ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/2 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/2 rup. 30-31

Ibibazo vy’Abasomyi

Ni kubera iki Bibiliya ivuga yuko umuntu akwiye gukoma induru mu gihe agira afatwe ku nguvu?

Umuntu wese atariyumvamwo ikinya gitewe no kuba yarafashwe ku nguvu, ntashobora kwigera atahura vy’ukuri ukuntu ivyo bishobora kwonona ubuzima bw’umuntu. Ico kintu kiba carashikiye uwo muntu kiramutera ubwoba cane ku buryo gishobora kumubuza amahoro mu buzima bwiwe bwose.a Hari Umukirisukazi akiri muto haciye imyaka nk’ingahe atewe n’umugabo afata abagore ku nguvu yigana ati: “Nta majambo noronka ashobora gusigura ubwoba nagize muri iryo joro eka nta n’ayosigura uguhahamuka nagize kuva ico gihe.” Ni ikintu cumvikana kubona benshi bahitamwo kutaniyumvira ivyerekeye ico kintu giteye ubwoba. Yamara, imbangamyi ijanye no gufatwa ku nguvu si umugani muri iyi si y’ububisha.

Bibiliya ntibura kwigana inkuru zimwezimwe z’abantu bafashwe canke bahatswe gufatwa ku nguvu muri kahise. (Itanguriro 19:4-11; 34:1-7; 2 Samweli 13:1-14) Mugabo iratanga kandi impanuro zerekana ico umuntu akwiye gukora igihe hari uwugomba kumufata ku nguvu. Ico Ivyagezwe bivuga kuri ico kibazo tubisanga mu Gusubira mu Vyagezwe 22:23-27. Ico canditswe kivuga ico kibazo mu buryo bubiri. Ubwa mbere, umugabo yaba yasanze umukobwa mu gisagara hanyuma akaryamana na we. Naho biri ukwo, uwo mukobwa ntiyaba yitabarije mu gukoma induru ari kwo kuyiha umunwa. Ku bw’ivyo, yafatwa ko yagiriwe n’ikibi kubera yuko “atavugije induru kandi yari mu gisagara.” Iyo aba yari yakomye induru, abantu bo mu micungararo bari gushobora kuza kumutabara. Ubugira kabiri, umugabo yaba yasanze umukobwa mu gahinga ka nyaganande, “akamugōbēra, agasambana na we.” Mu kwirwanira, uwo mukobwa ‘yaba yavugije induru ariko akabura ikimutabara.’ Aho atandukaniye na wa mukobwa avugwa ubwa mbere, biribonekeza ko wewe ataba yirekeranye ngo uwo mugabo apfe kumugirako ivyo ashaka gukora. Yaranana yivuye inyuma, agatabaza ariko uwo mugabo akamusumvya inguvu. Kuba yakomye induru vyarerekana yuko yafashwe ku kagobero; ntiyaheza ngo yagirwe n’ikibi.

Naho Abakirisu muri iki gihe batagengwa n’Ivyagezwe vya Musa, izo ngingo ngenderwako zavuzwe muri ico canditswe zirabayobora. Iyo nkuru iri aho hejuru irashimika ku kamaro ko kunana no gukoma induru witabariza. Gukoma induru igihe ugomba gufatwa ku nguvu biracabonwa ko ari co kintu ngirakamaro umuntu yokora. Umuhinga umwe mu vyo gukinga ubugizi bwa nabi yavuze ati: “Iyo umugore atewe, ikirwanisho gikomeye kuruta afise kiguma ari ukuyiha umunwa.” Igihe umugore akomye induru, vyoshobora gutuma abandi baca baza kumutabara, canke vyoshobora gutera ubwoba uwo mugabo bigatuma ahunga. Hari uwundi Mukirisukazi akiri muto yatewe n’umugabo afata abagore ku nguvu yavuze ati: “Narakomye induru n’ijwi ryanje ryose, hanyuma aca arasubira inyuma. Agarutse, naciye nkoma induru niruka. Kera narakunda kwibaza nti: ‘Ugukoma induru kwoshobora gute kumfasha igihe hagize urugabo runcakira hari ico rurondera?’ Ariko narabonye ko ivyo bifasha cane!”

No mu gihe bigenze nabi umugabo agasumvya inguvu umugore hanyuma akamufata ku nguvu, kuba yarwanye akongera agakoma induru yitabariza ntibiba ari ivy’impfagusa. Aho kuba impfagusa, ivyo birerekana yuko yakoze uko ashoboye kwose kugira ngo anane. (Gusubira mu Vyagezwe 22:26) Naho aba yarashikiwe n’ako kabi kabishe, arashobora kugumana ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi, kuguma yiyubashe no kuguma azi neza yuko adahumanye mu nyonga z’Imana. Ivyo bintu biteye ikinya biba vyaramushikiye birashobora gutuma asigarana ibisebe mu mutima, mugabo kuba azi yuko yakoze uko ashoboye kwose kugira ngo anane bizomufasha cane mu gutuma agenda arakira buhorobuhoro.

Igihe tugerageza gutegera aho ico canditswe co Gusubira mu Vyagezwe 22:23-27 gikora, dutegerezwa gutahura yuko iyo nkuru ngufi itavuga ibihe vyose bishoboka. Nk’akarorero, ico canditswe nta co kivuga ku bijanye n’igihe uwo mugore adashoboye gukoma induru bitumwe n’uko adashobora kuvuga, yataye ubwenge, canke ubwoba bwatumye agwa igihumura canke bamuzibiye umunwa n’urushi kibure n’ikindi kintu. Ariko rero, kubera yuko Yehova ashobora kurimbura ibintu vyose, ushizemwo n’imvo umuntu aba afise mu gukora ikintu, arakoresha ugutahura n’ubutungane mu bihe nk’ivyo, kuko ‘inzira ziwe zose zigororotse.’ (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Aratahura ibiba vyabaye koko be n’utwigoro uwo muntu aba yagize kugira ngo arwanye nyene kumufata ku nguvu. Umuntu rero aba atashoboye gukoma induru mugabo agakora uko ashoboye kwose muri ico gihe, arashobora kurekera ivyo bintu mu maboko ya Yehova.​—Zaburi 55:22; 1 Petero 5:7.

Naho ari ukwo, Abakirisukazi bamwebamwe bafashwe hanyuma bakononwa baguma bababazwa cane no kwumva ko hari ico biyagiriza. Biyumviriye ivyabashikiye, bumva umenga hari ikindi kintu bari bakwiye gukora kugira ngo ivyo ntibishike. Ariko rero, aho kwiyagiriza, barashobora gusenga Yehova bamusaba ko abafasha, maze bakizigira badakeka ko azobagirira ubuntu-mvarukundo bwinshi.​—Kuvayo 34:6; Zaburi 86:5.

Ku bw’ivyo, Abakirisukazi ubu bariko banyinyana n’ibisebe vyo mu mutima vyatumwe no kuba barafashwe ku nguvu barashobora kwizigira badakeka ko Yehova atahura bimwe bishitse inyiyumvo zabo z’akababaro bariko barihanganira. Ijambo ry’Imana ribakura amazinda riti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Bemeye ko abo basangiye ukwemera mw’ishengero rya gikirisu babatahura vy’ukuri kandi babashigikira bimwe bivuye ku mutima, ivyo na vyo nyene vyoshobora kubafasha kwihanganira uguhahamuka kwabo. (Yobu 29:12; 1 Ab’i Tesalonike 5:14) Ikigeretseko, bene gukorerwa amabi bagize utwigoro two kwiyumvira canecane ibintu biremesha, bizobafasha kugira ya “mahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese.”​—Ab’i Filipi 4:6-9.

[Akajambo k’epfo]

a Naho iki kiganiro kivuga ivyerekeye abagore bafatwa ku nguvu, ingingo ngenderwako zivugwamwo zirakora kandi no ku bagabo bashikirwa n’ico kintu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika