Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire
Ukurondera ababereye mu karere ko hagati muri Ositaraliya
MU MIHINGO imwimwe ya kure cane yo mu karere kanini rwose ko hagati muri Ositaraliya, hari haciye imyaka 12 hatagenderwa n’Icabona ca Yehova. Kubera ico, Ivyabona vya Yehova bo mu gisagara ca Darwin, kikaba ari umurwa mukuru w’Intara yo mu Buraruko, barateguye isekeza rinogangije bomazemwo imisi icenda bamamaza kugira barondere ababereye.—Matayo 10:11.
Umwiteguro witondewe watanguye amezi 12 imbere y’uko iryo sekeza ritangura, harimwo n’ugucapa amakarata y’ahantu hangana n’ibilometero kwadarato birenga 800.000, ako kakaba ari akarere kangana n’izinga rya Nouvelle-Zélande incuro zitatu. Kugira ngo ugire iciyumviro c’ukuntu ako karere kanini rwose kari ukwa konyene, fata yuko akayira kagereranye gaca mw’iyororero rimwe kareha n’ibilometero birenga 30 uvuye kw’irembo ugashika ku muhana! Ikigeretse kuri ivyo, amayororero amwamwe usanga atandukanijwe n’ibilometero 300 canke birenga.
Ivyabona 145 bavyishakiye ni bo bagize uruhara muri iryo sekeza. Hari abaje bava kure cane nko muri Tasmanie. Bamwe baje muri mwene ya miduga y’insimbabisaka ipakiye ibikoresho vyo kwubaka amahema, ivyuma vyo gusubiriza ivyapfuye, be n’ibitoro. Abandi batwaye ibikoresho vyabo mu bikontineri bikwegwa n’imiduga. Vyongeye, amabisi abiri ajamwo abantu 22 imwimwe yarakoteshejwe kugira ngo atware abatari bafise imiduga y’insimbabisaka yoshobora urwo rugendo. Abagiye mu mabisi bibanze ku gushinga intahe ku bantu baba mu dusagara dutoduto two mu karere bari bategekanije kujamwo.
Imbere y’uko bahaguruka, abavukanyi barateguye insiguro n’imyerekano bitanga inyobozo ku kuntu boshikiriza inkuru nziza muri ico cibare kitamenyerewe. Nk’akarorero, kugira ngo umuntu yamamaze neza mu bibano vy’imvukira zo muri Ositaraliya, akenshi bimusaba gukurikiza inyifato yinaka no kumenya imigenzo yabo. Ibijanye n’ibidukikije na vyo nyene vyaraganiriweko kugira ngo bafashe gukingira ibikoko.
Bariboneye ibintu vyinshi bitangaje. Nk’akarorero, mu kagwati kamwe kabamwo imvukira zo muri Ositaraliya, abavukanyi baratunganije ivyo gushikiriza insiguro y’icese ishingiye kuri Bibiliya. Umugore atwara ako kagwati yaragiye ubwiwe kumenyesha abantu ivy’iyo nsiguro. Mu nyuma y’aho, abari baje kwumviriza iyo nsiguro barahawe ibitabu 5 n’udutabu 41. Mu kandi kagwati hariho imvukira imwe yaho yagendewe. Mbere yari yifitiye Bibiliya yiwe bwite (King James Version), ariko yari ishaje kandi yaratabaguritse. Igihe bamubaza nimba azi izina ry’Imana yaremeye, aca asokorora mw’igoti ryiwe inomero ya kera y’Umunara w’Inderetsi. Yarasomye muri nya kinyamakuru, asubiramwo Mariko 12:30, ahavuga hati: ‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose’. Yaciye avuga ati: “Ndakunda vy’ukuri iki canditswe”. Bamaze kuganira cane kuri Bibiliya, yaremeye Bibiliya nshasha n’ibindi bitabu bishingiye kuri Bibiliya.
Iruhande y’ikigobe kimwe (golfe de Carpentarie), umutware w’iyororero ry’inka ringana na hegitari 400.000 yaragaragaje ko ashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami. Igihe yerekwa ibitabu Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya n’Ubumenyi Bujana mu Buzima Budaheraa, yaciye abaza nimba hoshobora kuboneka igitabu mu rurimi rw’igikiriyole. Ico cari ikintu c’imbonekarimwe kubera ko naho imvukira nyinshi zo muri Ositaraliya zivuga igikiriyole, bake ni bo bazi kugisoma. Abo bamamaji bahavuye bamenya yuko abakozi 50 bose mu bakora muri iryo yororero bari bazi gusoma igikiriyole. Nya mutware yaranezerejwe no kuronka ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyo mu gikiriyole, aca aratanga n’umutima ukunze inomero ziwe za telefone kugira ngo baze bashobore kuvugana na we.
Muri iyo misi icenda bamaze bashinga intahe inogangije, haratanzwe amabibiliya 120, ibitabu 770, ibinyamakuru 705 hamwe n’udutabu 1.965. Vyongeye, haragizwe amasubirayo 720 hongera haratanguzwa inyigisho za Bibiliya 215.
Si ivy’imbeshere, ababereye benshi bashonje mu buryo bw’impwemu basabagiye muri ako karere kanini rwose bari bagiye bahazwa!—Matayo 5:6.
[Akajambo k’epfo]
a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ikarata ku rup. 30]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
OSITARALIYA
INTARA YO MU BURARUKO
Darwin
Golfe de Carpentarie
Sydney
TASMANIE