Ukwizera Kurashobora Guhindura Ubuzima Bwawe
“NTA nkeka na gato yuko umuntu ashobora kugendera ubuntu atisunga Imana.” Ivyo vyemejwe n’umukenyezi umwe avuga ko ata womenya Imana. Yavuze yuko yareze abana biwe yisunga ingingo z’ukwigenza runtu ziri hejuru, na bo barera abana babo bisunga izo ngingo ngenderwako ziri hejuru nyene, bose badafise ukwizera Imana.
Ivyo vyoba bisobanura yuko ukwizera Imana kudakenewe? Bigaragara yuko uwo muntu ari ukwo yiyumvira. Kandi, ni ivy’ukuri yuko atari ngombwa ngo umuntu wese atemera Imana abe ari mubi. Intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye “abanyamahanga” batazi Imana mugabo “ba[gakora] ibibgirizwa n[’ivyagezwe].” (Abaroma 2:14) Twese, tutibagiye n’abavuga ko ata womenya Imana, twavukanye ijwi ryo mu mutima. Benshi bagerageza gukurikiza ubuyobozi bw’ijwi ryabo ryo mu mutima naho boba batemera Imana yabahaye ubwo bwenge mvukanwa butuma bamenya ikibi n’iciza.
Ariko rero, ukwizera Imana gukomeye—ugushingiye kuri Bibiliya—ni inguvu y’ububasha bw’iciza ziruta ubuyobozi budafashijwe bw’ijwi ryo mu mutima. Ukwizera gushingiye kw’Ijambo ry’Imana Bibiliya kuramenyesha ibintu ijwi ryo mu mutima, kugatuma rikariha mu vy’ugutahura ikibi n’iciza. (Abaheburayo 5:14) Bitayeko, ukwizera kurakomeza abantu kugira bagume bagendera ingingo ngenderwako ziri hejuru mu gihe baba bahanganye n’imikazo ikomakomeye. Nk’akarorero, muri iki kinjana ca 20, ibihugu vyinshi vyatwawe n’intwaro za politike zononekaye, izahase abantu basa n’abisoneye gukora amabi y’ubuyobe. Ariko rero, abizera vy’ukuri Imana baranse kudohoka ku ngingo bagenderako naho baba bohakwa kuhasiga ubuzima. Vyongeye, ukwizera gushingiye kuri Bibiliya kurashobora guhindura abantu. Kurashobora gucungura ubuzima busa n’ubwatakaye kandi kugafasha abantu kwirinda amakosa akomakomeye. Rimbura uturorero dukeyi.
Ukwizera Kurashobora Guhindura Ubuzima bwo mu Rugo
“Biciye ku kwizera kwanyu, mwarashitse ku bidashoboka.” Ukwo ni ko umucamanza umwe w’Umwongereza yavuze igihe yashikiriza ingingo yafashe ku vyerekeye hagati ya John na Tania uworera abana babo. Igihe ivya John na Tania vyashikira abategetsi ntibari bwabirane kandi ubuzima bwabo bwo mu rugo ntako bwari bwifashe. John, uwari afise ingorane y’ivy’ibiyayura umutwe akagira n’ingeso yo gutera akamari, yagiye mu vy’ubukozi bw’ikibi kugira ngo aronke amahera yo gukoresha muri izo ngeso mbi ziwe. Ntiyitwararika abana biwe na nyina wabo. None ni “igitangaro” ikihe cabaye?
Umusi umwe, John yumvise mwishwawe akiri muto ayaga ivy’Iparadizo. Kubera vyamuvyuriye ugushimishwa, yarabajije ibibazo abavyeyi b’uwo muhungu. Abo bavyeyi ni Ivyabona vya Yehova kandi barafashije John kumenya ivy’iyo paradizo biciye kuri Bibiliya. Buhorobuhoro, John na Tania baratsimbataje ukwizera gushingiye kuri Bibiliya, guca guhindura ubuzima bwabo. Barandikishije umubano wabo bongera baratsinda ingeso mbi zabo. Abategetsi bagize itohoza ku vy’urugo rwabo babonye ikintu cosa n’ikitoshobotse imbere yaho gato, na co ni umuryango urangwa agahimbare uba mu nzu isukuye, kikaba cari ikibanza kibereye co kurereramwo abana. Uwo mucamanza ntiyihenze mu kuvuga yuko ukwo kwizera John na Tania bari baherutse kuronka kwari “igitangaro.”
Ku birometero ibihumbi uvuye mu Bwongereza, hari umukenyezi akiri muto wo mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Aziya yari agiye guharurwa mu bashikiwe n’ibintu bibabaje. Yariko ategura ikintu gituma aharurwa mu mamiliyoni umubano wabo urangirira mu kwahukana uko umwaka utashe. Yari afise umwana, ariko umugabo wiwe yari akuze cane kumuruta. Kubera ico, incuti ziwe zariko zimuhimiriza kwahukana, kandi koko yari yaratanguye kubiringaniza. Ariko rero, yariko yigana Bibiliya n’umukenyezi umwe w’Icabona ca Yehova. Igihe ico Cabona yamenya ivyo bintu, yarasiguye ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye umubano w’abubakanye—nk’akarorero, yuko umubano w’abubakanye ari ingabirano Imana itanga, kandi ko atari ikintu gikwiye gushiburwa nk’igisanzwe. (Matayo 19:4-6, 9) Uwo mukenyezi yariyumviriye ati: ‘Ntibisanzwe kubona uyu mugore ataco dupfana agerageza kurokora urugo rwacu, mu gihe incuti zanje zishika zishaka kurusambura.’ Ukwizera gushasha yari yaronse kwaramufashije kuzigama umubano wiwe.
Ibintu bibabaje biba mu mubano wo mu ngo vyerekeye ugukorora imbanyi. Hari raporo y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU igereranya yuko ku mwaka ku mwaka n’imiburiburi inzoya zitaravuka imiliyoni 45 zikororwa nkana. Igihe cose ikintu nk’ico gikozwe riba ari ibara. Ubumenyi bwerekeye Bibiliya bwarafashije umugore umwe wo mu mazinga ya Filipine kwirinda kugira uruhara muri ivyo.
Uwo mukenyezi yarashikiriwe n’Ivyabona vya Yehova, aremera kwakira ka gatabu kagirirwamwo inyigisho ya Bibiliya gafise umutwe uvuga ngo Ni Ibiki Imana Idusaba?,a aca atangura kwiga Bibiliya. Haciye amezi, yarasiguye igituma. Uwo mugore Ivyabona batanguye kumugendera yibungenze, mugabo we n’umunega wiwe bari bafashe ingingo yo gukorora iyo mbanyi. Ariko rero, ifoto y’uruyoya rutaravuka iri ku rupapuro rwa 24 rw’ako gatabu yarakoze ku mutima uwo mugore. Insobanuro ishingiye kuri Bibiliya ijanye n’iyo foto ivuga yuko ubuzima ari bweranda kuko ‘aho Imana iri ari ho har’isōko y’ubuzima,’ yaramujijuye kuzigama ikibondo ciwe. (Zaburi 36:9) Ubu ni nyina w’ikibondo giteye igomwe, gifise amagara meza.
Ukwizera Kurafasha Inkengerwa
Muri Etiyopiya, hari abagabo babiri bambaye gikene baje kw’ikoraniro ry’ugusenga riyoborwa n’Ivyabona vya Yehova. Iryo koraniro riheze, Icabona umwe yarabibwiye mu buryo bwa kigenzi. Abo bagabo baramuseze utwo yobafashisha. Ico cabona ntiyabahaye amahera, mugabo yabahaye ikintu ciza kuruta. Yabaremesheje gutsimbataza ukwizera Imana, ari na kwo “kurusha igiciro izahabu.” (1 Petero 1:7) Umwe muri bo yavyakirije yompi maze aca atangura kwiga Bibiliya. Ivyo vyarahinduye ubuzima bwiwe. Uko yakura mu kwizera, yararetse kunywa itabi, kuborerwa, gushurashura n’ugufata ikiyayuramutwe bita khat. Yarize ukuntu yokwitunga aho kuguma ateze amashi, kandi ubu akaba afise ubuzima butyoroye, buri n’ico bumumariye.
Mu Butaliyano, hari umugabo w’imyaka 47 yaciriwe umunyororo w’imyaka cumi maze apfungirwa mu bitaro vyegukira sentare biraba indwara zo mu mutwe. Umwe mu Vyabona vya Yehova yari afise uburenganzira bwo kwinjira mu nyubakwa z’iryo bohero kugira ngo asahirize abantu mu vy’impwemu yariganye Bibiliya na we. Uwo mugabo yarateye imbere ningoga. Ukwizera kwarahinduye cane ubuzima bwiwe ku buryo ubu izindi mbohe zimugana zirondera impanuro z’ukuntu zovyifatamwo mu ngorane zazo. Ukwizera kwiwe gushingiye kuri Bibiliya kwatumye abatwara iryo bohero bamwubaha, baramushima, bongera baramwizigira.
Mu myaka ya vuba, ibinyamakuru vyarashikirije inkuru ku vyerekeye intambara z’abanyagihugu muri Afirika. Inkuru canecane zica ivutu ni iz’uduhungu tukiri duto tumenyerezwa kuba udusirikare. Abo bana barahabwa ibiyayuramutwe, bagacunaguzwa, bagahatwa gukorera incuti zabo ibikorwa vy’ubunyamaswa kugira ngo bemeze ko umugwi barwanira ari wo gusa batodohokako. Mbega ukwizera gushingiye kuri Bibiliya kwoba gukomeye bihagije ku buryo kwohindura ubuzima bw’urwaruka nk’urwo? Hariho uturorero na tubiri ivyo vyashobotse.
Muri Liberiya, Alex yari umukorezi wo muri Ekeleziya Gatolika. Mugabo ashikanye imyaka 13, yarifatanije n’umugwi umwe urwana intambara maze acika umusoda rurangiranwa w’umwana. Kugira ngo abe intwari mu rugamba, yagiye mu vy’ubupfumu. Alex yarabonye abagenzi biwe benshi bicwa, mugabo we akarokoka. Mu 1997, yarahuye n’Ivyabona vya Yehova maze abona yuko batamukengereye. Ahubwo riho, baramufashije kumenya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubukazi. Alex yarataye igisirikare. Uko ukwizera kwiwe kwatangura gukura, yarakurikiza ibwirizwa rya Bibiliya rigira riti: “Azibukīre ibibi, akore ivyiza; arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngw ayashikīre.”—1 Petero 3:11.
Muri ico gihe nyene, hari uwahoze ari umusirikare w’umwana yitwa Samson yaciye mu gisagara Alex asigaye abamwo. Yari umuririmvyi mw’isengero, mugabo mu 1993 acika umusoda kandi yivobeka mu vy’ugufata ibiyayuramutwe, mu vy’ubupfumu no mu buhumbu. Mu 1997 yarakuwe mu gisirikare. Samson yariko agana Monrovia kugira ngo yifatanye n’inteko idasanzwe ijejwe ivy’umutekano, igihe umugenzi wiwe yamujijura ngo yigane Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, kandi ivyo vyatumye atsimbataza ukwizera gushingiye kuri Bibiliya. Ivyo vyamuhaye uburindutsi bwo guheba ingendo yiwe y’intambara. Alex na Samson bompi ubu bafise ubuzima butekanye kandi babaho bigenza runtu. Atari ukwizera gushingiye kuri Bibiliya, hoba hari ikindi kintu coshoboye gutuma hagira ibihinduka mu buzima bwacunagujwe gutyo?
Ubwoko Bwiza bw’Ukwizera
Utwo ni dukeyi gusa mu turorero twinshi cane twoshobora kuvugwa kugira twerekane ububasha bw’ukwizera nyakuri gushingiye kuri Bibiliya. Birumvikana, si umuntu wese avuga gusa ko yemera Imana abaho yisunga ingingo ngenderwako ziri hejuru za Bibiliya. Mu vy’ukuri, hari abantu batemera Imana bashobora kubaho neza kuruta bamwebamwe mu biyita Abakirisu. Ivyo ni kubera yuko ukwizera gushingiye kuri Bibiliya kutarimwo gusa ivy’ukuvuga ko wemera Imana.
Intumwa Paulo ukwizera akwita “ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri.” (Abaheburayo 11:1) Ni co gituma twovuga yuko mu kwizera harimwo n’ukwemera gukomeye ibintu bitabonwa, gushingiye ku bimenyamenya ntaharirwa. Kurimwo canecane ukutagira amazinda na gato yuko Imana iriho, yuko itwitwararika, n’uko izohezagira abakora ivyo igomba. Iyo ntumwa yavuze kandi iti: “Uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.”—Abaheburayo 11:6.
Ukwizera nk’ukwo ni ko kwahinduye ubuzima bwa John, Tania be n’abandi bavuzwe muri iki kiganiro. Kwatumye bahanga amaso Ijambo ry’Imana Bibiliya, bafise ukwizigira kwuzuye, kugira ngo ribarongore mu gufata ingingo. Ryarabafashije kwibabaza mu gihe gito kugira ngo ntibafate ingendo iborohereza mugabo itabereye. Naho ivyo vyabaye vyari bitandukanye, vyose vyatanguye kumwe. Umwe mu Vyabona vya Yehova yariganye n’abo bantu Bibiliya, kandi bahava baribonera ukuri kw’ivyo Bibiliya ivuga igira iti: “Ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba.” (Abaheburayo 4:12) Ububasha bw’Ijambo ry’Imana bwarafashije umwe wese muri abo bantu kwubaka ukwizera gukomeye kwahinduye ubuzima bwiwe bukagira akarusho.
Ivyabona vya Yehova barakorera mu bihugu n’amazinga birenga 230. Baraguteye akamo ngo wige Bibiliya. Kubera iki? Kubera yuko bajijutse ko ukwizera gushingiye kuri Bibiliya na wewe nyene kwoshobora kuryohora cane ubuzima bwawe.
[Akajambo k’epfo]
a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 3]
Ukwizera gushingiye kuri Bibiliya kurashobora guhindura ubuzima bukagira akarusho