ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/12 rup. 3-4
  • Ikintu abantu bisangije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikintu abantu bisangije
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyifato ibereye ni iki?
  • Ikibereye n’ikitabereye—Wobimenya gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • 7 Imico myiza
    Be maso!—2018
  • Niwige Wongere Wigishe Inyifato Runtu ya Gikirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/12 rup. 3-4

Ikintu abantu bisangije

Uwitwa Jodie akora igikorwa co gutororokanya ibisigi maze akabironderera umukiriya. Jodie ariko afasha umugore umwe gutororokanya ibintu vyo mu nzu yasigiwe na mwenewabo kugira babigurishe. Igihe Jodie ariko arasakambura ahahoze hacanirwa umuriro wo gususurutsa inzu, aza abona aguye ku dusandugu tubiri dushaje tw’ibikoresho vyo kuroba. Agize ngo araraba muri kamwe, aciye akubitwa n’inkuba. Abonye inoti z’amadolari ijanijana zizingiye mu gipapuro, yose hamwe akaba ari amadolari 82.000 abona (nk’amarundi 90.200.000)! Jodie ari wenyene muri ico cumba. None akore iki? Atware ako gasandugu yinumire canke abwire uwo mugore ko yatoye ayo mahera?

UKWO kuba Jodie abura ico afata n’ico areka birashira ahabona ikintu kidutandukanya n’ibikoko, vyovyo bigenza itima. Igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kivuga giti: “Kimwe mu bintu bidasanzwe biranga abantu ni ukwibaza ibibazo bisaba ukuzirikana bijanye n’ico dukwiye gukora canke tudakwiye gukora”. Imbwa ishonje isanze inyama ku meza y’amazimano ntiyorinda kwiyumvira nimba yoba ikwiye kurya iyo nyama canke idakwiye kuyirya. Jodie wewe arafise ubushobozi bwo gushira ibintu ku munzane, akaraba nimba ingingo agira afate yoba ibereye. Niyatwara ayo mahera, azoba yivye, mugabo biboneka cane yuko atazofatwa. Ayo mahera si rwiwe; ariko kandi wa mugore ntazi n’uko ayo mahera abaho. Ikigeretseko, benshi mu bantu bo mu kibano Jodie abamwo bomufata nk’ikijuju aramutse ahaye ayo mahera uwo mugore.

Iyo uza kuba wari Jodie wari gukora iki? Ukuntu wokwishura ico kibazo kwovana n’ingingo zigenga inyifato ibereye wahisemwo kwisunga mu buzima.

Inyifato ibereye ni iki?

“Inyifato ibereye” idondorwa ko ari “umwihwezo w’ibibazo vyerekeye ikibereye n’ikitabereye ufatiye ku vyemewe mu bantu” (Collins Cobuild English Dictionary). Umwanditsi yitwa Eric J. Easton avuga ati: “Imvugo ngo ‘inyifato ibereye’ be n’‘inyifato runtu’, zirasangiye insobanuro y’ishimikiro. Iya mbere (ari yo ethikos) ikomoka mu kigiriki, iya kabiri na yo (ari yo moralis) igakomoka mu kilatini, zompi zikaba zerekeza ku kosho k’imigenzo n’imico kama”.

Haraheze igihe kirekire idini ari ryo muri rusangi rishinga ingingo mfatirwako zijanye n’inyifato ibereye abantu bisunga. Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, ryaragize akosho gakomeye ku bibano vyinshi. Ariko rero, abantu barushiriza kwongerekana hirya no hino kw’isi barateye akagere ingingo mfatirwako zitandukanye zijanye n’ivy’idini ngo nta co zimaze, bongera baratera akagere ingingo zigenga ivyo kwigenza runtu zo muri Bibiliya ngo zarataye igihe. None izo ngingo bazisubirije iki? Igitabu kimwe (Ethics in Business Life) kivuga yuko “ivyiyumviro vy’abantu . . . vyanesheje akosho idini ryahoze rifise”. Aho guhindukirira ingingo mfatirwako zijanye n’ivy’idini, benshi barondera kurongorwa n’abahinga mu bijanye n’inyifato ibereye. Umuhinga mu vy’inyifato ijana n’ukuntu umubiri ukora yitwa Paul McNeill avuga ati: “Niyumvira yuko abahinga mu vy’inyifato ijana n’ukuntu umubiri ukora basubiriye abapatiri. . . . Abantu basigaye bagengwa n’ico bo babona ko kibereye aho kugengwa n’idini”.

Igihe ugomba gufata ingingo zigoye, umenya gute ikibereye n’ikitabereye? Ingingo mfatirwako wisunga zigenga inyifato ibereye zoba zishingwa n’Imana canke ni wewe uzishinga?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika