“Ni igisharizo gisharije Galilaya yose”
ICO gisagara cari nko ku birometero bitandatu n’igice mu Buraruko bushira Uburengero bwa Nazareti, ca gisagara Yezu yakuriyemwo. Ico gisagara nticigeze candikwa mu Njili. Yamara, wa mutohozakahise azwi cane w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe yaragihayagije avuga ko cari “igisharizo gisharije Galilaya yose”. Ico cari igisagara ca Seforisi. Ni igiki none tuzi ku vyerekeye ico gisagara?
Inyuma y’urupfu rwa Herode Mukuru nko muri 1 B.G.C., abanyagihugu bo muri Seforisi baragararije Uburoma bica bituma igisagara cabo gisangangurwa. Antipa umuhungu wa Herode yaratoranye intara ya Galilaya n’iya Pereya maze ahitamwo kwubaka umurwa mukuru mushasha ahari ibisigarira vy’ico gisagara. Ico gisagara carasubiye kwubakwa hakoreshejwe uburyo Abagiriki n’Abaroma bubaka, ariko abanyagihugu baho nka bose bari Abayuda. Nk’uko Porofeseri Richard A. Batey abivuga, cabaye “ho hantu nyamukuru Leta yagenzurira Galilaya na Pereya” gushika aho Antipa yubakiye igisagara ca Tiberiya nko mu 21 G.C. kugira ngo habe ari ho haba umurwa mukuru usubirira Seforisi. Ico gihe, Yezu yaba mu micungararo y’ico gisagara ca Seforisi.
Porofeseri James Strange yacukuye utwa kera i Seforisi yiyumvira yuko ico gisagara cari gifise ahantu bashingurira ivyandikano, ikigega co kubikamwo amahera, aho kubika ibirwanisho, amabanki, inyubakwa zihuriramwo abantu benshi be n’amasoko agurishirizwamwo ibibumbano, ibikoresho vy’ibiyo, ibikoresho vy’ivyuma, amabuye y’agaciro be n’ibifungurwa vy’ubwoko butandukanye. Hariho abantu bajisha, abadandaza b’impuzu be n’amamangazini umuntu yashobora kuguriramwo ibiseke, ibikoresho vyo mu nzu, ibintu bimoga n’ibindi mwene ivyo. Bigereranywa ko ico gihe abanyagihugu bahaba bari hagati ya 8.000 na 12.000.
Yezu yoba yarigeze kugendera ico gisagara gikomeye cakorerwamwo ibintu vyinshi cari ahantu umuntu yagira urugendo rw’isaha imwe avuye i Nazareti? Nta nyishu Injili zitanga kuri ico kibazo. Ariko rero, inyizamvugo imwe (The Anchor Bible Dictionary) ivuga yuko “inzira imwe biboneka ko umuntu yashobora gucamwo avuye i Nazareti aja i Kana h’i Galilaya, yaca i Seforisi” (Yohana 2:1; 4:46). Umuntu ari i Nazareti arashobora kubona umusozi wari wubatseko ico gisagara ca Seforisi uri nko ku metero 120 hejuru y’ikiyaya. Hari abiyumvira yuko Yezu ashobora kuba yariko yiyumvira ico gisagara igihe yatanga akarorero kavuga yuko “igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi [kida]shobora guhishwa”.—Matayo 5:14.
Inyuma y’aho Yeruzalemu hasanganguriwe mu 70 G.C., Seforisi caciye kiba igisagara gikuru c’Abayuda b’i Galilaya, mu nyuma na ho haba ahantu Ikombe, ya sentare nkuru y’Abayuda, yaza irasasira. Carigeze gusagamba kiraba ikibanza gikomeye Abayuda baja gukarihirizamwo ubwenge.
[Ikarata/Ifoto ku rup. 32]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Ikiyaga c’i Galilaya
GALILAYA
Kana
Tiberiya
SEFORISI
Nazareti
PEREYA
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Ibibumbano: Vyacukuwe na Wohl Archaeological Museum, Herodian Quarter, Jewish Quarter. Bifiswe na Company for the Reconstruction of the Jewish Quarter in the Old City of Jerusalem, Ltd