibiliya umenyerewe cane uravuga muri make ibijanye n’iyo ncungu irokora ubuzima. Uvuga uti: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira”.—Yohana 3:16, Bibiliya Yera.
Naho abantu benshi bamenyereye ico canditswe, ni bake mu vy’ukuri batahura ico gisobanura. Baribaza bati: ‘Ni kubera iki dukeneye incungu ya Kristu? Urupfu rw’umuntu umwe rushobora gute gutabara umuryango w’abantu rukawukiza urupfu rw’ibihe bidahera?’ Bibiliya iratanga inyishu zitomoye kandi zimara akanyota kuri ivyo bibazo.
Ukuntu urupfu rwahavuye ruganza abantu
Abantu bamwebamwe biyumvira yuko abantu baremwe kugira ngo babe kw’isi igihe gito, bace mu makuba, bakore ibintu bimwebimwe bihimbaye, maze bace bapfa hanyuma baje kuba mu kibanza ciza kuruta. Twisunze ivyo vyiyumviro, ni nkaho urupfu ari umwe mu migambi Imana yari ifitiye abantu. Ariko rero, Bibiliya yo yerekana ko urupfu rushikira abantu kubera imvo itandukanye n’iyo. Ivuga iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruza] biciye ku gicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye”. (Abaroma 5:12) Uwo murongo werekana ko abantu bapfa kubera igicumuro. Ariko none, uwo “muntu umwe” yatumye ingaruka zibabaje z’icaha zishikira umuryango w’abantu, ni nde?
Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga yuko hafi abanyasiyansi bose bemera ko abantu bose bakomoka kw’isôko rimwe, Bibiliya ikaba yerekana neza ko iryo sôko ari wa “muntu umwe”. Mw’Itanguriro 1:27 havuga hati: “Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri”. Ku bw’ivyo, Bibiliya ivuga yuko wa mugabo n’umugore ba mbere bari ubwiza ruheta bw’ivyo Imana Mushoboravyose yaremye.
Inkuru yo mu gitabu c’Itanguriro iratanga ayandi makuru y’ido n’ido ku bijanye n’ubuzima abantu bagize inyuma y’aho Yehova Imana aremeye abo bantu ba mbere. Biri n’ico bivuze kubona muri iyo nkuru yose Imana itavuze ibijanye n’urupfu kiretse igihe yavuga ko rwobaye ingaruka y’ukugambarara. (Itanguriro 2:16, 17) Imana yashaka ko abantu baba mw’isi nziza y’Iparadizo, bakayibako ibihe bidahera bahiriwe kandi bafise amagara meza. Ntiyipfuza ko bashikirwa n’ingaruka z’ubusaza maze amaherezo bagapfa. Ni gute none urupfu rwahavuye ruganza umuryango wose w’abantu?
Ikigabane ca 3 c’igitabu c’Itanguriro kiravuga ukuntu wa mugabo n’umugore ba mbere bahisemwo n’ibigirankana kugambararira uwabahaye ubuzima, ari we Yehova Imana. Ico vyavuyemwo, ni uko Imana yashikije urubanza yari yarabamenyesheje imbere y’igihe ko yobaciriye. Yabwiye uwo muntu iti: “Ur’umukungugu, kand’umukungugu ni wo uzosubiramwo”. (Itanguriro 3:19) Nk’uko Imana yabivuze, abo bagambarazi babiri bahavuye bapfa.
Ariko rero, ingaruka z’ico kintu ntizashitse gusa kuri uwo mugabo n’umugore ba mbere. Ukugambarara kwabo kwatumye icizigiro ababakomotseko bari bafise c’uko bogize ubuzima butunganye gicika ubusa. Yehova yarashize mu mugambi wiwe n’abo bantu bovutse igihe yabwira Adamu na Eva ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi”. (Itanguriro 1:28) Haheze igihe, umuryango w’abantu wokwuzuye isi ukongera ukinovora ubuzima buhimbaye ku rugero rutagira uko rungana, badapfa. Ariko umuvyeyi wabo wa mbere Adamu, ari we wa “muntu umwe”, yarabagurishije baba abaja b’icaha, bakaba amaherezo batobuze gushikirwa n’urupfu. Intumwa Paulo, na we nyene akaba ari umwe mu bakomoka kuri wa muntu wa mbere, yanditse ati: “Ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro”.—Abaroma 7:14.
Nka kurya nyene mu myaka ya vuba abononyi bononye ibintu vy’utugenegene bifise agaciro katagira uko kangana, na Adamu yarononye bimwe bikomeye ibiremwa vyiza igitangaza vy’Imana, ni ukuvuga abantu, biciye ku gucumura. Abana ba Adamu bahavuye na bo nyene bagira abana, mu nyuma baragira abuzukuru, gutyo gutyo. Iyaruka ryose ryagenda rirakurikira, ryaravuka, rigakura, rikibaruka maze rikazimangana. None ni kubera iki bose bapfuye? Ni kubera yuko bose bakomotse kuri Adamu. Bibiliya ivuga iti: “Benshi barapfuye biciye kw’ikosa ry’umuntu umwe”. (Abaroma 5:15) Indwara, ubusaza, impengamiro yo gukora ibibi be n’urupfu ubwarwo, ni ingaruka zibabaje z’ukuba Adamu yarahemukiye umuryango wiwe bwite. Twese turi mu bagize uwo muryango.
Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Roma, yaravuze ibijanye n’ukuntu ivy’abantu b’abanyagasembwa, na we nyene arimwo vyifashe mu buryo buteye akagongwe, be n’urugamba rutesha umutwe barwana kugira ngo birinde ingaruka z’icaha. Yavuganye umubabaro ati: “Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu?”. Ubwo none ntubona ko ico ari ikibazo gihambaye? Ni nde yotabaye Paulo, cokimwe n’abandi bantu bose bavyipfuza cane, akamukura mu buja bw’icaha n’urupfu? Paulo ubwiwe yaciye atanga inyishu ati: “Hashimirwe Imana biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!”. (Abaroma 7:14-25) Egome, Umuremyi wacu yarashizeho intunganyo zo kudutabara biciye ku Mwana wiwe Yezu Kristu.
Uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana wo gutabara abantu
Yezu yaradondoye uruhara arangura mu gutabara abantu akabakura mu buja bw’icaha buteza urupfu. Yavuze ati: “Umwana w’umuntu yaje . . . kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi”. (Matayo 20:28) None ni gute ubuzima bwa Yezu bukora bwa ncungu? Urupfu rwiwe turwungukirako gute?
Bibiliya idondora Yezu nk’umuntu ‘atagira igicumuro’ kandi ‘atandukanijwe n’abacumuzi’. Mu buzima bwiwe bwose, Yezu yaragamburutse Itegeko ry’Imana bimwe bitagira agahaze. (Abaheburayo 4:15; 7:26) Ku bw’ivyo rero, urupfu rwa Yezu ntirwari ingaruka y’icaha be no kugambarara nk’uko vyari ku rupfu rwa Adamu. (Ezekiyeli 18:4) Ahubwo, Yezu yaremeye gupfa atari abikwiriye kugira ngo ashitse umugambi wa Se wo gutabara abantu akabakura mu caha n’urupfu. Nk’uko vyavuzwe aho haruguru, Yezu yaremeye abikunze kuza “kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu”. Asunitswe n’urukundo rutari bwigere ruboneka muri kahise, Yezu ‘yarahonjeje urupfu ku bw’umuntu wese’ abigiranye umutima ukunze.—Abaheburayo 2:9.
Ubuzima Yezu yatanzeko incungu bwari buhuye neza na neza n’ubuzima Adamu yatakaje igihe yacumura. None urupfu rwa Yezu rwashitse ku ki? Yehova yaremeye iyo ncungu nk’“incungu ikwiranye ku bwa bose”. (1 Timoteyo 2:6) Nkako, Imana yarakoresheje agaciro k’ubuzima Yezu yatanze kugira ngo asubire kugura, ni ukuvuga gucungura, umuryango w’abantu awukure mu buja bw’icaha n’urupfu.
Bibiliya iravuga incuro n’izindi ibijanye n’ico gikorwa gihambaye kigaragaza urukundo Umuremyi w’abantu yerekanye. Paulo yaribukije abakirisu yuko “[b]aguzwe igiciro”. (1 Abakorinto 6:20; 7:23) Petero yanditse yuko Imana itakoresheje inzahabu n’ifeza mu gucungura abakirisu ikabakura mu nzira y’ubuzima ijana mu rupfu, ahubwo ko yakoresheje amaraso y’Umwana wayo. (1 Petero 1:18, 19) Biciye ku nkuka y’incungu ya Kristu, Yehova yaratunganije ivyo gutabara abantu kugira ngo ntibatahire mu rupfu rw’ibihe bidahera.
Woba uzokwungukira ku ncungu ya Kristu?
Ku bijanye n’ivyiza vy’akaburarugero bizanwa n’incungu ya Kristu, intumwa Yohani yanditse ati: “[Yezu Kristu] ni ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu, yamara si ku bw’ivyacu gusa mugabo kandi ku bw’ivy’isi yose”. (1 Yohani 2:2) Ni vyo, incungu ya Kristu irakora ku bw’abantu bose. None ivyo vyoba bisobanura yuko umuntu wese azoca ategerezwa kwungukira kuri iyo ntunganyo y’agaciro ntangere? Ashwi da! Niwibuke ibijanye na kwa gutabarwa twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki. Ba bantu bariko bagerageza gutabara ba bacukuzi b’ibizuku bari bugarijwe, barurukirije muri ca kinogo barimwo ka kantu kameze nk’ingunguru, ariko rero umwumwe wese muri abo bantu bari bugarijwe yategerezwa kwurira muri ako kantu. Muri ubwo buryo nyene, abantu bipfuza kwungukira ku nkuka y’icungu ya Kristu ntibashobora gupfa kwiraramira ngo barindire umuhezagiro w’Imana. Barakwiye kugira ico bakoze.
None Imana ibasaba gukora iki? Muri Yohani 3:36 hatubwira hati: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we”. Imana idusaba kwizera incungu ya Kristu. Vyongeye, hariho n’ibindi idusaba. “Iki ni co tumenyerako yuko [twamenye Yezu], ni ukuvuga, nimba tuguma dukurikiza amabwirizwa yiwe”. (1 Yohani 2:3) Biragaragara rero ko kwizera incungu ya Kristu be no kugamburuka amabwirizwa yiwe, ari co kintu nyamukuru gituma dutabarwa tugakurwa mu caha n’urupfu.
Uburyo bumwe buhambaye bwo kugaragaza ko twizera incungu ya Yezu ni ukwerekana ko dukenguruka urupfu rwiwe mu kuza turarwibuka, nk’uko yabitegetse. Imbere y’uko Yezu apfa, yaratanguje ari kumwe n’intumwa ziwe z’intahemuka ibifungurwa vyari bifise ico bigereranya, maze azibwira ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka”. (Luka 22:19) Ivyabona vya Yehova baraha agaciro cane ubucuti bafitaniye n’Umwana w’Imana, kandi barubahiriza iryo bwirizwa. Muri uyu mwaka, Icibutso c’urupfu rwa Yezu Kristu kizohimbazwa ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante, izuba rirenze. Turagutumiye n’igishika cinshi kugira ngo uze witabe iryo koraniro ridasanzwe, gutyo ube ugamburutse ibwirizwa rya Yezu. Ivyabona vya Yehova b’aho iwanyu bazokumenyesha isaha be n’ikibanza urwo rubanza ruzoberamwo. Ku Cibutso uzohigira vyinshi ku bijanye n’ivyo ukwiye gukora kugira ngo incungu ya Kristu igukureko ingaruka zibabaje zakwezwe n’icaha ca Adamu.
Ni abantu bake muri kino gihe bakenguruka bimwe vyuzuye incungu ihambaye Umuremyi wabo be n’Umwana wiwe batanze kugira ngo babakize ugusangangurwa. Abizera iyo ncungu bararonka isôko ridasanzwe ry’agahimbare. Intumwa Petero yanditse ku bijanye n’abakirisu bagenziwe ati: “[Murizera Yezu] kandi mukanezerwa cane akanyamuneza katavugwa kandi kaninahajwe, kuko muronka iherezo ry’ukwizera kwanyu, ubukiriro bw’ubuzima bwanyu”. (1 Petero 1:8, 9) Biciye ku gutsimbataza urukundo ukunda Yezu Kristu n’ukwizera inkuka y’incungu yatanze, urashobora kugira ubuzima bwuzuye akanyamuneza muri kino gihe ukongera ukitegana umushasharo igihe uzorokorwa ugakurwa mu caha n’urupfu.
[Ifoto ku rup. 6]
Yezu yaratanze ubuzima bwiwe kugira ngo akureho ingaruka zakwezwe n’icaha ca Adamu
[Ifoto ku rup. 7]
Icibutso c’urupfu rwa Yezu Kristu kizohimbazwa ku wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ntwarante 2008, izuba rirenze