ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/5 rup. 30-31
  • Umuryango wo kw’Isi Yose Witwararikana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuryango wo kw’Isi Yose Witwararikana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Abavukanyi Baza Gutabara
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/5 rup. 30-31

Umuryango wo kw’Isi Yose Witwararikana

AHO dushobora kugeza amaso, hariho abantu. Benshi ni abageze mu zabukuru, bamwebamwe muri bo bakaba bamugaye cane ku buryo gutambuka ari ingorane. Hariho abakenyezi bibungenze hamwe n’abubakanye bakiri bato bari kumwe n’utwana dutoyi. Bose ni impunzi​—abagabo, abagore n’abana​—abo bivuye ku ntambara y’abanyagihugu, ku vyago vy’ivyaduka canke ibindi bintu babwirijwe guhunga ingo zabo kugira ngo baronderere ubuhungiro mu gihugu kibanyi. Bamwebamwe kenshi na kenshi baza barabwirizwa guta izabo. Bakibona ikimenyetso ca mbere na mbere c’uruhagarara rw’abanyagihugu canke icago c’icaduka, baca banyakura utuntu dukeyi two mu nzu, bagakoranya abana babo, maze bakagenda berekeza ahari umutekano kuruta. Maze, iyo ibintu bisubiye mu buryo, impunzi nyinshi ziratahuka kugira ngo zisubire kwubaka amazu yazo maze zigatangura bundi busha.

Mu myaka itari mike, igihugu ca République centrafricaine carugururiye inzugi impunzi zivuye mu bihugu bitari bike. Ejobundi, abantu ibihumbi n’ibihumbi, tudashize inyuma benshi mu Vyabona vya Yehova, babwirijwe guhunga igihugu ca Repubulika Demokaratike ya Kongo cariko gitabagurwa n’intambara bagahungira ahasa n’ahari agahengwe mu gihugu ca République centrafricaine.

Abavukanyi Baza Gutabara

Ivyabona bo mu gihugu ca République centrafricaine kwungunganya imfashanyo zo gutabara imbabare babifata nk’agateka. Uburaro bwari bwarondewe ku bw’abavukanyi b’Abakirisu bariko baraza. Ubwa mbere, ivyumba vyari vyabonetse mu mihana y’abantu, ariko uko igitigiri c’impunzi congerekana, ni ko vyaboneka yuko izindi ndinganizo zihambaye zari zikenewe. Ingoro z’Ubwami zimwezimwe zahinduwemwo uburyamo. Ivyabona b’aho baragiyemwo barakora mu kumanika ayandi matara, mu gushiraho imiringoti itwara amazi, no mu gusiga isima hasi kugira ngo abazohacumbikirwa babe heza. Izo mpunzi zakorana n’abavukanyi b’aho mu gushiraho ubwo buryamo bw’igihe gito. Iporogarama yuzuye y’amakoraniro ya gikirisu yararinganijwe mu rurimi rw’Ilingala kugira ngo abaje bashobore kuronswa imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu zibungabunga ubuzima. Ukwo gusenyera ku mugozi umwe hagati y’Ivyabona b’aho be n’abashitsi babo vyarerekanye yuko umuvukano mpuzamakungu atari umugani.

Imiryango y’impunzi ntiyama nantaryo ishikira rimwe. Rimwe na rimwe, abagize umuryango bari batandukanye basubira kuja hamwe bashitse aho baja. Urutonde rw’abashitse ata nkomanzi rwagumizwa ku Ngoro y’Ubwami yose. Indinganizo zaragizwe kugira ngo bamenye aho abakibuze bari. Ibiro vy’ishami biyobora igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri ico gihugu vyarungika imiduga itatu ku musi ku musi kugira ngo isahirize Ivyabona bari bakiri mu nzira yongere irondere umuntu wese ashobora kuba yazimiye. Iyo miduga yarangwa n’ikimenyetso kinini, gisomwa ngo: “WATCHTOWER​—Ivyabona vya Yehova.”

Ibaze umunezero wahabaye igihe umugwi umwe w’abana indwi b’impunzi bari batandukanye n’abavyeyi babo babona agakamyo k’Ivyabona vya Yehova. Ubwo nyene baciye birukanga kuri uwo muduga maze barimenyekanisha ko ari Ivyabona. Abo bavukanyi barabafashije kwurira muri ako gakamyo maze babatwara ku Ngoro y’Ubwami, aho mu nyuma basubiye kwiyunga hamwe n’imiryango yabo.

Ni igiki cashoboje abo Bakirisu b’inziraburyarya kwigwanako muri mwene ivyo bihe, atari rimwe gusa, ariko incuro nyinshi? Barajijutse rwose yuko tubayeho mu misi y’iherezo nk’uko vyabuwe mu Vyanditswe Vyeranda.​—2 Timoteyo 3:1-5; Ivyahishuriwe 6:3-8.

Kubera ico, barazi yuko vuba Yehova Imana agiye kurangiza intambara, urwanko, ubukazi n’amatati. Ingorane z’ivy’uguhunga zizoba ari umugani. Mu kurindira, mu buryo buhuje n’inkeburo y’intumwa Paulo yo mu 1 Ab’i Korinto 12:14-26, Ivyabona vya Yehova barihatira kwitwararikana. Naho batandukanijwe n’inzuzi, imbibe, indimi be n’impinga, baritwararikana, ku buryo badatebagana kugira ico bakoze igihe hari umuntu agize ico akenera.​—Yakobo 1:22-27.

[Ikarata ku rup. 30]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

AFIRIKA

République centrafricaine

Repubulika Demokaratike ya Kongo

[Abo dukesha ifoto]

Mountain High Maps® Copyright © 1997 Digital Wisdom, Inc.

[Pictures on page 30]

Ingoro z’Ubwami zitatu zarahinduwemwo ibibanza vy’ukwakira abantu

[Ifoto ku rup. 31]

Ibikoni vyarashinzwe mu maguru masha

[Ifoto ku rup. 31]

Benshi baguma bashika

[Pictures on page 31]

Babaye bakivuka baba bamaze kuba impunzi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika