Ikizorangiza intambara
‘Dufise imyaka 12 gusa. Ntidushobora kugira ico duhinduye kuri politike no ku ntambara, mugabo dushaka kubaho! Turindiriye amahoro. Yoba azoza tukiriho?’—Isomero ry’abana bo mu wa gatanu
‘Dushaka kuja kw’ishure, kugendera abagenzi bacu n’imiryango yacu tudatinya ko twohava tunyuruzwa. Nizigiye yuko intwaro izovyumva. Dushaka ubuzima burushirije kuba bwiza. Dushaka amahoro’.—Alhaji, afise imyaka 14
AYO majambo akora ku mutima araserura icizigiro kivuye ku mutima gifiswe n’abakiri bato bamaze imyaka bacumukura kubera intambara y’abanyagihugu. Ico bipfuza gusa ni ukubaho bafise ubuzima busanzwe. Ariko rero, gushitsa ico cizigiro si igikorwa coroshe. Isi itarimwo intambara twoba tuzokwigera tuyibona?
Muri iyi myaka ya vuba, haragizwe utwigoro mu bihugu vyinshi kugira ngo hatorerwe umuti intambara z’abanyagihugu zimwezimwe, mu guhata imigwi irwana ngo itere umukono ku masezerano y’amahoro. Ibihugu bimwebimwe vyararungitse inteko zibungabunga amahoro kugira zitume mwene ayo masezerano ashirwa mu ngiro. Mugabo, ibihugu bikeyi ni vyo bifise amahera canke icipfuzo co gucungera ibihugu vya kure, aho urwanko n’umwikeko vyashinze imizi bituma amasezerano ayo ari yo yose yagizwe hagati y’imigwi irwana ataba ayafashe. Kenshi usanga amatati asubiye kwaduka hashize amayinga canke amezi makeyi amasezerano yo guhagarika intambara ateweko umukono. Nk’uko rwa Rwego mpuzamakungu rurondera amahoro rw’i Stockholm ruvyerekana, “biragoye gushikira amahoro igihe abarwana bafise icipfuzo be n’ubushobozi vyo kubandanya barwana”.
Muri ico gihe nyene, ayo matati agoye gutorera umuti asinzikaje imihingo myinshi y’isi aributsa abakirisu ubuhanuzi bwa Bibiliya. Igitabu c’Ivyahishuriwe kiravuga ivyerekeye ikiringo kitoroshe mu vyigeze kubaho, aho uwugendera kw’ifarasi w’ikigereranyo ‘yokuye amahoro mw’isi’ (Ivyahishuriwe 6:4). Iyo ntambara y’urudaca yabuwe iri mu bigize ikimenyetso kirimwo vyinshi cerekana yuko tubayeho mu gihe kidondorwa muri Bibiliya ko ari “[i]misi y’iherezo” (2 Timoteyo 3:1)a. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ridukura amazinda yuko iyi misi y’iherezo ari ikiringo gishikana ku mahoro.
Muri Zaburi 46:9, Bibiliya isigura yuko kugira habe amahoro nyakuri, intambara itegerezwa kuvaho, atari mu gace k’isi kamwe gusa, ariko mw’isi yose. Vyongeye, iyo zaburi nyene iravuga mu buryo butomoye iturirwa ry’ibirwanisho vyakoreshwa mu bihe vya Bibiliya, ni ukuvuga imiheto n’amacumu. Ibirwanisho bigwiriye muri kino gihe, bitegerezwa guturirwa nk’ukwo nyene niba abantu bashaka kubaho mu mahoro.
Ariko rero, impera n’imperuka usanga urwanko be n’umwina ari vyo bituma intambara ibandanya, atari amasasu be n’inkoho. Umwina ni kintu nyamukuru gituma haba intambara, urwanko na rwo akenshi rukaba rushikana ku bukazi. Kugira izo nyiyumvo zonona ziranduranwe n’imizi, abantu barakeneye guhindura uburyo biyumvira. Barakeneye kwigishwa inzira y’amahoro. Ku bw’ivyo, umumenyeshakazoza wa kera Yesaya aravuga ata kwibesha yuko intambara zizohagarara igihe abantu batazoba ‘baciga kurwana ukundi’.—Yesaya 2:4.
Ariko rero, ubu tuba mw’isi itigisha abakuze n’abana agaciro k’amahoro, ariko ibigisha guhayagiza intambara. Ikibabaje ni uko n’abana bariko bamenyerezwa kwica.
Barize kwica
Alhaji afise imyaka 14, yaravuye mu gisirikare. Yari afise imyaka cumi gusa igihe ingabo z’abaroberi zamufata hanyuma zikamumenyereza kurwanisha inkoho yo mu bwoko bwa karashinikove. Amaze gushirwa mu gisoda ku nguvu, yaraja kugaba ibitero vy’ukurondera ibifungurwa akongera agaturira amazu. Yaranica kandi agatemagura abantu. Muri iki gihe, biramugora kwibagira intambara no kumenyera ubuzima bw’umunyagihugu. Abraham, uwundi musoda w’umwana, na we nyene yarize kwica kandi yaragonanwa kwikurako ikirwanisho ciwe. Yavuze ati: “Hamwe bombwira gutaha ntatwaye inkoho yanje, sinzi ico nokora, sinzi ukuntu nofungura”.
Abasoda b’abana barenga 300.000, bagizwe n’abahungu be n’abakobwa, babandanya kurwana no gupfira mu ntambara z’abanyagihugu z’urudaca zisinzikaje umubumbe wacu. Indongozi imwe y’umuroberi yasiguye iti: “Bakurikira amategeko; ivyo gusubira hamwe n’abagore babo canke imiryango yabo bobo ntibibaraba; vyongeye ubwoba barabaza”. Yamara, abo bana bashaka ubuzima burushirije kuba bwiza kandi barabukwiriye.
Mu bihugu biteye imbere, amagorwa ateye ikinya umusoda w’umwana arimwo bisa n’ibigoye kuyiyumvira. Naho ari ukwo, abana benshi bo mu bihugu biteye imbere bariko bariga kurwana intambara i muhira iwabo, aho bimererewe neza. Mu buhe buryo?
Fata nk’akarorero José wo mu gice co muri Esupanye co mu Bumanuko bushira Ubuseruko. Yari umuyabaga yakunda kwimenyereza inkino z’ivy’ukurwana n’ukwivuna. Ikintu c’agaciro yari afise yari inkota ndende y’Abayapani se wiwe yari yaramuguriye kuri Noweli. Vyongeye, yarakunda udukino two muri videwo, canecane uturanga ubukazi. Ku wa 1 Ndamukiza 2000, yariganye nya kwigana ubukazi bw’umukinyi karuhariwe wo muri videwo yakunda cane. N’ubukazi bw’akaburarugero, yarishe se wiwe, nyina be na mushikiwe akoresheje ya nkota nyene se yari yaramuhaye. Yasiguriye abapolisi ati: “Nashaka kuba mw’isi ndi jenyene; sinashaka ko abavyeyi banje bandondera”.
Mu kuvuga ku bijanye n’ingaruka ziva ku vy’ukwinezereza birimwo ubukazi, umwanditsi akaba n’intwazangabo yitwa Dave Grossman yagize ati: “Turiko turashikira ikiringo c’ukutagira ikinya, aho kubabaza no gucumukuza abandi vyabaye isoko ry’ukwinezereza, ni ukuvuga kwumva umuntu anezerewe nk’aho yoba abirimwo aho kuvyanka urunuka. Turiko twiga kwica, kandi turiko twiga kubikunda”.
Alhaji na José bompi barize kwica. Ntibari bafise umugambi wo kuba abicanyi, mugabo ukumenyerezwa mu buryo bumwe canke mu bundi kwarononye ivyiyumviro vyabo. Ukumenyerezwa nk’ukwo, kwaba guhabwa abana canke abakuze, kurabiba imbuto z’ubukazi n’intambara.
Kwiga amahoro aho kwiga intambara
Amahoro aramba ntashobora kwigera abaho mu gihe abantu bakiriko bariga kwica. Harashize ibinjana vyinshi umumenyeshakazoza Yesaya yanditse ati: “Iy’uba warumviye ivyagezwe [vy’Imana], uba waragize amahoro ameze nk’uruzi” (Yesaya 48:17, 18). Igihe abantu baronse ubumenyi ntagakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana bakongera bakiga gukunda ivyagezwe vy’Imana, ubukazi n’intambara bica biba ibintu banka urunuka. No muri iki gihe, abavyeyi barashobora kuraba neza yuko inkino abana babo bakina zitaremesha ubukazi. Abakuze na bo nyene barashobora gutsinda urwanko be n’umwina. Ivyabona vya Yehova barabonye incuro n’izindi yuko Ijambo ry’Imana rifise ububasha bwo guhindura kamere.—Abaheburayo 4:12.
Rimbura akarorero ka Hortêncio. Yari umusore igihe yajanwa kuba umusoda ku nguvu. Kumenyerezwa ivya gisirikare vyari bifise intumbero yo “kuduteramwo icipfuzo co kwica abandi bantu no kutagira ubwoba na bukeyi bwo kwica”. Ukwo ni ko asigura. Yararwanye mu ntambara y’abanyagihugu imwe yo muri Afirika yamaze igihe kirekire. Yiyemerera ati: “Intambara yaragize ico ikoze kuri kamere yanje. No muri iki gihe nyene, ndacibuka ivyo nagira vyose. Numva mbabajwe cane n’ivyo nakoreshejwe ku nguvu”.
Igihe Hortêncio yabwirwa n’umusoda mugenziwe ivyerekeye Bibiliya, vyaramukoze ku mutima. Umuhango Imana itanga muri Zaburi 46:9 wo kurangiza ubwoko bwose bw’intambara waramuhimbaye. Uko yarushiriza kwiga Bibiliya, ni ko yarushiriza kwanka ivy’ukurwana. Hataraca n’igihe, we na bagenziwe babiri barirukanywe mu gisoda, hanyuma baregurira ubuzima bwabo Yehova Imana. Hortêncio asigura ati: “Ukuri kwa Bibiliya kwaramfashije gukunda umwansi wanje. Narabonye yuko igihe naba ndiko ndarwana mu ntambara, mu vy’ukuri naba ndiko ndacumura kuri Yehova, kubera yuko Imana ivuga ko tudakwiye kwica umuntu nkatwe. Kugira ngo nerekane urwo rukundo, nategerejwe guhindura uburyo bwanje bwo kwiyumvira no kutabona abantu nk’abansi banje”.
Ivyo bintu vyashitse mu buzima birerekana ko ukwigisha Bibiliya mu vy’ukuri biremesha amahoro. Ivyo ntibitangaje. Umumenyeshakazoza Yesaya yavuze yuko hari isano rirashe hagati y’inyigisho iva ku Mana be n’amahoro. Yabuye ati: “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi” (Yesaya 54:13, ni twe tubihiritse.). Uwo mumenyeshakazoza nyene yari yarabonye igihe, aho abantu bo mu mahanga yose bosendanishije baja mu nsengo ityoroye ya Yehova Imana kugira bige ivy’inzira ziwe. Vyovuyemwo iki? “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi”.—Yesaya 2:2-4, ni twe tubihiritse.
Mu buryo buhuye n’ubwo buhanuzi, Ivyabona vya Yehova baraja mu gikorwa co kwigisha kirangurirwa kw’isi yose kimaze gufasha abantu amamiliyoni gutsinda urwanko ari rwo muzi w’indwano zigirwa n’umuntu.
Icemeza ko hazoba amahoro kw’isi
Uretse ugutanga inyigisho, Imana yarashinze intwaro, canke “ubgami”, ishoboye kuzana amahoro kw’isi yose. Bibiliya idondora mu buryo buhambaye Umutegetsi yagenywe n’Imana ari we Yezu Kirisitu ko ari “Umukama w’amahoro”. Iradukura kandi amazinda yuko “ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro [bita]zogira iherezo”.—Yesaya 9:6, 7.
Ni igiki kitwemeza yuko ubutegetsi bwa Kirisitu buzoshobora gukuraho ubwoko bwose bw’intambara? Umumenyeshakazoza Yesaya yongerako ati: “Umwete w’Uhoraho Nyen’ingabo uzoshitsa ivyo” (Yesaya 9:7). Imana irashaka kuzigama amahoro aramba kandi irabifitiye uburyo. Yezu yari yizigiye araherezako uwo muhango. Ni co gituma yigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko Ubwami bw’Imana buza be n’uko ivyo igomba bigirwa kw’isi (Matayo 6:9, 10). Ico gisabisho kivuye ku mutima amaherezo nicishurwa, intambara ntizokwigera isubira kwonona isi.
[Akajambo k’epfo]
a Kugira usuzume ikimenyamenya c’uko tubayeho mu misi y’iherezo, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 7]
Ukwigisha Bibiliya biraremesha amahoro nyakuri