ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/6 rup. 12-15
  • Nuhimbarwe mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhimbarwe mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nugume ubona ibintu mu buryo bubereye
  • Nutahure yuko ibintu vyama bisaba umwanya
  • Ntiwigereranye n’abandi, ahubwo niwishingire imigambi ushobora gushitsa
  • Uzoronka impera
  • Vyoba bishoboka ko ushima uko ivyawe vyifashe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba ‘warize akabanga’ ko kubumbwa n’ivyo ufise?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ushobora Gute Kugumana Uburimbane mu Kuntu Ubona Amahera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Abakozi bo mu murima w’imizabibu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/6 rup. 12-15

Nuhimbarwe mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

NTA gukeka ko umaze kubona ivyo akayabu kagira iyo kimererewe neza. Emwe, ivyo biba vyerekana neza ko kaba kiryoherewe! Ese ukuntu vyoba biryoshe twimererewe neza nk’ako kayabu duhimbawe! Ariko rero, abantu benshi birabagora guhimbarwa kandi n’iyo bahimbawe ugasanga bimara akanya gato. Kubera iki none ari ukwo bimeze?

Ni kubera yuko akenshi bishika tugakora amakosa bivuye ku gasembwa dufise kandi tukaba dutegerezwa kwihanganira amakosa abandi bakora. N’ikindi kandi, tubayeho mu misi Bibiliya yita “imisi y’iherezo”, irangwa n’“ibihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1-5). Naho hari ibintu bimwebimwe vyaduhimbaye twibuka vyabaye mu gihe twari tukiri abana, benshi muri twebwe muri iki gihe turashikirwa n’ingaruka zikomeye z’ibi “bihe bigoye”. Vyoba none bishoboka ko duhimbarwa muri kino gihe?

Urabona ko Ivyanditswe bitavuga yuko ibi bihe tubayemwo vyobaye ari ibihe ata woshobora kubibamwo, ahubwo riho ko vyobaye bigoye. Turashobora kumenya uko tuvyifatamwo mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Hari aho tutokwama dutorera umuti ingorane turimwo, ariko tuzokwumva duhimbawe ku rugero runaka. Reka twihweze zitatu muri izo ngingo ngenderwako.

Nugume ubona ibintu mu buryo bubereye

Kugira ngo duhimbarwe, dutegerezwa kuguma tubona mu buryo bubereye ivy’uko twebwe cokimwe n’abandi turi n’aho tugarukiriza. Intumwa Paulo, mw’ikete yandikiye Abaroma, avuga ati: “Bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana” (Abaroma 3:23). Hari imice myinshi y’ubwiza canke y’ubuninahazwa bwa Yehova tudashobora gutahura. Umwe muri iyo ni iki kintu c’ukuri kivugwa mw’⁠Itanguriro 1:31: “Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane”. Igihe cose Yehova ashimye gutereza amaso inyuma akaraba ivyo yari yarakoze, arashobora kwama avuga yuko “vyari vyiza cane”. Nta muntu n’umwe yokwama avuga gutyo. Gutahura ko turi n’aho tugarukiriza ni yo ntambwe ya mbere idushikana ku guhimbarwa. Ariko si ivyo gusa. Turakeneye kandi gutahura no kwemera uburyo Yehova we abona ibintu.

Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “icaha” riva kw’ijambo ry’intango risobanura guhusha. Reka tubitangire akarorero: Iyumvire nk’umuntu yoba yipfuza gutahukana agashimwe mw’ihiganwa ryo kurasa ikintu kinaka akoresheje umwampi. Afise imyampi itatu ashobora gukoresha. Ararashe umwampi wa mbere maze agahusha ico kintu, uwo mwampi ugaca ku metero imwe kure yaco. Aragerageje gutumbereza neza kuruta umwampi wa kabiri mugabo asubira guhusha, umwampi ugaca kuri santimetero 30. Ubu hoho aragerageje uko ashoboye kwose gutumbereza neza cane, ararekuye umwampi wa nyuma maze agahusha, umwampi ugaca kuri santimetero zibiri gusa. Hari habuze gatoyi gusa, ariko uwahushije aba yahushije.

Na twebwe tumeze nk’uwo murashi agenda ababaye. Rimwe na rimwe dusa nk’aho ‘duhusha’ cane. Ikindi gihe na ho turagerageza gutumbereza neza, mugabo tukaguma duhusha. Biratubabaza cane kubera ko tuba twagerageje uko dushoboye kwose, yamara ugasanga na ho nyene ntitwashikije neza intumbero yacu. Ubu na ho reka tugaruke kuri uwo murashi.

Uwo murashi ariko aragenda buhorobuhoro, ababaye cane kubera ko nya gashimwe yari agashashaye cane. Buno nyene, agiye yumva uwuhagarikiye iryo higanwa amuhamagaye ngo agaruke, maze akamuha nya gashimwe, akamubwira ati: “Nshimye kuguha aka gashimwe kubera ko ndagukunda kandi nabonye ko ata ko utari wagize”. Uwo murashi akamwemwe gaciye kamusya!

Emwe, karamusya pe! Abo bose bazohabwa n’Imana “ingabire” y’ukubaho batagira agasembwa ibihe bidahera, ni ko na bo nyene bazokwumva bamerewe (Abaroma 6:23). Bamaze kuronka ubwo buzima, ikintu cose bazokora kizoba ari ciza; emwe, ntibazokwigera basubira guhusha. Uguhimbarwa kuzoba ari kwose. Mu kurindira ico gihe, tugumije ico kintu mu muzirikanyi, bizodufasha kwumva duhimbawe n’ukuntu ivyacu be n’ivy’abandi vyifashe.

Nutahure yuko ibintu vyama bisaba umwanya

Nta woharira ko ikintu cose kidasaba umwanya. Ariko none woba umaze kubona ukuntu bigoye ko uguma uhimbawe mu gihe ikintu urindiriye gisa n’igitevye cane kuruta uko wabiziga, canke mu gihe ibintu bigoye bisa n’ibimaze igihe kirekire kuruta uko wari waravyiyumviriye? Yamara, hariho abashoboye kuguma bahimbawe naho ibintu vyari vyifashe gutyo. Zirikana ku karorero ka Yezu.

Yezu imbere y’uko aza kw’isi, yari intangakarorero mw’ijuru mu bijanye no kwumvira. Yamara, hano kw’isi ni ho ‘yigishirijwe kwumvira’. Uti gute? Biciye ku “vyo yababajwe”. Ataraza kw’isi, yahora yitegereza ukuntu abantu bacumukura mugabo ubwiwe ntivyari bwamushikire. Igihe yari kw’isi, na canecane kuva igihe yabatizwa muri Yorodani gushika ku rupfu rwiwe i Gologota, yaraciye mu bintu vyinshi bitoroshe. Ntituzi neza na neza ukuntu Yezu ‘yahinguwe rwose’ mu bijanye n’ivyo, yamara ico tuzi co ni uko ivyo vyatwaye igihe.​—Abaheburayo 5:8, 9.

Yezu yarashoboye kuvyifatamwo neza kubera yuko yagumye azirikana ku “munezero yashizwe imbere”, ni ukuvuga impera yohawe kubera ukudahemuka kwiwe (Abaheburayo 12:2). Ariko ntiwumve, rimwe na rimwe vyarashika ‘akinginga akongera agasenga cane, atakamba cane arira’ (Abaheburayo 5:7). Birashobora gushika natwe tugasenga muri ubwo buryo. Ivyo none Yehova abibona gute? Uwo murongo nyene werekana ko Yehova ‘yumviye’ Yezu. Na twebwe Imana izotwumvira. Uti kubera iki?

Kubera yuko Yehova azi aho ubushobozi bwacu bugarukira akaba kandi ahaseruka kugira adufashe. Umwe wese ari n’aho ubushobozi bwiwe bugarukira ku bijanye n’ivyo ashobora kwihanganira. Hari umwibutsa wo mu gihugu co muri Afirika citwa Bénin uvuga uti: “Iyo amazi abaye menshi cane amaherezo n’ibikere birasoma nturi”. Yehova aramenya neza kuturusha igihe tuba tugira dushike aho ubushobozi bwacu bugera. Abigiranye urukundo, aratugirira ‘ikigongwe n’ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiye’ (Abaheburayo 4:16). Ivyo yarabigiriye Yezu, kandi yarabigiriye abandi benshi cane. Raba ukuntu uwitwa Monika yabigiriwe.

Monika yakuze ari umuntu wasanga ari gake afise ingorane, akaba n’umuntu ashwashwanutse yamana akamwemwe. Mu 1968, agifise imyaka irenga gatoyi 20, yarakubiswe n’inkuba igihe yamenya ko yari arwaye ya ndwara ifatira mu bwonko canke mu giti c’umugongo yitwa sclérose en plaques, iyo ikaba ari indwara akenshi ituma ibihimba bimwebimwe vy’umubiri bimugara. Ivyo vyatumye ubuzima bwiwe buhinduka rwose, vyongera bisaba ko agira ibintu bihambaye ahinduye mu bijanye n’ubusuku bw’igihe cose yarangura. Monika yaratahuye ko iyo ndwara yomaze igihe kirekire. Haciye imyaka 16, yavuze ati: “Indwara yanje, gushika n’ubu ntishobora gukira kandi hari aho vyoguma ukwo gushika Imana ihinduye ibintu vyose bikaba bisha”. Yariyemereye ubwiwe yuko bitamworoheye, mu kuvuga ati: “Naho abagenzi banje bavuga yuko nagumye ndi umuntu yamana akamwemwe be n’uko umunezero wanje ata ho wagiye, . . . abagenzi banje somambike bo barazi ko bihora bishika nkarira, umwosori ukandenga”.

Yamara rero, yavuze ati: “Narize kwihangana no kunezerwa igihe cose mbonye ko natoye na ka mitende. Kubona ukuntu abantu badashoboye gutuza indwara naho bagerageza gute, vyarakomeje ubucuti mfitaniye na Yehova. Yehova wenyene ni we ashoboye gukiza abantu indwara buhere”. Monika, abifashijwemwo na Yehova, yagumye ari umuntu ahimbawe kandi ubu arashobora gutereza amaso inyuma akazirikana ku myaka irenga 40 yamaze akora umurimo w’igihe cose.

Ni ivy’ukuri yuko ibintu nk’ivyo vyashikiye Monika bitoroshe. Ariko nta gukeka ko uzorushiriza kwumva uhimbawe niwatahura yuko ibintu bimwebimwe vyoshobora gutwara igihe kirekire kuruta uko wavyiyumvira. Nk’ukwo kwa Monika, na wewe urashobora guhera amazinda yuko Yehova atazobura “ku[g]utabara mu gihe gikwiye”.

Ntiwigereranye n’abandi, ahubwo niwishingire imigambi ushobora gushitsa

Wewe umeze ukwawe. Nta muntu n’umwe ameze neza na neza nkawe. Ku bijanye n’ico kintu, imvugo imwe yo mu rurimi rwo muri Afirika rwitwa gun ni yo yivugira iti: “Intoke zose ntizireha”. Mbega ga ntuze, wumva hari umuntu afise ubwenge yorondera kugereranya urutoke n’urundi? Nta gukeka ko nawe utoshima ko Yehova akugereranya n’uwundi muntu, kandi nta n’ivyo azokwigera agira. Ariko rero, abantu benshi usanga bafise agatima ko kwigereranya n’abandi kandi ako gatima karashobora gutuma bataba bagihimbarwa. Raba ukuntu Yezu ivyo yabitangiye akarorero gakomeye, nk’uko tubisoma muri Matayo 20:1-16.

Yezu yavuze ivyerekeye “nyen’uruzabibu” umwe yari akeneye abakozi bokora mu murima wiwe w’imizabibu. Yarabonye abagabo bamwe ata co bariko barakora maze arabaha akazi. Yari ‘yazindutse’, bikaba bishoboka ko yakabahaye isaha 12:00 zo mu gitondo. Yarumvikanye na bo ko boronse umushahara w’umusi umwe bakunda guha abaca ingero ico gihe, uwo na wo ukaba wangana n’idenariyo imwe ku wakoze amasaha 12. Abo bagabo bategerezwa kuba baranezerewe kubona baronse akazi kandi k’umushahara wari usanzwe utangwa ico gihe. Mu nyuma, uwo nyene umurima yagiye arabona abandi bagabo ata co bariko barakora maze aza arabaha akazi, bamwe batangura gukora isaha 3:00 zo mu gitondo, abandi isaha 6:00 zo ku murango, abandi isaha 9:00 zo ku muhingamo, n’abandi mbere batangura isaha 11:00 zo ku mugoroba. Muri abo bose nta n’umwe yokoze umusi wose w’akazi. Ku bijanye n’umushahara boronse, uwo nyene umurima yabasezeraniye yuko yobahaye “ivyo [ba]kwiranye”, maze abo bakozi baremera.

Bugorovye, nyene umurima yarabwiye uwujejwe gukoresha abakozi biwe ngo ahembe abo bakozi. Yamubwiye ngo ahamagare abakozi maze atangure guhemba abaje gukora inyuma y’abandi bose. Bano bari bakoze isaha imwe gusa, ariko igitangaje ni uko baronse umushahara w’umusi wose. Ngirango turashobora kwiyumvira ibiyago bishushe vyaciye biba. Abari bakoze amasaha 12 yose baciye bibwira yuko bobo bohawe menshi kuruta. Yamara rero, na bo baronse ayo nyene.

None ivyo bavyakiriye gute? “Bayahawe bidodombera nyen’uruzabibu, bat’Abaherutse kuza, bagakora isaha imwe gusa, none k’ubaringanije natwe twacumukuye umurango wose no mu ndugumba!”

Ariko uwo nyene umurima we si ko yabona ibintu. Yarerekanye yuko baronse ayo bari basezeranye, ata na rumwe ruvuyeko. Na yo abandi bobo, yashimye kubaha umushahara w’umusi w’akazi ukwiye, uwo ukaba ata gukeka ko waruta uwo bari biteze. Mu vy’ukuri, nta n’umwe yaronse ayari munsi y’ayo yari yumvikanye n’uwo nyene umurima; ubiravye, benshi muri bo baronse ayaruta ayo bari biteze. Rero mu gusozera, uwo nyene umurima yabajije ati: “Har’ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje?”.

Ubu na ho, iyumvire ukuntu vyari kugenda iyo nya mukoresha atangura guhemba abari batanguye gukora imbere y’abandi bose, maze bano bagaca bigira. Bari kwumva bahimbawe. Batanguye kwumva bababaye igihe gusa babonye ko abandi baronse amahera angana n’ayabo kandi bakoze amasaha make. Ivyo vyarabashavuje gushika n’aho bidodombera nyene umurima, uwo bashobora kuba bari bashimiye mu ntango kubera abahaye akazi.

Ivyo birerekana neza ibishika igihe twigereranije n’abandi. Uzirikanye ku bucuti wewe ubwawe ufitaniye na Yehova ukongera ugakenguruka ukuntu aguhezagira, uzoheza wumve uhimbawe. Nturondere kugereranya ivyawe n’ivy’abandi. Mu gihe bibonetse ko Yehova yashimye kugira ikintu ciyongereye agiriye abandi, nunezerwe kubera ico kintu abakoreye, wongere unezeranwe na bo.

Ariko rero, hari ikintu Yehova akwitezeko. Uti ni ikihe? Mu B’i Galatiya 6:4 havuga hati: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite”. Mu yandi majambo, niwishingire imigambi ushobora vy’ukuri gushitsa. Nutegekanye ibintu ushobora mu vy’ukuri gushikako, maze ugerageze kubishikako. Mu gihe uwo mugambi ari uwo vy’ukuri ushobora gushitsa, uramutse uwushikije, “[u]zobona ico wirata”. Emwe, uzokwumva uhimbawe.

Uzoronka impera

Izo ngingo ngenderwako zitatu duhejeje kwihweza zirerekana ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora vy’ukuri gutuma twumva duhimbawe naho tubayeho muri iyi misi y’iherezo, tukaba kandi turi abanyagasembwa. Igihe usoma Bibiliya ku musi ku musi, ubona gute ugiye urarondera ingingo ngenderwako nk’izo, zaba izavuzwe mu buryo bwibonekeza canke izavuzwe mu nkuru no mu burorero mu buryo budashoka bwibonekeza?

Bishitse ukumva ntugihimbawe nk’uko wahora, nugerageze kumenya impamvu nyakuri ibituma. Nuce urondera ingingo ngenderwako woshobora gushira mu ngiro kugira ngo usubize ibintu ku murongo. Nk’akarorero, woshobora kuraba ku rupapuro rwa 22-23 muri ka gatabu “Ivyanditswe vyose” ni ivy’ukuri kandi ni ngirakamaro (ko mu 2006)a. Aho haraca irya n’ino igitabu c’Imigani, kandi uzohasanga ingingo ngenderwako nyinshi be n’impanuro nyinshi vyatororokanijwe munsi y’udutwe dutoyi 12. Ca gitabu c’amaronderero citwa Index des publications Watch Tower* be na ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu citwa Watchtower Library kiri ku kadisiki kitwa CD-ROM*, ni amasoko meza cane y’amakuru. Niwaza urabikoresha kenshi, uzosanga warabaye umuhanga mu vyo kuronka ingingo ngenderwako wokwisunga.

Yehova agiye vuba guha ababikwiye ubuzima budahera mw’isi nshasha izoba yabaye Iparadizo, bibereho batagira agasembwa. Bazohimbarwa mu buzima bwabo bwose.

[Akajambo k’epfo]

a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro ku rup. 12]

“Bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana”.​—Abaroma 3:23

[Iciyumviro ku rup. 13]

Yezu ‘yigishijwe kwumvira Imana n’ivyo yababajwe’.​—Abaheburayo 5:8, 9

[Iciyumviro ku rup. 15]

“Azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari [“mu kwigereranya na”, “NW”] mugenzi we”.​—Ab’i Galatiya 6:4

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika