Yehova Arashariza Abasavyi Biwe Akoresheje Umuco
“Haguruka ukayangane [“wa mugore we,” “NW”], kuk’umuco wawe ushitse, kand’ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.”—YESAYA 60:1.
1, 2. (a) Abantu bamerewe gute? (b) Ni nde atera umwiza abantu barimwo?
“MBEGA ukuntu dukeneye umuntu ameze nka Yesaya canke Paulo Mutagatifu!” Ivyo ni vyo uwahoze ari Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Harry Truman yavuganye umubabaro mu myaka y’1940. Ni kuki yavuze ayo majambo? Ni kubera yuko yumva ko muri ico gihe ciwe hari hakenewe indongozi zibushitse zigenza runtu. Abantu bariko barogorora bakiva muri ca kiringo kirusha ibindi vyose vyo mu kinjana ca 20 kuba ic’umwiza, ari yo ntambara ya kabiri y’isi yose. Ariko rero, naho nyene intambara yari irangiye, nta mahoro yari kw’isi. Umwiza warabandanije. Kukaba nkako, ubu haheze imyaka 57 iyo ntambara irangiye, isi iracari mu mwiza. Iyo Perezida Truman aba akiriho, nta nkeka yogumye abona ko hagikenewe indongozi zigenza runtu zimeze nka Yesaya canke intumwa Paulo.
2 Perezida Truman yaba yari abizi canke atavyo yari azi, intumwa Paulo yaravuze ivy’umwiza usinzikaje abantu, kandi yaratanze imburizi ku biwerekeye mu vyo yanditse. Nk’akarorero, Paulo yagabishije abemera bagenziwe ati: “Abo tunigana [si] ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” (Abanyefeso 6:12, ni twe tubihiritse.) Mu kuvuga ayo majambo, Paulo ntiyerekanye gusa yuko yari azi ivyerekeye umwiza wo mu vy’impwemu utwikiriye isi, ariko kandi ko yari azi isoko nyaryo ryawo, ni ukuvuga inteko z’abadayimoni z’inyabushobozi zidondorwa ko ari “abaganza iyi si.” Kubera ko ibiremwa vy’impwemu vy’ubushobozi ari vyo bitera umwiza usinzikaje isi, none abantu buntu bashobora gukora iki kugira ngo bawukureho?
3. Naho abantu bari mu mwiza, ni ibiki Yesaya yabuye ku biraba abantu b’abizerwa?
3 Mu buryo nk’ubwo nyene, Yesaya yaravuze ivyerekeye umwiza usinzikaje abantu. (Yesaya 8:22; 59:9) Ariko rero, mu kwerekeza kuri iki gihe cacu, yarabuye ahumekewe yuko no muri ibi bihe vy’umwiza, Yehova yotumye abakunda umuco babona ibintu mu buryo bukayangana. Emwe, naho nyene Paulo canke Yesaya ubwabo batari kumwe natwe, turafise ivyo banditse vyahumetswe bituyobora. Kugira ngo tubone ukuntu ivyo ari umuhezagiro ku bakunda Yehova, nimuze turimbure amajambo menyeshakazoza ya Yesaya dusanga mu kigabane ca 60 c’igitabu ciwe.
Umugore w’Ikigereranyo Menyeshakazoza Arasa Umuco
4, 5. (a) Ni igiki Yehova abwiriza umugore gukora, kandi ni umuhango uwuhe atanga? (b) Ni amakuru ateye akanyamuneza ayahe ari muri Yesaya ikigabane ca 60?
4 Amajambo atangura muri Yesaya 60 abwirwa umugore amerewe nabi cane, ari mu mwiza, arambaraye hasi. Umuco uciye urasa bukwi na bukwi muri nya mwiza, maze Yehova asemerera ati: “Haguruka ukayangane [“wa mugore we,” NW], kuk’umuco wawe ushitse, kand’ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.” (Yesaya 60:1) Igihe cari gishitse c’uko uwo mugore ahagarara hanyuma agaca ibibatsi vy’umuco w’Imana, ari bwo bwiza bwayo. Kubera iki? Inyishu turayibona mu murongo ukurikira. Ugira uti: “Rāba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga: arik’Uhoraho azokurasira, kand’ubgiza bgiwe buzokubonekako.” (Yesaya 60:2) Uwo mugore yaragamburutse ibwirizwa rya Yehova, maze arakurwa amazinda ku vyerekeye ingaruka nziza igitangaza bizovamwo. Yehova avuga ati: “Amahanga azoza ku muco wawe, n’abami bazoza ku gukayangana kwawe.”—Yesaya 60:3.
5 Ayo majambo ateye akanyamuneza ari muri iyo mirongo itatu, ni intangamarara akaba kandi incamake y’igice gisigaye c’ibiri muri Yesaya ikigabane ca 60. Kirabura ibishikira wa mugore w’ikigereranyo menyeshakazoza kikongera kigasigura ukuntu dushobora kuguma mu muco wa Yehova naho nyene umwiza watsimbataye mu bantu. Ariko none ivyo bimenyetso biri muri iyo mirongo itatu y’intangamarara bigereranya iki?
6. Umugore avugwa muri Yesaya ikigabane ca 60 ni nde, kandi ni bande bamuserukira kw’isi?
6 Uwo mugore avugwa muri Yesaya 60:1-3 ni Siyoni, ni ukuvuga ishirahamwe ryo mw’ijuru rya Yehova rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu. Muri iki gihe, Siyoni iserukirwa kw’isi n’amasigarira ya “Israeli y’Imana,” rikaba ari ishengero ryo kw’isi yose rigizwe n’Abakirisu basizwe impwemu, bafise icizigiro co kuzoganza hamwe na Kirisitu mw’ijuru. (Abagalati 6:16, UB) Iryo hanga ryo mu vy’impwemu amaherezo rigizwe n’abantu 144.000, kandi iranguka ryo mu gihe ca none rya Yesaya ikigabane ca 60 rishingiye ku bakiriho kw’isi mu “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1; Ivyahishuriwe 14:1) Ubwo buhanuzi kandi buvuga vyinshi ku biraba abagenzi b’abo Bakirisu basizwe, ari bo “shengero ryinshi” ry’“izindi ntama.”—Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16.
7. Siyoni yari imerewe ite mu 1918, kandi ivyo vyari vyamenyeshejwe gute mu buhanuzi?
7 Hoba hariho igihe “Israeli y’Imana” yari irambaraye mu mwiza, nk’uko bigereranywa n’uwo mugore w’ikigereranyo menyeshakazoza? Egome, ivyo haraciye imyaka irenga 80 bibaye. Mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, Abakirisu basizwe baritaye ku rutare kugira ngo babandanye igikorwa co gushinga intahe. Mugabo mu 1918, ari wo mwaka wa nyuma w’iyo ntambara, igikorwa co kwamamaza mu buryo bwungunganijwe carabaye nk’igihagaze. Joseph F. Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose, be n’abandi Bakirisu bari bakomakomeye baciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka myinshi bagirizwa ibinyoma. Mu gitabu c’Ivyahishuriwe, Abakirisu basizwe ico gihe bari kw’isi badondowe mu majambo menyeshakazoza ko ari imivyimba igangaraye “mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, [ar]i co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa.” (Ivyahishuriwe 11:8) Ico cari vy’ukuri igihe c’umwiza kuri Siyoni, kuko yaserukirwa n’abana bayo basizwe bari kw’isi!
8. Ni ihinduka ritangaje irihe ryabaye mu 1919, kandi vyagize ingaruka iyihe?
8 Ariko rero, mu mwaka w’1919 harabaye ihinduka ritangaje. Yehova yararasiye umuco kuri Siyoni! Abarokotse bo muri Isirayeli y’Imana barakuye amaboko mu mpuzu kugira ngo bakayanganishe umuco w’Imana, basubira gutangaza inkuru nziza ata bwoba. (Matayo 5:14-16) Bivuye kuri uwo mwete abo Bakirisu bari basubiye kugira, abandi bantu barakwegerewe ku muco wa Yehova. Ubwa mbere, abo bashasha baza barasigwa bakiyongera ku bagize Isirayeli y’Imana. Bitwa abami muri Yesaya 60:3, kubera bazoba abaraganwa na Kirisitu mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 20:6) Mu nyuma, ishengero ryinshi ry’izindi ntama ryaratanguye gukwegerwa ku muco wa Yehova. Ayo ni yo “mahanga” yavuzwe muri ubwo buhanuzi.
Abana ba wa Mugore Baratahutse!
9, 10. (a) Ni ibintu vy’akezamutima ibihe uwo mugore yabonye, kandi ivyo vyagereranya iki? (b) Ni imvo iyihe Siyoni yagize yo kunezerwa?
9 Ubu na ho, ni nk’aho Yehova atangura guca irya n’ino amakuru yanditswe muri Yesaya 60:1-3. Aha uwo mugore irindi bwirizwa. Umviriza ivyo avuga: “Unamura amaso yawe weraguze, urābe.” Nya mugore aragamburuka, kandi ese ukuntu ivyo abona ari ibintu vyeza umutima! Abana biwe bariko baratahuka. Icanditswe kibandanya kuvuga giti: “Bose bakoraniye hamwe baza kuri wewe; abahungu bawe bazoza baturutse kure, n’abakobga bawe bazoza bateruwe mu kwaha.” (Yesaya 60:4) Iyamamazwa ry’Ubwami kw’isi yose ryatanguye mu 1919 ryarakwegereye abashasha ibihumbi n’ibihumbi ku murimo wa Yehova. Abo na bo nyene baracitse “abahungu” n’“abakobga” ba Siyoni, ni ukuvuga abasizwe bagize Isirayeli y’Imana. Gutyo, Yehova yarasharije Siyoni mu kuzana ku muco abari basigaye muri bamwe 144.000.
10 Woba ushobora kwiha ishusho y’umunezero Siyoni yagize wo kuba kumwe n’abana biwe? Yamara, Yehova araha Siyoni izindi mvo zotuma anezerwa. Dusoma duti: “Ni ho uzorāba, mu maso hawe hakeyuka, umutima wawe ukadidagizwa n’umunezero, ukāguka; kukw ibidandazwa vy’ibitayega bica mu kiyaga bizogaruka i wawe, n’ubutunzi bg’amahanga buzokuzako.” (Yesaya 60:5) Mu buryo buhuje n’amajambo menyeshakazoza, guhera mu myaka y’1930, amasinzi n’amasinzi y’Abakirisu bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera barasegenyuka baja kwa Siyoni. Baje bava mu “kiyaga” kigizwe n’abantu biyonkoye ku Mana kandi bagereranya ubutunzi bw’amahanga. Ni “[ibintu] vy’igiciro vyo mu mahanga yose.” (Hagayi 2:7; Yesaya 57:20) Urabona kandi yuko ivyo ‘bintu vy’igiciro’ bidakorera Yehova umwe wese mu nzira yiwe bwite. Emwe, bongereza ubwiza bwa Siyoni mu kuza gusenga bifatanije n’abavukanyi babo basizwe, bakaba “umukuku umwe” ufise “umwungere umwe.”—Yohana 10:16.
Abadandaza, Abungere n’Abacuruzi Baza Kuri Siyoni
11, 12. Nudondore amasinzi yabonywe agenda agana kuri Siyoni.
11 Icavuye muri iryo tororokanywa ryari ryarabuwe, ni iyongerekana ryibonekeje ry’igitigiri c’abashemeza Yehova. Ivyo biraburwa mu majambo akurikira y’ubwo buhanuzi. Niwihe ishusho yuko uhagararanye n’uwo mugore w’ikigereranyo menyeshakazoza ku Musozi Siyoni. Utereje amaso i burasirazuba, ubona iki? “Isinzi ry’ingamiya rizogutwikira, inyana z’ingamiya z’i Midiyani n’izo muri Efa. Abaturutse i Sheba bose bazoza, bazoba bazanye izahabu n’imibavu, bavuge inkuru nziza z’ishimwe ry’Uhoraho.” (Yesaya 60:6) Amasinzi y’abadandaza ayobora ingamiya zabo azicana mu mayira ashika i Yeruzalemu. Emwe, izo ngamiya zimeze nk’isegenya mu gihugu! Abo bacuruzi batwaye ingabirano z’igiciro, ni ukuvuga “izahabu n’imibavu.” Kandi abo bacuruzi baza ku muco w’Imana kugira ngo bayishimagize ku mugaragaro, ‘bavuge inkuru nziza z’ishimwe rya Yehova.’
12 Abacuruzi si bo bonyene bari muri urwo rugendo. N’abungere nyene bariko bararindiga baza kuri Siyoni. Ubwo buhanuzi bubandanya kuvuga buti: “Imikuku yose y’i Kedari izokoranirizwa kuri wewe, amapfizi y’intama y’i Nebayoti azogukorera.” (Yesaya 60:7a) Imiryango y’abungere iriko iraza mu gisagara ceranda gushikanira Yehova ibirushirije kuba vyiza mu mikuku yayo. Mbere baritanga kugira ngo basukurire i Siyoni! Yehova yakira gute abo banyamahanga? Imana ubwayo yishura iti: “Azokwūrira igicaniro canje yemerwe, nzokwubahiriza inzu yanje y’icubahiro.” (Yesaya 60:7b) Yehova aremera n’ubugwaneza amashikanwa y’abo banyamahanga be n’umurimo bamurangurira. Ukuba bari mu rusengero rwiwe birarushariza.
13, 14. Ni ibiki umuntu abona biriko biraza bivuye i burengerazuba?
13 Ubu naho, hindukira i burengerazuba wihweze witonze i buheramaso. Ubona iki? Uravye kure, hari ikintu kimeze nk’igicu cera gishanje hejuru y’ikiyaga. Yehova abaza ikibazo na wewe wibaza mu muzirikanyi wawe ati: “Aba ni ba nde baguruka nk’igicu, kandi nk’inuma zisubira mu turyango tw’ivyari vyazo?” (Yesaya 60:8) Yehova arishura ikibazo ciwe bwite ati: “N’ababa ku kiyaga banyiteze, amāto y’i Tarushishi ni yo abītangiye imbere, azanye abahungu bawe abakūye kure, bazanye ifeza zabo n’izahabu kubg’izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, Uwera w’Abisirayeli, kuko nakwubahirije.”—Yesaya 60:9.
14 Mbega woba ushobora kwiha ishusho y’ivyo bintu? Ico gicu cera cakwegereye maze ubu umenga ni utudomagu twinshi twegeranye turi kure cane i burengerazuba. Bisa nk’umugwi w’utunyoni turiko duserereka ku mipfunda. Mugabo uko birushiriza kwegereza, urabona yuko ari amato afise amahema azinguruye kugira ngo bayatege umuyaga. Ubwato buriko buza bugana i Yeruzalemu, ni bwinshi cane ku buryo busa n’umugwi w’inuma. Umugwi w’amato uriko uraza wihuta cane uvuye ku bivuko vya kure, uzanye abizera i Yeruzalemu gusenga Yehova.
Ishirahamwe rya Yehova Ryaguka
15. (a) Ni iyongerekana irihe amajambo ya Yesaya 60:4-9 abura? (b) Abakirisu nyakuri bagaragaza akahe gatima?
15 Ese ukuntu umurongo wa 4 gushika ku w’9 hadondora mu buryo menyeshakazoza iyongerekana ryo kw’isi yose ryabaye kuva mu 1919! Ni kuki Yehova yahezagiye Siyoni agashobora kugira iyongerekana mwene iryo? Ni kubera yuko guhera mu 1919, Isirayeli y’Imana yakayanganishije umuco wa Yehova ibigiranye ukugamburuka kandi ihozako. Ariko none, woba wabonye yuko, nk’uko umurongo w’7 ubivuga, abashasha baza “[b]ūrira igicaniro [c’Imana]”? Igicaniro ni ahatangirwa ibimazi, kandi uwo muce w’ubuhanuzi uratwibutsa yuko umurimo wa Yehova urimwo ivy’ugutanga ikimazi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ndabahanūra . . . ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.” (Abaroma 12:1) Mu buryo buhuje n’amajambo ya Paulo, Abakirisu nyakuri ntibamarwa akanyota n’ukwitaba gusa ibirori vy’idini rimwe mu ndwi. Baratanga umwanya wabo, inguvu zabo n’ubutunzi bwabo kugira ngo bateze imbere ugusenga gutyoroye. Kuba abasenga Yehova mwene abo bitanga bari mu nzu yiwe, ntibiyishariza none? Ubuhanuzi bwa Yesaya bwavuze yuko vyoyisharije. Kandi turashobora kudakeka yuko abasavyi b’abanyamwete nk’abo na bo baca baba abashajije mu nyonga za Yehova.
16. Ni bande bafashije mu gikorwa co kwubaka mu bihe vya kera, kandi ni bande babigize mu bihe vya none?
16 Abo bashasha baje barashaka gukora. Ubwo buhanuzi bubandanya kuvuga buti: “Abanyamahanga bazokwubaka inzitiro zawe, n’abami babo bazogukorera.” (Yesaya 60:10) Mw’iranguka rya mbere ry’ayo majambo, mu gihe c’ukuva mu bunyagano i Babiloni, abami n’abandi baturuka mu mahanga barafashije nya gufasha mu gusubira kwubaka urusengero be n’igisagara c’i Yeruzalemu. (Ezira 3:7; Nehemiya 3:26) Mw’iranguka rya none, ishengero ryinshi ryarashigikiye amasigarira y’abasizwe mu kwubaka ugusenga kw’ukuri. Barafashije mu kwubaka amashengero ya gikirisu kandi gutyo barakomeza “inzitiro” z’ishirahamwe rya Yehova rimeze nk’igisagara. Baragira uruhara kandi mu gikorwa co kwubaka nya kwubaka, ni ukuvuga mw’iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’Amateraniro hamwe n’inyubakwa z’Amabeteli. Muri ubwo buryo bwose, barashigikira abavukanyi babo basizwe mu kwitwararika ivyo ishirahamwe rya Yehova ririko riraguka rikeneye!
17. Ni mu buryo bumwe ubuhe Yehova ashariza abasavyi biwe?
17 Ese ukuntu amajambo asozera Yesaya 60:10 aremesha! Yehova avuga ati: “Nagukubise ndatse, ariko nkugiriye imbabazi ndagutunze.” Egome, mu 1918 no mu 1919, Yehova yaratojeje indero abasavyi biwe. Mugabo ivyo ni ivyo muri kahise. Ubu naho ni igihe c’uko Yehova agaragariza imbabazi abasavyi biwe basizwe na bagenzi babo b’izindi ntama. Ibimenyamenya vy’uko ivyo ari uko biri ni uko yabahezagiye mu gutuma bagira iyongerekana ridasanzwe nk’aho yoba ‘ariko arabashariza.’
18, 19. (a) Ni umuhango uwuhe Yehova atanga ku biraba abashasha bariko baraza mw’ishirahamwe ryiwe? (b) Ni ibiki imirongo isigaye yo muri Yesaya ikigabane ca 60 itubwira?
18 Uko umwaka utashe, “abanyamahanga” bandi ibihumbi amajana n’amajana barifatanya n’ishirahamwe rya Yehova, kandi inzira izoguma yuguruye kugira ngo n’abandi benshi babakurikire. Yehova abwira Siyoni ati: “Amarembo yawe azokwama yuguruye, ntazokwugarirwa ku murango canke mw ijoro, kugira ngw abantu bakuzanire ubutunzi bg’amahanga, bo n’abami bayo babashoreye.” (Yesaya 60:11) Abaturwanya bamwebamwe baragerageza kwugara ayo “marembo,” mugabo turazi yuko badashobora kuroranirwa. Yehova yarivugiye yuko ayo marembo azoguma yuguruye mu buryo bunaka. Iyongerekana rizobandanya.
19 Haracariho ubundi buryo butari bumwe Yehova yahezagiye abasavyi biwe, mu gutuma bashaza muri iyi misi y’iherezo. Imirongo isigaye yo muri Yesaya 60 irahishura mu buryo menyeshakazoza ubwo buryo ubwo ari bwo.
Woshobora Kubisigura?
• “Umugore” w’Imana ni nde, kandi ni nde amuserukira kw’isi?
• Ni ryari abana ba Siyoni barambaraye hasi, maze ‘bahagurutse’ ryari kandi gute?
• Akoresheje ibigereranyo bitandukanye, Yehova yabuye gute iyongerekana ry’abamamaji b’Ubwami ryo muri iki gihe?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yatumye umuco wiwe ukayangana ku basavyi biwe?
[Ifoto ku rup. 20]
“Umugore” wa Yehova ahabwa ibwirizwa ryo guhaguruka
[Ifoto ku rup. 22]
Amasinzi y’amato ameze nk’inuma ziri i buheramaso