ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/8 rup. 8-11
  • Abantu b’imvukira zo muri Megizike bumva inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu b’imvukira zo muri Megizike bumva inkuru nziza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Yehova yarumvise amasengesho
  • “Baragira akigoro gashoboka kose”
  • “Urakoze Yehova!”
  • “Kualtsin Tajtoua”
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/8 rup. 8-11

Abantu b’imvukira zo muri Megizike bumva inkuru nziza

KW’IGENEKEREZO rya 10 Munyonyo 2002, umugwi w’abantu bitwa Abamigisi, bakaba ari imvukira za Megizike, warakoraniye i San Miguel muri Quetzaltepec. Ico ni igisagara co muri leta iteye igomwe ya Oaxaca iri mu Bumanuko. Uwo mugwi wari witavye ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova. Igihe c’agaheta ca porogarama yo muri ako gatondo, cari igikino gishingiye kuri Bibiliya.

Igihe amajambo ya mbere y’ico gikino yatangura gusamirana mu vyuma bitanga amajwi, abari ngaho baratangaye cane. Baciye bakoma amashi, benshi bayakoma bakoragura amasozi. Ico gikino cashikirijwe mu rurimi rw’ikimigisi! Kirangiye, benshi baraseruye ukuntu bakenguruka bivuye ku mutima uwo muhezagiro batari biteze. Hari uwavuze ati: “Bwari bwo bwa mbere nshobora gutahura ibivugwa muri ben’ico gikino. Carankoze ku mutima”. Uwundi yavuze ati: “Ubu naho nopfa, noba mpfanye umunezero kubera ko Yehova yampaye akaryo ko kwumva ico gikino mu rurimi rwacu kavukire”.

Ivyabaye muri ico gitondo, ni bimwe mu vyavuye ku kigoro gakomeye gaherutse gutangura kugirwa n’Ivyabona vya Yehova bo muri Megizike ko gutuma inkuru nziza ishikira abantu b’imvukira zaho.—Matayo 24:14; 28:19, 20.

Yehova yarumvise amasengesho

Muri Megizike, hari abantu b’imvukira barenga 6.000.000, abo bakaba bashobora kugira igihugu bisangije coba kigizwe n’abafise imico kama itari imwe be n’indimi 62. Rumwe rwose muri cumi na zitanu muri izo, ruvugwa n’abantu barenga 100.000. Mu bantu b’imvukira, abarenga 1.000.000 nta gisupanyoli bazi, rukaba ari rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za leta muri Megizike. Kandi no muri abo bavuga igisupanyoli, benshi barushiriza kworoherwa kwiga ukuri kwa Bibiliya igihe bakwize mu rurimi rwabo kavukire (Ivyakozwe 2:6; 22:2). Hari bamwe bari bamaze imyaka n’iyindi biga Bibiliya bongera bitaba amakoraniro ya gikirisu badahengeshanya, yamara bagatahura bike. Ni co gituma bari bamaze igihe basenga basaba ko boshikirizwa ubutumwa bwerekeye ukuri mu rurimi rwabo kavukire.

Kugira ngo iyo ngorane itorerwe umuti, mu 1999 ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Megizike vyaratanguye gutunganya ivy’uko amakoraniro agirwa mu ndimi kavukire. Harashinzwe kandi imigwi y’ubuhinduzi. Mu mwaka wa 2000, igikino co kw’ihwaniro ry’intara cashikirijwe mu kimaya, mu nyuma gishikirizwa no mu zindi ndimi zitari nke.

Intambwe ikurikira yari iyo kwitunira ku guhindura ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova bifasha kwiga Bibiliya. Ubwa mbere, agatabu Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare! karahinduwe mu gihuwave, mu gitotonaki, mu gitseletali, mu gitsotsili, mu kimaya be no mu kimazateki. Ibindi bisohokayandikiro vyarakurikiye, harimwo no kuza harasohorwa integuro y’Igikorwa dukorera Ubwami mu kimaya. Ibisohokayandikiro bimwebimwe na vyo nyene vyarafashwe ku makaseti yo kwumviriza. Kugira ngo abantu b’imvukira bigishwe gusoma no kwandika mu rurimi rwabo kavukire, agatabu kitwa Niwijukire Gusoma no Kwandika, kariko karatunganywa kugira kazoshobore gukoreshwa n’abantu baho. Ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya ubu biriko bisohorwa mu ndimi kavukire 15, kandi n’ibindi bisohokayandikiro biracari inyuma.

“Baragira akigoro gashoboka kose”

Igikorwa c’ubuhinduzi nticabaye icoroshe. Imvo imwe, ni uko hasohowe ivyandikano bike cane vyo mw’isi mu ndimi kavukire zo muri Megizike. Kenshi usanga kuronka inyizamvugo atari aho gutuma umwana. Ikindi kandi, indimi zimwezimwe usanga zigizwe n’indimirimi nyinshi. Nk’akarorero, ikizapoteki conyene kivugwa n’imiburiburi mu buryo butanu butandukanye. Izo ndimirimi zarahavuye ziratandukana cane, gushika n’aho Abazapoteki baturuka mu mihingo itandukanye badashobora kwumvikana.

Bisubiye, aho ata mategeko agenga ururimi aba asanzwe yarashinzwe, usanga abahinduzi bategerezwa kwishingira amwamwe. Ivyo bisaba kugira ubushakashatsi bwinshi no kurahura ubwenge hirya no hino. Ntibitangaje kubona mu ntango benshi muri bo baragize inyiyumvo nk’iza Élida ari mu mugwi w’ubuhinduzi w’igihuwave! Avuga ati: “Igihe nahabwa ubutumire bwo kuja ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Megizike gukora igikorwa c’ubuhinduzi, navyakiriye mu buryo bubiri: Ku ruhande rumwe naragize umunezero ku rundi ngira ubwoba”.

Abahinduzi kandi bategerezwa kwiga gukoresha ubuhinga bwa orodinateri, kugira urutonde be n’ubuhinga mu vy’ubuhinduzi. Emwe, kuri bo ico gikorwa ntihari aho gutuma umwana. Bakibona gute? Gloria, umwe mu bagize umugwi w’ikimaya yishura ati: “Ntitworonka ingene tudondora umunezero dufise wo kugira uruhara mu guhindura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi kavukire rwacu rw’ikimaya”. Umucungezi umwe mu Rwego rujejwe ubuhinduzi na we, ku vyerekeye abahinduzi avuga ati: “Icipfuzo co kuronka ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zabo kavukire, kirakomeye ku buryo bariko baragira akigoro gashoboka kose kugira ngo babishikeko”. Vyoba vyabaye impfagusa?

“Urakoze Yehova!”

Imigisha Yehova yahunze igikorwa gikorerwa mu ndimiro igizwe n’abantu ba kavukire, yarigaragaje. Abitaba amakoraniro ya gikirisu n’amateraniro, bariyongereye cane. Nk’akarorero, mu 2001 Ivyabona bavuga ikimigisi uko ari 223, barakoraniye hamwe kugira ngo bahimbaze Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Yamara abitavye icibutso bose hamwe bari 1.674, igitigiri c’ivyo Vyabona kikaba cari kirenze incuro indwi n’igice!

Abantu bamwebamwe bemera ukuri, ubu barashobora kugutahura neza kuva mu ntango. Mirna aribuka ivyamushikira imbere yuko amakoraniro atangura kuza aragirwa mu kimaya. Avuga ati: “Nabatijwe maze amezi atatu niga Bibiliya. Nari nzi ko nkwiye kubatizwa, mugabo ntabeshe, sinatahura ukuri kwa Bibiliya nk’uko bikwiye. Nibaza ko icabituma ari uko ururimi kavukire rwacu ari ikimaya, kandi nkaba ntatahura neza igisupanyoli. Kugira ngo ntegere neza ukuri, vyansavye igihe”. Muri iki gihe, we n’umunega wiwe barahimbawe kuba bari mu bagize umugwi w’ubuhinduzi w’ikimaya.

Abantu bose bari mu mashengero baragira umunezero wo kuronka ibisohokayandikiro mu ndimi kavukire zabo. Igihe hashikirizwa agatabu Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare! kari gaherutse guhindurwa mu gitsotsili, hari umukenyezi yari yaratanguye kwitaba amakoraniro ya gikirisu yakagumbiriye maze arakenguruka ati: “Urakoze Yehova!”. Amaraporo yerekana yuko abatohoji benshi ba Bibiliya bariko bararushiriza kwihuta gutera imbere bagana kw’ibatisimu, abamamaji bari barahororokewe bakaba bariko barasubira kugira umwete, eka n’abavukanyi bakirisu benshi ubu bakaba bumva ko bakwije ibisabwa kugira bemere kwikorera amabanga mw’ishengero. Abanyamuhana bamwebamwe bararushiriza kwemera kwakira ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya biri mu rurimi rwabo kavukire no kuvyiga.

Igihe kimwe, hari Icabonakazi yagiye kuyobora inyigisho ya Bibiliya, mugabo umutohoji ntiyari i muhira. Umunega w’uwo mutohoji aje ku muryango, umuvukanyikazi wacu yaramusavye nimba yokwemera ko amusomera agatabu. Uwuri uwundi ati: “Nta na kimwe nshaka”. Wa muvukanyikazi yaciye amubwira mu gitotonaki yuko ako gatabu kari mu rurimi kavukire rwabo. Uwo mugabo avyumvise, yaciye akwega agatebe aricara. Ariko aramusomera, wa mugabo yaguma avuga ati: “Basha ivyo ni vyo, emwe ni ukuri koko”. Muri iki gihe aritaba amakoraniro ya gikirisu.

Muri Leta ya Yucatán, hari umugabo afise umugore w’Icabonakazi yarwanya ukuri kandi rimwe na rimwe agakubita uwo mukenyezi atashe avuye ku makoraniro. Igihe amakoraniro yatangura kugirwa mu kimaya, wa muvukanyikazi yarafashe ingingo yo kumutumira. Yaraje kandi aramuryohera koko. Muri iki gihe aritaba amakoraniro adahorereza, akiga Bibiliya, ugaca wumva ko atagikubita umugore.

Hari umugabo avuga igitotonaki yabwiye Ivyabona bibiri ko atigera avuga igisabisho kubera yuko umupatiri w’umugatolika yamubwiye ko Imana yumviriza gusa ibisabisho bivuzwe mu gisupanyoli. Uko vyari bimeze, yategerezwa kuriha umupatiri kugira ngo asabire Abatotonaki. Ivyo Vyabona bamusiguriye yuko Imana yumva amasengesho aturwa mu ndimi zose, maze bamuha agatabu kari mu gitotonaki, na we akakirana umunezero mwinshi.—2 Ngoma 6:32, 33; Zaburi 65:2.

“Kualtsin Tajtoua”

Kubera ko abamamaji benshi bw’Ubwami bezwa umutima n’ivyo bintu biriko biraba, usanga hari ururimi kavukire bariko barinanata kwiga canke bongereza ubumenyi bafise ku vyerekeye ururimi kanaka. Ivyo ni vyo nyene biriko biragirwa n’umucungezi w’umuzunguruko umwe afasha amashengero atanu akoresha ikinahuwatali, yo mu Buraruko bwa Leta ya Puebla. Yigana ati: “Abana bahora basinzira ku makoraniro ubu baguma bari maso, batega yompi igihe ndiko ndavuga mu kinahuwatali. Igihe kimwe ikoraniro riheze, hari agahungu k’imyaka ine kaje aho ndi kambwira gati: ‘Kualtsin tajtoua’ (uvuga neza). Ivyo vyatumye numva ko akigoro ngira atari impfagusa”.

Emwe, indimiro irimwo abakoresha indimi kavukire, vy’ukuri “irēze igeze kwimbura”, kandi abagira uruhara mu gikorwa muri iyo ndimiro bose bararemeshwa cane (Yohana 4:35). Roberto, uwagize uruhara mu vyo gutanguza imigwi y’ubuhinduzi, abidondora muri make ati: “Kubona abavukanyi n’abavukanyikazi bakorora amosozi y’umunezero igihe bumvise ukuri mu ndimi zabo kavukire, bakagutahura neza, cabaye ikintu c’intibagirwa. Ndavyiyumviriye bituma ngira ikigumbagumba”. Nta nkeka kandi ko gufasha abo bantu b’inziraburyarya guhagarara ku ruhande rw’Ubwami binezereza umutima wa Yehova.—Imigani 27:11.

[Uruzitiro ku rup. 10, 11]

Reka bamwe mu bahinduzi batuyagire

● “Naciye ubwenge mbona abavyeyi banje banyigisha ukuri. Ikibabaje ni uko igihe nari mfise imyaka 11 dawe yataye ishengero rya gikirisu. Haciye imyaka ibiri, mawe yaciye aduta. Kubera yuko nari imfura mu bana batanu, nategerejwe guca nikorera amabanga yega mawe, naho nari nkiri umunyeshure.

“Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu baradufashe mu mugongo n’urukundo rwinshi, ariko ubuzima ntibwari bworoshe. Rimwe na rimwe, naribaza nti: ‘Ni kubera iki ibi bintu biriko biranshikira? Erega ndacari ikibondo!’. Iyo Yehova atamfasha, nta vyo nari gushobora. Maze kurangiza amashure yisumbuye, naciye mba umusuku w’igihe cose, kandi ivyo vyaramfashije rwose. Igihe umugwi w’ubuhinduzi w’ikinahuwatali washingwa, narahawe ubutumire bwo kuwujamwo.

“Ubu dawe yaragarutse mw’ishengero, barumunanje na basazanje na bo bakaba basukurira Yehova. Akigoro nagize ko kuguma ndi umwizigirwa kuri Yehova, ntikabaye impfagusa. Yarahezagiye cane umuryango wacu”.—Alicia.

● “Hari umwigeme twahora twigana w’Icabona yashikirije insiguro yerekeye inkomoko y’ubuzima. Kubera nari nasivye ico cigwa, narahagaritse umutima ntinya ko ivyahavugiwe vyohava biza mu kibazo, bituma ndamusaba kubinsigurira. Nahora nantaryo nibaza igituma abantu bapfa. Igihe yansaba kwakira igitabu Créationa no kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, naravyemeye. Narakozwe ku mutima cane n’umugambi w’Umuremyi be n’urukundo afise.

“Ndangije amashure, nari mfise akaryo ko kuba umwigisha w’indimi zibiri, ni ukuvuga igisupanyoli n’igitsotsili. Ariko rero, ivyo vyari gusaba ko nimukira kure, nkaza ndigisha no ku mpera z’umushamvu, ku bw’ivyo ngasiba amakoraniro ya gikirisu. Aho gukora ako kazi, nikoreye ubumaso. Dawe, uwutari Icabona, ntiyashimye na gato iyo ngingo mfashe. Mu nyuma, igihe nari umusuku w’umutsimvyi, hari umugwi wo guhindura ibisohokayandikiro mu gitsotsili watunganijwe. Naciye nshaka kuwujamwo.

“Ndabona ko kuronka ibisohokayandikiro mu rurimi kavukire rwabo bituma abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bumva ko bashimwa n’uko bubahirijwe. Ivyo biramara akanyota koko. Numva ari agateka kadasanzwe kuba narashinzwe iki gikorwa”.—Humberto.

● “Igihe nari mfise imyaka itandatu, mawe yaradutaye. Mu gihe c’imyaka yanje y’ubuyabaga, dawe yaratanguye kwigana n’Ivyabona vya Yehova. Umusi umwe, hari umuvukanyikazi yansavye ko twokwigana Bibiliya, hakajamwo impanuro zerekeye abakiri bato. Kubera ko nari umuyabaga atari kumwe na nyina, numvise ko ivyo ari vyo nyene nari nkeneye. Nabatijwe mfise imyaka 15.

“Mu 1999, dawe yaragandaguwe n’abantu b’inkozi z’ikibi bashaka kumunyaga itongo. Umubabaro waragomvye kunyica. Naragize n’akabonge, numva umengo sinoshobora kubandanya kubaho. Mugabo, naguma nsega Yehova ndamusaba ingoga. Umucungezi w’ingenzi be n’umukenyezi wiwe barandemesheje cane. Sinatevye gucika umutsimvyi asanzwe.

“Igihe kimwe, naritegereje abantu bari bagenze amasaha atandatu n’amaguru kugira gusa ngo baze kwumviriza insiguro y’iminuta 20 mu gitotonaki, naho nyene igice gisigaye c’amakoraniro cagizwe mu gisupanyoli, na bo bakaba batacumva. Ni co gituma nahimbawe cane igihe nahabwa ubutumire bwo gufasha mu vyo guhindura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu gitotonaki.

“Nahora nkunda kubwira dawe yuko nipfuza gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Yambwira ko bitokworoheye umwigeme w’umuyabaga angana nanje. Ese ingene azohimbarwa niyazuka agasanga narashoboye kubishikako, ngahindura ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rwacu”!—Edith.

[Akajambo k’epfo]

a La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 1985.

[Ifoto ku rup. 9]

Abagize umugwi w’ubuhinduzi w’igitsotsili bariko barahanahana ivyiyumviro kw’ijambo rigoye guhindura

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika