Tubandanye Gukora Duhuje Inama
“Nzohindura amoko bagire ururimi rut[yoro]ye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama.”—ZEFANIYA 3:9.
1. Ni ibiki biriko biraba mw’iranguka rya Zefaniya 3:9?
UBU hirya no hino kw’isi havugwa nk’indimi 6.000. Turetse izo, hariho indimirimi zitandukanye, canke indimirimi zivugwa mu karere kanaka. Ariko rero, abantu baba bavuga indimi zitandukanye gute, nk’Icarabu n’Ikizulu, Imana yaragize ikintu mu vy’ukuri kidasanzwe. Imana yaratumye abantu bo mu mihingo yose bashobora kwiga no kuvuga ururimi rumwe rudende kandi rutyoroye. Ivyo biriko biraba mw’iranguka ry’umuhango watanzwe biciye ku muhanuzi Zefaniya ugira uti: “[Jewe Yehova Imana] nzohindura amoko bagire ururimi rut[yoroy]e, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama.”—Zefaniya 3:9.
2. ‘Ururimi rutyoroye’ ni iki, kandi rwatumye hashoboka iki?
2 “Ururimi rut[yoroy]e” ni ukuri kwerekeye Imana dusanga mw’Ijambo ryayo, Bibiliya. Ni ukuri canecane kwerekeye Ubwami bw’Imana, ubuzokweza izina rya Yehova, bukemeza ubusegaba bwiwe, kandi bukazanira umuryango w’abantu imihezagiro. (Matayo 6:9, 10) Kubera ko ari rwo rurimi rwonyene rudahumanye mu buryo bw’impwemu kw’isi, ururimi rutyoroye ruvugwa n’abantu bo mu mahanga yose n’amoko yose. Rutuma bakorera Yehova “bahuje inama.” Ku bw’ivyo, bamukorera bunze ubumwe, canke “banama rimwe.”—The New English Bible.
Ukugira Nkunzi Nta Kibanza Gufise
3. Ni igiki gituma dukorera Yehova twunze ubumwe?
3 Bwa Bakirisu, turakenguruka kubona dusenyera ku mugozi umwe hagati yacu kandi tudasangiye ururimi. Naho twamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu ndimi nyinshi zivugwa n’abantu, turiko dukorera Imana mu bumwe. (Zaburi 133:1) Ivyo bishoboka kubera yuko, aho tuba hose kw’isi, tuvuga ururimi rumwe rutyoroye kugira ngo dushemeze Yehova.
4. Ni kubera iki ukugira nkunzi kudakwiye kuba mu basavyi b’Imana?
4 Ukugira nkunzi gutegerezwa kutaba mu basavyi b’Imana. Intumwa Petero ivyo yarabitomoye igihe yamamaza ku nzu y’umugabisha w’ingabo w’umunyamahanga yitwa Koruneliyo mu 36 G.C., hanyuma avyurirwa umutima wo kuvuga ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Kubera ko ivyo ari uko biri, ukugira nkunzi, ukwirema utugwitugwi canke kurobanura abantu nta kibanza bikwiye kugira mw’ishengero rya gikirisu.
5. Ni kubera iki ari bibi gutuma haba ukwirema ibice mw’ishengero?
5 Igihe umunyeshure umwe wo kuri Kaminuza yagendera Ingoro y’Ubwami, yavuze ati: “Akenshi, amadini akwegera abantu b’ibara ry’urukoba canke bo mu mugwi w’ubwoko kanaka. . . . Ivyabona vya Yehova bose bari bicaye hamwe, ntibari biciye mu tugwitugwi.” Ariko rero, bamwebamwe mu bari bagize ishengero ry’i Korinto ha kera bariko barirema ibice. Mu gutuma haba amahane ya bene ukwo, bariko bararwanya ngo impwemu yera y’Imana ntikore, kubera yuko ituma haba ubumwe n’amahoro. (Ab’i Galatiya 5:22) Hamwe tworemesha ivyo kwirema ibice mw’ishengero, twoba turiko turakora mu buryo buteye kubiri n’uburongozi bw’impwemu. Kubw’ico, nimuze tugumize mu muzirikanyi amajambo intumwa Paulo yandikiye Abanyakorinto agira ati: “Ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.” (1 Ab’i Korinto 1:10) Paulo yarashimitse kandi ku bumwe mw’ikete yandikiye Abanyefeso.—Abanyefeso 4:1-6, 16.
6, 7. Ni impanuro iyihe Yakobo yatanze ku biraba ukurobanura abantu, kandi ayo majambo yiwe akurikizwa gute?
6 Ukutagira nkunzi camye ari ikintu gisabwa ku Bakirisu. (Abaroma 2:11) Kubera yuko bamwebamwe mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere bariko bararobanura abantu b’abatunzi, umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro. Mw isinagogi yanyu ni hinjiramw’umuntu yambaye impeta y’izahabu n’impuzu zishajije, hakinjira n’umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma, namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira, muti Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo, muti Weho hagarara hariya, cank’icara hambavu y’ibirenge vyanje; none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi?”—Yakobo 2:1-4.
7 Mu gihe abantu b’abatunzi batizera bambaye impeta z’izahabu be n’impuzu zishajije baba baje kw’ikoraniro rya gikirisu hakaza n’abantu batizera b’abakene bambaye impuzu z’ubuhoma, abo batunzi ni bo bafatwa neza bidasanzwe. Bahabwa ivyicaro ‘ahantu heza,’ mu gihe abakene bobo babwirwa guhagarara canke kwicara hasi imbere y’ibirenge vy’umuntu. Mugabo Imana yaratanze inkuka y’incungu ya Yezu ku mutunzi n’umukene itagize nkunzi. (Yobu 34:19; 2 Ab’i Korinto 5:14) Ni co gituma nimba dushaka guhimbara Yehova no kumukorera duhuje inama, dutegerezwa kutarobanura abantu canke ngo ‘twubahire abantu kubakuramwo amaronko.’—Yuda 4, 16.
Twirinde Ukwidodomba
8 Ni ibiki vyashitse kubera ko Abisirayeli bidodomvye?
8 Kugira ngo tuzigame ubumwe bwacu kandi tubandanye gutoneshwa n’Imana, dutegerezwa kwumvira impanuro ya Paulo igira iti: “Mukore vyose ata kwidodomba.” (Ab’i Filipi 2:14, 15) Abisirayeli b’intizera babohowe mu buja bwo mu Misiri baridodombeye Musa na Aroni, gutyo baba bidodombeye na Yehova Imana. Kubera ico, abantu bose bafise imyaka 20 y’amavuka no kuduga, ukuyemwo ba bizerwa Yosuwa na Kalebu be n’Abalewi, ntibinjiye muri ca Gihugu c’Isezerano mugabo bapfuye mu gihe ca rwa rugendo Isirayeli yagira mu bugaragwa rwamaze imyaka 40. (Guharūra 14:2, 3, 26-30; 1 Ab’i Korinto 10:10) Ese ukuntu iyo ari yo ngero bakuye mu kwidodomba kwabo!
9. Ni ibiki vyashikiye Miriyamu kubera ukwidodomba kwiwe?
9 Ivyo birerekana ibishobora gushikira ihanga ryidodomba ryose uko ryakabaye. Tuvuge iki ku bantu bidodomvye umwumwe ukwiwe? Emwe, mushiki wa Musa, ari we Miriyamu afatanije na musazawe Aroni bidodomvye bati: “Mbeg’Uhoraho avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha?” Iyo nkuru ibandanya iti: “Uhoraho aravyumva.” (Guharūra 12:1, 2) Vyavuyemwo iki? Miriyamu, uwo biboneka ko ari we yagiye imbere muri ukwo kwidodomba, Imana yaramucishije bugufi. Uti gute? Mu kumuteza imibembe no mu gutuma ategerezwa kuguma inyuma y’ikambi kumara imisi indwi gushika ahumanuwe.—Guharūra 12:9-15.
10, 11. Mu gihe ukwidodomba kudasuzumwe neza gushobora kuvamwo iki? Tanga akarorero.
10 Kwidodomba si uguserura gusa akababaro ku vyerekeye ikibi kinaka cakozwe. Abaguma bidodomba baritwararika birenze urugero inyiyumvo zabo canke ikibanza bafise, bagakwegera ivyiyumviro vy’abantu kuri bo aho kubikwegera ku Mana. Igihe ukwidodomba kudasuzumwe, biratuma haba amahane mu bavukanyi bo mu vy’impwemu maze bigatangira utwigoro twabo two gukorera Yehova bahuje inama. Ivyo ni uko biri kubera yuko abidodomba bama nantaryo bavugira hejuru imyidogo yabo, bizigiye ata gukeka yuko abandi bazobafasha umubabaro.
11 Nk’akarorero, umuntu ashobora kunebagura uburyo umukurambere kanaka ashikiriza ibigabu vyiwe mw’ishengero canke uburyo yitwararika amabanga ajejwe. Mu gihe twumvirije nyene kwidoga, dushobora gutangura kwiyumvira nk’uko yiyumvira. Imbere y’uko iyo mbuto y’akababaro iterwa mu muzirikanyi wacu, ibikorwa uwo mukurambere yakora bishobora kuba bitatubabaza, mugabo guhera ico gihe bigaca bitubabaza. Amaherezo, nta kintu na kimwe uwo mukurambere akora kizoba ari ciza mu maso yacu, maze na twebwe tugashobora gutangura kumwidodombera. Inyifato nk’iyo ntibereye mw’ishengero ry’abasavyi ba Yehova.
12. Ukwidodomba gushobora kugira ico gukoze gute ku bucuti dufitaniye n’Imana?
12 Kwidodombera abantu bafise ibanga ryo kuragira ubusho bw’Imana bishobora gushikana ku gutukana. Ukubidodombera canke ukubipfuriza ikibi ubatyoza nk’ukwo, gushobora kugira ikintu kibi gukoze ku bucuti dufitaniye na Yehova. (Kuvayo 22:28) Abatukana b’intigaya ntibazoragwa Ubwami bw’Imana. (1 Ab’i Korinto 5:11; 6:10) Umwigishwa Yuda yaranditse ku vyerekeye abidodomba ‘bakengera ukuganzwa kandi bagatuka abanyacubahiro,’ ni ukuvuga abantu bari bafise amabanga mw’ishengero. (Yuda 8) Abo bantu bidodomba Imana ntiyabashima, kandi turamirira kure tubigiranye ubukerebutsi ingendo yabo mbi.
13. Ni kubera iki imyidodombo yose atari mibi?
13 Ariko rero, si ukuvuga ko ukwidodomba kwose kudahimbara Imana. Imana ntiyirengagije “induru z’[ukwidodomba]” ku bijanye na Sodomu na Gomora, ahubwo yarasanganguye ivyo bisagara vy’ububisha. (Itanguriro 18:20, 21; 19:24, 25) I Yeruzalemu, inyuma gatoyi ya Pentekoti yo mu 33 G.C., ‘Abayuda bavuga Ikigiriki baridodombeye Abayuda bavuga Igiheburayo, kuko abapfakazi babo birengagizwa ku ngaburo yabo y’imisi yose.’ Ku bw’ivyo, “bamwe cumi na babiri,” barakosoye ivyo bintu mu kugena “abantu ndwi bashimwa” babashira kuri “i[co] gikorwa” co kugabura ibifungurwa. (Ivyakozwe 6:1-6) Abakurambere bo mu gihe ca none bategerezwa ‘kutiziba amatwi’ ku myidodombo ifise ishingiro. (Imigani 21:13) Kandi aho kunegura abo basenga hamwe, abakurambere bakwiye kuba abantu baremesha kandi bubaka.—1 Ab’i Korinto 8:1.
14. Kugira ngo twirinde ukwidodomba, ni kamere iyihe ikenewe canecane?
14 Twese turakeneye kwirinda ukwidodomba, kubera yuko mu buryo bw’impwemu, agatima ko kwidodomba konona. Agatima nk’ako karashobora guhungabanya ubumwe bwacu. Ahubwo, nimuze twame nantaryo tureka impwemu yera yame muri twebwe urukundo. (Ab’i Galatiya 5:22) Kugamburuka ‘icagezwe c’i bwami cerekeye urukundo’ bizodufasha kubandanya gukorera Yehova duhuje inama.—Yakobo 2:8; 1 Ab’i Korinto 13:4-8; 1 Petero 4:8.
Twirinde Kwambika Ibara Abandi
15. Wotandukanya gute urusaku be n’ukwambika ibara abandi?
15 Kubera yuko kwidodomba gushobora gushikana umuntu ku rusaku rubi, dutegerezwa kuba maso ku vyo tuvuga. Urusaku ni amajambo atagira ishingiro avugwa ku vyerekeye abantu be n’ibintu vyabo. Ariko rero, ukwambika ibara abandi ni ukuvuga inkuru itari yo igenewe kwonona izina ryiza uwundi muntu afise. Amajambo nk’ayo ni ay’ugutyozanya kandi ntashimwa n’Imana. Ku bw’ico, Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu.”—Abalewi 19:16.
16. Ni igiki Paulo yavuze ku vyerekeye abanyarusaku bamwebamwe, kandi impanuro yiwe ikwiye kugira ico ikoze gute kuri twebwe?
16 Kubera yuko amajambo atagira ishingiro ashobora gushikana umuntu ku kwambika ibara abandi, Paulo yarahambariye abanyarusaku bamwebamwe abigiranye uburindutsi. Amaze kuvuga abapfakazi bakwiye gufashwa n’ishengero, yaravuze abapfakazi bize “kugira ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ivyabo, bavuga ivyo badakwiye.” (1 Timoteyo 5:11-15) Mu gihe umugore mukirisu abonye yuko afise ingorane yo kuza aravuga amajambo ashobora gushikana ku kwambika ibara abandi, yoba agize neza yumviye impanuro ya Paulo yo kuba “inyankamugayo, atarementaniriza abandi.” (1 Timoteyo 3:11) Birumvikana ko n’abagabo bakirisu bategerezwa kwirinda urusaku rubi.—Imigani 10:19.
Twirinde Gucira Urubanza Abandi!
17, 18. (a) Yezu yavuze iki ku vyerekeye gucira urubanza abavukanyi bacu? (b) Amajambo ya Yezu yerekeye gucira urubanza abandi dushobora kuyakurikiza gute?
17 Naho ata muntu n’umwe twambika ibara, dushobora kuba dukeneye kugira akigoro gakomeye kugira ngo twirinde gucira urubanza abandi. Yezu yariyamirije agatima nk’ako igihe yavuga ati: “Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa. Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe. Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze? Wobgira ute mugenzawe, uti Zana ngutosore akabango kari mu jisho ryawe, nawe ufise inkingi mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore inkingi iri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho rya mugenzawe.”—Matayo 7:1-5.
18 Ntidukwiye kwubahuka gusaba gukura “akabango” kari mu jisho ry’umuvukanyi wacu kugira ngo tumufashe mu gihe ubushobozi bwacu bwite bwo guca urubanza rubereye butangiriwe n’“inkingi” y’ikigereranyo dufise mu jisho. Kukaba nkako, nimba vy’ukuri dutahura ukuntu Imana ari inyakigongwe, ntituzohengamira ku gucira urubanza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu. Twoshobora gute kubatahura nk’uko Data wa twese wo mw’ijuru abatahura? Ntibitangaje kubona Yezu yaratugabishije ngo ‘tureke guhinyurana kugira ngo ntituzohinyurwe’! Ugusuzuma tutibesha udusembwa ubwacu dufise bikwiye kuturinda gucira abandi urubanza Imana yobona ko rutabereye.
Abantu b’Abanyantege Nke Mugabo b’Icubahiro
19. Abo dusangiye ukwizera dukwiye kubabona gute?
19 Nimba twiyemeje gukorera Imana duhuje inama n’abo dusangiye ukwizera, ntituzokwirinda gusa kubacira urubanza. Tuzoba imboneza mu vyo kubatera iteka. (Abaroma 12:10) Nkako, tuzorondera ineza yabo, atari iyacu, kandi tuzobakorera ibikorwa biranga ukwicisha bugufi tubigiranye umunezero. (Yohana 13:12-17; 1 Ab’i Korinto 10:24) Dushobora gute kuzigama mwene ako gatima keza? Ni mu kugumiza mu muzirikanyi yuko uwizera uwo ari we wese afise agaciro kuri Yehova be n’uko dukeneraniye, nka kumwe igihimba cose mu bigize umubiri w’umuntu cisunga ibindi.—1 Ab’i Korinto 12:14-27.
20, 21. Amajambo yo muri 2 Timoteyo 2:20, 21 afise iyihe nsobanuro kuri twebwe?
20 Tuvyiyemerere, Abakirisu ni inzavya z’ibumba z’intege nke zashinzwe ubutunzi bukayangana ari bwo busuku. (2 Ab’i Korinto 4:7) Nimba dushaka kurangura ico gikorwa ceranda co gushemeza Yehova, dutegerezwa kuzigama impagararo nziza imbere yiwe n’imbere y’Umwana wiwe. Tugumye dutyoroye mu buryo twigenza be no mu buryo bw’impwemu ni ho honyene dushobora kuguma turi inzavya z’icubahiro zikoreshwa n’Imana. Mu bijanye n’ivyo, Paulo yanditse ati: “Mu nzu nini y’umutunzi ntihabamw’imbombovu z’ivyacuzwe mw izahabu no mw ifeza gusa, ariko habamwo n’iz’ivy’ibiti n’iz’ivy’ibumba, kandi bimwe babikoresha ivy’icubahiro, ibindi babikoresha ibiteye isoni. Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.”—2 Timoteyo 2:20, 21.
21 Abantu batigenza mu buryo buhuje n’ivyo Imana isaba ni ‘inzavya zitagira icubahiro.’ Ariko rero, dukurikiranye ingendo ishimwa n’Imana, tuzoba ‘inzavya zikoreshwa ivy’icubahiro, zejejwe canke zashizwe ku ruhande ku bw’umurimo wa Yehova kandi zatunganirijwe igikorwa ciza cose.’ Gutyo turashobora kwibaza duti: ‘Noba ndi ‘urwavya rw’icubahiro’? Noba ngira akosho keza ku bo dusangiye ukwizera? Noba ndi uwo mu bagize ishengero akora ahuje inama n’abo basenga hamwe?’
Tubandanye Gukora Duhuje Inama
22. Ishengero rya gikirisu rishobora kugereranywa n’iki?
22 Ishengero rya gikirisu ritunganijwe nk’umuryango. Haraba akayaga karanga urukundo, ko gufashanya kandi gahimbaye mu muryango igihe abawugize bose basenga Yehova. Umuryango ushobora kuba ugizwe n’abantu nka bangahe bafise kamere zitandukanye, mugabo umwe wese arafise ikibanza abereye. Ivyo ni ko bimeze no mw’ishengero. Naho twese dutandukanye, kandi turi abanyagasembwa, Imana yaradukwegereye kuri yo biciye kuri Kirisitu. (Yohana 6:44; 14:6) Yehova na Yezu baradukunda, kandi nka kurya kw’umuryango wunze ubumwe, turakeneye koko kugaragarizanya urukundo.—1 Yohana 4:7-11.
23. Ni igiki dukwiye kwibuka kandi dukwiye kwiyemeza gukora iki?
23 Ishengero rya gikirisu rimeze nk’umuryango, ni ahantu kandi twitega gusanga hari ukudahemuka. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.” (1 Timoteyo 2:8) Gutyo Paulo yasanishije ukudahemuka n’ugusenga kugirirwa ku mugaragaro ‘ahantu hose’ Abakirisu bakoraniye. Abantu b’intahemuka bonyene ni bo bakwiye guserukira ishengero mw’isengesho riturwa ku mugaragaro. Birumvikana yuko Imana yitega ko twese tutayihemukira kandi ko tudahemukiranira. (Umusiguzi 12:13, 14) Nimuze rero twiyemeze gukorana duhuza, nka kumwe kw’ibihimba bigize umubiri w’umuntu. Nimuze kandi dukore twunze ubumwe turi abagize umuryango w’abasenga Yehova. Ikiruta vyose, nimuze twibuke yuko dukeneraniye kandi ko Imana izodushima yongere iduhunde imihezagiro nitwabandanya gukorera Yehova duhuje inama.
Wokwishura Gute?
• Ni igiki gituma abasavyi ba Yehova bamukorera bahuje inama?
• Ni kubera iki Abakirisu birinda kugira nkunzi?
• Ni igiki wovuga ko ari kibi mu bijanye n’ukwidodomba?
• Ni kubera iki dukwiye gutera iteka abo dusangiye ukwizera?
[Ifoto ku rup. 15]
Petero yaratahuye yuko “Imana itarobanura abantu ku butoni”
[Ifoto ku rup. 16]
Woba uzi igituma Imana yacishije bugufi Miriyamu?
[Ifoto ku rup. 18]
Abakirisu b’Intahemuka bakorera Yehova bahuje inama babigiranye umunezero