Ntitukigere Twiyonjorora Tugahona!
“Tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona.”—ABAHEBURAYO 10:39.
1. Ni ibiki vyabaye bituma intumwa Petero atekerwa n’ubwoba?
INTUMWA zitegerezwa kuba zaraguye mu gahundwe igihe Shebuja wazo zakunda Yezu, yazibwira ko zose zosabagiye zikongera zikamuta. Ikintu nk’ico coshitse gute muri ico gihe yari akeneye imfashanyo ihambaye kuruta? Petero yashimitse ati: “Naho bose botsindwa, jewe haba na mba.” (UB) Mu vy’ukuri, Petero yari umugabo w’intwari kandi ashize amanga. Mugabo igihe Yezu yagurishwa hanyuma agafatwa, za ntumwa harimwo na Petero nyene, zarasabagiye. Mu nyuma, igihe Yezu yariko arasambishwa mu nzu y’Umuherezi Mukuru Kayafa, Petero yaragumye muri ico kirimba umutima utari mu nda. Uko iryo joro ry’igikonyozi ryariko ririterera, kumbure Petero yahavuye atinya ko Yezu hamwe n’uwundi wese yifatanije na we bashobora kwicwa. Igihe bamwe mu barorerezi bamenya ko Petero ari umwe wo mu bifatanije cane na Yezu, yaratekewe n’ubwoba. Yararahiye ararengwa incuro zitatu ivy’uko hari ico basana na Yezu. Petero yarahakanye mbere ko no kumumenya atamuzi!—Mariko 14:27-31, 66-72.
2. (a) Ni kuki ingendo irangwa n’ubwoba Petero yafashe muri rya joro Yezu yafatwamwo itatumye aba “[uwo] mu biyonjorora”? (b) Dukwiye kwiyemeza iki?
2 Ico cari igihe Petero yahororokewe kuruta mu buzima bwiwe, kandi nta mazinda ko ari igihe yicujije mu misi yose isigaye y’ubuzima bwiwe. Ariko none ingendo Petero yafashe muri iryo joro yoba yaratumye aba umunyabwoba? Yoba yatumye aba ‘uwumeze nk’abo’ mu nyuma intumwa Paulo yadondoye igihe yandika ati: “Ariko tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona”? (Abaheburayo 10:39) Benshi muri twebwe bashobora kuba bokwemera ko ayo majambo Paulo yavuze aterekeye Petero. Kubera iki? Kubera ko ubwoba Petero yagize bwari ubw’igihe gito, kakaba ari akaciyemwo mu buzima bw’umuntu yagaragaje uburindutsi be n’ukwizera vyibonekeje. Nk’uko nyene, benshi muri twebwe hari ibihe twaciyemwo kera twibuka tukagira urugero runaka rw’isoni, akaba ari ibihe ubwoba bwadutekeye tutari tuvyiteze bugaca butuma duhagarara tudashize amanga ku bw’ukuri, nk’uko twabishaka. (Gereranya n’Abaroma 7:21-23.) Turashobora kutagira amazinda yuko utwo ducamwo igihe gito tudatuma tuba abo mu biyonjorora bagahona. Mugabo dukwiye kwiyemeza kutigera tuba abantu mwene abo. Kubera iki? Kandi dushobora gute kwirinda gucika umuntu mwene uwo?
Ico Ukwiyonjorora Tugahona Bisobanura
3. Umuhanuzi Eliya na Yona bagize ubwoba gute?
3 Igihe Paulo yandika ivy’“abo mu biyonjorora,” ntiyashaka kuvuga abo gashobora gucamwo bakabura uburindutsi igihe gito. Nta mazinda ko Paulo yari azi ivyari vyarashikiye Petero hamwe n’ibindi bisa na vyo. Eliya, umuhanuzi yashira amanga kandi atarya umunwa, igihe kimwe yaragize ubwoba hanyuma anyaga amagara kubera iterabwoba ry’ukwicwa yagiriwe n’Umwamikazi w’umubisha Yezebeli. (1 Abami 19:1-4) Umuhanuzi Yona yaratekewe n’ubwoba burushirije. Yehova yamushinze gufata urugendo aje mu gisagara cari ruhebwa mu bukazi no mu bukozi bw’ikibi, ari co Ninewe. Yona adatevye yuriye ubwato bwari bugiye i Tarushishi, ku birometero 3.500 uvuye i Ninewe! (Yona 1:1-3) Yamara, yaba abo bahanuzi b’abizigirwa canke ya ntumwa Petero ntawubereye kudondorwa ko ari mu biyonjorora. Kubera iki?
4, 5. (a) Ivyo Paulo yari ahejeje kuvuga bidufasha gute kumenya ico yashatse kuvuga mu Baheburayo 10:39 igihe yavuga ivy’uguhona’? (b) Paulo yashatse kuvuga iki igihe yavuga ati: “Tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona”?
4 Nurabe iyo nyubako yose y’amajambo Paulo yakoresheje. Yagize ati: “Ariko tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona.” (Ni twe tubihiritse.) Yashatse kuvuga iki mu kuvuga ngo “bagahona”? Ijambo ry’Ikigiriki yakoresheje ryerekeza rimwe na rimwe ku guhona kw’ibihe bidahera. Iyo nsobanuro irahuje n’ivyariko biravugwa. Paulo yari ahejeje kubura ati: “Namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana.”—Abaheburayo 10:26, 27.
5 Urumva rero ko igihe Paulo yabwira abo bisangiye ukwemera ati: “Tweho ntitur’abo mu biyonjorora bagahona,” yashaka kuvuga ko we hamwe n’abasoma ivyo yanditse b’Abakirisu b’abizigirwa bari bariyemeje kutigera batera umugongo Yehova bagahagarika kumukorera. Kubikora nta handi vyobashikanye atari mu mahonero y’ibihe bidahera. Yuda Isikaryota yari umwe mu biyonjoroye agahona mwene ukwo, nk’uko n’abandi bansi b’ukuri barwanije nkana impwemu ya Yehova bahonye. (Yohana 17:12; 2 Ab’i Tesalonike 2:3) Abantu mwene abo bari muri ba “banyabwoba” (NW) bahona agahenebere mu kiyaga c’umuriro c’ikigereranyo. (Ivyahishuriwe 21:8) Oyaye, ntitunashaka na gato kuba nk’abo!
6. Shetani ya Diyabule ashaka ko dufata iyihe ngendo?
6 Shetani ya Diyabule ashaka ko twiyonjorora tugahona. Kubera ko ari karuhariwe mu “bikorwa vy’uruyeri,” arazi yuko ingendo ijana mu kaga nk’iyo kenshi itangurira mu tuntu dutoduto. (Abanyefeso 6:11, NW, akajambo k’epfo) Iyo uruhamo rweruye runaniwe gushika ku co yipfuza, ararondera gukuguta ukwizera kw’Abakirisu b’ukuri akoresheje urwenge. Ashaka kubona Ivyabona vya Yehova bashize amanga kandi b’abanyamwete baceceka. Nimuze turabe amayeri yakoresheje mu kurwanya Abakirisu b’Abaheburayo Paulo yandikiye.
Ukuntu Abakirisu Bahatwa Kwiyonjorora
7. (a) Kahise k’ishengero ry’i Yeruzalemu kari akahe? (b) Ivy’impwemu vyari vyifashe gute kuri bamwebamwe basoma ivyo Paulo yanditse?
7 Ibimenyamenya birerekana ko Paulo yandikiye iryo kete Abaheburayo nko mu 61 G.C. Ishengero ry’i Yeruzalemu ryari ryagize kahise karangwa n’umudugararo. Inyuma y’urupfu rwa Yezu, harateye uruhamo rukaze, rutuma Abakirisu benshi bari muri ico gisagara bategerezwa gusabagira. Ariko rero hakurikiye ikiringo c’amahoro, gituma igitigiri c’Abakirisu kigwira. (Ivyakozwe 8:4; 9:31) Uko imyaka yarengana, ibindi bihe vy’uruhamo be n’ayandi magume vyaza birakurakuranwa. Bisa n’uko igihe Paulo yandikira ikete Abaheburayo, iryo shengero ryari ryasubiriye kugira agahengwe. No muri ico gihe nyene hariho imikazo. Hafi imyaka mirongo itatu yari ihaciye kuva Yezu abuye ivy’isangangurwa rya Yeruzalemu. Bisa n’uko hari abiyumvira yuko iherezo ryari ryatevye birenze urugero n’uko ritoje bakiriho. Abandi, na canecane abari bakiri bashasha mu kwizera, ntibaribwageragezwe n’uruhamo rukomeye kandi nta vyinshi bari bazi ku vyerekeye akamaro ko kwihangana mu kigeragezo. (Abaheburayo 12:4) Nta nkeka ko Shetani yarondera gufatira kuri ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe. None yakoresheje “ibikorwa vy’uruyeri” ibihe?
8. Ni inyifato iyihe Abayuda benshi bari bafise kw’ishengero rishasha ry’Abakirisu?
8 Abayuda baba i Yeruzalemu hamwe n’i Yudaya barabana akagaye iryo shengero rishasha ry’Abakirisu. Dufatiye ku biri mw’ikete Paulo yanditse, hari iciyumviro tuhakura cerekeye ukuntu indongozi z’amadini z’Abayuda hamwe n’abanywanyi babo b’ubwibone bashinyagurira abo Bakirisu. Kukaba nk’ako, bashobora kuba bavuga bati: ‘Turafise urusengero ruhambaye i Yeruzalemu, rumaze ibinjana n’ibindi ruhagaze! Turafise umuherezi mukuru w’intore ahakorera, hamwe n’abaherezi b’ivyegera vyiwe. Amashikanwa atangwa ku musi ku musi. Turafise Ivyagezwe, vyahawe Mose biciye ku bamarayika kandi bikemezwa n’ibimenyetso bikomakomeye ku Musozi Sinayi. Ako kadumbi kadutse, abo Bakirisu biyonkoye kw’idini ry’Abayuda, nta kintu na kimwe muri ibi bafise!’ Mbega none agakengerwe nk’ako hoba hari ico koba karashitseko? Biboneka ko Abakirisu b’Abaheburayo bamwebamwe bateshejwe umutwe n’ivyo bitero. Ikete rya Paulo ryaje kubafasha hageze.
Igituma Batari Bakwiye Kwigera Biyonjorora Bagahona
9. (a) Ni iciyumviro nyamukuru ikihe kivugwa hose mw’ikete ryandikiwe Abaheburayo? (b) Ni mu buryo ki Abakirisu basukurira mu rusengero rwiza kuruta rwa rundi rw’i Yeruzalemu?
9 Nimuze twihweze imvo zibiri Paulo yahaye abavukanyi n’abavukanyikazi biwe ba hariya i Yudaya zari gutuma batigera biyonjorora bagahona. Iya mbere, ikaba yari ukuntu ugusenga kw’Abakirisu kwari kuminuje, ni kwo kuvugwa hose mw’ikete ryandikiwe Abaheburayo. Hose mw’ikete ryiwe, Paulo yaciye irya n’ino ico ciyumviro. Urusengero rw’i Yeruzalemu nta kindi rwari atari ikigereranyo c’ikintu gihambaye kuruta, ni ukuvuga urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwa Yehova, inyubakwa “[itubatswe] n’intoke.” (Abaheburayo 9:11) Abo Bakirisu bari bafise agateka ko gusukura muri iyo ndinganizo yo mu buryo bw’impwemu yerekeye ugusenga gutyoroye. Bakora bisunga isezerano ryiza kuruta, rya sezerano rishasha ryari ryarasezeranwe kuva kera, iryari rifise Umuhuza aruta Musa ari we Yezu Kirisitu.—Yeremiya 31:31-34.
10, 11. (a) Ni kuki amamuko ya Yezu atatumye aba uwudakwije ibisabwa kugira ngo asukure ari Umuherezi Mukuru mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu? (b) Ni mu buryo ubuhe Yezu yari Umuherezi Mukuru aruta wa wundi yasukurira mu rusengero i Yeruzalemu?
10 Abo Bakirisu bari bafise kandi Umuherezi Mukuru ahambaye kuruta, ari we Yezu Kirisitu. Emwe, ntiyakomotse kuri Aroni. Ahubwo, yari Umuherezi Mukuru “mu buryo bga Melekisedeki.” (Zaburi 110:4) Melekisedeki, uwo amamuko yiwe atanditswe, yari umwami w’i Salemu ya kera n’umuherezi mukuru w’aho. Gutyo, yabaye ikigereranyo menyeshakazoza kibereye ca Yezu, uwo ubuherezi bwiwe butari buhagaze ku kuba yamuka ku muntu w’umunyagasembwa mugabo bwari buhagaze ku kintu cari gihambaye kuruta, ni ukuvuga indahiro ya Yehova Imana ubwiwe. Nka kumwe kwa Melekisedeki, Yezu ntasukura ari Umuherezi Mukuru gusa ariko kandi asukura ari Umwami, uwutazokwigera apfa.—Abaheburayo 7:11-21.
11 Vyongeye, Yezu ntiyari nka wa muherezi mukuru yari mu rusengero rw’i Yeruzalemu, we ntiyategerezwa gutanga ibimazi umwaka ku wundi. Ikimazi ciwe cari ubuzima bwiwe bwite butagira agasembwa, ubwo yatanze rimwe rizima. (Abaheburayo 7:27) Ivyo bimazi vyose vyatangwa ku rusengero vyari igitutu gusa, bikagereranya ikimazi Yezu yatanze. Ikimazi ciwe kitagira agasembwa catumye abagaragaza ukwizera bose bagirirwa ikigongwe nyakuri. Iceza umutima kandi ni amajambo Paulo yavuze yerekana ko uwo Muherezi Mukuru ari wa wundi nyene adahindagurika, Yezu umwe Abakirisu b’i Yeruzalemu bari baramenye. Yaricisha bugufi, yari umunyabuntu akaba kandi ashobora “kubabarana natwe mu ntege nke zacu.” (Abaheburayo 4:15; 13:8) Abo Bakirisu basizwe bari bafise icizigiro co gusukura ari abaherezi b’ivyegera vya Kirisitu! None bari gushobora no kwiyumvira gute ivy’ukwiyonjorora bagasubira mu bintu “vya goyigoyi, bitagira ikimazi” vy’idini yononekaye y’Abayuda?—Ab’i Galatiya 4:9.
12, 13. (a) Paulo yatanze imvo iyihe igira kabiri y’ukutigera umuntu yiyonjorora? (b) Ni kuki ukwihangana kw’Abakirisu b’Abaheburayo bari baragaragaje muri kahise kwoshoboye kubaremesha ntibigere biyonjorora bagahona?
12 Nk’aho ivyo bitoba bihagije, Paulo yarahaye Abaheburayo iyindi mvo igira kabiri yotumye batigera biyonjorora bagahona, na yo ni ukwihangana bari baragaragaje. Yanditse ati: “[Mugume] mwibuk[a] imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano.” Paulo yabibukije ko bari “[bara]citse akābarore” mu kwambikwa ibara no mu guseserezwa. Bamwe bari baratawe mu mvuto; abandi bari barababaranye n’abari mw’ibohero bongera barabafata mu mugongo. Ni vyo, bari baragaragaje ukwizera n’ukwihangana vy’akarorero. (Abaheburayo 10:32-34) Yamara none, ni kuki Paulo yabasavye ‘kuguma bibuka’ ibintu nk’ivyo bibabaje vyabashikiye? None ivyo ntivyobaciye intege?
13 Ahubwo riho, ‘ukwibuka imisi ya mbere’ vyotumye Abaheburayo bakubitiza agatima mpembero ku kuntu Yehova yari yarabashigikiye mu bigeragezo. Babifashijwemwo na Yehova, bari bamaze kwihanganira ibitero vyinshi vya Shetani. Paulo yanditse ati: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo.” (Abaheburayo 6:10) Cane nyene, Yehova yaribuka ibikorwa biranga ukwizera vyose bakoze, akabizigama mu bwenge bwiwe butagira akarimbi. Tuributswa ukuntu Yezu yaduhimirije kwirundaniriza ubutunzi mw’ijuru. Nta gisuma gishobora kwiba ubwo butunzi; nta nyenzi canke ingese bishobora kubumara. (Matayo 6:19-21) Kukaba nkako, ubwo butunzi bushobora gusangangurwa mu gihe gusa Umukirisu yiyonjoroye agahona. Ivyo vyoshwiragije ubutunzi ubwo ari bwo bwose aba yarirundanirije mw’ijuru. Ese ukuntu iyo ari imvo ikomeye cane Paulo yahaye Abakirisu b’Abaheburayo yo kutigera bakurikirana ingendo mwene iyo! Ni kuki none botakaza imyaka yose basukuye ari abizigirwa? Vyobaye bibereye kandi ari vyiza kuruta kubandanya kwihangana.
Igituma Tudakwiye Kwigera Twiyonjorora Tugahona
14. Ni ingorane izihe duhangana na zo zisa n’izashikiye Abakirisu bo mu kinjana ca mbere?
14 Abakirisu b’ukuri muri iki gihe barafise imvo zikomakomeye nk’uko nyene zotuma batiyonjorora. Ubwa mbere, nimuze twibuke umuhezagiro dufise mu bijanye n’uburyo bw’ugusenga gutyoroye Yehova yaduhaye. Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, tubayeho mu gihe abanywanyi b’amadini ahurumbirwa na benshi badushinyagurira bongera badutwengera mw’ijigo, bakadoma urutoke n’ubwishime n’akantu ku masengero yabo y’akajoreza be no ku kuntu inyigisho zijanye n’imigenzo ari iza kera cane. Mugabo, Yehova aradukura amazinda yuko yemera uburyo bwacu bw’ugusenga. Kukaba nkako, muri iki gihe turaronka imihezagiro Abakirisu bo mu kinjana ca mbere batari bafise. Ushobora kwibaza uti: ‘Ivyo bishoboka gute?’ Na kare babayeho igihe rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwatangura gukora. Kirisitu yacitse Umuherezi Mukuru warwo aho abatirijwe mu 29 G.C. Bamwe muri bo barabonye wa Mwana w’Imana akora ibitangaro. Eka mbere n’inyuma y’urupfu rwiwe, harabaye ibindi bitangaro. Mugabo rero nk’uko vyari vyaravuzwe imbere y’igihe, ingabirano nk’izo amaherezo zararangiye.—1 Ab’i Korinto 13:8.
15. Abakirisu b’ukuri babayeho mu gihe c’iranguka ry’ubuhe buhanuzi, kandi ivyo bisobanura iki kuri twebwe?
15 Ariko rero, tubayeho mu gihe c’iranguka riri n’ico rivuze ry’ubuhanuzi bushika kure bwerekeye urusengero buri muri Ezekiyeli ikigabane ca 40-48.a Nuko, twarabonye ugusubizwa umutamana kw’indinganizo y’Imana y’ivy’ugusenga gutyoroye. Urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwaratyorowe rukurwamwo ibintu vyose vy’ubwononekare mu vy’idini n’ivy’ugusenga ibigirwamana. (Ezekiyeli 43:9; Malaki 3:1-5) Niwiyumvire uturusho twaronkeye muri iryo tyororwa.
16. Ni ihinduka ry’agacamutima irihe Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahanganye na ryo?
16 Mu kinjana ca mbere, vyaboneka ko ishengero ritunganijwe rya gikirisu ata kazoza gashemeye ryari rifise. Yezu yari yarabuye yuko vyobaye nk’aho umurima uherutse guterwamwo ingano wobibwamwo urwamfu, bigatuma ingano bisa n’aho zitotandukanywa n’urwamfu. (Matayo 13:24-30) Kandi iryo yavuze ryaratashe. Mu mpera z’ikinjana ca mbere, igihe Yohani ya ntumwa yari igeze mu zabukuru yakora nk’uwurwanya ubwononekare wa nyuma, ubuhakanyi bwari bumaze gukwiragira. (2 Ab’i Tesalonike 2:6; 1 Yohana 2:18) Hadaciye na kabiri inyuma y’urupfu rw’intumwa, umugwi w’indongozi z’idini uri ukwawo waravutse, uracinyiza umukuku kandi bakambara ibibatandukanya n’abandi. Ubuhakanyi bwarakwiragiye nk’akaranda. Ese ukuntu vyari agacamutima ku Bakirisu b’abizigirwa! Bariboneye ukuntu ya ndinganizo yari iherutse gushingwa y’ugusenga gutyoroye yarengewe n’iyononekaye. Ivyo vyabaye ata n’ikinjana kihaciye Yezu ashinze iryo shengero.
17. Ni mu buryo ki ishengero ry’Abakirisu ryo mu gihe ca none rimaze igihe kirekire kuruta iryo mu kinjana ca mbere?
17 Ubu na ho, nurimbure igihushanye n’ivyo. Muri iki gihe, ugusenga gutyoroye kuramaze igihe kiruta ca kiringo co gushika ku gupfa kw’intumwa. Kuva igihe hasohorwa inomero ya mbere y’iki kinyamakuru mu 1879, Yehova yaraduhezagiye mu kuguma arushiriza gutyorora ugusenga kwacu. Yehova na Kirisitu Yezu barinjiye mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu mu 1918 bafise intumbero yo kuruhumanura. (Malaki 3:1-5) Kuva mu 1919, indinganizo y’ivy’ugusenga Yehova Imana yarakuwemwo inkamba uko bukeye uko bwije. Intahuro yacu y’ubuhanuzi bwa Bibiliya hamwe n’ingingo ngenderwako zayo yararushirije gutomoka. (Imigani 4:18) Ivyo none twovyitirira nde? Si abantu b’abanyagasembwa. Yehova we musa, kumwe n’Umwana wiwe, we Mutwe w’ishengero, ni we ashoboye gukingira abasavyi biwe ubwononekare muri ibi bihe vyononekaye. Ntitukigere rero tunanirwa gushimira Yehova kuba yaraturetse tukagira uruhara mu gusenga gutyoroye muri iki gihe. Kandi nimuze twiyemeze dushikamye kutigera twiyonjorora tugahona!
18. Ni imvo iyihe dufise yotuma tutigera twiyonjorora tugahona?
18 Nka ba Bakirisu b’Abaheburayo, turafise imvo igira kabira yotuma dutera akagere ingendo y’ubunyabwoba n’iyo kwiyonjorora, na yo ni ukwihangana kwacu. Twaba twatanguye gukorera Yehova mu myaka ya vuba canke tukaba tumaze imyaka mirongo tumukorera tudahemuka, hari ibikorwa vya gikirisu twaranguye. Benshi muri twebwe baracumukujwe n’uruhamo, kwaba ugutabwa mw’ibohero, ukubuzwa kw’igikorwa, ugufatwa runyamaswa, canke ugutakaza utwacu. Abandi benshi barahanganye n’uruhamo rwo mu muryango, agakengerwe, agacokoro, hamwe n’ukutabinegwa. Twese twarihanganye, turabandanya mu murimo dukorera Yehova tudahemuka naho hari ingorane be n’ibigeragezo mu buzima. Mu kugira gutyo, twarashitse ku kwihangana Yehova atazokwibagira, ikigega c’ubutunzi mw’ijuru. Nta mazinda rero ko iki atari igihe co kwiyonjorora tugasubira mu runkwekwe rushaje rwononekaye twasize inyuma! Ni kuki none twotuma ibikorwa twakoze tugatama vyose biba impfagusa? Na canecane ivyo ni uko bimeze no muri iki gihe, hasigaye “igihe gito cane” gusa imbere y’uko umuhero uza.—Abaheburayo 10:37.
19. Tuza kwihweza iki mu kiganiro cacu gikurikira?
19 Egome, nimuze twiyemeze yuko “tweho [tutaba] abo mu biyonjorora bagahona”! Ahubwo, ingo tube “abo mu b[afise ukw]izera.” (Abaheburayo 10:39) Dushobora kumenya neza gute ko duhuje n’iyo ndondoro, kandi dushobora gufasha gute Abakirisu bagenzi bacu kugira nk’ukwo nyene? Ikiganiro cacu gikurikira kiraza kurimbura ico kibazo.
[Akajambo k’epfo]
Woba Uvyibuka?
◻ Kwiyonjorora umuntu agahona bisobanura iki?
◻ Ni imikazo iyihe yari kuri ba Bakirisu b’Abaheburayo Paulo yandikiye?
◻ Ni imvo izihe zo kutiyonjorora umuntu agahona Paulo yahaye Abaheburayo?
◻ Ni imvo izihe dufise zotuma twiyemeza kutigera twiyonjorora tugahona?
[Ifoto ku rup. 7]
Akamuciyemwo Petero agatekerwa n’ubwoba ntikatumye aba “[uwo] mu biyonjorora bagahona”