ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 8-12
  • Inkuru nziza yama ivyamwa muri São Tomé na Príncipe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru nziza yama ivyamwa muri São Tomé na Príncipe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Imbuto ziterwa mu gihe kitoroshe
  • Igwirirana be n’iyubaka
  • Ihwaniro ry’intibagirwa
  • Kwama ivyamwa ku bw’ugushemeza Yehova
  • Tuje kw’izinga rya Príncipe na ryo
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 8-12

Inkuru nziza yama ivyamwa muri São Tomé na Príncipe

ABANTU benshi bashobora kuba batarigera bumva São Tomé na Príncipe. Ayo mazinga ntakunda kuratwa mu dutabu turanga ahantu abantu bakunda kuja gufatira uburuhuko. Kw’ikarata y’isi, ayo mazinga aboneka nk’utuburungu tubiri dutoduto duherereye mu Kigobe ca Guinée uvuye ku nkengera yo mu Burengero bwa Afirika, São Tomé ikaba isa n’iyiri ku rucahagati (équateur), Príncipe na yo ikaba iherereye gatoyi amaja mu Buraruko bushira Ubuseruko. Kuba hagwa imvura nyinshi kandi hasisiye, vyatumye haboneka amashamba ya manyenye atotahaye, ari mu nda z’imisozi ihanamye gushika ku metero zirenga 2.000.

Ayo mazinga yo mu ntara zishushe, ayakikujwe n’amazi y’ubururu akagira n’inkengera zitonzeko ibigazi, abamwo abantu b’umutima mwiza n’igishika. Amamuko yabo ni uruvange rw’Abanyafirika n’Abanyaburaya, bikaba vyatumye haba indobeke y’imico kama ihimbaye. Abantu 170.000 bayabamwo babeshejweho n’ugushora ibintu mu mahanga, igiterwa ca kakawo canke uburimyi n’ubworozi be n’uburovyi. Mu myaka iheze, kuronka n’utwo ufungura ku musi rwari urugamba.

Ariko rero, mu myaka ya 1990, hari ikintu cabaye cagize ico gikora cane ku buzima bw’abantu barushiriza kwongerekana bo muri ayo mazinga. Muri Ruheshi 1993, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko y’intwaro ya São Tomé na Príncipe, gutyo biba birangije ikiringo kirekire kandi cakunda kuba kitoroshe caranze kahise k’Ivyabona vya Yehova bo muri ayo mazinga.

Imbuto ziterwa mu gihe kitoroshe

Biboneka yuko Icabona wa mbere yaje muri ico gihugu mu ntango z’imyaka ya 1950, igihe abanyororo bari bavuye mu zindi ntara za Afirika zatwarwa n’igihugu ca Porotigali barungikwa gukora mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho muri ayo mazinga. Nya Cabona, akaba yari umutsimvyi ari we musuku w’igihe cose, w’Umunyafirika, yambukanywe akuwe muri Mozambike ahorwa kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana muri ico gihugu. Ico Cabona umwe gusa yagumye akora cane, mu mezi atandatu hakaba hari hamaze kuboneka abandi 13 bamufasha kwamamaza inkuru nziza. Mu nyuma, hari ibindi Vyabona bashitse nk’ukwo kwiwe bavuye muri Angola. Mu gihe c’ugupfungwa kwabo, ntibagisha akaryo kose kabonetse kugira babwire inkuru nziza abantu baho.

Mu 1966, abavukanyi bose bari bapfungiwe mu makambi muri São Tomé barasubiye mw’ishinga rya Afirika. Umugwi mutoyi w’abamamaji b’Ubwami bari bahasize, warakomeye kw’ibanga n’umutima rugabo. Barahamwe, barakubitwa, baratabwa mu mvuto, bahorwa gukoranira hamwe kugira ngo bige Bibiliya, kandi nta muntu n’umwe yari ahari wo kubagendera canke kubaremesha. Ico gihugu cashikiriye intahe y’ukwikukira mu kwiganzura Porotigali mu 1975, hanyuma buhorobuhoro imbuto z’ukuri kw’Ubwami zitangura kwama ivyamwa.

Igwirirana be n’iyubaka

Mu kwezi nyene Ivyabona bemerwa n’amategeko mu 1993, harabonetse igitigiri c’agaheta c’abamamaji b’Ubwami 100. Muri uwo mwaka nyene, abatsimvyi badasanzwe baraje bavuye muri Porotigali. Utwigoro bagize two kwiga igikerewole c’igiporotigali twatumye bakundwa cane n’abantu baho. Kurondera ikibanza c’ukwubakamwo Ingoro y’Ubwami ni co kintu caciye gishirwa imbere. Umuvukanyikazi umwe yitwa Maria amaze kuvyumva, yaciye atanga igice c’itongo yari afisemwo akazu gatoyi. Ico gice c’itongo cari ikibanza kinini bihagije co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami niniya. Kubera ko Maria ata ncuti yari asigaranye, ntiyari azi yuko iryo tongo ryari rishinzwe ijisho n’abagwizatunga bahahamiye amaronko. Umusi umwe, sinzi umudandaza umwe akomeye yaje kuvugana na Maria.

Yamuburiye ati: “Ivyo numva bakuvugako si vyiza! Amatwi ansumira, ngo waragavye itongo ryawe. Mbega ntuzi ko riciye amahera menshi kubera ko riri hano mu gisagara hagati?”.

Maria yamubajije ati: “Mbe hamwe noriguha wompa angahe?”. Maria abonye uwo mugabo atishuye, yaciye abandanya ati: “Naho wompa amahera yose yo mw’isi, ntiyoba akwiye, kubera ko amahera adashobora kugura ubuzima”.

“Nta bana ufise. Si ko”? Ni ko nya mugabo yabajije.

Kugira Maria arangize ico kiyago, yavuze ati: “Iryo tongo ni irya Yehova. Imyaka yose ndarimaranye, yari yararintijije, ubu na ho nkaba ndarimusubije. Niteze kubaho ibihe bidahera”. Yaciye abaza nya mugabo ati: “None wewe hari ubuzima budahera ufise wotanga?”. Uwo mugabo aca arahindukira, aragenda, ata kindi asubijeyo.

Hahavuye hubakwa inyubakwa nziza utoraba y’igorofa, yubatswe bifashijwemwo n’abavukanyi babishoboye bavuye muri Porotigali. Ifise inzu yo mu kuzimu, ikagira Ingoro y’Ubwami yagutse, hamwe n’ivyumba vy’uburaro. Ifise kandi n’amasomero agirirwamwo ishure ry’abakurambere, abakozi b’ishengero be n’abatsimvyi. Ubu hari amashengero abiri ayigiriramwo amakoraniro, bigatuma iba ikigo ntanganyigisho ciza ku bw’ugusenga gutyoroye muri uwo murwa mukuru.

Ahitwa i Mé-Zochi, hari hariho ishengero ry’abamamaji 60 b’abanyamwete. Kubera ko amakoraniro yagirirwa mu Ngoro y’Ubwami yubatswe nabinabi iri mu bitoke, vyaribonekeje ko hakenewe Ingoro y’Ubwami iboneka. Ivyo vyaramenyeshejwe ibiro bijejwe ibikorwa vya Leta mu gisagara, hanyuma abategetsi b’umutima mwiza baratanga ikibanza ciza kw’ibarabara rikuru. Ingoro y’Ubwami nziza yarubatswe mu mezi abiri, babifashijwemwo n’abavukanyi bavuye muri Porotigali, hakoreshejwe ubuhinga bwo kwubaka bunyaruka. Abantu baho barabibonye barumirwa. Hari umuhinga mu vy’ubwubatsi w’Umunyasuwedi yakora mw’iporoje imwe y’ubwubatsi yatangaye kubona abavukanyi n’abavukanyikazi bariko bakora. Yavuze ati: “Ntibishoboka! Ivyabona vya Yehova ngaha i Mé-Zochi bakoresha ubuhinga bwo kwubaka bunyaruka! Ukwo ni ko natwe dukwiye gutunganya ibikorwa vyacu”. Iyo Ngoro y’Ubwami yareguwe kw’igenekerezo rya 12 Ruheshi 1999, hakaba hari hitavye abantu 232. Iyo ngoro yahavuye iba ikintu gikwegera cane ingenzi zije mu gisagara ca Mé-Zochi.

Ihwaniro ry’intibagirwa

Ikintu cabaye c’intibagirwa ku Vyabona vya Yehova bo muri São Tomé na Príncipe ni rya Hwaniro ry’Intara ry’imisi itatu ryatazirwa ngo “Inyigisho iva ku Mana” ryaba muri Nzero 1994, rikaba ari ryo hwaniro rya mbere ryabaye muri ayo mazinga. Ryabereye mu ngoro y’amakoraniro nziza ya Leta yo muri ico gihugu irimwo akayaga gatangwa n’ivyuma bizana ubukanye. Woba ushobora kwiha ishusho y’umunezero abamamaji b’Ubwami barenga 116 bagize igihe babona isinzi ry’abantu 405, bakarorera ari bwo bwa mbere ibikino bishingiye kuri Bibiliya, bakongera bakaronka ibisohokayandikiro bishasha bisohowe kw’ihwaniro? Amazi yo ku nkengera y’ikiyaga ni yo yabaye ikibanza c’ukubatirizamwo abantu 20 biyeguye.

Ikintu kidasanzwe cakweze amaso y’abantu, twari udukarata karanzi tumeze ukwatwo abashitsi bari bambaye. Kuba hari abashitsi 25 bari baje bava muri Porotigali no muri Angola, vyatumye riba nk’ihwaniro mpuzamahanga. Ubucuti bw’urukundo rwa gikirisu ruranga igishika ntibwatevye gutsimbatara, maze abenshi barakoragura amosozi mu kiringo co gusozera, igihe babasezera.​—Yohana 13:35.

Abamenyeshamakuru bo kw’Iradiyo y’igihugu baraje hanyuma babaza ibibazo umucungezi w’ihwaniro. Baracishije kandi kw’iradiyo ibicebice vy’insiguro nka zingahe. Mu vy’ukuri, cari igihe c’intibagirwa, vyongeye kuri ivyo Vyabona b’abizerwa bari bamaze igihe kirekire bari ukwa bonyene, vyarafashije gutuma ishirahamwe rya Yehova riboneka risa n’iriri hafi cane yabo.

Kwama ivyamwa ku bw’ugushemeza Yehova

Iyo ubutumwa bw’Ubwami bwamye ivyamwa, burazana inyifato nziza ituma Yehova ashemezwa kandi agaterwa iteka (Tito 2:10). Hari umwigeme w’umuyabaga yahimbarwa n’ivyo yariko ariga mu nyigisho yiwe ya Bibiliya yaba ku ndwi ku ndwi. Ariko rero, se wiwe yaramubujije kwitaba amakoraniro y’ishengero. Igihe yamusigurira abigiranye icubahiro akamaro k’amakoraniro ya gikirisu be n’icipfuzo yari afise co kuyitaba, yaciye buno nyene amwirukana i muhira. Biboneka ko se yiyumvira yuko yokoze ivyo abandi bakiri bato benshi bakora, ni ukuvuga guca yigira ku mugabo yomutunze. Igihe yamenya yuko abayeho ari umukirisu w’intangakarorero kandi yigenza neza, yaravyuriwe umutima wo kumugarukana hanyuma aramuha umwidegemvyo wose wo gusukurira Yehova.

Akandi karorero ni ak’umukuru w’umugwi umwe w’abacuraranzi. Yahavuye abona yuko ubuzima bwiwe burangwa n’ubushegabo ata co bumumariye. Mu gihe yariko ararondera intumbero y’ubuzima, yaraganiriye n’Ivyabona. Igihe yatangura kubaho yisunga ingingo mfatirwako za Bibiliya zijanye n’inyifato runtu, yaciye acika ikiyago mu gisagara. Bidatevye yarabonye yuko akeneye kuvavanura n’abagenzi bose babi (1 Ab’i Korinto 15:33). Mu nyuma yarateye intambwe ihambaye yo kubatizwa bwa kimenyetso c’uko yiyeguriye Yehova.

Hari akagwi k’abakiri bato bariko barondera idini y’ukuri. Ukwo kurondera idini y’ukuri kwabashikanye ku kuganira n’abapasitori b’imigwi itari mike y’abaporotisanti, ariko nta kindi vyavuyemwo atari ukurushiriza kuvurunganirwa no gucika intege. Ku bw’ivyo, bacitse ivyangazi b’inkazi bongera baba n’abantu batyoza ikintu cose kijanye n’idini.

Umusi umwe, hari Icabona ca Yehova w’umumisiyonari yari agiye kurongora inyigisho ya Bibiliya hanyuma yubuka ku kibanza abo bakiri bato bari bakoraniyemwo. Ako kagwi kashaka ko uwo mumisiyonari abishura ibibazo bimwebimwe maze baca bamujana mu kigo, aho bamusavye kwicara ku gatebe gatoyi. Baciye bamucucagira ibibazo ku vy’ubugingo, umuriro udahera, ubuzima bw’ijuru be n’umuhero w’isi. Ico Cabona yarishuye ibibazo vyose bamubajije akoresheje Bibiliya umukuru w’ako kagwi yamuhaye. Haheze isaha, uwo mukuru, uwitwa Law yabwiye nya mumisiyonari ati: “Igihe twaguhamagara kugira utwishure ibibazo, twashaka kugutyekeza, nk’uko twabigiriye abo mu yandi madini. Twahora twiyumvira yuko ata muntu n’umwe yoshobora kwishura ivyo bibazo. Mugabo wewe wavyishuye, kandi wavyishuye ukoresheje Bibiliya! Mbwira, noshobora gute kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya?”. Law yaratanguye kwiga Bibiliya, maze bidatevye atangura kwitaba amakoraniro. Gatoyi inyuma y’aho, yaravavanuye n’ako kagwi yongera araheba ukubaho mu buryo buranga ubukazi. Mu mwaka umwe, yareguriye ubuzima bwiwe Yehova hanyuma arabatizwa. Ubu ni umukozi w’ishengero.

Umugenzo umwe wo ngaho washinze imizi ni uw’uko umugabo n’umugore bapfa kwibanira batarinze kwandikisha umubano. Abenshi bamaze imyaka myinshi babana, kandi baravyaranye n’abana. Birabagora kwemera ukuntu Imana ibona ivy’ico kibazo. Bireza umutima kubona ukuntu Ijambo ry’Imana ryafashije umuntu umwe gutsinda iyo ntambamyi.​—2 Ab’i Korinto 10:4-6; Abaheburayo 4:12.

Antonio yaratahuye yuko akwiye kwandikisha umubano wiwe, hanyuma aca araringaniza ivyo kuwandikisha amaze kwimbura ibigori igihe yobaye afise amahera yo gukora urubanza rw’ubugeni. Buca aja kwimbura, ibisuma vyaraje hanyuma biriba nya bigori. Yaciye afata ingingo yo kurindira umwimbu wo mu mwaka ukurikira, ariko baca bongera kuwiba na wo nyene. Igihe Antonio yasubira kugerageza kurondera amahera y’urubanza rwiwe rw’ubugeni bikanka, yaratahuye umwansi wiwe nyakuri uwo ari we. Yavuze ati: “Shetani ntazosubira kunkina. Mu kwezi n’igice, tuzogira ubugeni, ibirori biba canke bitaba!”. Baragize ubugeni, hanyuma batari banavyiteze, abagenzi babo bazana inkoko, imbata be n’impene kuri urwo rubanza rw’ubugeni. Bamaze kwandikisha umubano wabo, Antonio n’umukenyezi wiwe, kumwe n’abana babo batandatu, barabatijwe bwa kimenyetso c’uko biyeguriye Yehova.

Tuje kw’izinga rya Príncipe na ryo

Mu myaka ya vuba, umucungezi w’umuzunguruko be n’abatsimvyi bavuye muri São Tomé baragendeye rimwe na rimwe abantu 6.000 baba mw’izinga rya Príncipe. Abo muri iryo zinga wasanga bakirana cane kandi bashashaye kwumviriza ivyo Ivyabona bavuga. Umugabo umwe amaze gusoma agapapuro k’inkuru nziza bamuhaye, bukeye yaciye arondera nya batsimvyi hanyuma abasaba ko yobafasha kugabanganya utundi dupapuro tw’inkuru nziza. Nya batsimvyi basiguye yuko ico cari igikorwa ubwabo bakwiye gukora, ariko nya mugabo yashimitse avuga yuko akwiye kubaherekeza ku nzu ku nzu kugira ngo aze arabamenyekanisha ku bo basanze ku muhana, abasaba kubatega yompi. Uwo mugabo yahavuye ataha, ariko agenda akeje nya batsimvyi ku gikorwa gihambaye bariko bakora.

Mu 1998, abatsimvyi babiri bo muri São Tomé barimukiye muri Príncipe, maze bidatevye barongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana 17. Igikorwa carabandanije kwaguka, hanyuma hataraca n’igihe, Inyigisho y’igitabu y’ishengero yitabwa n’incahagati y’abantu bashika 16, vyongeye abantu barenga 30 baritaba insiguro y’icese. Baratuye ibiro bijejwe ibikorwa vya Leta mu gisagara icipfuzo c’uko hakenewe ikibanza co kugiriramwo amakoraniro, maze ikinezereje, baremererwa ikibanza co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami. Abavukanyi bo muri São Tomé baritanze kugira ngo bubake Ingoro y’Ubwami ntoya yari ifise kandi uburaro bw’abatsimvyi badasanzwe babiri.

Nta gukeka yuko inkuru nziza iriko irama ivyamwa vyinshi cane kandi iriko irongerekana muri ayo mazinga ya kure (Ab’i Kolosayi 1:5, 6). Muri Nzero 1990, hari abamamaji 46 muri São Tomé na Príncipe. Mu mwaka w’umurimo wa 2002, harabonetse igitigiri c’agaheta c’abamamaji b’Ubwami 388! Ibice birenga 20 kw’ijana vy’abamamaji bari mu murimo w’igihe cose, kandi hakaba hariko harayoborwa nk’inyigisho za Bibiliya zibera ku muhana 1.400. Icibutso co mu 2001 citabwe n’igitigiri c’agaheta kitari bwigere gishikwako c’abantu 1.907. Vyemere, muri ayo mazinga yo mu ntara z’ubushuhe, ijambo rya Yehova ririko ritera imbere ryihuta kandi rishimagizwa.​—2 Ab’i Tesalonike 3:1.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 12]

Ibiganiro vyo kw’Iradiyo bikundwa n’abantu benshi

Igisohokayandikiro gikundwa cane muri ayo mazinga ni igitabu Les jeunes s’interrogent​—Réponses pratiquesa. Uko indwi zibiri ziheze, hari ikiganiro c’iminuta 15 gifise uwo mutwe gishikirizwa kw’Iradiyo y’igihugu. Ese ukuntu binezera kwumva umumenyeshamakuru agishikiriza abaza ati: “Rwaruka, muzi gute ko ari urukundo nyakuri atari igihababu?”, agaca akurikizako ugusoma igihimba co muri ico gitabu! (Raba ikigabane ca 31.). Hari ikiganiro nk’ico nyene gishikiriza ibihimba vyacaguwe vyo mu gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugob.

[Utujambo tw’epfo]

a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 9]

Ingoro y’Ubwami ya mbere yo muri São Tomé mu 1994

[Amafoto ku rup. 10]

1. Ingoro y’Ubwami yubatswe mu buryo bunyaruka i Mé-Zochi

2. Ihwaniro ry’intara ry’intibagirwa ryabereye muri iyi nyubakwa

3. Abiteguriye kubatizwa kw’ihwaniro baryohewe

[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]

Umubumbe w’isi: Mountain High Maps® Copyright © 1997 Digital Wisdom, Inc.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika