ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/10 rup. 12-15
  • Genda werekeza ku muco

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Genda werekeza ku muco
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nurinde ‘ukwizera kwawe ntigusābe nk’imeri’
  • Bari hafi ya ca Gihugu c’isezerano
  • Ivyogufasha kuguma urikanuye mu vy’impwemu
  • Uragaba ku matara y’uruhendo
  • Umuco Uva ku Mana Urirukana Umwiza!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Umuco Wanyu [N]ubonesh[e]”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ukunezerwa kw’Abagendera mu Muco
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/10 rup. 12-15

Genda werekeza ku muco

IMINARA iriko amatara yo kuyobora ubwato yaratumye abantu badaharurwa bakiza igufa. Ariko rero, umuco uri kure ingenzi irushe cane ibonye, ntuyiburira gusa ku bijanye n’ibitandara canke ibirundo vy’umusenyi usanga biri amaja ku nkengera y’ikiyaga bitera akaga, ariko kandi urayiburira no ku bindi. Biramumenyesha kandi ko yegereje gushika iyo ariko araja. Mu buryo busa n’ubwo, abakirisu muri kino gihe bari hafi cane yo kurangiza urugendo rurerure, urwo bamaze ibihe bagira, baca mw’isi y’umwiza iteye akaga mu vy’impwemu. Muri Bibiliya, abantu muri rusangi, ni ukuvuga amasinzi yabo yiyonkoye ku Mana, bagereranywa n’“ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda” (Yesaya 57:20). Abasavyi b’Imana bakikijwe na mwene abo bantu. Yamara, barafise icizigiro gikayangana c’uko bazorokorwa, ico bagereranya n’umuco wo kwizigirwa (Mika 7:8). Biciye kuri Yehova no kw’Ijambo ryiwe ryanditse, “umuco u[ra]rasira umugororotsi, bo n’umunezero ku b’imitima itunganye”.​—Zaburi 97:11a.

Yamara rero, abakirisu bamwebamwe bararetse ibisamaza birabakwegakwegera kure y’umuco uva kuri Yehova ku buryo ukwizera kwabo kwasāvye nk’imeri bitumwe n’ivyo twogereranya n’ibitandara bitera akaga, ni ukuvuga uguhahamira amaronko, ubuhumbu, canke mbere ubuhuni. Egome, cokimwe no mu kinjana ca mbere, bamwebamwe muri iki gihe “ba[ra]shiki[we] n’ugusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwabo” (1 Timoteyo 1:19; 2 Petero 2:13-15, 20-22). Isi nshasha yoshobora kugereranywa n’ikivuko c’ishikiro turiko tugenda twerekezako. Kubera ko ubu iyo si nshasha yegereje cane, ese ukuntu vyoba bibabaje bishitse hakagira uwuba atagitoneshwa na Yehova!

Nurinde ‘ukwizera kwawe ntigusābe nk’imeri’

Mu binjana biheze, ubwato bwarashobora kugira urugendo ata nkomanzi mu kiyaga kinini cane, bukaza gusāba ari uko bwegereje ikivuko. Igihe ubwato bwaba buriko bwegereza i musozi, ni co gice c’urugendo akenshi cabamwo akaga kuruta ibindi. Muri ubwo buryo nyene, abenshi babona ko “imisi ya nyuma” y’ivy’iy’isi ari co kiringo kirimwo akaga kuruta ibindi vyose kuva abantu babayeho. Bibiliya iradondora neza yuko iyo misi ‘itoroshe kandi igoye kwihanganira’, canecane ku bakirisu biyeguriye Imana.​—2 Timoteyo 3:1-5.

Ni kubera ki none iyo misi igoye cane? Mu bisanzwe, Shetani arazi yuko asigaranye “igihe gito” gusa co kurwanyamwo abasavyi b’Imana. Ni co gituma yagiye arakomeza isekeza ryiwe rikaze ryo gusāvya ukwizera kwabo (Ivyahishuriwe 12:12, 17). Yamara, turashigikiwe kandi turi n’ubuyobozi. Yehova arabandanya kubera ubuhungiro abakurikiza impanuro atanga (2 Samweli 22:31). Yaraturonkeje uburorero bwo kutuburira bushira ku mugaragaro imigabo ya Shetani y’urwenge ariko kandi y’ububisha. Reka ubu na ho dusubire kwihweza bubiri muri mwene ubwo burorero bwerekeye ihanga ry’Abisirayeli igihe bari begereje Igihugu c’isezerano.​—1 Abakorinto 10:11; 2 Abakorinto 2:11.

Bari hafi ya ca Gihugu c’isezerano

Abisirayeli bayobowe na Musa, bari bashoboye kurokorwa bagakurwa mu Misiri. Haciye igihe gito gusa, bari bamaze kwegereza urubibe rwo mu Bumanuko bw’ico Gihugu c’isezerano. Musa yaciye arungika abagabo 12 ngo baje gutata ico gihugu. Cumi muri bo batagira ukwizera bagarutse bazanye inkuru y’agacavutu, bavuga yuko Abisirayeli batoshoboye gutsinda Abanyakanani kubera yuko ngo bari “barebare cane” bakaba n’abahizi mu vyo kurwana. None ivyo vyagize ico bikoze gute ku Bisirayeli? Iyo nkuru itubwira ko batanguye kwidogera Musa na Aroni, bati: “Mbeg’Uhoraho atujanira iki mur’ico gihugu, kwicirwayo n’inkota? Abagore bacu n’ibibondo vyacu bakazoba abanyagano. . . . Enda twitoranirize uwo kutugaba, twisubirire muri Egiputa”.​—Guharūra 13:1, 2, 28-32; 14:1-4.

Iyumvire na we ntuze! Abo bantu nyene bari biboneye ingene Yehova yatumye Misiri yari ikomeye cane, ni ukuvuga inganji nganzasi yo muri ico gihe, ishirwa hasi biciye kuri vya vyago cumi vyo gutikiza be na ca gitangaro giteye ubwoba cabereye ku Kiyaga Gitukura. Kandi ico Gihugu c’isezerano bari mu kugishikamwo, akaba ari co gituma babwirizwa gusa kugenda bakigana nka kurya ubwato bugenda bwerekeza ku muco werekana iyo buriko buraja. Yamara, ntibabona ko Yehova yari ashoboye gutembagaza ubwami bwigabaguye bwari bugizwe n’ibisagara vy’i Kanani bwobwo ata co bwari buvuze. Ese ukuntu ukwo kuvyifatamwo mu buryo butaranga ukwizera bitegerezwa kuba vyarababaje Imana be na ba batasi babiri b’abarindutsi, ari bo Yosuwa na Kalebu, ababona ko Kanani yari imeze nk’“umutsima [w’Abisirayeli]”! Abo batasi babiri bari bafise inkuru atari mbarirano kuko bari bagenduye ico gihugu c’i Kanani cose. Magingo iryo hanga ritaciye ryinjira muri ca Gihugu c’isezerano, Yosuwa na Kalebu na bo nyene babwirijwe kumara imyaka mirongo mu bugaragwa, ariko bo ntibapfiriye muri ubwo bugaragwa hamwe na bamwe batagira ukwizera. Nkako, Yosuwa na Kalebu barafashije mu bijanye no kuyobora iyaruka ryakurikiye rirarengana ubugaragwa, maze rigenda rigana ca Gihugu c’isezerano (Guharūra 14:9, 30). Abisirayeli basubiye kwegereza Igihugu c’isezerano, babwirijwe guhangana n’ikindi kigeragezo. None bavyifashemwo gute?

Umwami Balaki w’Abanyamowabu yaragerageje kuvuma Abisirayeli abicishije ku muhanuzi w’ikinyoma Balamu. Ariko rero, Yehova yaratesheje uwo mugambi ugayitse mu gutuma Balamu abahezagira aho kubavuma (Guharūra 22:1-7; 24:10). Balamu ntiyashizwe; ahubwo riho, yaciye agira uwundi mugambi mubi wo gutuma abasavyi b’Imana baba abatabereye kuronka ico gihugu. Uti gute? Mu kubakwegakwegera mu bushegabo no mu gusenga Bayali. Naho uwo mugambi muri rusangi na wo nyene vyawutaye ku w’amazi, waratumye Abisirayeli 24.000 bazimizwa. Barasambanye n’Abanyamowabukazi bongera bifatanya na Bayali y’i Peyori.​—Guharūra 25:1-9.

Iyumvire na we ivyo bintu! Benshi muri abo Bisirayeli bari bamwe nyene biboneye ingene Yehova yabayoboye ata n’uwubariye n’urwara muri “bga bugaragwa bunini buteye ubgoba” (Gusubira mu vyagezwe 1:19). N’ico gihe nyene, bimirije kuragwa ico gihugu, abantu 24.000 bo mu basavyi b’Imana baratwawe n’ivyipfuzo vy’umubiri maze Yehova arabarandura. Mbega ukuntu ari imburizi ikomeye ku basavyi b’Imana bo muri iki gihe uko begereza kuragwa igihugu kininiya kuruta ico!

Muri uku kugerageza kwa nyuma Shetani agira kugira ngo abuze abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none gushikira impera yabo, ntibikenewe ko akoresha ayandi mayeri. Mu buryo butwibutsa ivyashikiye Abisirayeli igihe batangura kwegereza ca Gihugu c’isezerano, Shetani akenshi aragerageza gutera ubwoba no kubiba inkeka, haba mu gukoresha iterabwoba, uruhamo canke agacokoro. Hari abakirisu batanye n’akabando kubera iterabwoba nk’iryo (Matayo 13:20, 21). Ikindi kintu c’uruyeri cagaragaye ko Shetani akoresha hanyuma ibara rikagwa, ni ukwonona abantu mu vyo kwigenza runtu. Mu bihe bimwebimwe, hari abari binyegeteje mw’ishengero rya gikirisu bagerageje kwonona abagoyagoya mu vy’impwemu kandi batagenda bisunga umuco uva ku Mana babigiranye ukwizigira.​—Yuda 8, 12-16.

Abantu baciye uruma kandi bari maso mu vy’impwemu, babona ko ukuba isi iriko itera yononekara mu vyo kwigenza runtu mu buryo bwihuta ari ikimenyamenya gikomeye cerekana ko Shetani yaburaniwe. Ni vyo, Shetani arazi yuko vuba abasavyi b’Imana b’intahemuka atazoba akibashikira. Rero, iki mu vy’ukuri ni co gihe co kuguma turikanuye mu vy’impwemu ku bijanye n’utwigoro Shetani agira.

Ivyogufasha kuguma urikanuye mu vy’impwemu

Intumwa Petero yaradondoye ko ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ari “itara ryakira ahantu h’umwiza” kubera ko rifasha abakirisu kubona babigiranye ugutahura ukuntu umugambi w’Imana uriko uraranguka (2 Petero 1:19-21). Abatsimbataza urukundo bakunda Ijambo ry’Imana kandi bakabandanya bayoborwa na ryo, barabona ko Yehova azogorora inzira zabo (Imigani 3:5, 6). Kubera ko abo bantu bakenguruka bafise icizigiro cuzuye, “bazoririmbishwa n’umunezero wo mu mutima”, mu gihe abatazi Yehova canke abataye inzira yiwe amaherezo bazogira “intuntu yo mu mutima”, “imitima ya[bo na yo igasābishwa] n’umubabaro” (Yesaya 65:13, 14). Ku bw’ivyo, biciye ku kwiga Bibiliya tubigiranye umwete tukongera tugashira mu ngiro ivyo twiga, turashobora kuguma dushinze ijisho ryacu ku cizigiro nyakuri aho kurishinga ku bintu binezereza bimara umwanya urume rumara vyo mu vy’iy’isi.

Isengesho na ryo nyene ni ntahara kugira ngo tugume turi maso mu vy’impwemu. Igihe Yezu yariko avuga ibijanye n’iherezo ry’ivy’iy’isi, yavuze ati: “Mugume muri maso rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu” (Luka 21:34-36). Urabona ko Yezu akoresha ijambo ‘ugutakamba’, iryo na ryo rikaba risobanura isengesho rituranywe ubwira rwose. Yezu yari azi ko iki gihe kitoroshe cotumye umuntu ashobora kuzobura ubuzima budahera. Amasengesho utura yoba agaragaza icipfuzo gikomeye cane ufise co kuguma urikanuye mu vy’impwemu?

Nimuze ntitwigere twibagira yuko igice kirimwo akaga kuruta ibindi c’urugendo rudushikana ku kuronka intoranwa yacu coshobora kuba ari intambwe ya nyuma y’urwo rugendo. Ku bw’ivyo, birahambaye cane ko tuguma tubona umuco, uwoshobora kuzotuma turokoka.

Uragaba ku matara y’uruhendo

Mu gihe ca ya mato yasozwa, hariho ingeramizi idasanzwe yaterwa n’abagizi ba nabi bafatira ku mwiza w’umuzitanya mu gihe abasozabwato bitaborohera kubona inkengera y’ikiyaga. Abo bagizi ba nabi barashobora gushira amatara ahantu hari ingeramizi ku nkengera z’ikiyaga kugira ngo bazimize abakapitene b’ubwato. Abo bakapitene bazimijwe bagira gutya bakumva ubwato bwabo bwasāvye, ivyo butwaye bigasahurwa, abantu na bo bakahasiga ubuzima.

Shetani, wa “mumarayika w’umuco” azimiza, na we nyene ashaka gusahura ubucuti abasavyi b’Imana bafitaniye na yo. Uwo Mubesheranyi yoshobora gukoresha “intumwa z’ikinyoma” akanatuma “abasuku b’ubugororotsi” bacika abahuni kugira ngo bazimize abataraca uruma (2 Abakorinto 11:13-15). Mugabo, nka kurya kw’inderetsi, umukapitene yakanongoreye be n’abo bakorana barashobora rwose kutazimizwa n’amatara y’uruhendo. Abakirisu, “abo ububasha bwabo bwo gutegera, biciye ku gukoreshwa, bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi”, na bo nyene ntibazimizwa n’abakwiragiza inyigisho z’ikinyoma be n’amafilozofiya yonona.​—Abaheburayo 5:14; Ivyahishuwe 2:2.

Abantu bagendesha amato muri ivyo bihe bagenda bibangikanije urutonde ruriko iminara y’amatara ayobora ubwato, iyo na yo bakaba barashobora kuyibona mu gihe c’urugendo rwabo. Urwo rutonde rwaba ruriko ibiranga umunara umwumwe wose, ushizemwo n’ikimenyetso cawo wisangije. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Abagendesha amato baragerageza kumenya umunara baba babonye uwo ari wo, gutyo bakamenya aho baba bageze mu kwitegereza ibiranga umunara munaka no mu gusuzuma urutonde rw’iminara baba bafise”. Ijambo ry’Imana na ryo nyene rirafasha abantu b’inziraburyarya kumenya neza ugusenga kw’ukuri ukwo ari kwo be n’abari muri kwo abo ari bo, canecane muri iyi misi ya nyuma aho Yehova yagushize hejuru y’idini ry’ikinyoma (Yesaya 2:2, 3; Malaki 3:18). Muri Yesaya 60:2, 3 harerekana itandukaniro rikomeye riri hagati y’ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma, mu kuvuga hati: “Umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga: arik’Uhoraho azokurasira, kand’ubgiza bgiwe buzokubonekako. Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe”.

Abantu amamiliyoni bo mu muhanga yose nibabandanya kuyoborwa n’umuco uva kuri Yehova, ukwizera kwabo ntikuzosāba muri iki gice ca nyuma c’urugendo bariko baragira. Ahubwo riho, iyi misi isigaye y’ivy’isi bazoyicamwo badora, maze binjire mw’isi nshasha izoba irangwamwo amahoro.

[Akajambo k’epfo]

a Ivyanditswe birakoresha ijambo “umuco” mu kwerekeza ku bintu bitandukanye. Nk’akarorero, Bibiliya irasanisha Imana n’umuco (Zaburi 104:1, 2; 1 Yohani 1:5). Ukumurikirwa kwo mu buryo bw’impwemu gutangwa n’Ijambo ry’Imana kugereranywa n’umuco (Yesaya 2:3-5; 2 Abakorinto 4:6). Igihe Yezu yariko arangura ubusuku bwiwe ngaha kw’isi, yari umuco (Yohani 8:12; 9:5; 12:35). Vyongeye, abayoboke ba Yezu bategetswe kureka umuco wabo ukakira imbere y’abantu.​—Matayo 5:14, 16.

[Ifoto ku rup. 15]

Cokimwe n’abagendesha amato, abakirisu bariyubara kugira ngo ntibazimizwe n’amatara y’uruhendo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika