“Ibintu vy’Igiciro” Biriko Biruzura Ingoro ya Yehova
“[Jewe Yehova] nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’i[bintu] vy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza.”—HAGAYI 2:7.
1. Ni kuki mu gihe c’amakuba yihutirwa twiyumvira ubwa mbere na mbere abacu?
NI IBINTU ibihe vy’igiciro vyuzuye inzu yawe? Woba ufise ibikoresho bizimvye, orodinateri igezweko, umuduga mushasha muri garaje iwawe? Naho woba ufise ivyo bintu vyose, ntiwoshobora none kwemera yuko ibintu vy’igiciro kuruta biri mu nzu yawe ari abantu bo mu muryango wawe? Niwibaze igihe kimwe mw’ijoro uvyuwe n’akamoto k’umwotsi. Inzu yawe iriko irasha, kandi usigaranye iminuta nk’ingahe gusa kugira ngo uhunge! Ni ibiki witwararika ubwa mbere? Ni ibikoresho vyawe vyo mu nzu? Ni orodinateri yawe? Ni umuduga wawe? Mbega ntiwokwiyumvira nyabuna abawe? Birumvikana yuko ari ukwo wogira kubera abantu bafise agaciro kanini kuruta ibintu.
2. Ivyo Yehova yaremye bigarukira he, kandi ni umuce uwuhe wo muri vyo wahimbara Yezu cane?
2 Ubu na ho niwiyumvire ivyerekeye Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu. Yehova ni “[we y]aremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose.” (Ivyakozwe 4:24) Umwana wiwe, ni “umukozi w’umuhanga,” muri we ni ho ibindi bintu vyose Yehova yabiremeye. (Imigani 8:30, 31; Yohana 1:3; Ab’i Kolosayi 1:15-17) Nta mazinda, Yehova na Yezu bompi baraha agaciro ivyaremwe vyose. (Gereranya n’Itanguriro 1:31.) Ariko ni umuce uwuhe w’ivyaremwe wewe wiyumvira ko uri n’ico uvuze kuri bo kuruta ibindi? Ni ibintu canke ni abantu? Yezu mu ruhara yaranguye rw’ukuba bwenge, yavuze ati: “[Nah]imbarwa n’abana b’abantu,” canke nk’uko impinduro ya William F. Beck ibivuga, Yezu “yaraterwa akanyamuneza n’ibiremwa-muntu.”
3. Ni ubuhanuzi ubuhe Yehova yamenyesheje biciye kuri Hagayi?
3 Nta gukeka, Yehova araha abantu agaciro kanini. Kimwe mu bivyerekana tugisanga mu majambo menyeshakazoza yavuze mu mwaka w’520 B.G.C. biciye ku muhanuzi wiwe Hagayi. Yehova yamenyesheje ati: “Nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ivy’igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, . . . Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere.”—Hagayi 2:7, 9.
4, 5. (a) Ni kuki bitoshobora kuba ibitegereka kwiyumvira yuko iyi mvugo ngo “ibintu vy’igiciro” yerekeza ku bikoresho bisayangana? (b) “Ibintu vy’igiciro” wobisigura gute, kandi kubera iki?
4 Ni “ibintu vy’igiciro” ibihe vyokwuzuye ingoro ya Yehova kandi bikayizanira ubwiza butaribwaboneke? Vyoba ari ibikoresho be n’ibisharizo bitayega? Inzahabu, ifeza be n’utubuye tw’igiciro? Ivyo ntivyobaye bisa n’ibitegereka. Niwibuke, urusengero rwa kera, urwari rwinjiwe ibinjana bitanu imbere yaho, yari inyubakwa iciye amamiliyaridi n’amamiliyaridi y’amadolari!a Mu vy’ukuri, Yehova ntiyokwiteze ko urwo rusengero rwubatswe n’ako kagwi k’Abayuda bahungutse rurusha urusengero rwa Salomo ibikoresho bikayangana!
5 None “ibintu vy’igiciro” vyokwuzuye ingoro ya Yehova ni ibihe? Biraboneka ko bitegerezwa kuba ari abantu. Nakare ikinezereza umutima wa Yehova si ifeza canke inzahabu, ahubwo ni abantu bamukorera babitumwe n’urukundo. (Imigani 27:11; 1 Ab’i Korinto 10:26) Ni vyo, Yehova ashima abagabo, abagore, be n’abana bose bamusenga mu buryo yemera. (Yohana 4:23, 24) Abo ni “ibintu vy’igiciro,” kandi bafise agaciro kanini cane kuri Yehova kuruta ibitako vyose vyari bisharije urusengero rwa Salomo.
6. Urusengero rwa kera rw’Imana rwarangura uruhara uruhe?
6 Naho hariho ukurwanywa kudatezura, urusengero rwararangiye mu 515 B.G.C. Gushika igihe Yezu yatangwako inkuka, urusengero rw’i Yeruzalemu rwari rwagumye ari ryo shingiro ry’ugusenga gutyoroye ku bw’“ibintu vy’igiciro” vyinshi bigizwe n’abari basanzwe ari Abayuda be n’Abanyamahanga bakebanukiye idini y’Abayuda. Ariko urwo rusengero rwagereranya ikintu gihambaye kuruta, nk’uko tuja kubibona.
Iranguka ryo mu Kinjana ca Mbere
7. (a) Urusengero rwa kera rw’Imana rw’i Yeruzalemu rwari igitutu c’iki? (b) Dondora ibintu vyagirwa n’umuherezi mukuru ku Musi w’Impongano.
7 Urusengero rw’i Yeruzalemu cari igitutu c’indinganizo ihambaye y’ivy’ugusenga. Ni urusengero rw’ivy’impwemu rw’Imana, urwo Yehova yashinze mu 29 G.C., hanyuma Yezu akamugira Umuherezi Mukuru warwo. (Abaheburayo 5:4-10; 9:11, 12) Rimbura isano riri hagati y’ibikorwa vy’umuherezi mukuru wa Isirayeli n’ibikorwa vya Yezu. Uko umwaka utashe, ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru yaregera igicaniro kiri mu kigo c’urusengero hanyuma agahereza imasa y’ikimazi co guhongera ivyaha vy’abaherezi. Mu nyuma, yarinjira mu rusengero afise amaraso y’iyo masa, agaca mu miryango itandukanya nya kigo n’Ahera maze agaca mu gihuzu gitandukanya Ahera n’Ahera Cane. Igihe ashitse Ahera Cane, umuherezi mukuru yaca amijagira amaraso imbere y’isandugu ry’isezerano. Mu nyuma, akoresheje ubwo buryo nyene, yaca ahereza isuguru y’impene y’ikimazi co guhongera imiryango 12 y’abatari abaherezi. (Abalewi 16:5-15) Ivyo birori none bijanye gute n’urusengero rw’ivy’impwemu rw’Imana?
8. (a) Ni mu buryo ki Yezu yaherejwe guhera mu 29 G.C.? (b) Ni ubucuti budasanzwe ubuhe Yezu yagiraniye na Yehova mu gihe c’igikenurwa ciwe co kw’isi?
8 Yezu ni nk’aho yahêrejwe ku gicaniro c’ivyo Imana igomba igihe yabatizwa kandi agasigwa impwemu yera y’Imana mu 29 G.C. (Luka 3:21, 22) Mu vy’ukuri, ico kintu caranze intango y’ubuzima Yezu yagize bw’ukwitangako inkuka, ubwamaze imyaka itatu n’igice. (Abaheburayo 10:5-10) Muri ico kiringo, Yezu yaragiraniye n’Imana ubucuti buva ku kuvyarwa n’impwemu. Ico kibanza ntangere Yezu yari afise imbere ya Se wiwe wo mw’ijuru nticoshoboye gutahurwa n’abandi bantu bimwe bishitse. Vyari bimeze nk’aho hoba hari igihuzu gikingiriye amaso yabo y’ugutegera, nka kumwe nyene igihuzu buhuzu cakingira Ahera ngo ntihabonwe n’abari mu kigo c’ihema.—Kuvayo 40:28.
9. Ni kuki Yezu atoshoboye kwinjira mw’ijuru ari umuntu, kandi ico kintu cashizwe mu buryo gute?
9 Naho yari Umwana w’Imana yasizwe impwemu, uwo muntu Yezu ntiyoshoboye gushikira ubuzima bwo mw’ijuru. Kubera iki atobushikiriye? Kubera ko inyama n’amaraso bidashobora kuragwa Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru. (1 Ab’i Korinto 15:44, 50) Kubera ko umubiri w’inyama wa Yezu wari nk’igitangirizi, wagereranywa neza na ca gihuzu catandukanya Ahera n’Ahera Cane mu rusengero rwa kera rw’Imana. (Abaheburayo 10:20) Ariko haciye imisi itatu inyuma y’urupfu rwiwe, Yezu yarazuwe n’Imana ari ikiremwa c’impwemu. (1 Petero 3:18) Mu nyuma yoshoboye kwinjira mu ruhande rw’Ahera Cane h’urusengero rw’ivy’impwemu rw’Imana, ni ukuvuga mw’ijuru ubwaho. Kandi ivyo ni vyo nyene vyabaye. Paulo yanditse ati: “Kristo [ntiy]injiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ukuri ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.”—Abaheburayo 9:24.
10. Ni igiki Yezu yagize amaze gusubira mw’ijuru?
10 Mw’ijuru, Yezu ‘yaramijagiye amaraso’ y’inkuka yiwe mu gushikiriza Yehova agaciro k’incungu y’amaraso y’ubuzima bwiwe. Yamara, Yezu ntiyagize ivyo gusa. Imbere gatoyi y’urupfu rwiwe, yari yabwiye abayoboke biwe ati: “Ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.” (Yohana 14:2, 3) Mu kwinjira Ahera Cane rero, canke mw’ijuru, Yezu yarugururiye inzira abandi ngo bakurikire. (Abaheburayo 6:19, 20) Abo bantu, abobaye bangana n’144.000, bokoze bwa baherezi-vyegera mu ndinganizo y’ivy’urusengero rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuriwe 7:4; 14:1; 20:6) Nka kumwe umuherezi mukuru wa Isirayeli yabanza kujana amaraso ya ya masa Ahera Cane kugira ngo ahongere ivyaha vy’abaherezi, ni ko n’agaciro k’amaraso ya Yezu yasheshwe kabanje gukoreshwa kuri abo baherezi-vyegera 144.000.b
“Ibintu vy’Igiciro” mu Gihe ca None
11. Ni bande umuherezi mukuru w’Abisirayeli yatangira ikimazi c’isuguru y’impene, kandi ivyo cari igitutu c’iki?
11 Bisa n’uko mu mwaka w’1935, igikorwa co gutororokanya abasizwe carangiye muri rusangi.c Ariko Yehova ntiyaribwaheze kuninahaza ingoro yiwe. Oyaye, “ibintu vy’igiciro” vyosubiye kuyinjiramwo. Niwibuke yuko umuherezi mukuru muri Isirayeli yahereza ibitungwa bibiri, ni ukuvuga imasa yo guhongera ivyaha vy’abaherezi be n’isuguru y’impene yo guhongera ivyaha vy’abatari mu muryango w’abaherezi. Kubera ko abaherezi bagereranya abasizwe bobaye kumwe na Yezu mu Bwami bwo mw’ijuru, none abatari mu muryango w’abaherezi bagereranya ba nde? Inyishu tuyisanga mu majambo Yezu yavuze yanditse muri Yohani 10:16 agira ati: “Mfise n’izindi ntama zitar’izo mur’uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.” Kubera ico, amaraso ya Yezu yasheshwe agirira akamaro imigwi ibiri y’abantu, uwa mbere ni uw’Abakirisu bafise icizigiro co kuganza hamwe na Yezu mw’ijuru, hanyuma uwa kabiri ni abiteze ubuzima budahera mw’iparadizo kw’isi. Biboneka ko ari umugwi wa kabiri ugereranywa n’“ibintu vy’igiciro” bivugwa mu buhanuzi bwa Hagayi.—Mika 4:1, 2; 1 Yohana 2:1, 2.
12. “Ibintu vy’igiciro” vyinshi biriko bikwegerwa gute mu ngoro y’Imana muri iki gihe?
12 Ivyo “bintu vy’igiciro” biriko biruzura ingoro ya Yehova. Muri iyi myaka iheruka, ukubuzwa kw’igikorwa mu Buraya bw’Ubuseruko, mu mihingo imwimwe yo muri Afirika no mu bindi bihugu kwarakuweho, bituma inkuru nziza y’Ubwami bwashinzwe n’Imana isagamba mu turere tutaribwigere dushikirwa. Uko abantu b’igiciro baza mu ndinganizo y’ivy’urusengero rw’Imana, ni ko na bo bagerageza guhindura abandi bantu abigishwa, mu kwubahiriza itegeko Yezu yatanze. (Matayo 28:19, 20) Uko babikora, barahura n’abantu benshi, abakiri bato hamwe n’abakuze, bashobora gucika “ibintu vy’igiciro” bizoninahaza ingoro ya Yehova. Rimbura uturorero dukeyi gusa tw’ukuntu ivyo vyagizwe.
13. Agakobwa gatoyi kamwe ko muri Boliviya kagaragaje gute umwete gafise wo gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami?
13 Muri Boliviya, agakobwa kamwe k’imyaka itanu karezwe n’abavyeyi b’Ivyabona kasavye umwarimukazi wiwe uruhusha rwo kutaza kw’ishure mu ndwi umucungezi w’umuzunguruko yobaye yabagendeye. Kubera iki? Yashaka kugira uruhara mu gikenurwa muri iyo ndwi idasanzwe yose y’ibikorwa. Ivyo vyaratangaje abavyeyi biwe, ariko baranezerejwe n’uko afise mwene iyo nyifato nziza. Ako gakobwa gatoyi ubu karongora inyigisho za Bibiliya zitanu zo ku muhana, kandi bamwebamwe muri abo bigana baritaba amakoraniro ya gikirisu. Mbere karazanye umwigisha wako ku Ngoro y’Ubwami. Kumbure mu nyuma, bamwebamwe muri abo bigana Bibiliya bazogaragaza ko ari “ibintu vy’igiciro” bizoninahaza ingoro ya Yehova.
14. Muri Koreya, ugushishikara kw’umuvukanyikazi umwe igihe yaganira n’umuntu yasa n’uwutashimishijwe kwamuronkeje impera gute?
14 Mu gihe yari arindiririye ku gituro c’amagarimoshi, umugore umwe w’Umukirisu wo muri Koreya yaregereye umunyeshure umwe yariko arumviriza umuziki kuri twa turadiyo bumviririza mu matwi. Yamubajije ati: “Woba ufise idini?” Uwo munyeshure yishura ati: “Nta dini n’imwe ndimwo.” Uwo muvukanyikazi ntiyavunitse inkokora. Yabandanije ati: “Uko igihe gihera, umuntu yoshobora gushima guhitamwo idini ajamwo. Ariko mu gihe ata na kimwe azi ku vyerekeye idini, yoshobora guhitamwo idini mbi.” Ukwo uwo munyeshure yabona ibintu kwaciye guhinduka hanyuma atangura kwumviriza wa muvukanyikazi wacu n’ugushimishwa. Yaramuhaye ca gitabu gifise umutwe uvuga ngo Je, Kuna Muumba Anayekujali? (Hoba Hariho Umuremyi Akubabaye?) hanyuma amubwira yuko ico gitabu comufasha rwose hamwe hoshika igihe c’uko ahitamwo idini. Yarakiriye ico gitabu ata ngorane. Ku ndwi yakurikiye, yaciye atangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ubu akaba yitaba amakoraniro y’ishengero yose.
15. Umukobwa umwe akiri muto wo mu Buyapani atanguza gute inyigisho za Bibiliya, kandi ni gute ataruhiye ubusa?
15 Mu Buyapani, umukobwa umwe w’imyaka 12 yitwa Megumi abona yuko ishure yigako ari indimiro yimbuka yo kwamamazamwo inkuru nziza no kwigisha. Yaranashoboye gutanguza inyigisho nyinshi za Bibiliya. None Megumi abigenza gute? Kubera ko asoma Bibiliya canke agategura amakoraniro mu mwanya w’akaruhuko k’igihe co gufungura ku mutaga, abo bigana barakunda kumubaza ivyo aba ariko aragira. Hari bamwe babaza Megumi igituma atifatanya n’abandi mu bikorwa bimwebimwe bigirirwa kw’ishure. Megumi arishura ibibazo vyabo kandi akababwira yuko Imana ifise izina. Ivyo kenshi biravyurira cane abamwumviriza ugushimishwa. Maze aca abasaba kubarongorera inyigisho ya Bibiliya. Megumi ubu arongora inyigisho za Bibiliya zishika 20, muri zo 18 akaba azirongorera abo bigana mw’ishure.
16. Umuvukanyi umwe wo muri Kameruni yatanguje gute inyigisho za Bibiliya na bamwebamwe mu bari bagize umugwi w’abamutwengera mw’ijigo?
16 Muri Kameruni, umugwi umwe w’abagabo umunani bari ku kazi bahamagaye umuvukanyi yariko ashikiriza abahita ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Mu gushaka gutwengera uwo muvukanyi mw’ijigo, bamubajije impamvu atemera Ubutatu, umuriro udahera, canke ukudahwera kw’ubugingo. Uwo muvukanyi wacu akoresheje Bibiliya, yarishuye ibibazo vyabo. Ico vyavuyemwo, batatu muri abo bagabo baremeye kwiga Bibiliya. Umwe muri bo, ari we Daniyeli, yaratanguye kwitaba amakoraniro mbere aranasenyagura ibintu yari atunze vyose bijanye n’ubupfumu. (Ivyahishuriwe 21:8) Yabatijwe n’umwaka utarakwira.
17. Abavukanyi bamwe bo muri El Salvador bakoresheje ubwenge gute mu kwamamaza inkuru nziza ku mugabo ubwa mbere yanka kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami?
17 Muri El Salvador, umugabo umwe igihe cose yabona Ivyabona vya Yehova begereje yaca azirikira imbere y’umuryango imbwa yiwe idyana. Uwo mugabo yarindira ko Ivyabona bagenda, akabona gusubiza imbwa yiwe mu nzu. Abavukanyi ntibaribwigere bashobora kuganira n’uwo mugabo. Umusi umwe rero baragerageje ubundi buryo bwo kumushikira. Kubera bari bazi ko uwo mugabo yashobora kwumva ivyo baba bariko baravuga, biyemeje kubwira inkuru nziza ya mbwa yiwe. Baraje kuri iyo nzu, bararamutsa ya mbwa, hanyuma bayibwira ukuntu banezerejwe n’akaryo baronse ko kuganira na yo. Barayibwiye ivyerekeye igihe kw’isi hobayeho iparadizo, igihe ata muntu n’umwe azongera kuraka, eka igihe n’ibikoko nyene vyobaye birangwa n’amahoro. Mu nyuma barahaye agasaga ya mbwa babigiranye urupfasoni, hanyuma bafata inzira ngo bagende. Icabatangaje cane, uwo mugabo yarasohotse avuye mu nzu hanyuma abasaba imbabazi kuba ataribwigere na rimwe yemerera Ivyabona kuganira na we. Yarakiriye ibinyamakuru hanyuma inyigisho ya Bibiliya iratangurwa. Uwo mugabo ubu ni umuvukanyi wacu, kimwe muri vya “bintu vy’igiciro”!
“Ntimutinye”
18. Ni ingorane izihe Abakirisu batari bake bahangana na zo, ariko Yehova abona gute abamusenga?
18 Woba uriko uragira uruhara mu gikorwa gikomeye co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa? Nimba ari ukwo, waratewe agateka vy’ukuri. Si ivy’imbeshere, biciye kuri ico gikorwa “ibintu vy’igiciro” biriko birakwegerwa mu ngoro ya Yehova. (Yohana 6:44) Ego ni ko, rimwe na rimwe woshobora kwumva urushe canke ucitse intege gatoyi. Rimwe na rimwe, bamwebamwe, eka mbere no mu basavyi ba Yehova b’abizerwa, baragwana n’inyiyumvo z’ukwumva yuko ata co bamaze. Ariko gumya umutima! Yehova abona umwe wese mu bamusenga ko afise agaciro, kandi aritwararitse cane ubukiriro bwawe.—2 Petero 3:9.
19. Yehova yatanze indemesho iyihe biciye kuri Hagayi, kandi ayo majambo ashobora kutubera isoko ry’inkomezi gute?
19 Igihe twumvise ducitse intege, vyaba bitewe n’ukurwanywa canke ibindi bintu turimwo bidahimbaye, amajambo Yehova yabwiye Abayuda bahungutse arashobora kuba isoko ry’inkomezi. Muri Hagayi 2:4-6 tuhasoma uku: “Yamara noneho rema, ewe Zerubabeli, ni k’Uhoraho agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozakadi; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k’Uhoraho agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, nk’ukw ijambo ryanje riri nabasezeraniye igihe mwava muri Egiputa, kandi [im]pwemu [y]anje [i]kaba muri mwebge: nuko ntimutinye. Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi.” Urabona yuko Yehova ataduhimiriza vyonyene gukomera, araduha kandi n’uburyo bwo kuronka inkomezi. Mu buryo ki? Raba aya majambo asubiriza umutima mu nda yavuze: “Ndi kumwe namwe.” Ese ingene bikomeza ukwizera kumenya yuko naho twohangana n’intambamyi zimeze gute, Yehova ari kumwe natwe!—Abaroma 8:31.
20. Ni mu buryo ki ubwiza butaribwigere buboneka buriko buruzura ingoro ya Yehova ubu?
20 Yehova vy’ukuri yaragaragaje yuko ari kumwe n’abantu biwe. Si ivy’imbeshere, ni nk’uko yabivuze abicishije ku muhanuzi Hagayi ati: “Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’iyi ngoro buzorusha ubga mbere, . . . kand’aha hantu nzohaha amahoro.” (Hagayi 2:9) Vy’ukuri, ubwiza buhambaye kuruta bwose muri iki gihe busangwa mu rusengero rw’ivy’impwemu rwa Yehova. Kanatsinda, abantu ibihumbi amajana barasegenyuka baza ku gusenga kw’ukuri ku mwaka ku mwaka. Abo baragaburirwa neza mu vy’impwemu, kandi no muri iyi si idurumbanye barinovora amahoro azosumbwa gusa n’ayo umuntu azogira mw’isi nshasha y’Imana.—Yesaya 9:6, 7; Luka 12:42.
21. Dukwiye kwiyemeza iki?
21 Ugutigitisha amahanga kwa Yehova kwo kuri Harumagedoni kuri hafi gushika. (Ivyahishuriwe 16:14, 16) Nimuze rero dukoreshe umwanya dusigaranye kugira dufashe mu kurokora ubundi buzima. Ese twokomera kandi tukizigira Yehova mu buryo bwuzuye. Nimuze umwiyemezo wacu ube uw’ukubandanya dusengera mu rusengero ruhambaye rwiwe rw’ivy’impwemu, turwuzuze “ibintu vy’igiciro” biguma vyiyongera, gushika Yehova avuze yuko igikorwa cacu kinonosowe.
[Utujambo tw’epfo]
a Intererano yatangiwe iyubakwa ry’urusengero rwa Salomo yongana hafi imiliyaridi 40 z’amadolari mu gaciro k’ubu. Ikintu cose kitakoreshejwe kuri ico gikorwa co kwubaka cashizwe mu bubiko bw’urusengero.—1 Abami 7:51.
b Yezu ntiyari nk’umuherezi mukuru w’Abisirayeli, we nta caha yagira cari gukenera gutangirwa impongano. Mugabo, abaherezi bagenziwe bari bafise ivyaha kubera bacunguwe bakuwe mu bantu b’abanyavyaha.—Ivyahishuriwe 5:9, 10.
Woba Uvyibuka?
• Ni ibiki bifise agaciro kanini kuri Yehova gusumba ibintu vy’umubiri?
• Amaraso yasesetse ya Yezu agirira akamaro imigwi ibiri y’abantu iyihe?
• Ni bande bagize “ibintu vy’igiciro” vyari kwuzuza ubuninahazwa ingoro ya Yehova?
• Ni ikimenyamenya ikihe dufise c’uko ubuhanuzi bwa Hagayi buriko buraranguka muri iki gihe?
[Igicapo ku rup. 10]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Woba uzi insobanuro ngereranyo y’urusengero rwa Yehova rwa kera?
Ahera Cane
Igihuzu
Ahera
Urubaraza
Igicaniro
Ikigo
[Ifoto ku rup. 9]
Umuherezi mukuru yatanga imasa yo guhongera ivyaha vy’Abalewi be n’isuguru y’impene yo guhongera ivyaha vy’imiryango y’Abisirayeli batari mu muryango w’abaherezi
[Ifoto ku rup. 12]
Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza co kw’isi yose kiriko kirakwegera abantu amasinzi ku ngoro ya Yehova