ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/6 rup. 14-19
  • Ntidukizwa n’ibikorwa gusa, ariko dukizwa n’ubuntu tutabereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntidukizwa n’ibikorwa gusa, ariko dukizwa n’ubuntu tutabereye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Twiyumvire ko abandi baturuta’
  • ‘Atari mu kwigereranya na mugenzawe’
  • Ingene twobona neza igikorwa turangura
  • Tugire “ishaka ry’ibikorwa vyiza”
  • Numenyekanishe inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Dukenguruke ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Woba uri ‘umubwiriza w’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Mwagizwe abidegemvya biciye ku buntu ata wari abukwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/6 rup. 14-19

Ntidukizwa n’ibikorwa gusa, ariko dukizwa n’ubuntu tutabereye

‘Mwakijijwe kubera ukwizera; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira’.​—ABANYEFESO 2:8, 9.

1. Ku biraba ivyo umuntu arangura, abakirisu batandukaniye he n’abandi bantu muri rusangi, kandi kubera iki?

MURI iki gihe abantu barishimira cane ivyo barangura, kandi akenshi ntibateba kuvyiratira. Abakirisu bobo ntibameze gutyo. Baririnda gushimika birenze urugero ku vyo ubwabo bashitseko, mbere na birya nyene bijanye n’ugusenga kw’ukuri. Naho bahimbarwa n’ivyo abasavyi ba Yehova barangura uko bagize umugwi, ico umwumwe muri bo yaterereye muri ivyo kigumizwa inyuma. Barazi yuko mu murimo wa Yehova imvo zibereye umuntu akorana ari zo zihambaye kuruta ivyo ashikako. Umuntu wese azohava agahabwa ya ngabirano y’ubuzima budahera, ntazoba ayironse kubera ivyo yaranguye, azoba ayironse biciye ku kwizera no ku buntu tutabereye Imana itugirira.​—Luka 17:10; Yohana 3:16.

2, 3. Paulo yirata iki, kandi kubera iki?

2 Intumwa Paulo ivyo yari abizi neza. Aho amariye gusenga incuro zitatu zose ngo “ihwa [yari afise] mu mubiri” (NW) rimuvemwo, Yehova yamwishuye ati: “Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke”. Paulo yaricishije bugufi ashira aho Yehova ashize, maze avuga ati: “Nuko cane-cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko”. Turakwiye kwigana agatima ka Paulo ko kwicisha bugufi.​—2 Ab’i Korinto 12:7-9.

3 Naho Paulo yakoze ibikorwa bihambaye mu murimo wa gikirisu, yariyemereye ko ivyo yaranguye atabishobojwe n’ububasha bwiwe. Yavuganye ukwifata ruto ati: “Jewe, uwuri mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abera bose, naherewe ubgo buntu kubgira abanyamahanga ubutumwa bgiza bg’itunga rya Kristo ritagira aho riherera” (Abanyefeso 3:8). Ng’aho Paulo ntiyariko arishima canke yishira hejuru mu kwigira umugororotsi kuruta abandi. “Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu” (Yakobo 4:6; 1 Petero 5:5). Twoba twigana akarorero ka Paulo, tukabona ko turi mu nyuma y’uwo mu nyuma y’abavukanyi bacu tubigiranye ukwicisha bugufi?

‘Twiyumvire ko abandi baturuta’

4. Ni kubera iki rimwe na rimwe dushobora gusanga bigoye kwiyumvira ko abandi baturuta?

4 Intumwa Paulo yahanuye abakirisu ati: “Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta” (Ab’i Filipi 2:3). Ivyo birashobora kuba urugamba canecane igihe hari amabanga tujejwe. Hari aho bitotworohera bitumwe n’uko hari ukuntu twohejwe n’agatima ko guhiganwa kuzuye mw’isi muri iki gihe. Ushobora gusanga igihe twari tukiri abana twigishijwe kurushanywa n’abo tuvukana i muhira, canke abo twigana kw’ishure. Kumbure kw’ishure wasanga baguma baduhimiriza kurondera kuba uwa mbere mu vyo kwinonora imitsi canke kuba umunyeshure w’imbere y’abandi bose. Ego ni ko, gukora tutiziganya mu gikorwa ciza ico ari co cose birabereye gushimwa. Ariko rero, abakirisu ntibagenza gutyo kugira ngo biyerekane, ahubwo baba bagomba kwungukira bimwe bishitse kuri ico gikorwa, kumbure no kugira ngo n’abandi bacungukireko. Yamara rero, kurondera kwama duhayagizwa kubera turi imbere y’abandi birashobora kuduta mu kaga. Uti gute?

5. Iyo agatima ko guhiganwa kadacungerewe gashobora gishikana ku ki?

5 Iyo agatima ko guhiganwa canke kwikwegerako kadacungerewe, karashobora gutuma umuntu abura urupfasoni canke yishira hejuru. Ashobora gutangura kunohokera ububangukirwe abandi bafise be n’uduteka batewe. Mu Migani 28:22 hagira hati: “Uw’ijisho ribi yihutira itunga, kandi ntamenya yuk’ubukene buzoteba bukamutera”. Yoshobora no kwita imbere arondera gushikira amabanga adafitiye uburenganzira. Mu kwisigura ku vyo ariko aragira, yoshobora gutangura kwidodomba no gutora abandi amahinyu, utwo tukaba ari utugeso abakirisu bakwiye kwamirira kure (Yakobo 3:14-16). Uko biri kwose, arahakwa gutsimbataza agatima ko kwikwegerako.

6. Bibiliya itugabisha gute ku bijanye n’agatima ko kurushanywa?

6 Ni co gituma Bibiliya ihimiriza abakirisu iti: “Ntitwifate uko tutari, ngo twandurutsanye, tugiriranire ishari” (Ab’i Galatiya 5:26). Intumwa Yohani yaravuze ivy’umukirisu mugenziwe biboneka ko yari yifatiwe n’ako gatima. Yohani yavuze ati: “Har’ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera. Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu”. Ese ukuntu vyoba bibabaje umukirisu aguye mu bintu nk’ivyo!​—3 Yohana 9, 10.

7. Umukirisu yoshima kwirinda iki mu kazi ko muri iki gihe karimwo ukurushanywa?

7 Birumvikana yuko ata wokwitega ko umukirisu ashobora kwirinda ijana kw’ijana ibikorwa vyose birimwo ukurushanywa. Nk’akarorero, akazi akora gashobora kuba karimwo ukurushanywa mu vy’ukudandaza, arushanywa n’abandi bantu canke ayandi mahinguriro ahingura ibidandazwa nk’ivyiwe, kibure ayandi mashirahamwe akora nk’ivyo akora. Ariko naho vyoba bimeze gutyo, umukirisu yoshima kugira urudandaza rwiwe abigiranye icubahiro, urukundo be n’ukubabara abandi. Azokwamirira kure ibikorwa biteye kubiri n’amategeko canke bitabereye ku bakirisu, yongere yirinde kumenyekana ko ari umuntu arangwa n’agatima ko kurushanywa no kwikunda. Ntakwiye kwiyumvira yuko kwama ari nomero ya mbere muri vyose ari co kintu gihambaye mu buzima. Nimba bikwiye kumera gutyo ku bikorwa vy’umubiri, hari akantu ku bikorwa bijanye n’ugusenga!

‘Atari mu kwigereranya na mugenzawe’

8, 9. (a) Ni kubera iki ata cotuma abakurambere bakirisu bahiganwa? (b) Ni kubera iki muri 1 Petero 4:10 haraba abasavyi b’Imana bose?

8 Agatima abakirisu bakwiye kugira mu gusenga kwabo karabonekera muri aya majambo yahumetswe agira ati: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari [“mu kwigereranya na”, NW] mugenzi we” (Ab’i Galatiya 6:4). Kubera yuko abakurambere mw’ishengero bazi yuko batari mw’ihiganwa, barasenyera ku mugozi umwe kandi bagakora bafatanye mu nda uko bagize inama. Barahimbarwa n’ico umwe wese ashobora guterera ku neza y’ishengero ryose. Ku bw’ivyo, baririnda uguhiganwa kubabuza kugira ico bakora, gutyo bakaba bahaye abandi bagize ishengero akarorero keza mu bijanye n’ubumwe.

9 Abakurambere bamwebamwe kubera imyaka bafise, igihe bamaze muri iryo banga, canke kubera ubuhanga mvukanwa bifitiye, usanga bashoboye gukora ibintu neza kurusha abandi, canke ugasanga barabarusha guca mu kajisho. Ivyo bituma abakurambere bashingwa amabanga atandukanye mw’ishirahamwe rya Yehova. Aho kuja mu vyo kwigereranya n’abandi, bagumiza ku mutima impanuro igira iti: “Nk’uk’umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi” (1 Petero 4:10). Mu vy’ukuri, ico canditswe kiraraba abasavyi ba Yehova bose, kubera yuko ku rugero runaka bose bahawe ingabire y’ubumenyi nyakuri, kandi bose bakaba baratewe agateka ko kugira uruhara mu busuku bwa gikirisu.

10. Ni ryari gusa Yehova yemera umurimo mweranda turangura?

10 Umurimo mweranda turangura uhimbara Yehova igihe gusa tuwukoze tubitumwe n’urukundo be n’ukuyobokera Imana, atari ku bwo kwishira hejuru y’abandi. Birahambaye rero ko tugira uburimbane mu kuntu tubona igikorwa turangura mu gushigikira ugusenga kw’ukuri. Naho ata n’umwe ashobora kumenya neza igituma uwundi akora ibintu, Yehova “[ara]gera imitima ku munzane” (Imigani 24:12; 1 Samweli 16:7). Ni co gituma ari vyiza ko rimwe na rimwe twibaza duti: ‘Ni igiki gituma ngira uruhara mu murimo wa Yehova?’.​—Zaburi 24:3, 4; Matayo 5:8.

Ingene twobona neza igikorwa turangura

11. Ni ibibazo ibihe bijanye n’igikorwa turangura mu busuku bibereye ko twibaza?

11 Nimba imvo dukorana ibintu ari zo zihambaye kugira Yehova atwemere, none dukwiye kwitwararika ukungana iki uruhara tugira mu murimo wa Yehova? Magingo turangura ubusuku bwacu tubitumwe n’imvo nziza, vyoba vy’ukuri bikenewe ko turinda kwandika ivyo dukora canke ingene bingana? Kwibaza ivyo bibazo birabereye kubera yuko tudashaka gushira ibitigiri imbere y’ibikorwa vy’ukwizera, canke kureka ngo ivyo gutanga raporo nziza mu gikorwa cacu ca gikirisu bibe ari vyo bituraza ishinga kuruta ibindi.

12, 13. (a) Impamvu zimwezimwe zituma twandika raporo y’umurimo wacu wo mu ndimiro ni izihe? (b) Ni impamvu izihe dufise zo kunezerwa iyo tubonye raporo yose hamwe y’igikorwa cacu co kwamamaza?

12 Ehe ivyo igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba kivuga: “Abayoboke ba Yezu Kirisitu bo mu ntango baritwararika amaraporo ajanye n’iterambere ry’igikorwa co kwamamaza (Mrk. 6:30). Igitabu ca Bibiliya c’Ivyakozwe kitubwira ko igihe impwemu yera yasukwa ku bigishwa ku musi wa Pentekote, hari nk’abantu 120. Bidatevye, ico gitigiri c’abigishwa carongerekanye gishika ku bantu 3.000, mu nyuma na ho kiraduga gishika ku bantu 5.000. . . . (Ivyak. 1:15; 2:5-11, 41, 47; 4:4; 6:7). Iyumvire ntuze ukuntu inkuru zivuga ivy’iryo yongerekana zitegerezwa kuba zararemesheje abo bigishwa! Ku bw’iyo mpamvu nyene, Ivyabona vya Yehova muri iki gihe barihatira kwandika raporo z’ukuri zerekeye ibiriko birakorwa kw’isi yose mw’iranguka ry’amajambo ya Yezu agira ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:14). Amaraporo mwene ayo arerekana neza ibiriko birarangurwa kw’isi. Arerekana aho ugufashwa gukenewe, ubwoko bw’ibitabu bikenewe be n’igitigiri cavyo gikenewe kugira ngo igikorwa co kwamamaza gitere imbere.

13 Gutanga raporo y’igikorwa cacu co kwamamaza rero biradufasha kurangura ibanga tujejwe ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu buryo bushitse kuruta. Vyongeye, ntitwumva turemye none igihe twumvise igikorwa abavukanyi bacu bariko barakora mu yindi mihingo y’isi? Inkuru zivuga ukuntu igikorwa kiriko kirongerekana ziratwuzuza umunezero, zigatuma turushiriza gukora vyinshi, zikongera zikadukura amazinda yuko Yehova aduhezagira. Bisubiye, ese ukuntu vyeza umutima kumenya yuko raporo yacu iba iri muri iyo raporo yo kw’isi yose! Raporo yacu iba ari ntoya tuyigereranije na raporo yo kw’isi yose, ariko Yehova ntabura kuyibona (Mariko 12:42, 43). Uribuka yuko habuze raporo yawe, raporo yose hamwe yoba idakwiye.

14. Uretse ukwamamaza n’ukwigisha, mu gusenga Yehova kwacu harimwo n’ibiki?

14 Mu vy’ukuri, vyinshi mu vyo Icabona umwumwe wese akora mu gushitsa ibanga yajejwe bwa musavyi wa Yehova yiyeguye, ntibiboneka kuri raporo atanga. Nk’akarorero, muri raporo ntihajamwo ukwiyigisha Bibiliya twagize tudahorereza, ukuntu twitavye amakoraniro ya gikirisu n’ukuntu twayagizemwo uruhara, ibikorwa twakoze vyo mw’ishengero, ukuntu twafashije abo dusangiye ukwizera igihe bikenewe, amahera twatanze yo gushigikira igikorwa c’Ubwami kirangurirwa kw’isi yose, n’ibindi. Ku bw’ivyo, naho raporo yacu y’umurimo wo mu ndimiro ifise akamaro, ikaba idufasha kugumana umwete mu kwamamaza no kurwanya ubunebwe, dutegerezwa kuyibona mu buryo bubereye. Ntikwiye kubonwa nk’urupapuro canke igitabu c’inzira vyo mu buryo bw’impwemu biduha uburenganzira bwo kuronka ubuzima budahera.

Tugire “ishaka ry’ibikorwa vyiza”

15. Naho ibikorwa vyonyene bidashobora kudukiza, ni kubera iki bikenewe?

15 Biraboneka rero yuko ibikorwa bikenewe, naho nyene ubwavyo bidashobora kudukiza. Ni co gutuma abakirisu bitwa ‘ubwoko bw’Imana, bufise ishaka ry’ibikorwa vyiza’, kandi ni co gituma baremeshwa ‘kwiyumviranako, kugira barwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza’ (Tito 2:14; Abaheburayo 10:24). Uwundi mwanditsi wa Bibiliya yitwa Yakobo ashimika kuri ico ciyumviro mu kuvuga ati: “Nk’uk’umubiri utarimw’impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye”.​—Yakobo 2:26.

16. Ni igiki mbere gihambaye kuruta ibikorwa, ariko ni igiki dukwiye kubako maso?

16 Naho ibikorwa vyiza ubwavyo vyoshobora kuba bihambaye, imvo zituma tubikora zozo zirahambaye kuruta. Ni vyiza rero ko rimwe na rimwe ducishamwo tugasuzuma imvo zituma dukora ibintu. Ariko rero, kubera yuko ata muntu n’umwe ashobora kumenya neza imvo zituma abandi bakora ibintu, dutegerezwa kuba maso ku bijanye n’uguhinyura abandi. Tubazwa duti: “Wewe uri nde uhinyura umushumba w’abandi?”. Duhabwa iyi nyishu: “Imbere ya shebuja [ni] ho ahagarara cank’agatemba” (Abaroma 14:4). Yehova we Databuja wa twese, hamwe n’Umucamanza yashinze ari we Kirisitu Yezu, ni bo bonyene bazoducira urubanza batisunze gusa ibikorwa vyacu ariko bisunze n’imvo tubikorana, uturyo turonka, urukundo dufise be n’ukuyoboka kwacu. Yehova na Kirisitu Yezu ni bo bonyene bashobora kumenya batihenda nimba twarakoze ivyo abakirisu bahanurwa gukora, nk’uko bibonekera mu majambo y’intumwa Paulo agira ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”.​—2 Timoteyo 2:15, ni twe dushimitse; 2 Petero 1:10; 3:14.

17. Naho twihata ngo dukore ivyo dushoboye vyose, ni kubera iki dukwiye kuguma twibuka ibivugwa muri Yakobo 3:17?

17 Yehova akora ibitegereka mu vyo atwitegako. Nk’uko muri Yakobo 3:17 (NW), havyerekana, ‘gukora ibitegereka’ ni kimwe mu biranga “ubukerebutsi buva mw’ijuru”. Wumva none tutoba tugize ubukerebutsi kandi tukaba tugize ikintu ciza twiganye Yehova muri ivyo? Ku bw’ivyo, dukwiye kwirinda kwitega ibirenze urugero canke ibidashoboka, haba kuri twebwe canke ku bavukanyi bacu.

18. Dushobora kwitega iki mu gihe tugira uburimbane mu kuntu tubona ibikorwa turangura be n’ubuntu tutabereye Yehova atugirira?

18 Nitwagumana uburimbane mu kuntu tubona ibikorwa dukora mu murimo wa Yehova be n’ubuntu tutabereye atugirira, tuzoguma twifitiye wa munezero uranga abasavyi ba Yehova b’ukuri (Yesaya 65:13, 14). Turashobora kwigina imihezagiro Yehova ariko aracuncuburira abasavyi biwe uko bagize umugwi, atarinze kuraba ivyo umwumwe wese muri twebwe ashoboye gukora. Tuzotakambira Imana ngo idufashe gukora ivyo dushoboye vyose mu kubandanya “gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka”. Nitwabigenza gutyo, nta nkeka namba yuko “amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima ya[cu] n’ivyiyumviro vya[cu] muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:4-7). Emwe, turashobora guhumurizwa tukongera tukaremeshwa no kumenya yuko dushobora gukizwa, tudakijijwe n’ibikorwa gusa, ariko dukijijwe n’ubuntu tutabereye Yehova atugirira!

Woba ushobora gusigura igituma abakirisu

• birinda kwiratira ivyo ubwabo barangura?

• birinda agatima ko kurushanywa?

• batanga raporo y’igikorwa ca gikirisu barangura mu busuku bwo mu ndimiro?

• birinda gucira urubanza abandi bakirisu?

[Ifoto ku rup. 15]

“Ubuntu bganje buraguhāgije”

[Amafoto ku rup. 16, 17]

Abakurambere barahimbarwa n’ico umwe wese ashobora guterera ku neza y’ishengero

[Ifoto ku rup. 18, 19]

Habuze raporo yawe, raporo yose hamwe yoba idakwiye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika