ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/7 rup. 32
  • “Ntibadohotse”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ntibadohotse”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/7 rup. 32

“Ntibadohotse”

YEZU KIRISITU yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye” (Matayo 5:11). Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova barahiriwe kubera yuko baguma ‘atari ab’isi’, ntibagire aho bahengamira na gato mu vya politike, bakongera bakaguma ari intadohoka ku Mana uko ibintu biba vyifashe kwose, ivyo bikaba bihuye n’inyigisho za Yezu be n’akarorero yatanze.​—Yohana 17:14; Matayo 4:8-10

Ku biraba ukutadohoka kw’Ivyabona vya Yehova bo mu gihugu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, ushizemwo n’abo muri Esitoniya, uwitwa Toomas Paul, umunyatewolojiya wo mw’ishengero ry’abaluteri akaba n’umuhinduzi wa Bibiliya, yanditse mu gitabu ciwe (Kirik keset küla) ati: “Abantu bari ku rushi ni bo bumvise ivyashitse mu gitondo co ku wa 1 Ndamukiza 1951. Hari hateguwe umukwabu wo gutuza Ivyabona vya Yehova n’ababashigikiye bose. Abantu 279 barafashwe hanyuma bangarizwa muri Siberiya. . . . Barahawe akaryo ko gushira umukono ku rukaratasi rwari rwateguwe rwemeza yuko bahevye ukwizera kwabo kugira ngo ntibangazwe canke ngo bapfungwe. . . . Ubongeye ku bari bamaze gufatwa, abapfunzwe bose hamwe bari abantu 353, ushizemwo n’imiburiburi abantu 171 bifatanya n’amashengero [y’Ivyabona vya Yehova]. Ntibadohotse, n’igihe nyene bari muri Siberiya. . . . Mu bayoboke b’ishengero [ry’Abaluteri ryo muri Esitoniya] si benshi bari bafise ukwizera nk’ukw’Ivyabona vya Yehova”.

Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose barizigira yuko Imana ibafasha kuguma ari intahemuka kuri yo no kuguma bayigamburukira naho hoba mu ruhamo. Baranezerwa no kumenya yuko ukudahemuka kwabo kuzotuma baronka impera nyinshi.​—Matayo 5:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika