Harumagedoni yoba ari umuhero w’agahomerabunwa?
HARUMAGEDONI! Wumvise iryo jambo uca ubona iki? Woba uca ubona agatikizo gakomeye canke iturirwa ry’ibiriho vyose? Mu mihingo myinshi y’isi, nta majambo menshi yo muri Bibiliya asigaye akoreshwa cane mu biyago vya misi yose nk’ijambo “Harumagedoni”. Iryo jambo ryarakoreshejwe cane mu kudondora ibintu biteye umubabaro biraririye gushikira abantu. Inzego z’ivy’ukwinezereza zarujuje imizirikanyi y’abantu amashusho ateye ikinya yerekana icitwa ngo ni Harumagedoni igiye kuza. Iryo jambo usanga ritazwi neza kandi ritahurwa ukutari ko. Abantu barisigura kwinshi, mugabo nyinshi mu nsobanuro bariha usanga zitajanye n’ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye na Harumagedoni kandi muri Bibiliya ari ho iryo jambo riva.
None ko Bibiliya yerekana yuko hariho isano hagati ya Harumagedoni n’‘umuhero w’ivy’iyi si’, wumva bidahambaye cane ko umuntu atahura neza ata kwihenda ico iryo jambo risobanura vy’ukuri (Matayo 24:3)? Vyongeye, wumva icumvikana atari uko wokwisunga isoko ruheta ry’ukuri, ari ryo Jambo ry’Imana, kugira uronke inyishu ku bibazo vyerekeye Harumagedoni ico ari co be n’ukuntu izogira ico ikoze kuri wewe no ku muryango wawe?
Niwihweza ivyo bibazo uraza kubona ko Harumagedoni, aho kuzana umuhero w’agahomerabunwa, izotuma ahubwo haba intango iteye akanyamuneza ku bantu bose bipfuza kubaho no gusagamba mw’isi nshasha izoba irangwa n’ubugororotsi. Uraza gutahura neza ukwo kuri guhambaye cane kwo mu Vyanditswe mu kwihweza ukuntu ikiganiro gikurikira gica irya n’ino ico Harumagedoni isobanura vy’ukuri.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 3]
WEWE UBONA KO HARUMAGEDONI ARI IKI?
• Agatikizo gakomeye gatewe n’ibirwanisho ruhonyanganda
• Uguhona gukomeye kw’ibidukikije
• Ugusekana kw’isi n’igisyo kinaka co mu kirere
• Ugusangangurwa kw’abanyakibi kuzogirwa n’Imana