Ibibazo vy’abasomyi
Ko Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera yahemutse ku Mana mu busaza bwiwe, twoba twokwemeza yuko atazozuka?—1 Abami 11:3-9.
Naho Bibiliya irimwo urutonde rw’amazina y’abagabo n’abagore bamwebamwe b’abizigirwa bishoboka rwose ko bazozuka, ntivuga itomora yuko umuntu wese ari muri urwo rutonde azozuka (Abaheburayo 11:1-40). Ariko rero, ku bijanye na Salomo turashobora kumenya aho Imana ihagaze mu kugereranya ivyamushikiye igihe yapfa n’ivyashikiye abantu bamwebamwe b’intahemuka igihe bapfa.
Ivyanditswe bivuga ibintu bibiri gusa bishoboka ku bapfuye: hariho abapfuye mugabo bazosubira kubaho, hakaba n’abapfuye urupfu rw’akagirire. Abatabereye kuzuka batererwa muri “Gehinomu”, ari co “kiyaga caka umuriro” (Matayo 5:22; Mariko 9:47, 48; Ivyahishuriwe 20:14). Muri abo harimwo umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva, wa muguranyi Yuda Isikariyoti, hamwe n’abapfuye igihe Imana yabashitsako urubanza, nk’akarorero abantu bo mu gihe ca Nowa be n’ababa i Sodomu n’i Gomoraa. Abazozuka, iyo bapfuye baja mu mva rusangi y’abantu bose, ni ukuvuga Sheoli canke Hadesi. Mu kuvuga ivyerekeye kazoza kabo, Bibiliya igira iti: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu [canke, “Hadesi”, NW] bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze”.—Ivyahishuriwe 20:13.
Rero, abantu b’intahemuka bavugwa mu Baheburayo ikigabane ca 11, bari muri Sheoli canke Hadesi, barindiriye izuka. Muri bo harimwo abasavyi b’Imana b’abagumyabanga, nka Aburahamu, Musa na Dawidi. Ubu naho, raba ingene Bibiliya ivuga ibijanye n’urupfu rwabo. Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Ariko weho uzohamvya ba sogokuruza amahoro, uzohambga wisāziye neza” (Itanguriro 15:15). Yehova yabwiye Musa ati: “Rāba ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe” (Gusubira mu vyagezwe 31:16). Ku biraba Dawidi se wa Salomo, Bibiliya ivuga iti: “Dawidi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa i we” (1 Abami 2:10). Ku bw’ivyo, imvugo ngo ‘ahamvya ba sekuruza biwe’ ni ubundi buryo bwo kuvuga yuko uwo muntu yagiye muri Sheoli.
None vyagenze gute igihe Salomo yapfa? Bibiliya yishura iti: “Igihe cose Salomo yamaze ari ku ngoma aganza Abisirayeli bose ar’i Yeruzalemu, cabaye imyaka mirongwine. Nuko Salomo ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa wa se Dawidi” (1 Abami 11:42, 43). Bisa n’ivyumvikana rero umuntu ashitse ku ciyumviro c’uko Salomo ari muri Sheoli canke Hadesi, akaba ari ho azozuka avuye.
Ivyo vyerekana yuko abandi bantu Ivyanditswe bivuga mu buryo butomoye yuko ‘bahambije ba sekuruza babo’ na bo nyene bashobora kuzozuka. Nkako, benshi mu bami bakurikiye Salomo, naho bahemutse, bavugwa ko bahambije ba sekuruza babo. Ico si ikintu kidategereka kubera yuko “hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15). Ariko ntiwumve, “abari mu mva [“z’icibutso”, NW] bose” nibamara kuzivamwo, ni ho gusa tuzomenya neza abazoba bazutse (Yohana 5:28, 29). Rero, aho kwemeza yuko umuntu kanaka wa kera azozuka canke atazozuka, reka turindire, twizigiye ko Yehova azofata ingingo igororotse.
[Akajambo k’epfo]
a Raba urupapuro rwa 30-31 mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) yo ku wa 1 Ruheshi 1988.