ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/6 rup. 3-4
  • Ubumwe bw’isi vyabugendeye gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubumwe bw’isi vyabugendeye gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Isi yoba yunze ubumwe canke igabaguyemwo ibice?
  • Isi iriko yerekeza hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Umuryango wa Yehova Urinovora Iyungabumwe ry’Agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Ubumwe nyakuri bw’abakirisu bushoboka gute?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/6 rup. 3-4

Ubumwe bw’isi vyabugendeye gute?

“Kuva kuri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, ni bwo bwa mbere amakungu yunga ubumwe. . . . Isi irashobora rero kuboneraho akaryo ko gushitsa umuhango umaze igihe kirekire utanzwe w’uko hobaho isi itunganijwe bushasha”.

IVYO ni vyo umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze mu myaka ya 1990. Ico gihe, ivyariko biraba hirya no hino kw’isi vyasa n’ivyerekana ko ubumwe bw’isi buri hafi. Intwaro z’agahotoro zagiye ziratemba zikurikirana. Ca gihome c’i Berlin carasenyuwe, biba vyerekanye yuko hatanguye ikiringo gishasha ku Buraya. Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, izo benshi mu bo mu bihugu bitari ivya gikomunisita babona ko ari zo zituma haba amatati kw’isi, zaravuyeho, ivyo bikaba vyaratangaje abantu kw’isi. Wa Mushamirano w’ibihugu vya rutura wararangiye, hongera haraba ibiganiro bitanga icizigiro bijanye no kugabanya ibirwanisho, harimwo n’ibirwanisho ruhonyanganda. Ego ni ko, intambara yaradutse mu Kigobe c’Abarabu, mugabo ivyo vyasa n’akantu gatoyi gaciyemwo katumye vyinshi mu bihugu vyo kw’isi birushiriza kwiyemeza gushishikara kurondera amahoro.

Ibimenyetso bitanga icizigiro ntivyaboneka mu vya politike gusa, ariko kandi vyaraboneka no mu yindi mice y’ubuzima. Ubuzima bw’abantu bwariko burushiriza kuba bwiza mu mihingo myinshi yo kw’isi. Iterambere mu vy’ubuvuzi ryatumye abaganga bashobora gukora ibintu vyari kwitwa ko ari ibitangaro mu myaka mirongo gusa imbere y’aho. Mu bihugu vyinshi, ubutunzi bwarongerekanye ningoga na ningoga ku buryo vyasa n’ibigira bishikane isi ku gusagamba. Ibintu vyasa n’ibiriko bija mu nzira nziza.

Muri iki gihe, ata n’imyaka myinshi ihaciye, ntitwobura kwibaza duti: ‘Mbega vyagenze gute? Bwa bumwe bw’isi batwemerera buri hehe?’. Ahubwo riho, isi isa n’iyiriko yerekeza mu nzira ihushanye n’iyari yitezwe. Uguturitsa amabombe kw’ivyihebe, ibitero vya ba gaterabwoba, amaraporo yerekana iyongerekana ry’ibirwanisho ruhonyanganda, be n’ibindi bintu bihagarika umutima bigenda biraba, bisigaye ari vyo bintu bikunze kuvugwa mu makuru no kwandikwa mu binyamakuru. Ivyo bintu bisa n’ibituma ubumwe bw’isi burushiriza kuba kure nk’ukwezi. Hari umuhinga umwe mu vy’ubutunzi akomeye aherutse kuvuga ati: “Tugenda twinjira mu bugizi bwa nabi buguma burushiriza kwiyongera kandi bw’amananiza”.

Isi yoba yunze ubumwe canke igabaguyemwo ibice?

Igihe Ishirahamwe Mpuzamakungu ryashingwa, umwe mu migambi yaryo wari uwo “guteza imbere imigenderanire myiza hagati y’ibihugu, biciye ku kwubaha ingingo ivuga yuko abantu bafise uburenganzira bungana be n’uko bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo intwaro yabo bwite”. None ko haciye imyaka yababa 60, ubwo uwo mugambi mwiza woba warashitsweko? Habe n’intete! Aho kugira ngo ibihugu birondere “imigenderanire myiza”, “umwidegemvyo wo kwihitiramwo intwaro” ni wo usa n’uwubiraje ishinga kuruta. Ukuba abantu hamwe n’imigwi y’amoko bigwa bivyuka kugira ngo vyishingire akaranga kavyo bwite vyongere vyishire vyizane, vyatumye isi irushiriza kwicamwo ibice. Igihe Ishirahamwe Mpuzamakungu ryashingwa, ryari rigizwe n’ibihugu 51. Ubu rigizwe n’ibihugu 191.

Nk’uko twabibonye, amaja mu mpera y’ikinjana ca 20 abantu benshi bari bizigiye kubona isi yunze ubumwe. Kuva ico gihe, ico cizigiro bari bafise cacitse akavunamutima uravye amacakubiri abantu bagiye barabona mw’isi. Kwa kwitandukanya biciye mu matati kw’ibihugu vyari bigize Yugosilaviya, kwa gutana mu mitwe kwa Chétchénie [soma ngo Ceceni] n’Uburusiya, ya ntambara yo muri Iraki, hamwe na bwa bwicanyi butikiza abantu budatezura bubera mu ntara zo mu Buseruko bwo Hagati, ivyo vyose vyarerekanye yuko ubumwe burushiriza kubura.

Nta woharira ko twinshi mu twigoro abantu bagize kugira haboneke amahoro batugize babikuye ku mutima kandi bafise imvo nziza. Ariko rero naho bagize utwo twigoro, ubumwe bw’isi busa n’uburi kure nk’ukwezi. Benshi basigara bibaza bati: ‘Ni kubera iki ubumwe bw’isi buguma ari nk’indoto nsa? Isi iriko yerekeza hehe?’.

[Abo dukesha amafoto ku rup. 3]

AP Photo/Lionel Cironneau

Arlo K. Abrahamson/AFP/ Getty Images

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika