Kwigenza neza biravamwo ivyiza
MW’IZINGA ritoyi rimwe riri hafi y’inkengera y’ikiyaga mu Bumanuko bw’Ubuyapani, hari inabibondo umwe n’abana biwe batoya batatu batanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ababanyi babo bo muri ako karere kari ukwa kwonyene bari abantu bumira ku vya kera. Bamaze kubona ko uwo inabibondo n’abana biwe bigana Bibiliya n’Ivyabona, baciye batangura kumwinyusha igihe cose bamubonye. Uwo inabibondo yigana ati: “N’icambabaje gusumba, ni uko binuba umunega wanje n’abana banje”. Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, uwo inabibondo yabwiye abana biwe ati: “Kugira duhimbare Yehova, dutegerezwa kubandanya kuramutsa ababanyi bacu”.—Matayo 5:47, 48.
I muhira, yarigisha abana biwe kugira urupfasoni naho ababanyi babo batabaha nirwere. Igihe uwo muryango waba uriko uraja ku mazi y’ibishuha yo kuri iryo zinga, abana bagenda barasubiramwo mu muduga uburyo bwo kuramutsa abantu. Igihe baba binjiye mu nyubakwa yaho, nya bana bama bavuga n’akanyamuneza bati: “Konnichiwa!”, bubaba bwari uburyo bwo kuramukanya. Uwo muryango warihanganye urabandanya kuramutsa abo bahura bose, naho ababanyi babo baguma binumiye. Ariko rero, abantu ntibabuze kubona ukuntu nya bana bari n’urupfasoni.
Ababanyi batari bamwe bahavuye batangura kuza barishura ngo “Konnichiwa”. Hashize imyaka ibiri, hafi abantu bose bo mu gisagara caho barasubiza abagize uwo muryango igihe babaramukije. Uretse ivyo, baratanguye no kuramukanya hagati yabo bongera bararushiriza kuba abantu b’umutima mwiza. Icegera c’umukuru w’igisagara yarashatse gutera iteka abo bana ku bw’uruhara baterereye muri iryo hinduka ryabaye. Mugabo nyina wabo yamubwiye ko abana biwe bariko bakora gusa ivyo abakirisu bakwiye gukora. Mu nyuma, mw’ihiganwa ryo gushikiriza ijambo ryari ryahuje abantu bo muri iryo zinga ryose, umwe mu bahungu b’uwo inabibondo yariganye ukuntu nyina wiwe yari yarabamenyereje kuramutsa abandi bantu mu rupfasoni, bataravye ukuntu babishura. Ijambo uwo muhungu yashikirije ni ryo ryatahukanye agashimwe ka mbere, rikaba ryaciye risohorwa mu kinyamakuru co muri ico gisagara. Ubu, uwo muryango urahimbawe cane kubona ukwisunga ingingo ngenderwako za gikirisu vyaravuyemwo ivyiza nk’ivyo. Kubwira inkuru nziza abandi birarushiriza kworoha igihe abantu bifata kigenzi.