ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/2 rup. 32
  • Kutagira Uburyarya—Naho Ari Vyiza, Vyoba Bihagije?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kutagira Uburyarya—Naho Ari Vyiza, Vyoba Bihagije?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/2 rup. 32

Kutagira Uburyarya​—Naho Ari Vyiza, Vyoba Bihagije?

KUTAGIRA uburyarya coba vy’ukuri ari ikintu gikenewe mubuzima bwacu bwa misi yose? Inyizamvugo imwe isigura yuko “ukutagira uburyarya” ari “ukutabesha; ukutagira ubugunge; ukudaca ku ruhande; ukuvugisha ukuri.” Si ivy’imbeshere, iyo kamere ni ngirakamaro mu vyo gutsimbataza imigenderanire myiza n’abandi. Intumwa Paulo yahimirije ati: “Mwumvire ba shobuja bo ku mubiri muri vyose, atar’iyo babahagarikiye gusa, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere mutagira ubu[ryar]ya mu mitima yanyu, mwubaha Shobuja mukuru.” (Ab’i Kolosayi 3:22) None ni nde atohimbarwa no gukoresha umukozi nk’uwo? Muri iki gihe, abantu batagira uburyarya usanga biborohera kuronka akazi no kukarambiramwo.

Ariko rero, ikintu gituma kutagira uburyarya biba ibihambaye kuruta, ni ukuntu bigira ico bikoze ku bucuti dufitaniye n’Imana. Abisirayeli ba kera barahezagirwa n’Imana igihe baba bitondeye amabwirizwa bakongera bakubahiriza neza imisi mikuru. Igihe Paulo yariko avuga ivy’uko ishengero rikwiye kuguma ridahumanye, yahimirije Abakirisu ati: “Tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera cank’umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima [itarimwo uburyarya, irimwo] ukuri.” (1 Ab’i Korinto 5:8) Kugira ngo ugusenga kwacu kwemerwe n’Imana, ukutagira uburyarya si ngirakamaro gusa, ariko kandi ni ntahara. Ariko rero, uramenya yuko ukutagira uburyarya vyonyene bidahagije. Bitegerezwa kwunganirwa n’ukuri.

Abari barakoze bwa bwato bwitwa Titanic hamwe n’abari muri bwo bashobora kuba bari bizigiye ata buryarya yuko ubwo bwato amahero butokwigeze buzama. Ariko, ku rugendo rwa mbere bwagize mu 1912, bwarasetse igisozi cari mu mazi, ico na co akaba yari amazi yari yahindutse nk’ikibuye kubera ubukanye. Ico gihe abantu 1.517 barahasize ubuzima. Abayuda bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bashobora kuba baremera ata buryarya uburyo basenga Imana, mugabo umwete wabo ‘ntiwari uhuje n’ubumenyi nyakuri.’ (Abaroma 10:2) Kugira ngo twemerwe n’Imana, ivyo twizera ata buryarya bitegerezwa kuba bishingiye ku bintu vy’ukuri. Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazonezerwa no kugufasha kwihweza ico bisigura gukorera Imana ata buryarya be no kuyikorera mu kuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika