Ibibazo vy’abasomyi
Ko Abalewi ata shamvu bari bafise muri Isirayeli ya kera, Umulewi Hanameli yashoboye gute kugurisha itongo ku Mulewi mwene se wabo Yeremiya, nk’uko bivugwa muri Yeremiya 32:7?
Ku vyerekeye Abalewi, Yehova yabwiye Aroni ati: “Ntuz’ugire ishamvu . . . , canke ng’ugire umugabane mu [Bisirayeli]” (Guharūra 18:20). Naho ari ukwo, Abalewi bari barahawe ibisagara 48 biri kumwe n’uburagiriro bwavyo, bikwiragiye mu Gihugu c’Isezerano cose. Igisagara Yeremiya yavukiyemwo cari Anatoti, kikaba cari kimwe mu bisagara vyahawe “ab’inzu ya Aroni, ari bo baherezi”.—Yosuwa 21:13-19; Guharūra 35:1-8; 1 Ngoma 6:54, 60.
Mu Balewi 25:32-34, haratwereka ko Yehova yatanze amategeko atomoye ajanye n’“uburenganzira bwo gucungura” (NW) itongo ryegukira Abalewi. Biboneka ko umuryango umwumwe wose w’Abalewi wari ufise uburenganzira bwo gutorana amatongo kanaka, kuyakoresha no kuyagurisha. Birumvikana ko ivyo vyarimwo ukugurisha itongo n’ukuricunguraa. Mu mice myinshi, Abalewi baragira itongo kandi bakarikoresha cokimwe n’Abisirayeli bo mu yindi miryango.
Birashoboka rwose ko kugira umuntu yegukire mwene iryo tongo ry’Abalewi, yarironka biciye ku guhererekana iragi ry’umuryango. Ariko rero, ku bijanye n’“uburenganzira bwo gucungura” (NW), ivy’ukugura n’ukugurisha vyari birekuwe hagati y’Abalewi gusa. Vyongeye, bisa n’uko ukugurisha canke ugucungura itongo vyagirwa gusa ku matongo ari mu bisagara, kubera yuko aho “baragira inyuma y’ibisagara vyabo” hatategerezwa kugurishwa kubera yuko hari “ishamvu yabo y’intahava”.—Abalewi 25:32, 34.
Itongo rero Yeremiya yacunguye ariguze na Hanameli, bigaragara ko ryari muri mwene ayo matongo yashobora gutangwa mu buryo bwo gucungurwa. Rishobora kuba ryari riri mu gisagara. Yehova ubwiwe yaremeje yuko iyo “shamvu” yegukira Hanameli be n’uko Yeremiya yari afise “uburenganzira bwo gucungura” (Yeremiya 32:6, 7, NW). Yehova yakoresheje ivyo vyo kugura no kugurisha mu buryo bw’ikigereranyo kugira ashimangire umuhango wiwe w’uko Abisirayeli bogarutse kwaka ishamvu yabo bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni.—Yeremiya 32:13-15.
Nta cerekana yuko Hanameli yari yaronse iryo tongo ry’i Anatoti mu buryo butabereye. Nta kintu na kimwe cerekana yuko yarenze ku cagezwe ca Yehova mu gusaba Yeremiya ngo agure iryo tongo ry’i Anatoti canke ko Yeremiya yakoresheje mu buryo butabereye uburenganzira bwiwe bwo gucungura mu kugura iryo tongo.—Yeremiya 32:8-15.
[Akajambo k’epfo]
a Mu kinjana ca mbere G.C., Umulewi yitwa Barunaba yaragurishije itongo ryamwegukira maze amahera arigurishije arayatanga kugira afashe abayoboke ba Kirisitu b’i Yeruzalemu bari bakenye. Iryo tongo rishobora kuba ryari i Palesitina canke i Kupuro. Canke birashoboka ko iryo tongo ryari akaburi Barunaba yari yarironkeye mu karere k’i Yeruzalemu.—Ivyakozwe 4:34-37.