ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/6 rup. 23-27
  • “[Nimba] Imana Iri mu Ruhande Rwacu, Uwoturwanya Ni Nde?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “[Nimba] Imana Iri mu Ruhande Rwacu, Uwoturwanya Ni Nde?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Bande Muri Iki Gihe Bafashwe mu Mugongo n’Imana?
  • Ibiranga Abafashwe mu Mugongo n’Imana
  • Igihe co Gusuzuma Ivyabaye
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Uburyo bwo Kumenya Idini y’Ukuri iyo ari yo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Nomenya gute idini ry’ukuri?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Idini Yawe Iri n’Ico Ivuze Koko
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/6 rup. 23-27

“[Nimba] Imana Iri mu Ruhande Rwacu, Uwoturwanya Ni Nde?”

“Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? [Nimba] Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?”​—ABAROMA 8:31.

1. Ni bande bavanye mu Misiri n’Abisirayeli, kandi ni igiki catumye bavayo?

IGIHE Abisirayeli bafata urugendo bagana ahantu h’umwidegemvyo, igihe bari bamaze imyaka 215 mu Misiri, kinini muri ico gihe bakaba bari bakimaze bari mu buja, “igugu ry’ikivange c’abanyamahanga [rya]jan[ye] na bo.” (Kuvayo 12:38) Abo bantu batari Abisirayeli bari bariboneye ivyago cumi biteye ubwoba vyayogeje Misiri maze bituma imana zayo z’ikinyoma ziba akamenyo. Muri ico gihe nyene, bari barabonye ubushobozi Yehova afise bwo gukingira abasavyi biwe, canecane uhereye ku cago ca kane kubandanya. (Kuvayo 8:23, 24) Naho bari bazi bike ku vyerekeye imigambi ya Yehova, hari ikintu kimwe batakekeranyako: imana za Misiri zari zarananiwe gukingira Abanyamisiri, mu gihe Yehova yari yarerekanye ko akomeye mu kurwanira Abisirayeli.

2. Ni kuki Rahabu yashigikiye abatasi b’Abisirayeli, kandi ni kuki atihenze mu kwizigira Imana yabo?

2 Haciye imyaka mirongo ine, imbere gatoyi yuko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’Isezerano, umusubirizi wa Musa, Yosuwa, yararungitse abagabo babiri gutata ico gihugu. Basanzeyo Rahabu uwaba i Yeriko. Afatiye ku vyo yari yarumvise ku vyerekeye ibikorwa vy’ububasha Yehova yakoze kugira ngo akingire Abisirayeli mu myaka 40 yari ishize bavuye mu Misiri, yari azi yuko nimba ashaka ko Imana imuhezagira ategerezwa gushigikira abasavyi bayo. Kubera ingingo iranga ubukerebutsi yafashe, we hamwe n’abo mu rugo iwabo barakingiwe isangangurwa igihe Abisirayeli mu nyuma bigarurira ico gisagara. Ugukizwa kwabo mu buryo bw’igitangaro, ubwavyo cari ikimenyamenya ntahinyuzwa c’uko Imana yari kumwe na bo. Kubera ico, Rahabu ntiyihenze mu kwizigira Imana y’Abisirayeli.​—Yosuwa 2:1, 9-13; 6:15-17, 25.

3. (a) Ni igitangaro ikihe Yezu yakoreye hafi y’aho igisagara c’i Yeriko casubiye kwubakwa, kandi ni gute abakuru b’idini b’Abayuda bavyakiriye? (b) Ni ibiki Abayuda, no mu nyuma abenshi mu batari Abayuda, bahavuye batahura?

3 Haciye ibinjana cumi na bitanu, Yezu Kirisitu yarakijije umusezi w’impumyi hafi y’aho igisagara c’i Yeriko casubiye kwubakwa. (Mariko 10:46-52; Luka 18:35-43) Uwo mugabo yaringinze Yezu ngo amugaragarize ikigongwe, ivyo bikerekana yuko yemera icese ko Yezu yari afashwe mu mugongo n’Imana. Ku rundi ruhande, indongozi z’amadini z’Abayuda be n’abayoboke babo, muri rusangi baranka kwemera ko ibitangaro Yezu yakora ari ikimenyamenya c’uko yariko arakora igikorwa c’Imana. Aho kuvyemera, bamutoye amahinyu. (Mariko 2:15, 16; 3:1-6; Luka 7:31-35) N’igihe vyigaragaza ko Yezu yazutse bamaze kumwica, ntibashaka kwemera yuko ico cari igikorwa c’Imana. Ahubwo, bagiye imbere mu guhama abayoboke ba Yezu, bagerageza gutangira igikorwa cabo co “[kuvuga] ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.” Ariko, Abayuda bamwebamwe barafashe nka nkama ivyo bintu vyabaye maze babona ko ari ivy’ukuri, no mu nyuma abatari Abayuda babigenza gutyo. Kuri bo vyaragaragara ko Imana yari yarateye akagere indongozi z’Abayuda zibona ubugororotsi, kandi yuko Imana yariko irafata mu mugongo abayoboke ba Yezu Kirisitu bicisha bugufi.​—Ivyakozwe 11:19-21.

Ni Bande Muri Iki Gihe Bafashwe mu Mugongo n’Imana?

4, 5. (a) Abantu bamwebamwe babona gute ivyerekeye uguhitamwo idini? (b) Havyuka ikibazo ikihe nyamukuru igihe umuntu arondera kumenya idini y’ukuri?

4 Ku kibazo cerekeye idini y’ukuri, umukuru w’idini umwe, mu kwishura ibibazo baherutse kumubaza kuri televiziyo yavuze ati: “Noshimika mvuga ko idini iba ari iy’ukuri iyo ituma umuntu arushiriza kuba umuntu mwiza igihe abaho ayisunga.” Ikitoharirwa co ni uko idini y’ukuri ituma abantu barushiriza kumera neza. Ariko kuba idini ituma abantu bari muri yo barushiriza kumera neza, ubwaco coba ari co kimenyamenya c’uko ifashwe mu mugongo n’Imana? Coba ari co kintu conyene kiranga idini y’ukuri?

5 Umuntu wese arashima yuko ashobora kwigirira amahitamwo, ushizemwo uguhitamwo idini ajamwo. Mugabo rero, kugira umwidegemvyo wo guhitamwo ntivyemeza yuko umuntu azogira ihitamwo ryiza. Abantu bamwebamwe nk’akarorero, bahitamwo idini bishimikije abari muri iyo uko bangana, ubutunzi, ibirori bigirwa, canke bagakurikira amacuti yo mu muryango. Muri ivyo bintu vyose nta na kimwe gihambaye mu vyo kumenya nimba idini kanaka ari iy’ukuri canke atari iy’ukuri. Ikibazo nyamukuru muri ivyo ni iki: Ni idini irihe rihimiriza abanywanyi baryo gukora ivyo Imana igomba kandi rigatanga ikimenyamenya gikomeye c’uko Imana iyishigikira, ku buryo abari muri ryo bashobora kuvuga ata gukekeranya bati: “Imana iri mu ruhande rwacu”?

6. Ni amajambo ayahe ya Yezu adufasha gutahura ivyerekeye idini y’ukuri n’iy’ikinyoma?

6 Yezu yarerekanye uburyo bwo gutandukanya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma, igihe yavuga ati: “Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’amabingira y’inkazi. Muzobamenyera ku vyo bama.” (Matayo 7:15, 16, ni twe tubihiritse; Malaki 3:18) Nimuze twihweze bimwebimwe mu ‘vyamwa’ vy’idini y’ukuri canke ibimenyetso biyiranga kugira ngo dushobore kumenya ata kwibesha abafatwa mu mugongo n’Imana muri iki gihe.

Ibiranga Abafashwe mu Mugongo n’Imana

7. Kwigisha ibishingiye kuri Bibiliya gusa bisobanura iki?

7 Inyigisho zabo zishingiye kuri Bibiliya. Yezu yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’uwantumye. Ni hāba har’ūgomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko mbivuga mvyigeneye.” Vyongeye kandi yavuze ati: “Uw’Imana yumva amajambo y’Imana.” (Yohana 7:16, 17; 8:47) Birumvikana ko kugira ngo umuntu afatwe mu mugongo n’Imana, ategerezwa kwigisha gusa ivyo Imana ihishura mw’Ijambo ryayo kandi agatera akagere inyigisho zishingiye ku bukerebutsi bw’abantu canke ku migenzo yabo.​—Yesaya 29:13; Matayo 15:3-9; Ab’i Kolosayi 2:8.

8. Ni kuki bihambaye gukoresha izina ry’Imana mu gusenga?

8 Barakoresha izina ry’Imana Yehova bakongera bakarimenyekanisha. Yesaya yabuye ati: “Kur’uwo musi muzovuga, muti Ni mukengurukire Uhoraho, mwambaze izina ryiwe, mwamamaze ibikorwa vyiwe mu mahanga, mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru. Muririmbire Uhoraho, kuko yakoze ivyiza bihambaye: ivyo ni vyamamare mw isi yose.” (Yesaya 12:4, 5) Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga ngo: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe rininahazwe.” (Matayo 6:9, UB) Rero, baba Abayuda canke abatari Abayuda, Abakirisu bategerezwa gusukura ari “ubgoko bg’izina [ry’Imana].” (Ivyakozwe 15:14) Biragaragara ko Imana yahimbarwa no gufata mu mugongo abanezererwa kuba “ubgoko bg’izina ryayo.”

9. (a) Ni kuki umunezero uranga abagize idini y’ukuri? (b) Yesaya yerekana gute itandukaniro riri hagati y’idini y’ukuri n’iy’ikinyoma?

9 Baragaragaza kamere y’umunezero y’Imana. Kubera ari isoko ry’“inkuru nziza,” Yehova ni “Imana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11, UB) None ni gute abamusenga boshobora kuba abadahimbawe canke bakaguma babona ibintu mu buryo bubi? Naho Abakirisu b’ukuri bagira amarushwa hamwe n’ingorane muri iyi si, bagumana agatima k’umunezero kubera bihereza ubudahengeshanya imfungurwa umuyoro zo mu buryo bw’impwemu. Yesaya yarerekanye itandukaniro riri hagati ya bo n’abari mw’idini y’ikinyoma avuga ati: “Uku ni k’Uhoraho Imana agize, ati Rāba, abasavyi banje bazorya, ariko mweho muzokwicwa n’inzara; abasavyi banje bazonywa, ariko mweho muzokwicwa n’inyota; abasavyi banje bazonezerwa, ariko mweho muzomāramāra: rāba, abasavyi banje bazoririmbishwa n’umunezero wo mu mitima, ariko mweho muzorizwa n’intuntu yo mu mitima, muborozwe n’ukw imitima yanyu isābijwe n’umubabaro.”​—Yesaya 65:13, 14.

10. Ni gute abari mw’idini y’ukuri birinda kuronka icigwa barinze gushikirwa n’ibibi?

10 Ukuntu bigenza hamwe n’ingingo bafata bishingiye ku ngingo ngenderwako za Bibiliya. Umwanditsi w’Imigani aduhanura ati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Imana irafata mu mugongo abayirondera kugira ngo ibayobore, aho kurondera ivyiyumviro bitavuga rumwe vy’abantu birengagiza ubukerebutsi bw’Imana. Uko umuntu agira umutima wo guhuza ubuzima bwiwe n’Ijambo ry’Imana, ni ko yirinda kuronka icigwa arinze gushikirwa n’ibibi.​—Zaburi 119:33; 1 Ab’i Korinto 1:19-21.

11. (a) Ni kuki abagize idini y’ukuri badashobora kugaburwamwo umugwi w’abakuru b’idini n’uw’abariyobokera? (b) Abaja imbere abandi mu basavyi b’Imana baha ubusho akarorero akahe?

11 Bungunganijwe nko mu buryo bw’ishengero ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere. Yezu yarashinze iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru. Kandi ntimukīyite umuranzi, kuk’umuranzi wanyu ar’umwe, ari Kristo. Arik’umukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu.” (Matayo 23:8-11) Ishengero ry’abavukanyi rirabuza ivy’uko haba umugwi w’abakuru b’idini b’abanyabwibone bitera iteka mu kwiha amazina y’icubahiro arenze urugero kandi bishira hejuru y’abayobokera idini. (Yobu 32:21, 22) Abaragira ubusho bw’Imana babwirwa kubikora ‘atari nk’abagōberewe, ariko babikunze, nk’ukw’Imana igomba: bataburagirishwa no kurondera inyungu mbi, ariko baburagire bashize igikonyo. Kandi ntibaragire nk’abatwaza amanyama amasho bagabanganirijwe, ariko babe ivyitegererezo vy’ubusho.’ (1 Petero 5:2, 3) Abungere nyakuri b’Abakirisu baririnda kugerageza kwigira abaganza ukwizera kw’abandi. Bwa bakozi bakorana n’abandi mu murimo w’Imana, bihatira gusa gutanga akarorero keza.​—2 Ab’i Korinto 1:24.

12. Imana isaba abipfuza gufatwa mu mugongo na yo kugira uburimbane ubuhe ku biraba intwaro z’abantu?

12 Baragamburukira intwaro z’abantu yamara kandi bakaguma batagira aho begamiye. Uwunanirwa “[ku]gamburukir[a] abamuganza” ntashobora kwitega ko Imana imufata mu mugongo. Kuki? Kubera “[“ubukuru buhari buhagaze nk’ubwashizwe mu rutonde burimwo ku bw’Imana,” NW]. Ni co gituma ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana.” (Abaroma 13:1, 2, NW) Ariko rero, Yezu yaremeye icese yuko Imana n’abatwara, mu vyo basaba bidahuza umwe wese twomuha ivyiwe, igihe yavuga ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” (Mariko 12:17) Abipfuza ko Imana ibafata mu mugongo bategerezwa “[k]ubanz[a] [k]witwararik[a] ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo,” muri ico gihe nyene bakagamburuka amategeko y’igihugu adateye kubiri n’amabanga akomeye kuruta bahawe n’Imana. (Matayo 6:33; Ivyakozwe 5:29) Yezu yashimitse ku kutagira aho umuntu yegamira igihe yavuga ivyerekeye abigishwa biwe ati: “S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” Mu nyuma yongeyeko ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si.”​—Yohana 17:16; 18:36.

13. Urukundo rufise uruhara uruhe mu vyo kumenya abari abasavyi b’Imana?

13 Ntibagira nkunzi mu “[k]ugirir[a] bose neza.” (Ab’i Galatiya 6:10) Urukundo rwa gikirisu ntirugira nkunzi, rwakira abantu bose rutaravye ibara ryabo ry’urukoba, ubutunzi canke amashure, ubwenegihugu canke ururimi. Gukorera iciza abantu bose na canecane abo basangiye ukwizera birafasha kumenya abafatwa mu mugongo n’Imana. Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.”​—Yohana 13:35; Ivyakozwe 10:34, 35.

14. Vyoba ari ngombwa ko abantu bemerwa n’Imana baca bemerwa ahantu hose? Sigura.

14 Bariteguriye guhamwa bahorwa ugukora ivyo Imana igomba. Yezu yaburiye abayoboke biwe ati: “Namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.” (Yohana 15:20; Matayo 5:11, 12; 2 Timoteyo 3:12) Abafatwa mu mugongo n’Imana bama nantaryo bankwa, nk’uko vyari biri kuri Nowa, uwatsindishije isi biciye ku kwizera kwiwe. (Abaheburayo 11:7) Muri iki gihe, abipfuza ko Imana ibafata mu mugongo ntibubahuka gutitura ijambo ry’Imana canke kudohoka ku ngingo ngenderwako zayo kugira ngo birinde uruhamo. Igihe cose bagumye bakorera Imana ari abizerwa, barazi yuko abantu ‘bibatangaza maze bakabarementaniriza.’​—1 Petero 2:12; 3:16; 4:4.

Igihe co Gusuzuma Ivyabaye

15, 16. (a) Ni ibibazo ibihe bizodufasha kumenya umugwi w’idini Imana ifata mu mugongo? (b) Ni iciyumviro ikihe abantu amamiliyoni bashitseko, kandi kuki?

15 Niwibaze uti: ‘Ni umugwi uwuhe w’idini uzwi ko wumira cane kw’Ijambo ry’Imana, n’igihe inyigisho zawo zoba zitandukanye n’ivyo abantu benshi bemera? Ni bande bashimika ku kamaro k’izina ry’uruharo ry’Imana, mbere bakanarikoresha mu kwimenyekanisha? Ni bande badoma urutoke n’ukwizigira ku Bwami bw’Imana ko ari wo muti rudende w’ingorane zose z’abantu? Ni bande baguma ku ngingo mfatirwako za Bibiliya mu buryo bigenza, naho vyobakwegera gufatwa nk’abatazi ibigezweko? Ni umugwi uwuhe uzwi ko udafise abakuru b’idini bahembwa, abawugize bose bakaba ari abamamaji? Ni bande bashimwa kubera ari abanyagihugu bagamburuka amategeko, naho birinda kugira uruhara mu vya politike? Ni bande babigiranye urukundo bakoresha umwanya n’amahera mu vyo gufasha abandi kwiga ivyerekeye Imana n’imigambi yayo? Kandi ni bande naho bashitsa ivyo bintu vyiza vyose, bagikengerwa, bagicokorwa kandi bagihamwa?’

16 Abantu amamiliyoni kw’isi yose barasuzumye ivyabaye maze barajijuka yuko Ivyabona vya Yehova ari bo bonyene bari mw’idini y’ukuri. Bashitse kuri ico ciyumviro bishimikije ivyo Ivyabona vya Yehova bigisha be n’ukuntu bigenza, bishimikije kandi ivyiza idini yabo yazanye. (Yesaya 48:17) Kukaba nkako, abantu amamiliyoni bariko baravuga ngo: “Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe,” nk’uko vyari vyarabuwe muri Zekariya 8:23.

17. Ni kuki Ivyabona vya Yehova berekanye ko bari mw’idini y’ukuri atari ukwishira hejuru?

17 Kwoba ari ukwishira hejuru mu gihe Ivyabona vya Yehova berekanye ko ari bo bonyene Imana ifata mu mugongo? Mu vy’ukuri, ivyo bemeza bisa n’ivyo Abisirayeli bemeje igihe bari mu Misiri, ko Imana ibafata mu mugongo naho Abanyamisiri batavyemera; canke ivyo bemeza bisa n’ivyo Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bemeje vy’uko ari bo Imana ifata mu mugongo, ko atari abanyamadini b’Abayuda. Ivyabaye birivugira. Mu bihugu 235, Ivyabona vya Yehova bariko barakora igikorwa Yezu yari yarabuye yuko cokozwe n’abayoboke biwe nyakuri bo mu gihe c’iherezo ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.”​—Matayo 24:14.

18, 19. (a) Ni kuki ata mvo n’imwe ihari yotuma Ivyabona vya Yehova bahagarika gukora igikorwa cabo co kwamamaza, naho babarwanya? (b) Ni gute Zaburi 41:11 hashigikira ivy’uko Ivyabona bafatwa mu mugongo n’Imana?

18 Ivyabona vya Yehova bazobandanya kurangura iryo banga, ntibazokwigera bareka ngo uruhamo canke ukurwanywa biburabuze igikorwa cabo. Igikorwa ca Yehova gitegerezwa gukorwa, kandi kizokorwa. Ibintu vyose abandi bagerageje mu kinjana giheze kugira ngo baburabuze Ivyabona kurangura igikorwa c’Imana vyabaye impfagusa, kubera ko Yehova yasezeranye ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe.”​—Yesaya 54:17.

19 Kuba ubu Ivyabona vya Yehova bakomeye kuruta kandi bari n’umwete kuruta uwo bigeze kugira, kandi ivyo bakaba babigira barwanywa n’isi yose, ni ikimenyamenya c’uko Yehova ahimbarwa n’ivyo bariko barakora. Umwami Dawidi yavuze ati: “Iki ni co kimmenyesha yuk’unnezererwa, n’uk’umwansi wanje atonyitamba hejuru.” (Zaburi 41:11; 56:9, 11) Abansi b’Imana ntibazokwigera bashobora kwitamba hejuru y’abasavyi ba Yehova, kubera indongozi yabo, Yezu Kirisitu ariko aratera imbere agana ku ntsinzi ya nyuma!

Woshobora Kuvyishura?

• Ni uturorero tumwetumwe utuhe twa kera tw’abantu bafatwa mu mugongo n’Imana?

• Ni ibimenyetso bimwebimwe ibihe biranga idini y’ukuri?

• Ni kuki ubwawe wemera yuko Ivyabona vya Yehova bafatwa mu mugongo n’Imana?

[Ifoto ku rup. 24]

Abipfuza ko Imana ibafata mu mugongo, inyigisho zabo bategerezwa kuzishingira kw’Ijambo ry’Imana gusa

[Ifoto ku rup. 26]

Abakurambere b’Abakirisu barabera uturorero ubusho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika