ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/3 rup. 3
  • Turakeneye gutabarwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turakeneye gutabarwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu urupfu rwa Yezu rushobora kugukiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kubera iki dukeneye gukizwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Twihweze Twitonze Ivyiyumviro Bimwebimwe Bitari vyo Vyerekeye Urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • ‘Urupfu ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe vyose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/3 rup. 3

Turakeneye gutabarwa

MU KIBANZA kimwe gicukurwamwo ibizuku kiri hafi y’i Pittsburgh muri Pennsylvanie, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, harateye amazi menshi cane ata wari avyiteze. Abantu icenda bacukura ibizuku barugarijwe bari mu kabanza gatoya ku metero 73 uja mu kuzimu. Haheze imisi itatu, barakuweyo maze bagarukanwa hejuru i musozi badora. None abo bantu batabawe gute?

Abatabaye abo bantu, bifashishije amakarata y’ico kibanza co gucukuramwo ibizuku be n’akuma gakozwe mu buhinga buhanitse gafasha umuntu kumenya aho ikintu giherereye (ako bita GPS), barimvye ikinogo c’ubwaguke bwa santimetero 65 maze bururukiriza akantu gafise imyenge kameze nk’ingunguru aho ba bantu bari bagundaniye. Hakoreshejwe ako kantu, abo bacukuzi barakuwe, umwumwe, muri ico kinogo cari guhava kiba imva yabo. Bose bariruhukije, barahimbarwa, bongera barakenguruka kubona batabawe.

Benshi cane muri twebwe ntibazokwigera bugarizwa mu kuzimu nk’ukwo vyagendeye abo bantu icenda bacukura ibizuku, canke ngo bahangane n’urupfu bitewe n’icago c’icaduka. Naho ari ukwo, twese turakeneye gutabarwa, kubera yuko tudashobora gucaruka ingaruka zikwegwa n’indwara hamwe n’ubusaza, be n’urupfu impera n’imperuka rudushikira. Umwe sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa Yobu yavuze ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa. Ashurika bga shurwe, maz’agacibga; ahita nk’igitūtu, ntiyamaho”. (Yobu 14:1, 2) Naho haciye imyaka 3.500 ayo majambo avuzwe, muri kino gihe aracagaragara ko ari ay’ukuri. Nkako, ni nde muri twebwe ashobora guhunga iherezo ribabaje ry’ubuzima, ni ukuvuga urupfu? Naho twoba tuba hehe canke tukaba twitwararika amagara yacu neza gute, turakeneye gutabarwa ugucumukura, ubusaza be n’urupfu bitaduha agahengwe.

Abanyasiyansi be n’abandi bantu barakora bagatama bagerageza kuraba ko ubuzima bwomara igihe kinini gusumba ikiringo abantu muri kino gihe basanzwe bamenyereye ko bumara. Hariho ishirahamwe rivuga yuko intumbero rifise ari iyo “kurwanya urupfu ruhitana abantu giturumbuka” no “gufasha abari muri ryo kugira ngo bakore barondera gushikira ukudapfa”. Ariko rero kugeza n’ubu, iterambere mu vya siyansi, rifatanije gusa n’umwiyemezo ukomeye abantu bafise ntivyashoboye kwongereza ikiringo ubuzima bumara ngo kirenge ya myaka 70 canke 80 Musa yavuga ko bumara, ubu hakaba haciye imyaka 3.500 abivuze.​—Zaburi 90:10.

Waba ubona ibijanye n’ubuzima be n’urupfu nk’uko Yobu yabibona canke atari ko ubibona, iyo bija hose uko imyaka yiterera na wewe nyene ‘uzohita nk’igitutu’, utandukane n’abagenzi bawe, umuryango wawe, i muhira iwanyu be n’ivyo washitseko vyose, amaherezo utahire mu rupfu. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo wa Isirayeli ya kera yanditse ati: “Abariho baba bazi ko bazopfa . . . abapfuye [bo] nta co baba bakizi, kandi nta mpēra baba bakibona; kuko kwibukwa kwabo kuba kwaramaze kwibagirana”.​—Umusiguzi 9:5.

Nk’uko Bibiliya ivyerekana, ikintu c’ukuri mugabo kibabaje ni uko urupfu ‘rwaganje [abantu] nk’umwami’, rubaganza nk’umutware w’imburakigongwe. Ni vyo, urupfu ni we mwansi wa nyuma abantu bakeneye gutabarwa. (Abaroma 5:14; 1 Abakorinto 15:26) Abakozi bo muri iyi si bamenyerejwe gusumba abandi bose mu bijanye no gutabara vyihutirwa kandi bafise ibikoresho vyiza gusumvya abandi bose, ntibashobora kukuronsa ugutabarwa kwamaho. Yamara Uwaremye umuntu we, ari we Yehova Imana, yaratunganije ibijanye neza na neza na mwene ukwo gutabarwa.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

Ifoto yafashwe na Gene J. Puskar-Pool/Getty Images

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika