ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 4-7
  • Ushobora gute gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ushobora gute gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nurimbure ingaruka zimara igihe kirekire
  • Fata umwanya uhagije
  • Nube uwakira impanuro
  • Niwumvire ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza
  • Ukuntu ingingo ufata zigira ico zikoze ku bandi
  • Nufate ya ngingo ihambaye kuruta izindi zose mu buryo buranga ubukerebutsi
  • Nuhitemwo ubuzima!
  • Nugaragaze ukwizera, ufate ingingo nziza!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nofata gute ingingo nziza?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nufate ingingo zitera iteka Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyodufasha gufata ingingo nziza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 4-7

Ushobora gute gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?

“UMUNYABGENGE [azokwumva], yunguke ubgenge”. Ukwo ni ko Salomo, wa mwami wa Isirayeli ya kera yavuze. Abenshi muri twebwe vyarashitse turafata ingingo zitaranga ubukerebutsi, kubera gusa yuko twirengagije kwumvira impanuro z’abandi.​—Imigani 1:5.

Ayo majambo ya Salomo yahavuye yandikwa muri Bibiliya, hamwe n’iyindi “migani ibihumbi bitatu” yatunganije (1 Abami 4:32). Hoba hari ico twokwungukira ku kumenya no ku gukurikiza imigani yiwe iranga ubukerebutsi? Cane nyene. Iradufasha “kumenya ubgenge bo n’inyigisho; gutegēra amajambo y’ugutahura; kwigishwa gukora ibiroranye mu bgenge, mu kugororoka, mu kwitegereza neza no mu gutunganya” (Imigani 1:2, 3). Reka tuganire ku nyobozo zitanu zishingiye kuri Bibiliya zishobora kudufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi.

Nurimbure ingaruka zimara igihe kirekire

Ingingo zimwezimwe zizogira ingaruka zihambaye. Ku bw’ivyo, nugerageze kuzimenya imbere y’igihe. Uragaba ntureke ngo ugukwegerwa n’ivyiza vy’igihe gito biguhume amaso ntuheze ngo ubone ingaruka mbi zimara igihe kirekire bishobora kuvamwo. Mu Migani 22:3 hatuburira hati: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arīkinga, arikw imburabgenge zikomeza inzira zikīgabura”.

Hari aho vyofasha wanditse ku rupapuro ingaruka zimara igihe gito be n’ingaruka zimara igihe kirekire zizohaba. Ingaruka zimara igihe gito ziri mu vyo gucagura akazi kanaka zishobora kuba ari ukuronka umushahara mwiza be n’igikorwa gihimbaye. Mugabo none, ingaruka zimara igihe kirekire zoba zirimwo ukuronka akazi ntuheze ngo uronke kazoza nyakuri? Vyoba amaherezo bizogusaba kwimukira ahandi hantu, kumbure kure y’abagenzi canke y’umuryango? Vyoba bizotuma uba ahantu hatameze neza canke kumbure bizotuma wumva utaryohewe na gato? Nushire ku munzane ingaruka nziza be n’ingaruka mbi bizovamwo, hanyuma uce ufata ingingo y’ibikwiye kuza imbere y’ibindi.

Fata umwanya uhagije

Ingingo zifashwe gihutihuti biroroshe ko zihinduka zikaba ingingo zitaranga ubukerebutsi. Mu Migani 21:5 hatugabisha hati: “Ivyiyumviro vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa, arik’umuntu wese ahutagiza bimuzanira ubukene gusa”. Nk’akarorero, imiyabaga igishushe ikwiye gufata umwanya imbere y’uko ifata ingingo yo gukomeza ubucuti buyishikana ku kwubaka. Ahandi hoho, boshobora kwibonera ko ivyo umwanditsi w’ibikino w’Umwongereza wo mu ntango z’ikinjana ca 18 yitwa William Congreve yavuze ari ivy’ukuri. Yavuze ati: “Twubatse gihutihuti, twoshobora kwicuza”.

Ariko rero, gufata umwanya uhagije, ntibikwiye kwitiranywa no kurindiriza. Ingingo zimwezimwe zirahambaye cane ku buryo bw’uko ibiranga ubukerebutsi ari uko zofatwa hakiri kare bishoboka. Kuzitevya bidakenewe vyodutwara vyinshi twebwe ubwacu canke abandi. Kurindiriza gufata ingingo vyoshobora kuba ubwavyo ari ingingo, kumbure ingingo itaranga ubukerebutsi.

Nube uwakira impanuro

Kubera yuko ata bintu bibiri usanga bisa neza na neza, abantu babiri boshobora kutama nantaryo bafata ingingo zisa igihe bahuye n’ingorane zisa. Naho ari ukwo, birafasha kwumviriza ukuntu abandi bavyifashemwo mu bintu bisa n’ivyacu. Nubabaze ukuntu ubu babona ingingo bafashe. Nk’akarorero, mu guhitamwo urudandaza kanaka, nubaze abamaze kuja muri urwo rudandaza kugira ngo bakubwire iciza n’ikibi barubonyemwo. Ni ivyiza ibihe babonye mw’ihitamwo bagize, vyongeye ni ingaruka mbi canke kumbure ingeramizi izihe barubonyemwo?

Tugabishwa duti: “Ahatagira inama imigabo irapfa, ariko mu bajanama benshi irakomera” (Imigani 15:22). Birumvikana yuko igihe turondera impanuro kandi twigira ku vyashikiye abandi, dukwiye kubigira tuzi neza yuko ari twebwe ubwacu dutegerezwa gufata ingingo ya nyuma, vyongeye ivy’iyo ngingo twafashe bikaba ku gatwe kacu.​—Ab’i Galatiya 6:4, 5.

Niwumvire ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza

Ijwi ryo mu mutima rirashobora kudufasha gufata ingingo zihuye n’ingingo ngenderwako z’ishimikiro duhitamwo kubaho twisunga. Ku mukirisu, ivyo bisigura ko amenyereza ijwi ryo mu mutima kwisunga ivyiyumviro vy’Imana (Abaroma 2:14, 15). Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe” (Imigani 3:6). Ego ni ko, mu bintu bimwebimwe, abantu babiri, umwe wese afise ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza, boshobora gushika ku vyiyumviro bitandukanye, bagaheza rero bagafata ingingo zitandukanye.

Ariko rero, ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza ntirizoturekurira kwidegemvya igihe tubona ko ivyo twohitamwo gukora ari ibintu vyiyamirizwa n’Ijambo ry’Imana ata guca ku ruhande. Nk’akarorero, ijwi ryo mu mutima ritamenyerejwe n’ingingo ngenderwako za Bibiliya ryoshobora kurekurira umusore n’inkumi kuraba yuko bashobokana mu kwibanira imbere y’uko babirana. Boshobora kwiyumvira yuko bafashe ingingo iranga ubukerebutsi, bibaza yuko bizobarinda kwisuka mu mubano w’ababiranye ushobora kubata mu kaga. Ijwi ryabo ryo mu mutima rishobora kutabagiriza. Yamara, umuntu wese abona ibintu nk’uko Imana ibibona mu bijanye n’igitsina be n’umubano w’ababiranye, ntazohitamwo mwene iyo ntunganyo y’imfatakibanza kandi iranga ubuhumbu.​—1 Ab’i Korinto 6:18; 7:1, 2; Abaheburayo 13:4.

Ukuntu ingingo ufata zigira ico zikoze ku bandi

Akenshi, ingingo ufata zoshobora kugira ico zikoze ku bandi. Ku bw’ivyo rero, ntiwigere ufata n’ibigirankana ingingo itaranga ubukerebutsi, mbere y’ubupfu yoshobora guta mu kaga ubucuti bw’agaciro ufitaniye n’abagenzi be n’incuti, canke bumwe buri hejuru y’ubundi bwose, ni ukuvuga bumwe ufitaniye n’Imana. Mu Migani 10:1 havuga hati: “Umwana w’ubgenge anezereza se, arik’umwana w’igipfu ababaza nyina”.

Ariko rero, urabona yuko rimwe na rimwe ari nkenerwa guhitamwo abo wogira abagenzi. Tubitangiye akarorero, woshobora gufata ingingo yo guheba ivyo wahora wemera mu vy’idini uzi yuko ubu biteye kubiri n’Ivyanditswe. Canke ushobora gufata ingingo yo kugira amahinduka ahambaye yo muri kamere kubera ufise icipfuzo co kubaho uhuza n’inyobozo ziva ku Mana ubu usigaye wemera. Ingingo yawe ishobora kudahimbara abagenzi bamwebamwe canke incuti zimwezimwe, mugabo ingingo iyo ari yo yose ihimbara Imana ni ingingo iranga ubukerebutsi.

Nufate ya ngingo ihambaye kuruta izindi zose mu buryo buranga ubukerebutsi

Abantu muri rusangi ntibazi yuko umuntu wese muri kino gihe ahanganye no kugira ihitamwo hagati y’ubuzima n’urupfu. Ibintu nk’ivyo ni vyo vyari bihanze Abisirayeli ba kera igihe bari basagaje ku rubibe rw’Igihugu c’Isezerano mu 1473 B.G.C. Bwa muvugizi w’Imana, Musa yababwiye ati: “Mbashize imbere ubu[zima] n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubu[zima], kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bu[zima] bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha”.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.

Ubuhanuzi bwa Bibiliya be n’urukurikirane rw’ibihe rwo muri yo birerekana ko tubayeho mu “bihe bigoye” be n’uko “ukw isi imeze uku, kugenda gu[hinduk]a” (2 Timoteyo 3:1; 1 Ab’i Korinto 7:31). Ihinduka ryabuwe rizoshika ku gihe caryo c’agaheta kw’isangangurwa ry’urunkwekwe rw’abantu rushaje, uruzosubirirwa n’isi nshasha y’ubugororotsi y’Imana.

Turi kw’iyinjiriro ry’iyo si nshasha. Woba uzokwinjira kugira ngo winovore ubuzima budahera mw’isi izoba irongowe n’Ubwami bw’Imana? Canke woba uzokurwaho urunkwekwe rwa Shetani nirwaherengetezwa (Zaburi 37:9-11; Imigani 2:21, 22)? Gufata ingingo y’ingendo wokurikira ubu, ni wewe vyega, kandi ni ingingo koko irimwo ubuzima canke urupfu. Woba uzokwemera imfashanyo mu bijanye no gufata ingingo ibereye, imwe iranga ubukerebutsi?

Guhitamwo ubuzima, birimwo kubanza kumenya ivyo Imana isaba. Amadini ahanini yarananiwe gushikiriza ivyo bintu bisabwa mu buryo butagira agakosa. Indongozi zayo akenshi zarazimije abantu mu gutuma bemera ibinyoma no mu gutuma bakora ibintu bidahimbara Imana. Zarirengagije gusigura ivy’uko bikenewe ko umuntu afata ingingo yo gusenga Imana “mu mpwemu no mu kuri” (Yohana 4:24). Ku bw’ivyo, abantu benshi ntibasenga Imana mu mpwemu no mu kuri. Mugabo raba ivyo Yezu yavuze: “Ūtamperereyeko n’umwansi wanje, kand’ūdasukiranya nanje arasanzaza”.​—Matayo 12:30.

Ivyabona vya Yehova barafasha abantu babigiranye umunezero kuronka ubumenyi bwiza bw’Ijambo ry’Imana. Baragiranira ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya ubudahorereza n’abantu canke imigwi y’abantu ku gihe be no mu kibanza vyorohereza abo bantu. Abashaka kwungukira kuri iyo ntunganyo bakwiye gushikira Ivyabona b’aho baba canke bakandikira abasohora Umunara w’Inderetsi.

Ego ni ko, bamwebamwe bashobora kuba basanzwe bafise ubumenyi bw’ishimikiro bw’ivyo Imana isaba. Mbere bashobora kuba barajijutse yuko Bibiliya ari iy’ukuri kandi ko ari iyo kwizigirwa. Ariko rero, benshi muri bo babanje gutenyenya gufata ingingo yo kwiyegurira Imana. Kubera iki? Bishobora kuba vyatumwe n’imvo zitari nke.

None boba kumbure batazi akamaro ko kwiyegurira Imana? Yezu yavuze atomora ati: “Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba” (Matayo 7:21). Ubumenyi bwa Bibiliya bwonyene ntibuhagije; harasabwa n’ibikorwa. Ishengero rya gikirisu ryo mu ntango ryarasize akarorero. Dusoma ku vyerekeye bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere duti: “Bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore” (Ivyakozwe 2:41; 8:12). Ku bw’ivyo none, nimba umuntu yarakiriye Ijambo ry’Imana n’umutima wose, akaba yemera ivyo rivuga, kandi nimba yarahuje ubuzima bwiwe n’ingingo mfatirwako z’Imana, ni igiki kimubuza kubatizwa bwa kimenyetso c’uko yiyeguriye Imana (Ivyakozwe 8:34-38)? Birumvikana yuko kugira ngo yemerwe n’Imana, abwirizwa gutera iyo ntambwe avyigombeye kandi abigiranye umutima unezerewe.​—2 Ab’i Korinto 9:7.

Bamwebamwe boshobora kwumva yuko badafise ubumenyi buhagije kugira ngo begurire Imana ubuzima bwabo. Mugabo umuntu wese atanguye ingendo nshasha mu buzima aba afise ubumenyi bukeyi. Ni umuhinga mu vy’akazi uwuhe yokwirarira avuga yuko igihe yatangura umwuga wiwe yari azi nk’ivyo azi ubu? Gufata ingingo yo gusukurira Imana bisaba gusa ubumenyi bw’inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro be n’ingingo ngenderwako za Bibiliya z’ishimikiro, bifatanije n’icipfuzo kivuye ku mutima co kubaho tuvyisunga.

Bamwebamwe boba bateba gufata ingingo kubera yuko batinya ko bohava bananirwa kubaho bayisunga? Mu ndagano nyinshi abantu bagira, harabamwo ivy’uguhagarika umutima yuko bazohava bananirwa gushitsa ivyo biyemeje. Umusore ahisemwo kwubaka no gutunga umuryango ashobora kwumva umenga nta vyo ashoboye, mugabo kugira indagano biramusunikira ku gukora ukwo ashoboye kwose. Mu buryo nk’ubwo nyene, uwukiri muto akironka uruhusha rwo kugendesha umuduga yoshobora kwumva afise ubwoba bw’uko azohava agira isanganya, canecane igihe azi ibitigiri vyerekana yuko abakiri bato batwara imiduga ari bo bakunda kugira amasanganya kuruta abakuze. Ariko rero, kuba abizi, birashobora kugira akamaro, bigatuma atwara umuduga yiyubara cane. Kureka kurondera uruhusha rwo gutwara umuduga si wo muti!

Nuhitemwo ubuzima!

Bibiliya irerekana yuko uru runkwekwe rwose rwo mu vya politike, mu vy’ubutunzi no mu vy’idini be n’abarushigikiye vuba bigiye kuzimangana kw’isi. Yamara, abantu bahisemwo ubuzima babigiranye ubukerebutsi kandi bakabaho bisunga ihitamwo ryabo bazokwamaho. Kubera yuko bazoba bagize intimatima y’ikibano c’isi nshasha, bazojamwo mu guhindura isi iparadizo, nk’uko Imana yari yarabigabiye mu ntango. Woba uzohimbarwa no kugira uruhara muri ico gikorwa giteye umunezero uyobowe n’Imana?

Nimba ari ukwo, nufate ingingo yo kwiga Ijambo ry’Imana. Nufate ingingo yo kwiga ivyo Imana isaba vyotuma uyihimbara. Nufate ingingo yo kubaho uvyisunga. Ikiruta vyose, nuhitemwo gushitsa ingingo wafashe gushika uyisozereye. Tubivuze muri make, nuhitemwo ubuzima!

[Amafoto ku rup. 4]

Nufate umwanya uhagije mu gufata ingingo zihambaye

[Ifoto ku rup. 5]

Nube uwakira impanuro igihe uhitamwo umwuga

[Amafoto ku rup. 7]

Abahitamwo gusukurira Imana ubu, bazojamwo mu guhindura isi iparadizo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika