“Ukuri kuzobaha kwidegemvya”
KUBERA ko Yehova Imana ari Mushobora-vyose, Umutegetsi Segaba w’ijuru n’isi akaba n’Umuremyi w’ibintu vyose, ni we wenyene afise umwidegemvyo utagira aho ugarukira (Itanguriro 17:1; Yeremiya 10:7, 10; Daniyeli 4:34, 35; Ivyahishuriwe 4:11). Abandi bose bategerezwa kugenda no gukora batarenga aho ubushobozi bahawe bugarukira kandi bakayoboka amategeko yiwe agenga ivyaremwe vyose (Yesaya 45:9; Abaroma 9:20, 21). Nk’akarorero, rimbura ububasha bukwegera hasi ibiri mu kirere, amategeko agenga ukuntu ikintu kiri kumwe n’ikindi, kivanganye n’ikindi canke gihuye n’ikindi ingene biheza bikagenda, ayagenga akosho izuba rigira ku mibumbe be n’ayagenga ikura; amategeko agenga inyifato runtu; uburenganzira bw’abandi be n’ibikorwa vyabo bigira ico bikoze ku mwidegemvyo w’umuntu. Umwidegemvyo w’ibiremwa vy’Imana vyose urafise rero aho ugarukira.
Umwidegemvyo uza biciye kuri Kirisitu Intumwa Paulo yaravuze ivy’uko umuryango w’abantu ukeneye kubohorwa mu ‘buja bwo kubora’ (Abaroma 8:21). Yezu Kirisitu yabwiye Abayuda bari baramwizeye ati: “Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya”. Ku bantu biyumvira yuko bari bararonse umwidegemvyo kubera gusa bakomoka kuri Aburahamu mu buryo bw’umubiri, yarerekanye yuko bari abaja b’icaha maze avuga ati: “Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri”.—Yohana 8:31-36; gereranya n’Abaroma 6:18, 22.
Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu bivuga yuko abayoboke ba Kirisitu ari abidegemvya. Paulo yarerekanye yuko ‘batari abana b’incoreke, ariko ko bari aba wa mugore bwite’ yidegemvya uwo avuga ko ari “Yeruzalemu wo hejuru” (Ab’i Galatiya 4:26, 31). Aca rero abahimiriza ati: “Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja” (Ab’i Galatiya 5:1). Ico gihe abantu bamwebamwe bivugisha yuko ari abakirisu kandi atari bo bari barifatanije n’amashengero y’i Galatiya. Bariko bagira akigoro ko kwosha abakirisu b’i Galatiya ngo bahebe umwidegemvyo bari bafise muri Kirisitu mu kugerageza kurondera ubugororotsi biciye ku bikorwa vy’Ivyagezwe aho kuburondera biciye ku kwizera Kirisitu. Paulo yabagabishije yuko ivyo vyotumye batemba bagatakaza ubuntu batabereye bwa Kirisitu.—Ab’i Galatiya 5:2-6; 6:12, 13.
Umwidegemvyo abakirisu bo mu ntango bari bafise kubera bari barakuwe mu ngoyi y’icaha n’urupfu be n’ugutinya, wagaragariye mu kuntu intumwa zavuga zishize amanga mu kwamamaza inkuru nziza (2 Timoteyo 1:7; Ivyakozwe 4:13; Ab’i Filipi 1:18-20). Baratahuye yuko ukwo gushira amanga mu kuvuga ivya Kirisitu ari ikintu c’agaciro bahawe, icategerezwa gutsimbatazwa, kurindwa no kuzigamwa kugira ngo bemerwe n’Imana. Cari ikintu kandi kibereye gushirwa mw’isengesho.—1 Timoteyo 3:13; Abaheburayo 3:6; Abanyefeso 6:18-20.
Gukoresha neza umwidegemvyo wa gikirisu Kubera yuko abanditsi bakirisu bahumekewe n’Imana batahura umugambi Imana yari ifise mu kugaragariza abakirisu ubuntu batabereye biciye muri Kirisitu, barahanuye bisubiriza abakirisu kurinda umwidegemvyo wabo no kudakoresha nabi uwo mwidegemvyo ngo bawufate nk’akaryo ko kwisuka mu bikorwa vy’akameremere canke nk’igitwikirizo co gukora ikibi (Ab’i Galatiya 5:13; 1 Petero 2:16). Yakobo yaravuze ivyerekeye ‘kwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo’ maze arerekana yuko uwushishikara kubikora, atari uwumva akavyibagira, ari we yobaye umuhirwe.—Yakobo 1:25.
Intumwa Paulo yarakoresha umwidegemvyo yari yararonse biciye kuri Kirisitu mugabo yaririnze kuwukoresha mu bimuhimbara canke kuwukoresha mu buryo bushobora kubabaza abandi. Mw’ikete Paulo yandikiye ishengero ry’i Korinto, yarerekanye yuko atokomerekeje ijwi ryo mu mutima ry’uwundi muntu mu gukora ikintu Ivyanditswe bitamubuza gukora mugabo cohava gitsitaza uwundi muntu afise ubumenyi bukeyi, uwo ijwi ryiwe ryo mu mutima ryari guhava ribabazwa n’ibikorwa vya Paulo. Aratanga akarorero kerekeye ukurya inyama zaterekerejwe ibigirwamana imbere y’uko zijanwa mw’isoko ngo zigurishwe. Kurya mwene izo nyama vyari gushobora gutuma abafise ijwi ryo mu mutima rigoyagoya bavuga nabi umwidegemvyo ubereye Paulo yari afise maze bigatuma bamucira urubanza, ivyo bikaba bitobaye ari vyiza. Ni co gituma Paulo yavuze ati: “N’iki gituma ukwidegemvya kwanje guhinyurwa n’umutima w’uwundi? Ko ndya mbishimiye, n’iki gituma ntukirwa ivyo nshimiye?”. Ariko rero, iyo ntumwa yari yiyemeje gukoresha umwidegemvyo yari ifise mu buryo bwubaka atari mu buryo busambura.—1 Ab’i Korinto 10:23-33.
Abasavyi nyakuri bose ba Yehova na bo nyene barashobora kwungukira ku mwidegemvyo wa gikirisu. Igihe rero tuwukoresheje mu buryo bushimwa n’Imana, ukuri kuzoba koko kwaraduhaye ukwidegemvya.