Nimube Abasomyi Bahimbawe b’Igitabu c’Ivyahishuriwe
“Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo.”—IVYAHISHURIWE 1:3.
1. Igihe intumwa Yohani yandika Ivyahishuriwe, ivyiwe vyari vyifashe gute, kandi ni igiki catumye ivyo vyeretswe bishirwa mu nyandiko?
“JEWE Yohana, . . . nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.” (Ivyahishuriwe 1:9) Ukwo ni ko ivy’intumwa Yohani vyari vyifashe igihe yandika igitabu c’Ivyahishuriwe. Hari abiyumvira ko yajanywe inyagano i Patimo ku ngoma y’Umwami w’abami w’Umuromani Domitien (81-96 G.C.), uwo akaba yarakomeje ivy’ugusenga umwami w’abami yongera arahama Abakirisu. Igihe Yohani yari i Patimo, yareretswe urukurikirane rw’ibintu, aca aravyandika. Ntiyavyiganye kugira ngo arandure umutima Abakirisu bo hambere, mugabo kwari kugira ngo abakomeze, abahumurize yongere abaremeshe ku bw’ibigeragezo vyariko birabashikira n’ivyari biri imbere.—Ivyakozwe 28:22; Ivyahishuriwe 1:4; 2:3, 9, 10, 13.
2. Ni kuki ukuntu ivya Yohani n’Abakirisu bagenziwe vyari vyifashe bikwiye kwitwararikwa n’Abakirisu bo muri iki gihe?
2 Ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe ico gitabu ca Bibiliya candikwa birafise ico bivuze kinini ku Bakirisu bo muri iki gihe. Yohani yariko arahamwa kubera ko yari Icabona ca Yehova n’ic’Umwana wiwe Kirisitu Yezu. We n’Abakirisu bagenziwe babaho mu rwanko kubera yuko, naho bihata kuba abanyagihugu beza batashobora kuja mu vy’ugusenga umwami w’abami. (Luka 4:8) Mu bihugu bimwebimwe, Abakirisu b’ukuri muri iki gihe basanga ivyabo vyifashe nk’ukwo nyene, aho Leta yibwira yuko ifise uburenganzira bwo gushinga “ikibereye mu vyerekeye idini.” Ese rero ukuntu aya majambo dusanga mu ntangamarara y’igitabu c’Ivyahishuriwe ahumuriza! Agira ati: “Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.” (Ivyahishuriwe 1:3) Egome, abasoma Ivyahishuriwe bavyitondera kandi bakagamburuka barashobora kuronka agahimbare nyakuri be n’imihezagiro myinshi.
3. Ni nde ari Isoko ry’Ivyahishuriwe vyeretswe Yohani?
3 Ni nde Soko nyamukuru ry’Ivyahishuriwe, kandi ni umuhora uwuhe ukoreshwa kugira ngo abishikirize? Umurongo utangura utubwira uti: “Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana.” (Ivyahishuriwe 1:1) Tubivuze mu buryo bworoshe, Isoko nyaryo ry’Ivyahishuriwe ni Yehova Imana, uwabihaye Yezu, hanyuma biciye ku mumarayika Yezu na we aca abimenyesha Yohani. Ubundi bushakashatsi buke burahishura yuko Yezu yakoresheje kandi impwemu yera kugira ngo ashikirize ubutumwa amashengero no kugira ngo agire ivyo yereka Yohani.—Ivyahishuriwe 2:7, 11, 17, 29; 3:6, 13, 22; 4:2; 17:3; 21:10; gereranya n’Ivyakozwe 2:33.
4. Ni uburyo ubuhe Yehova agikoresha muri iki gihe mu kuyobora abasavyi biwe bo kw’isi?
4 Yehova aracakoresha Umwana wiwe, ari we “mutwe w’ishengero,” mu kwigisha abasavyi biwe bari kw’isi. (Abanyefeso 5:23; Yesaya 54:13; Yohana 6:45) Yehova arakoresha kandi impwemu yiwe mu kwigisha abasavyi biwe. (Yohana 15:26; 1 Ab’i Korinto 2:10) Nk’uko kandi Yezu yakoresheje “umugurano wiwe Yohana” kugira ngo ashikirize amashengero yo mu kinjana ca mbere imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu zikomeza, ni na ko muri iki gihe akoresha “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” agizwe n’ ‘abavukanyi’ biwe basizwe bari ngaha kw’isi, kugira ngo bahe abagurano biwe na bagenzi babo “imfungurwa [zo mu buryo bw’impwemu] mu gihe kibereye.” (Matayo 24:45-47, NW; 25:40) Hahirwa abemera icese Isoko ry’ ‘ingabirano nziza’ turonka mu buryo bw’imfungurwa z’ivy’impwemu be n’umuhora ariko arakoresha.—Yakobo 1:17.
Amashengero Ayoborwa na Kirisitu
5. (a) Amashengero y’Abakirisu n’abacungezi bayo bagereranywa n’ibiki? (b) Naho turi abantu b’abanyagasembwa, ni igiki kizoterera ku gahimbare kacu?
5 Mu bigabane vya mbere vy’Ivyahishuriwe, amashengero ya gikirisu asanishwa n’ibiterekwako amatara. Abacungezi bayo basanishwa n’abamarayika (intwarabutumwa) be n’inyenyeri. (Ivyahishuriwe 1:20)a Kirisitu yarivuze abwira Yohani kwandika ibi: “Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’inzahabu, aravuga ibi.” (Ivyahishuriwe 2:1) Bwa butumwa ndwi bwarungikirwa amashengero ndwi yo muri Aziya bwerekana yuko mu kinjana ca mbere G.C., amashengero be n’abakurambere bayo bari bafise ivyo bakomeyemwo n’ivyo bagoyagoyamwo. No muri iki gihe ni ukwo bimeze. Ni co gituma tuzorushiriza guhimbarwa mu gihe tutigeze twibagira ivy’uko Kirisitu, we Mutwe wacu, ari hagati mu mashengero. Arazi neza ibiriko biragirwa. Mu buryo bw’ikigereranyo abacungezi bari “mu kuboko [kwiwe] kw’i buryo,” ni ukuvuga ko ari we abarongora, bakaba kandi bafise ico bazobazwa na we ku vy’ukuntu baragira ishengero.—Ivyakozwe 20:28; Abaheburayo 13:17.
6. Ni igiki cerekana yuko abacungezi atari bo bonyene gusa bafise ico babazwa na Kirisitu?
6 Ariko rero twoba turiko turibesha turamutse twiyumviriye yuko abacungezi gusa ari bo bafise ico bazobazwa na Kirisitu kubera ivyo bakoze. Muri bumwe mu butumwa bwiwe, Kirisitu yavuze ati: “Amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.” (Ivyahishuriwe 2:23) Ubwo butumwa bugize kuba imburizi bukaba kandi n’isoko ry’indemesho—ni imburizi yuko Kirisitu azi ibidusunikira kugira ico dukoze bishinze imizi muri twebwe, bukaba n’indemesho kubera yuko butwemeza ko Kirisitu azi utwigoro twacu n’uko azoduhezagira nitwakora uko dushoboye.—Mariko 14:6-9; Luka 21:3, 4.
7. Abakirisu b’i Filadelufiya ‘bitondeye ijambo ryerekeye ukwihangana kwa Yezu’ gute?
7 Ubutumwa Kirisitu yarungikiye ishengero riri i Ludiya muri Filadelufiya nta gikangiro burimwo, mugabo buratanga umuhango dukwiye kwitwararika cane. Bugira buti: “Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.” (Ivyahishuriwe 3:10) Amajambo y’Ikigiriki yahinduwe ngo “witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje” ashobora kandi gusobanura ngo “witondeye ivyo navuze vyerekeye ukwihangana.” Umurongo w’8 werekana yuko Abakirisu b’i Filadelufiya batagamburutse amabwirizwa ya Kirisitu gusa, mugabo kandi ko bakurikije impanuro yatanze yuko ubwabo bokwihangana badahemuka.—Matayo 10:22; Luka 21:19.
8. (a) Yezu yasezeraniye iki Abakirisu b’i Filadelufiya? (b) Ni bande muri iki gihe bashikirwa n’ “igihe co kugerageza?”
8 Yezu yongeyeko yuko azobarinda “igihe co kugerageza.” Ntituzi neza na neza ico ivyo vyasobanura ku Bakirisu bo muri ico gihe. Naho nyene uruhamo rwacureshe akanya gato inyuma y’urupfu rwa Domitien mu 96 G.C., ikindi gihuhusi c’uruhamo caratanguye ku ngoma ya Trajan (98-117 G.C.), nta nkeka gitera ibindi bigeragezo. Mugabo “igihe co kugerageza” gihambaye cashitse mu “musi w’Umukama” mu “gihe c’iherezo” ubu turimwo. (Ivyahishuriwe 1:10, Ubwuzure Bushasha; Daniyeli 12:4) Abakirisu basizwe impwemu baciye mu gihe kidasanzwe c’ibigeragezo mu gihe c’Intambara ya Mbere y’Isi Yose be n’igihe yari ikimara kurangira. Yamara, “igihe co kugerageza” kiracariho. Kiragira ico gikoze ku “[baba mu] bihugu vyose” dushizemwo n’amamiliyoni agize ishengero rinini, bizigiye kuzorokoka ya marushwa ahambaye. (Ivyahishuriwe 3:10; 7:9, 14) Tuzoba duhimbawe ‘nitwitondera ivyo Yezu yavuze ku vyerekeye ukwihangana,’ na vyo bikaba ari ibi: “Uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.”—Matayo 24:13.
Kuyobokera n’Umunezero Ukugaba n’Ukuganza kwa Yehova
9, 10. (a) Ni mu buryo ubuhe iyerekwa ry’intebe y’ubwami ya Yehova rikwiye kugira ico rikoze kuri twebwe? (b) Ugusoma Ivyahishuriwe kwacu gushobora gute guterera mu vy’uko tugira agahimbare?
9 Iyerekwa ry’intebe y’ubwami ya Yehova be n’ikirimba ciwe co mw’ijuru bishikirizwa mu kigabane ca 4 n’ica 5 vy’Ivyahishuriwe birakwiye gutuma tugira akoba. Dukwiye gutangazwa n’amajambo akora ku mutima yo gushemeza yavuzwe n’ibiremwa vy’ububasha vyo mw’ijuru mu kuyobokera n’umunezero ukugaba n’ukuganza kugororotse kwa Yehova. (Ivyahishuriwe 4:8-11) Amajwi yacu arakwiye kwumvikana yifatanije n’ayavuga ngo: “Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.”—Ivyahishuriwe 5:13.
10 Mu buryo ngirakimazi, ivyo bisobanura kuyobokera n’umunezero ivyo Yehova agomba mu bintu vyose. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’uwo.” (Ab’i Kolosayi 3:17) Ugusoma Ivyahishuriwe kwacu kuzotuma duhimbarwa vy’ukuri niba imbere mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu twemera icese ukugaba n’ukuganza kwa Yehova kandi mu mice yose y’ubuzima bwacu tugakora ibintu tubanje kuraba ivyo agomba.
11, 12. (a) Urunkwekwe rwo kw’isi rwa Shetani ruzonyiganyizwa rwongere rusangangurwe gute? (b) Nk’uko mu Vyahishuriwe ikigabane c’7 habivuga, ni bande “[bazo]shobora guhagarara” muri ico gihe?
11 Kuyobokera n’umunezero ukugaba n’ukuganza kwa Yehova ni ryo shingiro ry’ubuhirwe bw’umuntu umwumwe n’ubw’ivyaremwe vyose. Ikinyamugigima gikomeye c’ikigereranyo kigiye kunyiganyiza ivy’isi ya Shetani gushika ku mishinge yavyo congere kibisangangure. Nta kibanza c’ubuhungiro kizoba kihari ku bantu banka kuyobokera intwaro ya cami yo mw’ijuru irongowe na Kirisitu, ikaba iserukira ubutegetsi bwemewe bw’Imana. Ubuhanuzi bugira buti: “Abami bo mw isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi; babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Īvyagiye kur’irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama; kuk’umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?”—Ivyahishuriwe 6:12, 15-17.
12 Ku biraba ico kibazo, mu kigabane gikurikira intumwa Yohani adondora abagize ishengero ryinshi, bavuye muri wa mubabaro mwinshi, “bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama.” (Ivyahishuriwe 7:9, 14, 15) Ukuba bahagaze imbere y’intebe y’ubwami y’Imana vyerekana yuko bemera icese iyo ntebe y’ubwami kandi bakayobokera mu buryo bwuzuye ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Ni co gituma bahagaze bemewe.
13. (a) Abenshi mu bantu baba kw’isi basenga iki, kandi ugushirwako ikimenyetso ku ruhanga rwabo no ku kiganza cabo bigereranya iki? (b) Ni kuki rero ukwihangana kuzokenerwa?
13 Ku rundi ruhande, ikigabane c’13 kidondora abasigaye mu baba kw’isi basenga urunkwekwe rw’ivya politike rwa Shetani, rugereranywa n’inyamaswa. Barashirwako ikimenyetso ku “ruhanga” rwabo canke ku “kiganza” cabo ivyo bikerekana ko bashigikiye urwo runkwekwe mu vyiyumviro no mu bikorwa. (Ivyahishuriwe 13:1-8, 16, 17) Maze ikigabane c’14 congerako giti: “Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. . . . Aho ni ho ukwihangana kw abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.” (Ivyahishuriwe 14:9, 10, 12) Uko igihe kizoza kirarengana, ikibazo kizorushiriza kubaho ni iki: Ni nde ushigikira? Woba ushigikira Yehova n’ukugaba n’ukuganza kwiwe canke ushigikira urunkwekwe rw’ivya politike rutibanga Imana rugereranywa n’inyamaswa? Hahirwa abazokwirinda gushirwako ikimenyetso ca ya nyamaswa kandi bakaguma bihangana ari intahemuka mu kuyobokera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova.
14, 15. Ni ubutumwa ubuhe buciramwo indondoro yo mu Vyahishuriwe yerekeye Harumagedoni, none ivyo bisobanura iki kuri twebwe?
14 Abategetsi bo kw’ “isi yose” bagize urunani, berekeza ku gutana mu mitwe na Yehova ku vy’ikibazo cerekeye uwogaba akaganza. Agaheta kavyo kazoba Harumagedoni, ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.” (Ivyahishuriwe 16:14, 16) Hari amajambo acishijwemwo akwegera ari mu tuzitiro hagati nyene y’iyo ndondoro y’itororokana ry’abatware bo kw’isi ku bw’intambara barwana na Yehova. Yezu ubwiwe araciriyemwo iryo yerekwa kugira avuge ati: “Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.” (Ivyahishuriwe 16:15) Ivyo bishobora kuba bishaka kwerekeza ku barinzi b’Abalewi bo ku rusengero bamburwa impuzu zabo kandi bagakozwa isoni ku mugaragaro baramutse bafashwe basinziriye mu gihe c’uburinzi bwabo.
15 Ubwo butumwa buratomoye: Niba dushaka kurokoka kuri Harumagedoni, dutegerezwa kuguma turi maso mu vy’impwemu kandi tukagumana impuzu zacu z’ikigereranyo zituranga ko turi Ivyabona vya Yehova Imana b’abizigirwa. Tuzogira umunezero nitwirinda kuyama mu vy’impwemu kandi tukabandanya kudatezura, tukagira uruhara n’umwete mu gukwiragiza “inkuru nziza itazoshira” y’Ubwami bwashinzwe bw’Imana.—Ivyahishuriwe 14:6.
‘Hahirwa Umuntu Wese Yitondera aya Majambo’
16. Ni kuki ibigabane vya nyuma vy’Ivyahishuriwe bituma duhimbarwa bidasanzwe?
16 Abasomyi bahimbawe b’igitabu c’Ivyahishuriwe akamwemwe ntikabura kubasya igihe basoma ibigabane birangiza bidondora icizigiro cacu c’akaroruhore—ni ukuvuga ijuru rishasha n’isi nshasha ari vyo butegetsi bw’Ubwami bwo mw’ijuru bugororotse butegeka ikibano gishasha c’abantu catyorowe, ivyo vyose bikaba kugira ngo ‘Yehova Imana Mushoboravyose’ ashemezwe. (Ivyahishuriwe 21:22) Igihe urwo rukurikirane rw’akaroruhore rw’ivyeretswe rurangiye, ya ntwarabutumwa y’umumarayika yabwiye Yohani iti: “Ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ukuri, kand’Umwami [“Yehova,” NW] ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba. Kand’ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’iki gitabo.”—Ivyahishuriwe 22:6, 7.
17. (a) Mu Vyahishuriwe 22:6 hadukura amazinda gute? (b) Dukwiye kuba maso kugira ngo twirinde iki?
17 Abasomyi bahimbawe b’Ivyahishuriwe bazokwibuka yuko ayo majambo asa n’ayaseruka mu ntango y’ico “gitabu.” (Ivyahishuriwe 1:1, 3) Ayo majambo adukura amazinda yuko “ibintu” vyose vyavuzwe bwa buhanuzi muri iki gitabu ca nyuma ca Bibiliya “bigira bibeho vuba.” Tugeze kure mu gihe c’iherezo ku buryo ibintu bijanye n’iki gihe vyabuwe mu Vyahishuriwe bitegerezwa gushika vuba ata kabuza, bigakurikirana mu buryo bwihuta. Ni co gituma ukuba urunkwekwe rwa Shetani rusa n’urutsimbataye mu buryo ubwo ari bwo bwose ntibikwiye kudukwegera mw’itiro. Umusomyi ari maso azokwibuka imburizi zatanzwe muri bwa butumwa bwarungikirwa ya mashengero ndwi yo muri Aziya kandi azokwirinda imitego y’uguhahamira amaronko, ugusenga ibigirwamana, ubuhumbu, kuba akazuyazi, be n’utudumbi tw’abahakanyi.
18, 19. (a) Ni kuki Yezu agitegerezwa kuza, kandi ni icizigiro ikihe Yohani yaseruye na twe dufise? (b) Ni kubera imvo iyihe Yehova akiri ‘uwuzoza’?
18 Mu gitabu c’Ivyahishuriwe, Yezu amenyesha akatari gake ati: “Ngira nze vuba.” (Ivyahishuriwe 2:16; 3:11; 22:7, 20a) Aracaza gushitsa urubanza kuri Babiloni Hahambaye, ku runkwekwe rw’ivya politike rwa Shetani, no ku bantu bose banka kuyobokera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, ubu kukaba guserurirwa mu Bwami bwa Mesiya. Turunga amajwi yacu hamwe n’iry’intumwa Yohani, uwavuze ati: “Amen, urakaza Mwami Yesu.”—Ivyahishuriwe 22:20b.
19 Yehova ubwiwe avuga ati: “Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.” (Ivyahishuriwe 22:12) Mu gihe tukirindiriye ingero y’akaroruhore y’ubuzima butagira iherezo tugize umuce w’ “ijuru risha” canke w’ “isi nsha” vyasezeranywe, nimuze twifatanye mu kugira umwete wo gutumira abantu bose b’imitima nzirabugunge duti: “Ngwino. Kand’ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākire amazi y’ubu[zima] ku buntu.” (Ivyahishuriwe 22:17) Ese na bo nyene bocika abasomyi bahimbawe ba ca gitabu cahumetswe kandi gishimishije c’Ivyahishuriwe!
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Ibyahishuwe—Indunduro Yabyo Ikomeye Iri Bugufi! urupapuro rwa 28-29, 136 (akajambo k’epfo).
Ivyiyumviro vyo Gusubiramwo
◻ Yehova yakoresheje umuhora uwuhe mu gushikiriza Ivyahishuriwe, kandi ivyo dushobora kuvyigirako iki?
◻ Ni kuki dukwiye guhimbarwa no gusoma ubutumwa bwarungikiwe ya mashengero ndwi yo muri Aziya?
◻ Dushobora gute kuguma tudora muri ca “gihe co kugerageza”?
◻ Tuzogira akahe gahimbare nitwitondera amajambo ya ca gitabu kirimwo Ivyahishuriwe?
[Ifoto ku rup. 27]
Hahirwa abemera icese Isoko rya ya makuru y’akamwemwe
[Ifoto ku rup. 31]
Hahirwa uwuguma ari maso