ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/10 rup. 4-7
  • Urashobora Kugira Ukwizera Nyakuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora Kugira Ukwizera Nyakuri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Urondeye Imana mu vy’Ukuri Urayibona’
  • Urakeneye Bibiliya
  • “Ukwemera Kuva ku Kwumva”
  • Urashobora Kwubaka Ukwizera Nyakuri
  • “Nzogeza ryari kugutakambira?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Imana yamwise “Umuganwakazi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ukwizera
    Be maso!—2016
  • Woba vy’Ukuri Wizera Inkuru Nziza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/10 rup. 4-7

Urashobora Kugira Ukwizera Nyakuri

Igihe Sarah Jayne yari amaze imyaka 19, yaramenye yuko arwaye kanseri yo mu gasabo k’utubuto. Amaze kubagwa, yumva ameze neza kandi akabona neza ivyerekeye kazoza. Kukaba nkako, yari yizigiye ko bizogenda neza ku buryo igihe yari afise imyaka 20 yaronse uwo bazokwubakana maze atangura gutegura ukuntu ubugeni bwiwe buzogenda. Muri uwo mwaka nyene ya kanseri yaragarutse, maze amenya yuko asigaje amayinga nk’angahe gusa yo kubaho. Sarah Jayne yapfuye muri Ruheshi 2000, imbere gatoyi y’uko ashikana imyaka 21.

IKINTU catangaza abaza gusuhuza Sarah Jayne aho yari aryamye mu bitaro ni uko yari yizigiye ivyerekeye kazoza atekereje, batangazwa kandi n’ukwizera kugera ibwina yari afitiye Imana n’Ijambo ryayo Bibiliya. Naho yari ahanganye n’icago giteye ubwoba, ntiyakekeranya ku vyerekeye icizigiro c’izuka, yuko yosubiye kubona abagenzi biwe bose. (Yohana 5:28, 29) Yavuze ati: “Nzosubira kubabona mwese mw’isi nshasha y’Imana.”

Bamwebamwe barikuramwo ukwizera nk’ukwo ngo ni indoto. Ludovic Kennedy abaza ati: “Mbega ubuzima bwo hanyuma si ibintu abemera ivyo batazi bizeye vy’uko ngo nihavuga inzamba ya nyuma hazoba ukurya n’ukunywa mbere ngo bakanavugirizwa inzumbeti, yuko ngo ahantu hatotahaye nk’i Edeni ari ho bazokwidagadurira bari kumwe n’abapfuye imbere yabo hamwe n’abandi bashobora kuzoza mu nyuma?” Ku bw’ivyo, dutegerezwa kuvyura ikibazo kibirwanya. Ni ikihe kirushirije kuba icumvikana: mbega twizere yuko “ubu ari bwo buzima bwonyene dufise, bice bituma vyoba vyiza tutabugishije na gato” nk’uko Kennedy abivuga, canke twizere Imana n’umuhango yatanze w’uko hazoba izuka? Ni ikihe muri ivyo cumvikana kuruta? Sarah Jayne yahisemwo kwizera Imana n’umuhango wayo. Ukwizera nk’ukwo yagutsimbataje gute?

‘Urondeye Imana mu vy’Ukuri Urayibona’

Kugira ngo utsimbataze ukwizera n’ukwizigira umuntu, ukeneye kumumenya no gutahura ukuntu yiyumvira be n’ivyo akora. Ivyo bisaba gukoresha umutima n’umuzirikanyi. Uko ni na kwo bimeze ku vyerekeye ugutsimbataza ukwizera Imana vy’ukuri. Ukeneye kuyimenya, gutahura ivyerekeye kamere zayo be n’uko imeze, ukamenya ukuntu yagaragaye ko ari iyo kwizigirwa, ko ari inyakuri mu bintu vyose yavuze no mu vyo yakoze.​—Zaburi 9:10; 145:1-21.

Bamwebamwe babona yuko ivyo bidashoboka. Bavuga yuko Imana iri kure cane ikaba n’ikinyegezwa rwose nimba n’ukubaho ibaho. Umuntu umwe akekeranya abaza ati: “Nimba Imana iriho ikaba atari umugani nk’uko bisa n’uko iri ku Bakirisu nka Sarah Jayne, ni kuki tweho itatwimenyesha?” None Imana yoba vy’ukuri iri kure cane kandi ntibishoboke ko umuntu ayirondera? Mu nsiguro intumwa Paulo yashikirije Abafilozofe n’abanyabwenge b’i Atenayi, yavuze yuko “Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose” yatanze ibikenewe vyose kugira ngo ‘bayirondeye bashobore kuyibona vy’ukuri.’ Kukaba nkako Paulo yavuze ati: “[Ntiri] kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.”​—Ivyakozwe 17:24-27.

None rero ushobora ‘kurondera Imana gute kandi vy’ukuri ukayibona’? Bamwebamwe babigize mu kwihweza gusa ivyaremwe bibakikuje. Ku bantu benshi, ivyo ubwavyo ni icemeza gihagije kibajijura yuko hategerezwa kuba hariho Umuremyi.a (Zaburi 19:1; Yesaya 40:26; Ivyakozwe 14:16, 17) Cokimwe n’intumwa Paulo, barumva yuko “ibitaboneka vy’[Imana], ari vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye.”​—Abaroma 1:20; Zaburi 104:24.

Urakeneye Bibiliya

Ariko rero, kugira ngo wubake ukwizera Umuremyi nyakwo, urakeneye ikindi kintu yatanze. Ico na co ni iki? Bibiliya, Ijambo ry’Imana ryahumetswe, muri ryo ikaba ihishura ukugomba kwayo n’umugambi wayo. (2 Timoteyo 3:16, 17) Bamwebamwe boshobora kuvuga bati: “Uraraba neza, ushobora kwemera gute ikintu cose Bibiliya ivuga kandi ubona ibintu biteye ubwoba bikorwa n’abantu bivugisha yuko bakurikira Bibiliya?” Ikizwi coco, ni uko hari ibintu vyinshi vy’akavunamutima Abiyita Abakirisu bakoze vy’ubwiyorobetsi, ubukazi n’ubushegabo. Mugabo umuntu wese afise ubwenge arashobora kubona yuko Abiyita Abakirisu birarira gusa ko bakurikira ingingo ngenderwako za Bibiliya.​—Matayo 15:8.

Bibiliya ubwayo yabuye yuko abantu benshi bovuze yuko basenga Imana yamara atari vyo, mu vy’ukuri ‘bikwegera uguhona.’ Intumwa Petero yavuze ati: “Kubg’ivyo inzira y’ukuri bazoyitukisha.” (2 Petero 2:1, 2) Yezu Kirisitu yavuze yuko abo bantu bobaye ari “abakora ibizira” boranzwe bimwe bitomoye n’ibikorwa bibi bakora. (Matayo 7:15-23) Gutera akagere Ijambo ry’Imana kubera ibintu Abiyita Abakirisu bakoze, ni nk’uguta ikete rivuye ku mugenzi w’umwizigirwa kubera gusa uwurizanye ari umuntu azwi nabi.

Umuntu adafise Ijambo ry’Imana ntashobora kwubaka ukwizera nyakuri. Muri Bibiliya ni ho honyene Yehova yerekanira aho ahagaze. Aratanga inyishu z’ibibazo vyama bivyuka, nk’igituma yaretse hakaba ugucumukura n’umubabaro, be n’ico azokora kuri ivyo bintu. (Zaburi 119:105; Abaroma 15:4) Sarah Jayne yaremera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (1 Ab’i Tesalonike 2:13; 2 Petero 1:19-21) Uti gute? Si kubera gusa ko abavyeyi biwe bari bamubwiye kuvyemera, ahubwo ni kubera yafashe umwanya wo guharura yitonze ibimenyamenya vyose vyerekana yuko Bibiliya ari igitabu ntangere cahishuwe n’Imana. (Abaroma 12:2) Nk’akarorero, yarabonye akosho gakomeye Bibiliya igira ku buzima bw’abantu baguma ku ngingo ngenderwako zayo. Abifashijwemwo n’ibitabu nka La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?,b yarasuzumye kandi yitonze ibimenyamenya umuyoro bibonekamwo bigaragaza ko yahumetswe n’Imana.

“Ukwemera Kuva ku Kwumva”

Ariko rero, kugira Bibiliya gusa canke kwemera yuko yahumetswe, ntibihagije. Intumwa Paulo yandika ati: “Ukwemera kuva ku kwumva.” (Abaroma 10:17) Kwumviriza Bibiliya, atari ukuyitunga gusa, ni vyo vyubaka ukwizera. ‘Urumva’ ivyo Imana ivuga mu gusoma no mu kwiga Ijambo ryayo. Mbere n’abana batoyi barabishobora. Paulo avuga yuko Timoteyo yigishijwe “ivyanditswe vyera” na nyina be na inakuru “uhereye mu buto.” Ivyo vyoba bishaka kuvuga yuko kwoba kwari nko kumukoropa ubwonko? Oya! Timoteyo ntibari baramwifatiye canke ngo bamuhende mu buryo na bumwe. ‘Yarizejwe’ ivyo yumvise n’ivyo yasomye.​—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.

Sarah Jayne yari yarajijutse muri ubwo buryo nyene. Nka kumwe kw’Abanyaberoya bo mu kinjana ca mbere, yakiranye “ijambo ry’Imana [abwiwe n’abavyeyi biwe be n’abandi bigisha] umutima ukunze.” Igihe yari umwana mutoyi, nta nkeka yarizigiye ivyo abavyeyi biwe bamwigisha. Mu nyuma, uko yakura, ntiyapfa kwemera nk’impumyi akantu kose yigishijwe canke ataco akora. ‘Yarasesa mu vyanditswe uko bukeye ngo amenye yuko ivyo ari ivy’ukuri.’​—Ivyakozwe 17:11.

Urashobora Kwubaka Ukwizera Nyakuri

Na wewe urashobora kwubaka ukwizera nyakuri, ukwizera nka kumwe kudondorwa n’intumwa Paulo mw’ikete yandikiye Abakirisu b’Abaheburayo. Yavuze yuko ukwizera nk’ukwo ari “ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri.” (Abaheburayo 11:1, ni twe tubihiritse) Ufise ukwizera nk’ukwo, uzokwemera udakekeranya yuko ivyizigiro vyose be n’ivyo witeze, ushizemwo umuhango Imana yatanze w’uko hazoba izuka, bizoranguka. Uzojijuka yuko ivyizigiro nk’ivyo bidashingiye ku vyipfuzo gusa, ariko ko bishingiye ku bimenyamenya ntakekeranywa. Uzomenya yuko Yehova atigeze na rimwe ananirwa no gushitsa imihango yatanze. (Yosuwa 21:45; 23:14; Yesaya 55:10, 11; Abaheburayo 6:18) Isi nshasha Imana yasezeranye ntizoba umugani kuri wewe, uzosigara uyibona nk’aho yoba yaramaze gushika. (2 Petero 3:13) Vyongeye uzobona mu buryo butomoye n’amaso yawe y’ukwizera yuko Yehova Imana, Yezu Kirisitu be n’Ubwami bw’Imana ari ibintu vy’ukuri, ko atari indoto.

Ntugire ngo uri inyakamwe mu kwubaka ukwizera nyakuri. Uretse ko Yehova yatumye Ijambo ryiwe riboneka bitagoranye, yaranatanze ishengero ry’Abakirisu rikwiye kw’isi yose ryishinze gufasha abantu b’imitima igororotse kwubaka ukwizera bafitiye Imana. (Yohana 17:20; Abaroma 10:14, 15) Niwakire imfashanyo yose Yehova atanga biciye kuri iryo shirahamwe. (Ivyakozwe 8:30, 31) Kandi kubera ko ukwizera ari icamwa c’impwemu yera y’Imana, nusenge udatezura usaba iyo mpwemu kugira ngo igufashe gutsimbataza ukwizera nyakuri.​—Ab’i Galatiya 5:22.

Ntucibwe intege n’abakekeranya batwengera mw’ijigo umuntu wese avuga yuko yizera Imana n’Ijambo ryayo. (1 Ab’i Korinto 1:18-21; 2 Petero 3:3, 4) Kukaba nkako, ukwizera nyakuri kurafise agaciro ntangere mu vyo kugukomeza umwiyemezo wawe wo kunanira ibitero nk’ivyo. (Abanyefeso 6:16) Sarah Jayne yasanze ivyo ari ukwo biri, kandi abamugendera mu bitaro yama nantaryo abaremesha kwubaka ukwizera kwabo. Yavuga ati: “Ukuri ni ukugire ukwawe. Niwige Ijambo ry’Imana. Guma wiyegereje ishirahamwe ry’Imana. Senga ubudasiba. Guma ufise umwete mu murimo wa Yehova.”​—Yakobo 2:17, 26.

Aho umwe mu baforomokazi bamufasha aboneye ukwizera afitiye Imana be n’izuka, yavuze ati: “Emwe, koko ivyo uravyemera basi!” Igihe yamubaza icamuhaye ukubona ko ibintu bizogenda neza nk’ukwo naho yari mu bigeragezo, yishuye ati: “Ni ukwizera Yehova. Ni umugenzi wanje nyakuri, kandi ndamwikundira.”

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 6]

“Uhereye mu buto” Timoteyo yarigishijwe “ivyanditswe vyera” na nyina wiwe be na inakuru

[Ifoto ku rup. 6]

Abanyaberoya barakejwe kubera basesa mu Vyanditswe uko bukeye

[Amafoto ku rup. 7]

Kwumviriza Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo ivuga, ni vyo vyubaka ukwizera si ukuba umuntu ayifise gusa

[Ifoto ku rup. 7]

“Nzobabona mwese mw’isi nshasha y’Imana”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika