ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/5 rup. 24-29
  • Muzigame Umunezero Wanyu mu Murimo wa Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Muzigame Umunezero Wanyu mu Murimo wa Yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Munezererwe Kwizigira Ibizoba”
  • Nugumane Agatima Keza
  • Kworosha Ubuzima Bizana Umunezero
  • Akanyamuneza​—Kamere dukura ku Mana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Munezeranwe na ya Mana Ihimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Kuba ufise vyinshi ukora kandi unezerewe mu murimo w’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • «Jabuka uze i Masedwane»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/5 rup. 24-29

Muzigame Umunezero Wanyu mu Murimo wa Yehova

“Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.”​—AB’I FILIPI 4:4.

1, 2. Ni gute umuvukanyi umwe n’umuryango wiwe bashoboye kuzigama umunezero wabo, naho batakaje ibintu vyose bari batunze?

JAMES, Umukirisu umwe amaze imyaka 70 y’amavuka aba mu gihugu ca Sierra Leone, yarakoze aratama mu buzima bwiwe bwose. Ibaze ukuntu yagize umunezero igihe amaherezo yasanze amaze kuziganya amahera akwiye kugura akazu kabayabaye k’ivyumba bine! Ariko haciye igihe gitoyi James n’umuryango wiwe bayimukiyemwo, indwano y’abanyagihugu yaradutse, maze inzu yabo iraturirwa icika umunyota. Baratakaje inzu yabo, ariko ntibatakaje umunezero wabo. Kubera iki?

2 James n’umuryango wiwe ntibagumije imizirikanyi yabo ku vyo bari batakaje, ariko bayigumije ku vyari bigisigaye. James asigura ati: “No mu gihe haba ibintu biteye ubwoba, twaragira amakoraniro, tugasoma Bibiliya, tugasengera hamwe, kandi tugasabikanya n’abandi utuntu dukeyi twaba dufise. Twarashoboye kuzigama umunezero wacu kubera yuko twashimika ku bucuti bw’akaroruhore dufitaniye na Yehova.” Biciye ku kurimbura ibintu vyiza bari bafise, igihambaye kuruta muri vyo na co akaba kwari ukugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova, abo Bakirisu barashoboye “[ku]bandany[a] kunezerwa.” (2 Ab’i Korinto 13:11, NW) Mugabo ntiwumve, ivyo bintu bibabaza barimwo ntivyari vyoroshe kwihanganira. Ariko rero ntibahengeshanya kunezererwa Yehova.

3. Ni gute Abakirisu ba kare bamwebamwe bazigamye umunezero wabo?

3 Abakirisu ba kare barahuye n’ibigeragezo nk’ivyashikiye James n’umuryango wiwe. Yamara, intumwa Paulo yarandikiye Abakirisu b’Abaheburayo aya majambo agira ati: “[Mwebwe] mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze.” (Ni twe tubihiritse.) Paulo maze yarasiguye icabatera kunezerwa ati: “[Kubera muzi] yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, [rya]maho.” (Abaheburayo 10:34) Egome, abo Bakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise icizigiro gikomeye. Bari biteze badakekeranya kuronkera mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru ikintu ata muntu yoshobora kwiba, na co kikaba ari “igitsibo c’ubu[zima]” kitazohera. (Ivyahishuriwe 2:10) Muri iki gihe, icizigiro cacu twebwe Abakirisu dufise, caba ico mw’ijuru canke kw’isi, kirashobora kudufasha kuzigama umunezero wacu no mu gihe duhanganye n’amagorwa.

“Munezererwe Kwizigira Ibizoba”

4, 5. Ni kuki impanuro ya Paulo yo “[k]unezererwa kwizigira ibizoba” yaje hageze ku Baroma? (b) Ni igiki gishobora gutuma Umukirisu yibagira icizigiro ciwe?

4 Intumwa Paulo yaremesheje bagenziwe bizera b’i Roma ‘kunezererwa kwizigira’ ubuzima budahera. (Abaroma 12:12) Iyo yari impanuro ije hageze ku Baroma. Hatarahera n’imyaka cumi Paulo abandikiye, barashikiwe n’uruhamo rukaze, kandi bamwebamwe barakanagizwa gushika gupfa, bivuye kw’itegeko ry’Umwami w’Abami Nero. Ukwizera kwabo yuko Imana yobahaye igitsibo c’ubuzima casezeranywe, nta nkeka carabashigikiye mu bihe baba bariko bacumukura. Bite ho ku bitwerekeye muri iki gihe?

5 Bwa Bakirisu, na twebwe turitega guhamwa. (2 Timoteyo 3:12) Ikindi, turatahura yuko “ibihe n’ibiza ku muntu,” bipfa kutuzako twese. (Umusiguzi 9:11) Isanganya rirashobora guhitana ubuzima bw’uwo dukunda. Indwara irashobora guhitana umuvyeyi canke umugenzi somambike. Tutagumye twitwararika cane icizigiro cacu c’Ubwami, twoshobora kugeramirwa mu vy’impwemu igihe ibigeragezo nk’ivyo bishitse. Kubera ico, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba “[n]ezererw[a] kwizigira ibizoba”? Ni kangahe mfata umwanya wo kuzirikana kuri ico cizigiro? Iparadizo iriko iraza yoba atari umugani kuri jewe? Noba niha ishusho ndi muri yo? Noba nshashaye ko iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu riza, nkuko nari ndabishashaye igihe natangura kwiga ukuri?’ Ico kibazo ca nyuma birakwiriye ko tukirimbura twitonze. Kubera iki? Kubera ko nimba dufise amagara meza, tukaba tubayeho neza kandi tuba mu gace k’isi kadashikirwa n’intambara, ubukene bw’imfungurwa canke ivyago vy’ivyaduka; twoshobora kwibagira ubu ko dukeneye bimwe vyihutirwa ko isi nshasha y’Imana iza.

6. (a) Igihe Paulo na Sila bacumukuzwa n’amagorwa, ni ibiki bashira imbere mu vyiyumviro? (b) Ni gute akarorero ka Paulo na Sila gashobora kuturemesha muri iki gihe?

6 Paulo kandi yarahanuye Abaroma “[k]wihanganir[a] amagorwa.” (Abaroma 12:12) Paulo yari amenyereye amagorwa. Igihe kimwe, yarabonye mw’iyerekwa rimwe umugabo amusaba ngo ‘ajabuke aje i Makedoniya’ kugira ngo afashe abantu b’aho kwiga ivyerekeye Yehova. (Ivyakozwe 16:9) Ivyo bibaye, Paulo hamwe na Luka, Sila na Timoteyo baruriye ubwato baja i Buraya. Ni igiki cari kirindiriye abo bamisiyonari b’abanyamwete? Amagorwa! Bamaze kwamamaza mu gisagara co muri Makedoniya c’i Filipi, Paulo na Sila barakubiswe ibimoko maze batererwa mw’ibohero. Bigaragara ko abanyagihugu bamwebamwe b’i Filipi baterekwa gusa ubutumwa bw’Ubwami, ahubwo babarwanya bimwe birenze urugero. Ukwo kuntu ibintu vyahindutse kwoba kwatumye abo bamisiyonari b’abanyamwete batakaza umunezero wabo? Oya. Bamaze gukubitwa no gutabwa mw’ibohero, “nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana.” (Ivyakozwe 16:25, 26, ni twe tubihiritse.) Ego ni ko, umubabaro uvuye ku gukubitwa ntiwatumye Paulo na Sila banezerwa, mugabo ico si co abo bamisiyonari babiri bashira imbere. Ivyiyumviro vyabo vyari bishimikiye kuri Yehova no ku buryo butandukanye yariko arabahezagira. Mu ‘kwihangana mu magorwa’ babigiranye umunezero, Paulo na Sila barabaye uturorero twiza ku bavukanyi babo b’i Filipi n’ahandi.

7. Ni kuki amasengesho yacu akwiye kujamwo n’ugukenguruka?

7 Paulo yanditse ati: “Mushishikare gusenga.” (Abaroma 12:12) Woba usenga igihe uri mu bihe vy’amaganya? Woba usenga usaba iki? Ushobora kuba uvuga ingorane yinaka yawe maze ugasaba imfashanyo Yehova. Mugabo urashobora kandi gushiramwo amajambo yo gukenguruka imihezagiro ufise. Igihe ingorane zivyutse, kurimbura ibintu vyiza Yehova atugirira biradufasha “[k]unezererw[a] kwizigira ibizoba.” Dawidi, uwo ubuzima bwiwe butari bubuzemwo ingorane, yanditse ati: “Ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga birenze uko vyoharūrwa.” (Zaburi 40:5) Nimba nka kumwe kwa Dawidi tuzirikana ubudahengeshanya ku mihezagiro turonka ivuye kuri Yehova, tuzosanga tudashobora kubura umunezero.

Nugumane Agatima Keza

8. Ni igiki gifasha Umukirisu kuguma anezerewe igihe ariko arahamwa?

8 Yezu aremesha abayoboke biwe kugumana agatima keza igihe bahura n’ibigeragezo bitandukanye. Avuga ati: “Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye.” (Matayo 5:11) Ni impamvu iyihe dufise yo kugira umunezero mu bihe nk’ivyo? Ubushobozi dufise bwo kunanira abaturwanya ni ikimenyamenya c’uko impwemu ya Yehova iri kuri twebwe. Intumwa Petero yabwiye Abakirisu bagenziwe bo mu gihe ciwe ati: “Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko [im]pwemu [y]’ubgiza, ari [yo m]pwemu [y]’Imana, [i]ba kuri mwebge.” (1 Petero 4:13, 14) Biciye ku mpwemu yiwe, Yehova azodufasha kandi kwihangana, maze bitume tuzigama umunezero wacu.

9. Ni ibiki vyafashije abavukanyi bamwebamwe kunezerwa igihe bari mu munyororo bahorwa ukwizera kwabo?

9 N’igihe turi mu bihe bigoye kuruta, turashobora kugira impamvu zotuma tunezerwa. Umukirisu umwe yitwa Adolf yasanze ivyo ari ukwo biri. Aba mu gihugu aho igikorwa c’Ivyabona vya Yehova camaze imyaka itari mike kibujijwe. Adolf hamwe na benshi mu bagenzi biwe barafashwe maze bacirwa umunyororo w’imyaka myinshi kubera banse kwihakana ivyo bizera bishingiye kuri Bibiliya. Ubuzima bwo mu munyororo bwari bugoye, ariko nka kumwe kwa Paulo na Sila, Adolf na bagenziwe bararonse impamvu zotuma bashimira Imana. Bavuze yuko ivyabashikiye mu munyororo vyabafashije gukomeza ukwizera kwabo no gutsimbataza kamere z’agaciro za gikirisu, nko kuba abatanzi, kugira impuhwe n’urukundo rwa kivukanyi. Nk’akarorero, igihe umunyororo aronse ingemu ivuye i muhira, yarayisabikanya n’abo basangiye ukwizera, ababona ivyo bagemuriwe vyiyongereye nk’ibivuye kuri Yehova, wa Mutanzi w’agaheta w’“ingabirano nziza yose n’[ishikanwa] [r]itunganye [r]yose.” Ibikorwa nk’ivyo biranga ubuntu vyaratera umunezero nyene gutanga be na bene guhabwa. Rero ukwo gushirwa mu munyororo kwari kugabiye gusenyura ukwizera kwabo mu vy’ukuri ni kwo ahubwo kwatumye barushiriza gukomera mu vy’impwemu!​—Yakobo 1:17, UB; Ivyakozwe 20:35.

10, 11. Umuvukanyikazi umwe yavyifashemwo gute igihe yasambishwa ubudahengeshanya, ivyakurikiwe n’umunyororo w’imyaka myinshi?

10 Ella, na we nyene aba mu gihugu aho igikorwa c’Ubwami camaze igihe kirekire kibujijwe, yarafashwe ahorwa kubwira abandi icizigiro ciwe ca gikirisu. Yamaze amezi umunani badahengeshanya kumusambisha. Aho amaherezo arengukirijwe mu butungane, yaciriwe umunyororo w’imyaka cumi aho ata bandi basenga Yehova bari. Ella ico gihe yari afise imyaka 24 gusa y’amavuka.

11 Ego ni ko, Ella ntiyari yiteze kumara igice kinini c’ubukumi bwiwe muri ako kumba k’ibohero. Mugabo kubera atari gushobora guhindura uko ivyiwe vyifashe, yafashe ingingo yo guhindura ivyiyumviro vyiwe. Ku bw’ico, yatanguye kubona iryo bohero bwa cibare ciwe bwite co gushingamwo intahe. Avuga ati: “Hariho vyinshi vyo gukora mu kwamamaza, ku buryo imyaka yagiye yihuta cane.” Inyuma y’imyaka irenga itanu, Ella barasubiye kumusambisha. Kubera batahuye yuko umunyororo utasenyuye ukwizera kwiwe, abamusambisha bamubwiye bati: “Ntidushobora kukurekura; ntiwahindutse.” Ella yarishuye ashikamye ati: “Mugabo narahindutse! Ubu mfise inyifato nziza kuruta igihe nari ncinjira mw’ibohero, kandi ukwizera kwanje kurakomeye kuruta mbere!” Maze yongeyeko ati: “Nimba mudashaka kundekura, nzoguma hano gushika Yehova abonye ko bibereye ko ambohoza.” Imyaka itanu n’igice Ella yamaze mu munyororo ntiyamwatse umunezero wiwe! Yarize kunezererwa uko ivyiwe vyaba vyifashe kwose. Hoba hari ikintu ushobora kwigira ku karorero kiwe?​—Abaheburayo 13:5.

12. Ni igiki gishobora kuzanira amahoro y’umuzirikanyi Umukirisu ari mu bihe bigoye?

12 Ntuce ushika ku ciyumviro c’uko Ella afise ingabirano yinaka idasanzwe imutuma ahangana n’ingorane nk’izo. Mu kwerekeza ku kiringo c’ukubazagizwa kwiwe mu mezi atari make imbere yuko akatirwa urubanza, Ella yiyemerera ibi: “Ndibuka ukuntu nakomanya amenyo, kandi nkumva meze nk’inkoko yaguye mu mazi.” Ariko rero, Ella afise ukwizera Yehova gukomeye. Yarize kumwizigira. (Imigani 3:5-7) Ico vyavuyemwo ni uko Imana irushiriza kuba iyitari umugani kuri we kuruta mbere. Asigura ati: “Igihe cose ninjira mu cumba c’ugusambishirizwamwo, naca numva amahoro aje muri jewe. . . . Uko ico gihe carushiriza gutera ubwoba, ni ko amahoro yarushiriza kuba menshi.” Yehova ni we yari soko ry’ayo mahoro. Intumwa Paulo asigura ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.”​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

13. Ni igiki kidukura amazinda yuko amagorwa niyadushikira, tuzogira inkomezi zo kwihangana?

13 Ella, uwahavuye arekurwa, yarazigamye umunezero wiwe naho yahuye n’amagume. Ivyo ntiyabigize ku bw’inkomezi ziwe bwite, ariko ku bw’inkomezi Yehova yamuhaye. Ivyo ni na kwo vyari bimeze no ku ntumwa Paulo, uwanditse ati: “Nuko canecane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko. . . . kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi.”​—2 Ab’i Korinto 12:9, 10.

14. Nutange akarorero k’ukuntu Umukirisu yoshobora kubona ibintu mu buryo bwiza mu bihe vy’ibigeragezo hamwe n’ico vyoshobora kuvamwo.

14 Imikazo uhangana na yo ubwawe muri iki gihe ishobora kuba hari ukuntu itandukanye n’iyo twarimbuye. Yamara, imikazo yaba imeze gute, biragoye kuyihanganira. Nk’akarorero, umukoresha wawe ashobora kuba anegura cane akazi ukora, kuruta uko anegura akazi k’abandi bakozi bari mu yandi madini. Bishobora kuba bitagushobokera kurondera akandi kazi. Woshobora gute kuzigama umunezero wawe? Niwibuke Adolf na bagenzi biwe, abo ivyabashikiye mu munyororo vyabigishije gutsimbataza kamere zihambaye. Nimba ugira akigoro nyakuri kugira ngo ushike ku nyota umukoresha wawe, eka mbere n’umwe “agoye kunezereza,” uzotsimbataza kamere za gikirisu nk’ukwihangana n’ukwiyumanganya. (1 Petero 2:18, NW) Ikigeretseko, woshobora kurushiriza kuba umukozi abishoboye, bigatuma wongerereza uturyo two kuronka akandi kazi kabereye mu nyuma. Nimuze duce irya n’ino ubundi buryo butari bumwe dushobora kuzigamamwo umunezero wacu mu murimo wa Yehova.

Kworosha Ubuzima Bizana Umunezero

15-17. Ni ibiki abubakanye babiri bize vyashobora kubaremurura intuntu, naho ikiyitera kitoshoboye kuranduranwa n’imizi?

15 Ushobora kuba ata kundi wogira ku vyerekeye akazi uhitamwo gukora canke aho wokorera, ariko hashobora kuba hariho iyindi mice y’ubuzima bwawe ushobora guhitamwo ukwo woyikoresha. Rimbura iki kintu cabaye gikurikira.

16 Hari umugabo n’umugore bubakanye b’Abakirisu batumiye umukurambere i muhira iwabo ngo basangire akajumbu. Kuri uwo mugoroba, abo bubakanye bamubwiye ko bari bahoze bumva baremerewe n’imikazo yo mu buzima. Naho bompi bakora akazi k’igihe cose karuhisha, ntivyabakundira kurondera akandi kazi. Baribaza igihe boshoboye kumara bahangana n’ivyo bintu.

17 Igihe wa mukurambere bamusaba impanuro, yishuye ati: “Nimworoshe ubuzima.” Gute? Abo bubakanye bamara amasaha atatu ku musi ku musi mu kugenda ku kazi no mu kugaruka. Uwo mukurambere, uwari azi neza abo bubakanye, yabagiriye inama yuko borimbura ivy’ukwimukira hafi y’aho bakorera, kugira ngo bashobore kugabanya umwanya bamara ku musi ku musi mu kuja ku kazi no mu kuvayo. Uwo mwanya bacunguye boshobora kuwumara mu kwitwararika ibindi bintu bihambaye, canke bakaruhuka na gatoyi. Nimba imikazo yo mu buzima iriko iragutwara urugero runaka rw’umunezero, ni kuki utoraba nimba ushobora kuremururwa mu kugira ivyo uhindura?

18. Ni kuki bihambaye ko umuntu yiyumvira yitonze imbere yo gufata ingingo?

18 Ubundi buryo bwo kugabanya umukazo ni ukwiyumvira witonze imbere yo gufata ingingo. Nk’akarorero, Umukirisu umwe yafashe ingingo yo kwubaka inzu. Naho atari bwigere yubaka inzu, yahisemwo umugero ugoye cane. Ubu aratahura yuko yari gushobora kwirinda ingorane zidakenewe iyo ‘agenda agavye’ imbere yo guhitamwo umugero w’inzu yiwe. (Imigani 14:15) Uwundi Mukirisu yaremeye kwishinga uwo basangiye ukwizera asavye ingurane. Hakurikijwe ayo masezerano, mu gihe nyene kuguranwa atashoboye kuriha iyo ngurane, nyene kumwishinga yobwirizwa kuyiriha. Ubwa mbere, vyose vyagenda neza, ariko mu nyuma nyene kuguranwa atangura kwihindukiza. Nyene amahera yumvise ubwoba maze asaba yuko nyene kumwishinga ayimusubiza yose. Ivyo vyarashize umukazo ukomeye kuri uwo nyene kumwishinga. Ivyo none ntiyari gushobora kuvyirinda, iyo arimbura yitonze ico ivyo bintu vyose bisaba imbere yuko yemera kwishinga iryo deni?​—Imigani 17:18.

19. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora kugabanya intuntu mu buzima bwacu?

19 Igihe turushe, ntitukigere dushika ku ciyumviro c’uko dushobora kugabanya umukazo uturiko no gusubira kuronka umunezero wacu, mu kugabanya umwanya tumara mu kwiyigisha Bibiliya, mu murimo wo mu ndimiro no mu kwitaba amakoraniro. Oya, nimuze ntitubigenze gutyo kubera ko ubwo ari bwo buryo buhambaye dushobora kuronkeramwo impwemu yera ya Yehova, kimwe mu vyamwa vyayo akaba ari umunezero. (Ab’i Galatiya 5:22) Imirimo ya gikirisu yama nantaryo ihorosha kandi mu bisanzwe ntiruhisha birenze urugero. (Matayo 11:28-30) Bisa cane n’uko ibikorwa vyo muri iyi si canke vyo kwiruhura ari vyo bitwongerereza uburuhe, atari ivyo mu buryo bw’impwemu. Twize kuja kuryama hatararengerana vyoshobora kudufasha kugarura agatege. Uruhutse kuruta uko wahora birashobora kuba ngirakimazi. N. H. Knorr, uwari umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova gushika ku gupfa kwiwe, yakunda kubwira abamisiyonari ati: “Igihe wumvise ucitse intege, ikintu ca mbere na mbere ukwiye gukora ni ukuruhuka. Uzotangara kubona ingene ingorane iyo ari yo yose isa n’iyoroshe umaze gusinzira agatiro keza ko mw’ijoro!”

20. (a) Nuvuge muri make bumwebumwe mu buryo dushobora kuzigamamwo umunezero wacu. (b) Ni impamvu izihe ushobora kwiyumvira zituma ugira umunezero? (Raba akumba ku rupapuro rwa 27.)

20 Abakirisu baraterwa agateka ko gusukurira ya “Mana ihimbawe.” (1 Timoteyo 1:11, UB) Nk’uko twamaze kubibona, turashobora kuzigama umunezero wacu n’igihe dusagirijwe n’ingorane zikomakomeye. Nimuze tugumane icizigiro c’Ubwami imbere yacu, duhindure ukuntu tubona ibintu igihe bikenewe, kandi tugume tworoheje ubuzima bwacu. Maze, ibihe ivyo ari vyo vyose twoba turimwo, tuzokwakiriza yompi amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe!”​—Ab’i Filipi 4:4.

Nurimbure Witonze Ibi Bibazo:

• Ni kuki Abakirisu bakwiye kuguma bafise mu muzirikanyi icizigiro c’Ubwami?

• Ni ibiki bishobora kudufasha kuzigama umunezero wacu mu bihe bigoye?

• Ni kuki dukwiye kugerageza kworosha ubuzima bwacu?

• Ni mu mice iyihe bamwebamwe borohejemwo ubuzima bwabo?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 27]

Izindi Mpamvu Zituma Umuntu Agira Umunezero

Bwa Bakirisu, turi n’impamvu nyinshi zo kunezerwa. Rimbura izikurikira:

 1. Turazi Yehova.

 2. Twarize ukuri kw’Ijambo ry’Imana.

 3. Turashobora guharirwa ivyaha vyacu biciye ku kwizera kwacu inkuka ya Yezu.

 4. Ubwami bw’Imana burategeka, isi nshasha vuba turareha!

 5. Yehova yaradushize mw’iparadizo y’ivy’impwemu.

 6. Turafise umuryango mwiza wa gikirisu.

 7. Turi n’agateka ko kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza.

 8. Turi bazima, kandi turi n’urugero runaka rw’inkomezi.

Ni izindi mpamvu zingahe ushobora kuvuga zituma ugira umunezero?

[Ifoto ku rup. 24]

Paulo na Sila baranezerewe n’igihe bari mu munyororo

[Ifoto ku rup. 26]

Ubona amaso yawe yoba ahanze icizigiro giteye umunezero c’isi nshasha y’Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika