“Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!”
ZABURI ya 119 ni ururirimbo rwerekana ukuntu uwayitunganije yumva amerewe ku bijanye n’ubutumwa bw’Imana bwahumetswe, ari ryo jambo ryayo. Uwo mwanditsi wa Zaburi aririmba ati: “Nabītse ijambo ryawe mu mutima wanje”. “Nzonezerererwa ivyo washinze”. “Umutima wanje umenaguwe n’igihahamizi ugirira imanza zawe ziroranye ibihe vyose”. “Ivyo wihanikirije na vyo birampimbara”. “Nahahamiye amateka washinze”. “Nzohimbarwa n’amabgirizwa yawe, kuko ari yo nkunda”. “Nzokwiyumvira ivyo washinze”. “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra”.—Zaburi 119:11, 16, 20, 24, 40, 47, 48, 97, ni twe dushimitse.
Ese ukuntu uwo mwanditsi wa Zaburi yakenguruka bimwe bivuye ku mutima ijambo ry’Imana ryahishuwe! Woba nawe wiyumva nk’ukwo nyene ku bijanye n’ubutumwa buri mw’Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya? Woba wipfuza kurikunda cane nk’ukwo kw’uwo mwanditsi wa Zaburi? Niba ari ukwo biri, urakeneye kubanza kumenyera gusoma Bibiliya udahorereza, bishobotse ukabigira ku musi ku musi. Yezu Kirisitu yavuze ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana” (Matayo 4:4). Ubugira kabiri, urakwiye kuzirikana ku vyo usoma. Niwazirikana ku kuri kwerekeye Imana, kuri kamere zayo, ku vyo igomba no ku mugambi wayo, bizotuma urushiriza guha agaciro Bibiliya (Zaburi 143:5). N’igihambaye kuruta, nushire mu ngiro impanuro itanga mu buzima bwawe bwa misi yose.—Luka 11:28; Yohana 13:17.
Ni ivyiza ibihe uzoronka niwarushiriza gukunda ivyo Bibiliya ivuga? Muri Zaburi 119:2, hagira hati: “Hahirwa abitondera ivyo [Imana] yihanikirije”, ari vyo vyibutswa vyayo. Ivyibutswa dusanga muri Bibiliya bizogufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zo mu buzima (Zaburi 1:1-3). Uzokwironkera ubwenge, ari bwo bukerebutsi, wironkere uguca mu kajisho be n’ugutahura, ivyo na vyo bikaba bizogufasha ‘kubuza ibirenge vyawe inzira mbi yose’ (Zaburi 119:98-101). Kumenya ukuri kwerekeye Imana n’umugambi ifitiye isi bizotuma ubuzima bwawe burushiriza kuba uburi n’ico buvuze, vyongere bitume ugira icizigiro ciza ku bijanye na kazoza.—Yesaya 45:18; Yohana 17:3; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Ivyabona vya Yehova barahimbarwa cane no gufasha abandi kugira ngo bashobore kurushiriza kumenya neza Bibiliya bongere bakunde cane ubutumwa buri muri yo. Tukuremesheje bivuye ku mutima kwitabira ako kamo kari aho hepfo.