ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/4 rup. 32
  • Umunyafirika yicisha bugufi yakunda Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umunyafirika yicisha bugufi yakunda Ijambo ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/4 rup. 32

Umunyafirika yicisha bugufi yakunda Ijambo ry’Imana

ABANTU bagendera Afirika barakunze gutangazwa no kubona ingene vyoroshe gutanguza ikiyago gishingiye kuri Bibiliya ku bantu baho. Ibibazo nk’ibi ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?” canke ngo “Hoba hari umuti ruhasha wokuraho ingorane nk’amapfa, indwara, intambara n’ubukozi bw’ikibi?”, ntibiteba gushimisha abantu. Benshi baremera banezerewe ko umuntu batazi abereka inyishu muri Bibiliya. Ivyo akenshi bituma haboneka abantu biga Bibiliya badahorereza. Kandi uko abo bantu biga Bibiliya bagenda baratera imbere mu vy’Imana, ni ko babatizwa bagacika abakirisu.

Umwe mu Banyafirika ba mbere bavyakiriye gutyo, avugwa muri Bibiliya mu Vyakozwe 8:26-40. Ni umugabo w’Umunyetiyopiya yari yafashe urugendo aja i Yeruzalemu gusenga Imana y’ukuri Yehova.

Nk’uko vyerekanwa kw’ishusho iri aho munsi, uwo mugabo w’Umunyetiyopiya ariko asubira i muhira mu mukogote wiwe, akaba agenda arasoma mu muzingo. Umuntu atazi aramwegereye amubaza ati: “Ivyo usoma urabitahuye?”. Nya Munyetiyopiya ariyemerera yicishije bugufi ko akeneye gufashwa, maze yinginga nya muntu atazi ngo yurire mu mukogote, uwo muntu na we akaba ari Filipo, umukirisu yamamaza inkuru nziza. Nuko asaba Filipo ngo amusigurire igisomwa ahejeje gusoma co mu Vyanditswe. Filipo amusigurira yuko ari ubuhanuzi bwerekeza ku rupfu ruherutse gushika rwa Mesiya, Yezu Kirisitu. Filipo aramwiganira n’ibindi bintu bijanye n’“ubutumwa bgiza bga Yezu”, akaba atabuze no kumubwira ibijanye n’izuka rya Yezu.

Nya Munyetiyopiya amaze kwumva ukwo kuri kwiza igitangaza, aciye ashaka gucika umwigishwa wa Yezu, ari co gituma abajije ati: “Ikimbuza kubatizwa n’iki?”. Amaze kubatizwa, uwo mugabo w’Umunyafirika yicisha bugufi arasubira i muhira anezerewe, mugabo nta handi asubira kuvugwa muri Bibiliya.

Muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bariko barafasha abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi kwiga ivyerekeye ubwo “butumwa bgiza” nyene. Inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zigirwa ku buntu zishika ku miliyoni zitandatu, ni zo ziriko zirayoborwa muri iki gihe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika