“Mwame mugavye”
MU BIHE vya kera, abarinzi b’irembo bakorera ku bwinjiriro bw’igisagara n’ubw’urusengero, ahantu hamwehamwe na ho bagakorera ku marembo y’imihana. Uretse ko mw’ijoro baraba neza yuko amarembo yugaye, abo barinzi b’irembo barakora kandi bwa nderetsi. Ico gikorwa bari bashinzwe cari gihambaye rwose, kubera yuko umutekano w’igisagara waba uhagaze ku karuru biha ko kugabisha abanyagihugu, igihe akaga kaba kegereje.
Yezu Kirisitu yari azi igikorwa c’abarinzi b’irembo, abo bakaba kandi bitwa abateramyi. Igihe kimwe yagereranije abigishwa biwe n’abateramyi, aca abaremesha kwama bagavye ku bijanye n’iherezo ry’ivy’Abayuda. Yavuze ati: “Mwiyubare, mube maso, . . . kuko mutazi igihe bizoshikira. Ni nk’umuntu yasize urugo rwiwe, aja mu kindi gihugu . . . abarira umuteramyi ngo yame agavye. Nuko mwame mugavye, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozamwo”.—Mariko 13:33-35.
Mu kwigana Yezu, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kimaze imyaka irenga 125 gishikiriza indemesho Yezu yatanze yo ‘kwama tugavye’. Uti gute? Nk’uko iki kinyamakuru kibivuga ku rupapuro rwa 2, Umunara w’Inderetsi “uguma ukenguza ibiba mw’isi bishitsa ubuhanuzi bwa Bibiliya. Urahumuriza abantu bo mu bisata vyose ukoresheje inkuru nziza y’uko vuba Ubwami bw’Imana bugiye kurandura abahahaza abandi, n’uko buzohindura isi ikaba iparadizo”. Kuba gikwiragizwa kw’isi mu makopi arenga 26.000.000 mu ndimi 150, vyerekana yuko ata kindi kinyamakuru c’ivy’idini gikwiragiye rwose kw’isi nk’Umunara w’Inderetsi. Nka kurya kw’abarinzi b’irembo ba kera, kandi biciye kuri ico kinyamakuru, Ivyabona vya Yehova bariko bahimiriza abantu aho bari hose ngo ‘bame bagavye’ mu buryo bw’impwemu kubera yuko Databuja Yezu Kirisitu ari hafi yo kugaruka gushitsa urubanza kuri iyi si.—Mariko 13:26, 37.