2000—Woba Ari Umwaka Udasanzwe?
HOBA hari ikintu na kimwe kidasanzwe ku vyerekeye umwaka w’2000? Abantu baba mu bihugu vya Buraya mu bisanzwe babona ko ari umwaka wa mbere w’imilenari ya gatatu. Imyiteguro ikomakomeye yo kuwuhimbaza iriko iragirwa. Hari ibisaha amahanga vya elegitoronike bariko barashiraho kugira ngo biharure amasegunda gushika imilenari nshasha itanguye. Ibiteramo vya buca ari ubunani biriko biratunganywa. Udupira twanditseko ivyivugo vy’iherezo ry’imilenari turiko turagurishwa mu mamangazini yo hagati mu gihugu be no mu tugari tw’ubucuruzi turi mu bisagara bininibinini.
Amasengero maninimanini na matomato azokwifatanya mu misi mikuru izomara umwaka wose. Mu ntango z’umwaka uza, Papa Yohani Paulo wa II yitezwe kuzogira urugendo muri Isirayeli kugira ngo arongore Abagatolika ba Roma mu ciswe “ihimbazwa rya yubire y’imilenari ya Ekeleziya Gatolika y’i Roma.” Bigereranywa yuko hagati y’ingenzi imiliyoni zibiri n’igice gushika ku miliyoni zitandatu, kuva ku bihebeye Imana gushika ku bazoja kwisumira urusaku, bariko baritegurira kugendera Isirayeli mu mwaka uza.
Ni kuki abantu benshi cane bariko baritegurira kugendera Isirayeli? Karadinali Roger Etchegaray, akaba ari umukozi mu biro vy’i Vatikano, yavugiye Papa ati: “Umwaka w’2000 ni ihimbazwa rya Kirisitu n’ubuzima bwiwe muri iki gihugu. Ni co gituma bidatangaje kuba Papa azoza ngaha.” Umwaka w’2000 ufitaniye isano gute na Kirisitu? Umwaka w’2000 bakunda kwiyumvira yuko werekana neza na neza imyaka 2000 kuva aho Kirisitu avukiye. Mugabo none vyoba ari vyo? Turaza kubiraba.
Umwaka w’2000 uranarushirije kugira ico uvuze ku banywanyi b’imigwi y’ivy’idini imwimwe. Baremera bajijutse yuko nko mu mwaka uza, Yezu azogaruka ku Musozi wa Elayono bakemera kandi ko ya ntambara ya Harumagedoni ivugwa mu gitabu c’Ivyahishuriwe izorwanwa mu mwonga wa Megido. (Ivyahishuriwe 16:14-16) Mu kwitegana igishika ivyo bintu, hari abantu amajana n’amajana baba muri Reta Zunze Ubumwe bariko baragurisha inzu zabo be na vyinshi mu vyo batunze bagaca bimukira muri Isirayeli. Ku neza y’abo bose badashobora guta inzu zabo, hari umuvugabutumwa rurangiranwa wo muri Reta Zunze Ubumwe bivugwa yuko yasezeranye ko azokwerekana kuri televiziyo y’amabara ukugaruka kwa Yezu!
Mu bihugu vya Buraya, imyiteguro yo kwinjira mu milenari ya gatatu iriko iriyongera. Ariko rero, abantu bo mu bindi bihugu baguma bibandaniriza imirimo yabo ya misi yose. Abo bantu—ari na bo benshi kw’isi—ntibemera yuko Yezu w’i Nazareti yari Mesiya. Eka mbere ntibama bemera bwa buryo bwo guharura amatariki bushimikira kuri we ari bwo B.K.-AD.a Nk’akarorero, Abisiramu benshi bakoresha ikirangamisi cabo bwite, icerekana yuko umwaka uza azoba ari uw’1420, atari uw’2000. Abisiramu baharura imyaka bahereye kw’igenekerezo umuhanuzi Muhamedi yaviriyeko i Maka agahungira i Madina. Mu bisanzwe, hirya no hino kw’isi abantu bakoresha ibirangamisi nka 40.
Umwaka w’2000 woba ukwiye kugira ico uvuze ku Bakirisu? None igenekerezo rya 1 Nzero 2000, woba vy’ukuri ari umusi uhambaye bidasanzwe? Ibi bibazo biraza kwishurwa mu kiganiro gikurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Muri bwa buryo bwo guharura amatariki bwa B.K.-A.D., ibintu vyabaye imbere y’itariki bivugwa ko Yezu yavukiyeko bavyitirira imyaka ya “B.K.” (imbere ya Kirisitu); ivyabaye inyuma yaho bakavyitirira imyaka ya “A.D.” (Anno Domini—“mu mwaka w’Umukama wacu.”) Ariko rero, incabwenge zimwezimwe zabinonosoye zihitamwo gukoresha impfunyapfunyo idashingiye ku vy’idini “B.G.C.” (imbere y’Igihe Cacu) na “G.C.” (yo mu Gihe Cacu.)