Ukuri kwoba kuriko kurama ivyamwa mu bo wigisha?
IGIHE umusore yitwa Eric yamenyesha yuko atari agishaka kwitwa Icabona ca Yehova, abavyeyi biwe baravunitse umutima. Ntibari babonye ingene vyaje. Akiri muto, Eric yaragira uruhara mu nyigisho ya Bibiliya y’umuryango, akitaba amakoraniro ya gikirisu, akongera akifatanya n’ishengero mu gikorwa co kwamamaza. Yasa nk’aho ari mu kuri. Ariko ico gihe hoho atari akibana n’abavyeyi biwe, bano baratahuye yuko ukuri kwa Bibiliya kutari kuri muri we. Ivyo vyarabababaje cane vyongera birabavuna umutima.
Hariho n’abandi bumvise umubabaro nk’uwo igihe baza babona umutohoji wa Bibiliya ahagaritse kwiga. Mu bihe nk’ivyo, kenshi abantu baribaza bati: ‘Ko ntabonye ingene vyaje?’. None vyoba bishoboka ko tumenya nimba ukuri kuriko kurama ivyamwa mu bo twigisha, imbere y’uko bashikirwa n’akarambaraye mu vy’impwemu? Ku bijanye n’ivyo, twomenya neza gute yuko ukuri kuriko kurakorera muri twebwe no mu bo twigisha? Muri wa mugani tumenyereye Yezu yaciye w’umubivyi, yaravuzemwo ikintu kidufasha kwishura ivyo bibazo.
Ukuri gutegerezwa gushikira umutima
Yezu yavuze ati: “Imbuto n[i] ijambo ry’Imana. Iz[abibwe] mw ivu ryiza n[i] abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana” (Luka 8:11, 15). Rero, imbere y’uko ukuri kw’Ubwami kugira ico guhinduye ku bo twigisha, gutegerezwa kubanza gushinga imizi mu mitima yabo y’ikigereranyo. Yezu adukura amazinda yuko iyo ukuri kuva ku Mana gushikiriye umutima mwiza, guca buno nyene kugira ico guhinduye maze kukama ivyamwa, nka kurya kw’imbuto nziza zabibwe mw’ivu ryiza. Dukwiye kubaronderamwo iki?
Dukwiye kuraba kamere z’umutima, ntiturabe ibiboneka inyuma gusa. Kwama gusa umuntu akora ibijanye n’ugusenga ntivyama vyerekana neza na neza ikiri mu mutima wiwe (Yeremiya 17:9, 10; Matayo 15:7-9). Dutegerezwa kurushiriza kuraba ibwina. Hategerezwa kuba ihinduka riboneka mu vyipfuzo vyiwe, mu mvo zituma akora ibintu, no mu vyo ashira imbere. Uyo muntu akwiye kuba ariko aratsimbataza wa muntu musha ahuye n’uko Imana igomba (Abanyefeso 4:20-24). Tubitangire akarorero: Igihe Abanyatesalonike bumva inkuru nziza, Paulo yavuze yuko batatevye kwemera ko ari ijambo ry’Imana. Mugabo ukwihangana, ukudahemuka be n’urukundo bahavuye bagaragaza ni vyo vyemeje Paulo yuko ukuri kwariko ‘kurakorera muri bo’.—1 Ab’i Tesalonike 2:13, 14; 3:6.
Mu bisanzwe, ikiri mu mutima w’umuntu kirateba kikibonekeza mu nyifato yiwe, nk’uko ivyashikiye Eric bivyerekana (Mariko 7:21, 22; Yakobo 1:14, 15). Ikibabaje ni uko utunenge tumwetumwe umuntu afise twoza kwiserura neza mu bikorwa vyiwe, amazi yamaze kurenga inkombe. Urugamba ruhari rero ni urwo kurondera kumenya neza ubwo bugoyagoye ubwo ari bwo imbere y’uko bucika intambamyi mu vy’impwemu. Turakeneye uburyo bwo kuraba imbere mu mutima w’ikigereranyo. Ivyo none twobigira gute?
Igira kuri Yezu
Ego ni ko, Yezu yari ashoboye kumenya atihenda ikiri mu mutima w’umuntu (Matayo 12:25). Ivyo nta n’umwe muri twebwe abishoboye. Ariko rero, yaratweretse yuko na twebwe dushobora kumenya ivyipfuzo vy’umuntu, imvo zituma akora ibintu, be n’ivyo ashira imbere. Nka kurya umuganga yabinonosoye akoresha ubuhinga butandukanye bwo gusuzuma umutima w’umurwayi kugira amenye ingorane woba ufise, ni na ko Yezu yakoresha Ijambo ry’Imana kugira ‘avome’ yongere ashire ahabona “ivyo umutima wiyumvira, ukagabira”, n’igihe nyene bitaba bimaze kwibonekeza umuntu aravye muri rusangi.—Imigani 20:5; Abaheburayo 4:12.
Nk’akarorero, igihe kimwe Yezu yarafashije Petero kumenya ubugoyagoye yari afise, ubwahavuye bumubera intambamyi. Yezu yari azi ko Petero amukunda. Nkako, Yezu yari ahejeje kuzeza Petero “impfunguzo z’ubgami” (Matayo 16:13-19). Mugabo Yezu yari azi kandi ko Shetani yari ashinze ijisho intumwa. Mu misi yokurikiye, bari gushikirwa n’ibintu bikomeye vyobahatiye kudohoka. Biboneka yuko Yezu yashoboye kubona ko bamwebamwe mu bigishwa biwe bari bafise ubugoyagoye mu kwizera kwabo. Ntiyagonanywe rero kubatomorera ico bari bakeneye kwihatira gukora. Raba ingene yatanguje ikiyago kijanye n’ico kibazo.
Muri Matayo 16:21 havuga hati: “Kuva ubgo Yezu atangura guserurira [canke, “kwereka”, NW] abigishwa biwe kw akwiye . . . kuzobabazwa, . . . no kuzokwicwa”. Urabona yuko Yezu atabwiye gusa abigishwa biwe ivyomushikiye, ahubwo ko yabiberetse. Birashoboka cane ko yoba yarakoresheje imirongo yo muri Bibiliya, nka Zaburi 22:14-18 canke Yesaya 53:10-12, yerekana ko Mesiya yotegerejwe kubabazwa no gupfa. Uburyo ubwo ari bwo bwose Yezu yoba yarakoresheje, kwaba ugusoma Ivyanditswe canke ugusubiramwo amajambo yo muri vyo nk’ukwo ari, bwarahaye Petero be n’izindi ntumwa akaryo ko kwerekana icari mu mitima yabo. Bokwakiriye gute ivy’uko bohamwe?
Igitangaje, uravye ingene Petero yari yaragaragaje ubushizi bw’amanga be n’umwete, amajambo yaciye avuga atabanje kwiyumvira yarahishuye akanenge gakomeye kari mu vyiyumviro vyiwe. Yavuze ati: “Ntibikāze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato”. Biboneka ko Petero yabona ibintu mu buryo bugoramye, kubera yuko, nk’uko Yezu yabitomoye, Petero atari afise ‘ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo yari afise ivy’abantu’ (UB), ako kakaba kari akanenge gakomeye kashobora kumukwegera akarambaraye. None Yezu yaciye agira iki? Aho amariye gukangira Petero, Yezu yaramubwiye we hamwe n’abandi bigishwa ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere [“igiti ciwe co kubabarizwako”, NW] ankurikire”. Afatiye ku vyiyumviro biri muri Zaburi 49:8 na Zaburi 62:12, yarabibukije abigiranye ubwitonzi yuko icizigiro cabo c’ubuzima budahera kitari gihagaze ku bantu, abari badashoboye kuzana agakiza, ahubwo ko cari gihagaze ku Mana.—Matayo 16:22-28.
Naho mu nyuma kaciyemwo Petero agatwarwa n’ubwoba akihakana Yezu gatatu, ico kiyago be n’ibindi bitegerezwa kuba vyaragize ico bimara mu gutuma asubira kugira intege mu vy’impwemu (Yohana 21:15-19). Haciye imisi 50 gusa, Petero yarahagaze n’ubushizi bw’amanga imbere y’amasinzi i Yeruzalemu, ashingira intahe izuka rya Yezu. Mu ndwi, mu mezi, no mu myaka yakurikiye, yarihanganiye n’umutima rugabo ugufatwa, ugukubitwa, n’ugupfungwa, ivyo vyose bikaba vyamushikiye akatari gake, aba atanze akarorero gahambaye mu bijanye n’ukutadohoka kurangwa n’uburindutsi.—Ivyakozwe 2:14-36; 4:18-21; 5:29-32, 40-42; 12:3-5.
Ni igiki tuhigira? Woba ubona ivyo Yezu yagize kugira avome ibiri mu mutima wa Petero yongere abishire ahabona? Ica mbere, yararobanuye ivyanditswe bikwiriye vyokwegereye ivyiyumviro vya Petero ku muce yari akeneye kwitwararika. Igikurikira, yarahaye Petero akaryo ko kwerekana ibiri mu mutima wiwe. Ica nyuma, yaratanze izindi mpanuro zishingiye ku Vyanditswe kugira afashe Petero kubogora ivyiyumviro vyiwe n’inyiyumvo ziwe. Ushobora kwumva umengo kwigisha bigeze hiyo birarengeye ubushobozi bwawe. Mugabo reka turabe ibintu bibiri vyabaye vyerekana ingene ukwitegura be n’ukwiheka kuri Yehova bishobora gufasha uwo ari we wese muri twebwe gukurikiza ako karorero ka Yezu.
Ingene wovoma ibiri mu mutima
Igihe serugo mukirisu umwe yamenya yuko abahungu biwe biga mu wa mbere no mu wa kabiri bari batwaye imbombo zari ku meza y’umwigisha, yarabicaritse hanyuma arabafasha kuzirikana. Uwo sebibondo, hako avyirengagiza nk’aho umengo nta co bivuze canke ngo afate ko abo bana bariko barijandajandira gusa, yigana yuko ‘yagerageje gutuma bamuserurira imvo yatumye bakora ico kintu kibi’.
Yasavye abo bahungu kwibuka ivyashikiye Akani, nk’uko inkuru iri muri Yosuwa 7 ivyigana. Abo bahungu baciye ubwo nyene babona ico se yagomba kubumvisha, hanyuma baremera ikosa ryabo. Ijwi ryabo ryo mu mutima ryari ryamaze gutangura kubabuza amahoro. Uwo sebibondo yaciye ababwira ngo basome mu Banyefeso 4:28, ahavuga hati: “Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura . . . kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye”. Kuba yaciye asaba abana biwe ngo batange indishi mu kugura imbombo bagaheza bakazishikiriza umwigisha, vyatumye impanuro yo mu Vyanditswe irushiriza kugira uburemere.
Uwo sebibondo avuga ati: “Twaragerageza kurandurana n’imizi imvo mbi izo ari zo zose zaba zibonekeje, tukazisubiriza imvo nziza kandi zityoroye mu gufasha abo bana kuzirikana”. Kuba abo bavyeyi bariganye Yezu mu kuntu bigisha abana babo, nta gukeka vyaravuyemwo ivyiza. Abo bahungu bompi bahavuye batumirwa kuja gukorera ku cicaro gikuru kuri Beteli y’i Brooklyn, aho umwe muri bo agikorera, ubu hakaba haciye imyaka 25.
Raba ingene uwundi mukirisu yashoboye gufasha uwo bigana Bibiliya. Uwo mutohoji yari asanzwe yitaba amakoraniro, akongera akagira uruhara mu busuku, kandi akaba yari amaze guserura ko yipfuza kubatizwa. Ariko rero, vyaboneka ko yiyizigira birenze urugero hako yiheka kuri Yehova. Ico Cabona avuga ati: “Bwa mugore yibana, yari asigaye yigenga kuruta uko we ubwiwe yari abizi. Narahagaritse umutima niyumvira yuko yoba yari agiye kurwara mu mutwe canke gutemba mu vy’impwemu”.
Ico Cabona yaciye rero yibwiriza gufasha uwo mutohoji kuzirikana kuri Matayo 6:33, amuremesha kugira ico ahinduye mu vyo ashira imbere y’ibindi, gushira Ubwami imbere, be no kwizigira ko Yehova azotuma bigenda neza cane. Yamubajije adakikiriza ati: “Kuba wibana vyoba bituma rimwe na rimwe bikugora kwiheka ku bandi, ushizemwo na Yehova?”. Nya mutohoji yariyemereye yuko yari amaze gusa n’uwahevye gusenga. Uwo mwamamaji yaciye amuremesha gukurikiza impanuro iri muri Zaburi 55:22 mu gukorera Yehova umutwaro wiwe kuko ‘atubabara’, nk’uko muri 1 Petero 5:7 habitwemeza. Ayo majambo yaramukoze ku mutima. Nya cabona avuga ati: “Ico cari kimwe mu bihe bikeyi namubonye arira”.
Nutume ukuri kuguma gukorera muri wewe
Biradutera umunezero mwinshi kwibonera abo twigisha bakurikiza ukuri kwo muri Bibiliya. Mugabo rero, nimba dushaka ko utwigoro twacu two gufasha abandi tuvamwo ivyiza, dutegerezwa twebwe ubwacu gutanga akarorero keza (Yuda 22, 23). Twese turakeneye ‘[‘gushishikara’, UB] gushitsa agakiza kacu, dutinya duhinda agashitsi’ (Ab’i Filipi 2:12). Ivyo birimwo kwama tureka umuco w’Ivyanditswe ukamurikira imitima yacu, turondera kumenya inyifato, ivyipfuzo be n’ivyo dukunda vyoba bikeneye gukosorwa.—2 Petero 1:19.
Nk’akarorero, umwete ukorana ibikorwa vya gikirisu woba uherutse kugabanuka? Nimba ari ukwo bimeze, woba uzi icabiteye? Impamvu imwe ishobora kuba ari kubera wiyizigira birenze urugero. Womenya gute nimba wiyizigira birenze urugero? Nusome muri Hagayi 1:2-11, uce uzirikana ata buryarya ku kuntu Yehova yafashije kuzirikana Abayuda bahungutse. Hanyuma wibaze uti: ‘Noba ndazwa ishinga birenze urugero n’ivy’ugutekanirwa mu vy’amahera be n’ivyo kurondera amaronko? Noba nizigira vy’ukuri yuko Yehova azokwitaho umuryango wanje mu gihe noshira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere? Canke noba numva ko ntegerezwa kubanza kwitwararika ivyanje?’. Nimba hari ivyo ukeneye kubogora mu vyiyumviro vyawe canke mu nyiyumvo zawe, ntugonanwe kubigira. Impanuro zo mu Vyanditswe, nk’akarorero izo dusanga muri Matayo 6:25-33, Luka 12:13-21, no muri 1 Timoteyo 6:6-12, ziratanga ishingiro ryo kugira uburimbane mu kuntu tubona ivyo dukeneye mu vy’umubiri be n’amatungo, uburimbane butuma tutabura kuronka imihezagiro idakama iva kuri Yehova.—Malaki 3:10.
Ukwisuzuma ata buryarya muri ubwo buryo bishobora gusaba ko uzirikana witonze. Kwemera ko dufise ubugoyagoye kanaka igihe hari uwudufashije kububona, bishobora kutubabaza. Naho bimeze ukwo, igihe wibwirije gufasha umwana wawe, uwo mwigana Bibiliya, canke mbere igihe wewe nyene urondeye kwifasha, woshobora rwose kuba uriko utera intambwe ya mbere igana ku gukiza ubuzima bwiwe canke ubwawe, naho ikibazo gisuzumwa coba kijanye n’ubuzima bw’umuntu ubwiwe canke kikaba gisaba kwengenga.—Ab’i Galatiya 6:1.
Bite hoho igihe utwigoro twawe twoba dusa n’ututavamwo ivyiza? Ntuce utana n’akabando. Kubogora umutima munyagasembwa bishobora gusaba ukwengenga, bigatwara umwanya mwinshi, rimwe na rimwe na ho ugasanga bisaba akigoro gakomeye. Mugabo birashobora kandi kuvamwo ivyiza.
Wa musore Eric twavuga mu ntango, yahavuye yigarura maze asubira gutangura ‘kugendera mu kuri’ (2 Yohana 4). Avuga ati: “Igihe natahura ico nari natakaje, ni ho nagaruka kuri Yehova”. Abifashijwemwo n’abavyeyi biwe, Eric ubu arakorera Imana adahemuka. Naho yigeze kuba yakira nabi utwigoro tw’urudaca abavyeyi biwe bagira kugira ngo basuzume umutima wiwe, ubu hoho arakenguruka cane ivyo bamugiriye. Avuga ati: “Abavyeyi banje ni beza ntiworaba. Ntibigeze bareka kunkunda”.
Iyo dukoresheje Ijambo ry’Imana mu kumurikira imitima y’abo twigana Bibiliya, tuba tugaragaje ubuntu-mvarukundo (Zaburi 141:5). Nubandanye gusuzuma imitima y’abana bawe hamwe n’iy’abo mwigana Bibiliya kugira ngo umenye neza nimba wa muntu musha aranga abakirisu ariko aratsimbatara muri bo vy’ukuri. Nutume ukuri kuguma gukorera mu bandi no muri wewe ubwawe mu “[ku]ramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”.—2 Timoteyo 2:15.
[Ifoto ku rup. 29]
Amajambo ya Yezu yarahishuye ubugoyagoye Petero yari afise
[Ifoto ku rup. 31]
Nukoreshe Bibiliya kugira uvome ibiri mu mutima