Baratsinda ingorane kugira ngo batware inkuru nziza
IKAMYO turimwo iriko iregereza ibariyeri icunzwe n’umugwi w’abantu nka 60 bafise ibirwanisho ugizwe n’abagabo, abagore n’imiyabaga. Bamwe bambaye umwambaro wa gisirikare; abandi na bo bambaye impuzu za gisivile. Benshi muri bo babangiriye mwene za nkoho za otomatike. Umenga bari batwiteze. Abanyagihugu bari mu ruhagarara rudahera.
Tumaze imisi ine tugenda, dutwaye amatoni cumi y’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Turibaza niba abo bantu baza kutureka tukabandanya. Boba baza kudusaba amahera ga yemwe? Biza kudusaba umwanya ungana iki kugira ngo tubajijure yuko igikorwa cacu kitajanye n’ivy’intambara?
Umugabo umwe w’impabe mu vyo kurasa ararasa hejuru n’inkoho yiwe kugira ngo atumenyeshe ko twakorokeye mu maboko yiwe. Arabona amaterefone yacu ngendanwa maze agategeka ko tuyamuha. Tukigonanwa, aca n’iterabwoba n’akantu agira ikimenyetso mu muhogo co gukerera, ico na co kikaba ata gukeka cerekana ko twokwibonerako turamutse twanse. Turamuhereza nya matelefone.
Muri ako kanya nyene umugore yambaye umwambaro wa gisirikare aranyakura inkoho yiwe maze akaza aho turi. Yitwa ko ari umunyamabanga wabo kandi ashaka ko na we nyene tugira ico tumuhaye. Ubuzima buragoye, kandi ico ari co cose twomuha yocakira. Uwundi musoda na we arugurura ahaja igitoro c’iyo kamyo kugira ngo abuganirize mw’ijerekani yiwe. Ata n’ukwumviriza ivyo tumubwira, yivugisha ngo ariko arakurikiza amategeko. Turabuze ayo ducira n’ayo tumira. Twizigiye gusa ko abandi bataza kugira nk’uko ariko aragira.
Iyo bariyeri irahava ikugururwa, maze tugakomeza urugendo rwacu. Twe n’uwo dusangiye urugendo turiruhutsa. Ntihari aho gutuma umwana, ariko turamaze kumenyera izo bariyeri zitesha umutwe. Hagati ya Ndamukiza 2002 na Nzero 2004, twagize ingendo 18 tuva ku kivuko c’i Douala muri Kamerune tugashika i Bangui ku murwa mukuru w’igihugu ca République centrafricaine. Urwo rugendo rw’ibilometero 1.600 rwama rwuzuyemwo ingeramizi n’ibintu tutaba twitezea.
Joseph na Emmanuel, abashoferi bama bagira urwo rugendo basigura bati: “Izo ngendo zaratwigishije vyinshi. Biraranga ubukerebutsi gutura amasengesho menshi mu gacerere maze ugaca ushira umutima mu nda. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: ‘Imana ni yo nizigiye, sinzotinya; non’abantu boshobora kuntwara iki?’. Turagerageza kubona ibintu muri ubwo buryo nyene. Turemera ata mazinda ko Yehova azi neza yuko tugira izo ngendo kugira ngo dutware ubutumwa butanga icizigiro bukenewe cane”.—Zaburi 56:11.
Akigoro kagirwa kw’isi yose ko gutanga ibifungurwa vyo mu vy’impwemu
Abantu benshi muri iki gice ca Afirika barashima kwumviriza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Ibitabu dutwara bigenewe kubafasha kuronka ivyo bakeneye mu vy’impwemu (Matayo 5:3; 24:14). Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Kamerune biri i Douala vyama bironsa ibitabu abamamaji b’Ubwami barenga 30.000 be n’abantu bashimishwa n’ukuri bo muri Kamerune, bikongera bikabironsa ibihugu bine bibanyi.
Ivyo bitabu biba bimaze kugira urugendo rurerure. Vyinshi muri ivyo biba vyacapuriwe mu Budagi, mu Butaliyano, mu Bwongereza, muri Esupanye no muri Finilande. Mu nyuma bica bizanwa n’ubwato bivuye mu Bufaransa. Mu bisanzwe, uko indwi zibiri ziheze hama hashika ikonteneri imwe y’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya ku kivuko c’i Douala.
Iyo konteneri ica yurizwa kw’ikamyo na yo igaca iyijana ku biro vy’ishami. Abakorera mu Rwego rujejwe kurungika ibitabu barabipanga bakurikije aho bigenewe kuzoja. Gushikana ibitabu mu turere twa kure two mu gihugu hagati usanga bitoroshe. Ariko ivyo biri mu bigize igikorwa co gushira abantu inkuru nziza “gushika mu karere ka kure rwose k’isi” (Ibikorwa 1:8). Ivyo ishami ribikesha abitanga bavyishakiye bemera n’umutima ukunze bakagira ingendo zirimwo akaga bakoresheje amakamyo. Ku bw’ivyo, abantu amamiliyoni bo muri ico gice ca Afirika yo hagati bama baronka umukimba w’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.
Rumwe muri izo ngendo
Ivyo bitabu bitwarwa n’amakamyo bijanwa muri Kamerune, muri Tchad, muri Guinée équatoriale, muri Gabon no muri République centrafricaine. Reka tujane n’ikamyo imwe be n’abayikoresha. Niwihe ishusho wicaranye n’abashoferi, witeguriye gufata urugendo ruzomara imisi cumi canke irenga utazi ibizogushikira.
Abashoferi batandatu ni bo bafashanya mu kugira urwo rugendo. Bategerezwa kuba ari abantu b’indyamunyu, babishoboye, bihangana kandi bambaye neza. Hari igihe bagenda bambaye imararubanza z’ikinyafirika canke bakambara ishati n’ikaruvati. Mu gihe giheze, hari abakozi bo kuri duwane bavuze bati: “Ehe basha ukuntu iyi kamyo isukuye be n’ukuntu abashoferi bayo bashajije nka kumwe nyene tubabona ku mafoto yo mu bitabu vyabo!”. N’igihambaye kuruta uko abo bashoferi baba bambaye, ni umutima ukunze bafise wo kwemera kugenda aho ari ho hose kugira ngo basukurire abandi.—Zaburi 110:3.
Duhagurutse i Douala igihe c’isaha 12 zo mu gitondo izuba riserutse, kugira ngo twirinde guca muri ico gisagara kidatunganijwe neza igihe haba hari uruja n’uruza rw’imiduga. Duhejeje kujabuka ikiraro kiri hafi y’ibiro vy’ishami no kuva muri ico gisagara kirimwo uruja n’uruza rwinshi cane, duca tugenda twerekeza mu Buseruko tuja i Yaoundé ku murwa mukuru wa Kamerune, aho dutangura gusiga ibitabu.
Abo bashoferi bose uko ari batandatu boshobora kukubwira ukuntu bitoroshe gutwara ikamyo ipakiye amatoni cumi y’ibitabu. Nta ngorane nyinshi tugira mu misi itatu ya mbere tumara duca mu mabarabara ashashemwo amabuye, naho nyene bisaba ko twiyubara cane kandi tukarikanura. Hanyuma, mu kanya isase haca hagwa imvura y’isegenya. Ibarabara tugezemwo ni iry’ibivu; ririmwo igipfungu, riranyerera, kandi tubwirizwa kugenda buhorobuhoro kubera ko ririmwo n’ibinogonogo. Ng’ubwo burahwibiriye. Ni igihe co guhagarara, twihereze udufungurwa, maze turabe ingene twihengeka amaguru tuyashize hejuru ya harya imbere ya shoferi. Ubwo ni bwo buzima bw’abagira izo ngendo!
Bukeye bw’aho mu gaturuturu, turabandanya urugendo rwacu. Umwe muri abo bashoferi arafasha mu kuguma arikanuye araba ukuntu ibarabara rimeze. Turamutse twegereje cane umuserege w’ibarabara, aca atuburira adatebaganye. Abashoferi barazi neza ko bishitse ikamyo igakorokera mu muserege, bishobora kubasaba imisi nk’ingahe kugira ngo bayikureyo. Tumaze kujabuka urubibe rwa République centrafricaine, na ho nyene tuguma duca mu mabarabara mabi. Tumara ibilometero 650 bikurikira duca mu turere duteye igomwe dutotahaye kandi tugizwe n’imisozi. Abana, abatama n’abatamakazi be n’abavyeyi bahetse ibibondo, bose baraduza amaboko baturamutsa uko tugenda turaca buhorobuhoro mu dusagara babamwo. Kubera uruhagarara rudahera abanyagihugu barimwo, imiduga ica muri ayo mabarabara muri iyo misi usanga ari imparurwa, akaba ari co gituma abantu baturaba batangaye.
Ibintu biteye umunezero vyabashikiye
Umwe mu bashoferi turi kumwe yitwa Janvier aratubwira yuko naho usanga bama bafise umwanya muto, bakunze guhagarara mu bisagara bitobito kugira ngo baruhuke gatoyi bongere bashikirize abantu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Yigana ati: “Dushitse i Baboua twama tugerageza kuvugana n’umukozi umwe wo ku bitaro yashimishijwe cane n’ubutumwa bw’Ubwami, tugashobora no kumugirira inyigisho ya Bibiliya mu mwanya mutoyi. Umusi umwe mbere twaramweretse ari kumwe n’umuryango wiwe ya videwo ivuga ivyerekeye Nowa. Abagenzi n’ababanyi biwe baraje, maze inzu yiwe ntiyateba kwuzura abantu banezerewe bariko barorera iyo videwo. Abo bantu bose bari barumvise ivyerekeye Nowa, yamara ico gihe hoho barashoboye kwibonera inkuru yiwe muri iyo videwo. Vyarakora ku mutima kubona ingene abo bantu bakengurutse cane. Mu nyuma, baraduteguriye icibo kidasanzwe kugira ngo badushimire, bongera baratugobera ngo turare. Naho twabwirijwe guca tugenda ubwo nyene maze tukabandanya urugendo rwacu rurerure, twaranezerewe no kuba twari twashoboye kubwira inkuru nziza abo bantu bicisha bugufi”.
Uwundi mushoferi yitwa Israel, aribuka ibintu vyabashikiye ku rundi rugendo bariko baragira baja i Bangui aho turiko turaja. Avuga ati: “Uko twegereza i Bangui, ni ko twaza turaca aho bazibiye ibarabara. Igishimishije ni uko abasoda benshi twari tumenyeranye kandi bakaba baribuka ikamyo yacu kubera ingendo nyinshi twari tumaze kugira. Baradusavye kwicarana na bo kandi barahimbawe no kwakira ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Baraha agaciro ibitabu baronka, akaba ari co gituma baca bavyandikamwo izina ryabo, igenekerezo babironkeyeko be n’izina ry’uwabibahaye. Abasoda bamwebamwe bari bafise incuti zisanzwe ari Ivyabona, ico na co kikaba ari ikindi kintu catumye tumenyerana na bo”.
Umushoferi abimenyereye kuruta abandi yitwa Joseph aratwiganira ikintu abona ko ari co nyamukuru mu gihe c’izo ngendo, ico na co kikaba ari igihe baba bashitse. Ku bijanye n’urugendo rumwe bagize, avuga ati: “Dusigaje ibilometero nka bingahe ngo dushike i Bangui, twaratelefonye abavukanyi bacu kugira tubabwire yuko tugira tubatureko amaguru. Baraduherekeje muri ico gisagara cose, baradufasha gutunganya ibisabwa n’amategeko vya nyuma. Igihe twashika, abavukanyi bose bari ku biro vy’ishami baciye baza kutugumbira n’igishika cinshi. Abavukanyi bitanze baraje bavuye mu mashengero yo mu micungararo, maze mu masaha makeyi, amakarato amajana n’amajana arimwo amabibiliya, ibitabu, udutabu n’ibinyamakuru yari amaze gupakururwa no kubikwa aho ashikira”.
Joseph yongerako ati: “Rimwe na rimwe ivyo twaba tuzanye wasanga birimwo impuzu, ibirato be n’ibintu vy’abana vyatanzwe bigenewe abavukanyi bo mu gihugu kibanyi ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo. Mbega umunezero twagira kubona ingene abavukanyi bakenguruka bamwenyura”!
Tumaze umusi umwe turuhutse, turasuzuma ikamyo yacu maze tugasubira inyuma. Tuba twiteze gushikirwa n’ingorane, mugabo ibintu biteye umunezero twibonera biraturutira kure n’iyo ivyo twoshumbushwa ku bw’ingorane zose twoba twagize.
Ingendo ndende, imvura y’isegenya, amabarabara mabi cane, ugutoboka kw’amapine be n’ugukwama kw’ikamyo vyoshobora gutesha umuntu umutwe. Abasoda batagira indero usanga nantaryo bateza ingorane. Naho ari ukwo, nta kintu na kimwe gituma abo bashoferi barushiriza kugira umunezero coza gisumba gutwara inkuru nziza y’Ubwami mu bice vya kure vyo muri Afirika, maze bakibonera ukuntu igira ico ikoze ku buzima bw’abantu bayakira.
Nk’akarorero, biciye kuri ukwo gutwara inkuru nziza, hari umuntu wo mu gisagara kimwe gitoyi co muri République centrafricaine kiri kure y’ibindi, hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Sudani, ubu yisomera Bibiliya yahinduwe mu mvugo ya none. Umukenyezi wiwe ariga inomero z’Umunara w’Inderetsi ziherutse gusohorwa, abana babo na bo bakaba bungukira ku gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambayeb. Abo hamwe n’abandi benshi baba mu gihugu hagati bararonka ibifungurwa vyo mu vy’impwemu nk’uko abavukanyi babo bakirisu bo mu bisagara bininibinini babironka. Ico ni ikintu giteye umunezero koko!
[Utujambo tw’epfo]
a Kuva ico gihe, hari ibintu vyinshi vyakozwe kugira hagarukanwe umutekano kw’ibarabara riva i Douala rija i Bangui.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Picture/Ikarata ku rup. 9]
(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)
KAMERUNE
Douala
RÉPUBLIQUE CENTRAFRICAINE
Bangui
[Ifoto ku rup. 9]
Joseph
[Ifoto ku rup. 9]
Emmanuel
[Ifoto ku rup. 10]
Ishami ryo muri République centrafricaine riri i Bangui
[Ifoto ku rup. 10]
Aha bariko barapakurura ikamyo i Bangui