Incungu irashira ahabona ubugororotsi bw’Imana
ADAMU na Eva bamaze kugarariza, Yehova yaciye avuga umugambi yari afise wo kuzana Urubuto rwokomerekejwe igitsintsiri (Itanguriro 3:15). Ivyo vyarangutse igihe abansi b’Imana batuma Yezu Kirisitu apfira ku giti co kubabarizwako (Ab’i Galatiya 3:13, 16). Yezu nta caha yari afise kubera ko yari yasamiwe mu buryo bw’igitangaro mu nda y’inkumi itari bwamenye icitwa umugabo biciye ku bubasha bw’impwemu yera. Ku bw’ivyo, amaraso yiwe yasesetse yoshoboye gukoreshwa bwa kiguzi c’incungu mu kubohoza abantu barazwe na Adamu icaha n’urupfu.—Abaroma 5:12, 19.
Nta kintu na kimwe gishobora kubuza Imana mushoboravyose Yehova kurangura imigambi yiwe. Ku bw’iyo mvo, aho abantu bamariye kugwa mu caha, kuri Yehova ni nk’aho ikiguzi c’incungu cari kimaze gutangwa, gutyo akaba yoshoboye kugiranira imigenderanire n’abantu bizera ko ivyo yasezeranye vyorangutse. Ivyo vyatumye abantu b’abanyavyaha bakomoka kuri Adamu, nka Henoki, Nowa na Aburahamu, bashobora kugendana n’Imana eka mbere bakagiranira na yo ubugenzi yamara ntivyanduze ubweranda bwayo.—Itanguriro 5:24; 6:9; Yakobo 2:23.
Bamwebamwe mu bantu bari bizeye Yehova barakoze ivyaha bikomakomeye. Umwe muri bo ni Umwami Dawidi. Woshobora kubaza uti: ‘Vyagenze gute ngo Yehova abandanye guhezagira Umwami Dawidi kandi yari yarasambanye na Batisheba akongera akicisha umugabo wiwe Uriya?’. Ikintu gihambaye catumye Yehova abandanya guhezagira Dawidi ni uko yigaye vy’ukuri yongera aragaragaza ukwizera nyakuri (2 Samweli 11:1-17; 12:1-14). Imana yishimikije inkuka ya Yezu Kirisitu yotanzwe mu nyuma, yarashoboye guharira Dawidi ivyaha vyiwe kubera ko yari yigaye, yamara iguma ku butungane bwayo no ku bugororotsi bwayo (Zaburi 32:1, 2). Mu gutanga ikimenyamenya c’ivyo, Bibiliya irasigura yuko ikintu ciza igitangaza incungu ya Yezu yashitseko kiruta ibindi vyose ari “[ukwerekana] ukugororoka [kw’Imana], kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera” no “mur’iki gihe”.—Abaroma 3:25, 26.
Ni vyo, abantu bararonka ivyiza vyinshi bivuye ku gaciro k’amaraso ya Yezu. Hishimikijwe iyo ncungu, abantu b’abanyavyaha bigaya barashobora kugiranira ubucuti bwa hafi n’Imana. Vyongeye, iyo ncungu iratuma abapfuye bazozurwa mw’isi nshasha y’Imana. Muri abo bazozurwa harimwo abasavyi b’Imana b’abizigirwa bapfuye imbere y’uko Yezu atanga incungu, eka mbere n’abandi benshi batasenga Yehova bapfiriye mu kutamenya. Bibiliya ivuga iti: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15). Ico gihe, Yehova yishimikije incungu, azoha ubuzima budahera abantu bose bagamburuka (Yohana 3:36). Yezu ubwiwe yasiguye ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16, ni twe dushimitse.). Abantu bazoronka ivyo vyiza vyose bivuye ku ntunganyo Imana yashizeho y’inkuka y’incungu.
Ariko rero, ikintu gihambaye ku bijanye n’incungu si ivyiza tuyironkerako. Igihambaye kuruta ni ico incungu ya Kirisitu irangura ku bw’izina rya Yehova. Iragaragaza ko Yehova ari Imana y’ubutungane butagira agahaze ishobora kugiriranira imigenderanire n’abantu b’abanyavyaha, yamara ikaguma itanduye kandi ari nyeranda. Iyo Imana idafata umugambi wo gutanga incungu, nta muntu n’umwe akomoka kuri Adamu, yaba Henoki canke Nowa canke Aburahamu, yari gushobora kugendana na Yehova kibure kuba umukunzi wiwe. Ivyo Umwanditsi wa Zaburi yarabitahuye maze yandika ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3). Ese ukuntu dukwiye gukengurukira Yehova kubona yararungitse kw’isi Umwana wiwe akunda cane, tukongera tugakengurukira Yezu kubona yaremeye gutanga ubuzima bwiwe kugira ducungurwe!—Mariko 10:45.