ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/9 rup. 31
  • Yarahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Abaherutse kuja mu Nama Nyobozi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/9 rup. 31

Yarahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova

ALBERT D. SCHROEDER, uwahora ari mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa gatatu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2006. Yari afise imyaka 94, akaba kandi yari amaze imyaka irenga 73 mu busuku bw’igihe cose.

Umuvukanyi Schroeder yavutse mu 1911, avukira i Saginaw, muri Michigan, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerikaa. Akiri umwana, yarize ibintu vyinshi vyerekeye Bibiliya avyigishijwe na inakuru avyara nyina, uwamushizemwo kandi ugukunda gusoma Ijambo rya Yehova. Yarize ikilatini, ikidagi yongera ariga ibijanye n’ivyuma bikoresha umuyagankuba muri kaminuza y’i Michigan. Yamara rero, kubera ko yagenda arushiriza guha agaciro Ivyanditswe, yarahagaritse ivyo vyigwa kugira atangure igikorwa c’igihe cose co kwamamaza Ubwami. Mu 1932, yarinjiye mu muryango wa Beteli y’i Brooklyn, i New York.

Mu 1937, umuvukanyi Schroeder, uwari afise imyaka 26, yaragenywe ngo ahagarikire igikorwa c’Ivyabona vya Yehova mu Bwongereza. Umwete yari afitiye igikorwa co kwamamaza wararemesheje abatari bake gutangura gukora umurimo w’igihe cose. Mu bo bari kumwe kuri Beteli y’i Londres harimwo umusore yitwa John E. Barr. Uno bahavuye bakorana imyaka itari mike mu Nama Nyobozi.

Igikorwa umuvukanyi Schroeder yarangurira Ivyabona vya Yehova nticabuze kumenyekana mu myaka y’intambara. Muri Myandagaro 1942, yarirukanywe mu Bwongereza. Inyuma y’urugendo ruteye ubwoba yagize mu gihe c’intambara aciye mw’ibahari Atalantike, yarashitse i Brooklyn muri Nyakanga.

Ico gihe, abasavyi ba Yehova bari bamaze kubona ko igikorwa gihambaye cokenewe kurangurwa inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose. Umuvukanyi Schroeder yaratangaye yongera arahimbarwa aho ashingiwe ikindi gikorwa, kikaba cari ico gufasha gutegura ivyigwa vyo mw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Yaramaze imyaka itari mike yigisha muri iryo shure, afasha kumenyereza abamisiyoneri. Abanyeshure yigishije i Gileyadi be n’abo yigishije mu nyuma mw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami, ntibazokwigera bibagira ibihe bamaranye ariko arabigisha. Yarahimbarwa no kuvyurira abo yigisha umutima wo gukunda ivyagezwe vy’Imana. Yarashimika kandi ku kamaro ko kumenya Yehova.

Mu mwaka wa 1956, umuvukanyi Schroeder yarubakanye na Charlotte Bowin, maze mu 1958 bararonka umwana w’umuhungu, bakaba bamwise Judah Ben. Umuvukanyi Schroeder yari umunega mwiza akaba na sebibondo mwiza w’umukirisu. Mu mwaka wa 1974, yaratanguye gusukura mu Nama Nyobozi, aho uguca mu kajisho kwiwe kwashimwa cane. Yari umuntu ameze neza kandi yicisha bugufi yashaka imbere ya vyose guhayagiza izina rihambaye ry’Imana. Turizigiye tudakeka ko umuvukanyi Schroeder yaronse impera yiwe yo mw’ijuru, kubera ko yari umukirisu yasizwe, akaba yari umuntu vy’ukuri ‘yahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova’.​—Zaburi 1:2.

[Akajambo k’epfo]

a Inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Schroeder yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ntwarante 1988.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika