“Umugabo Ahimbawe Afise Umugore w’Igikundiro”
RIMWE NA RIMWE, hari abantu badoma urutoke ku Vyabona vya Yehova babagiriza ko basenyura ingo. Ariko, ingo zitari nke zirama, aho usanga umwe gusa mu bubakanye ari we ari Icabona ca Yehova, zirerekana ko ivyo atari vyo na gato. Kugendera impanuro za Bibiliya mu buzima bwo mu rugo bituma ingo zihimbarwa, nk’uko vyerekanwa n’ikete rikurikira ryasohowe mu kinyamakuru kimwe c’Igifaransa.
“Haraheze hafi imyaka 28 ndi umugabo ahimbawe afise umugore w’igikundiro w’Icabona ca Yehova. Yarareze abana banje batanu, babiri muri bo bakaba batari abiwe, ababungabunga kumwe n’urukundo rwinshi. Muri iki gihe ndi umuyobozi w’ishirahamwe rifise abakozi 45, ndashobora kubemerera ko umukenyezi wanje yagize uruhara runini kugira akazi kanje kagende neza. Ni co gituma igihe nabona mu kinyamakuru nama nsoma ikiganiro kivuga ko Ivyabona vya Yehova bageramiye intara ya Lot-et-Garonne, naciye mfata ingingo yo kubashingira intahe idafatiye ku nkuru mbarirano.”
Iryo kete rivuga kandi riti: “Ntibanywa itabi kandi ntibaborerwa. None ukwo ni ukugeramira abantu? Ni Abakirisu batari intagondwa, badahatira umuntu n’umwe ku mategeko bisunga. Ahubwo, ni intangakarorero mu bintu vyinshi. . . . Ntibisuka mu vy’ukunyuruza amahera canke mu budandaji bw’ibiyayura umutwe. Ntibagira indagano zo kutigera bubaka, kandi ndashobora kubemerera ko babaho mu buryo busanzwe. . . .
“Murashobora kumbaza muti: None ni kubera iki wewe ubwawe utari Icabona ca Yehova? Ni kubera ko basaba ukwizera kwa Gikirisu hamwe n’ukugendera ubuntu ata gukevya, kandi ivyo bikaba bitorohera abantu benshi.”