ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/7 rup. 4-7
  • Yezu Ashobora Gute Guhindura Ubuzima Bwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Ashobora Gute Guhindura Ubuzima Bwawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyigisho Ziwe
  • Ibikorwa Vyiwe
  • Incungu Yatanze
  • Yezu Kirisitu—Ni Nde?
    Yezu Kirisitu—Ni nde?
  • Yezu Kirisitu Ni Intumwa y’Imana?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Yezu Kirisitu Ni Nde?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/7 rup. 4-7

Yezu Ashobora Gute Guhindura Ubuzima Bwawe?

YEZU KIRISITU yari Umwigisha Ahambaye yaba muri Palesitina hakaba haciye imyaka hafi 2 000. Tuzi bikeyi ku buzima bwiwe akiri muto. Ariko rero, biremezwa neza ko igihe Yezu yari afise imyaka hafi 30 y’amavuka, yatanguye igikenurwa ciwe co “[gushingira] intahe ukuri.” (Yohana 18:37; Luka 3:21-23) Za ntumwa zine zanditse inkuru zerekeye ubuzima bwiwe zashimitse kuri ya myaka itatu n’igice yakurikiye.

Igihe Yezu Kirisitu yariko ararangura igikenurwa ciwe, yarahaye abigishwa biwe ibwirizwa ryobaye umuti w’ingorane injojo ziri kw’isi. Uti iryo bwirizwa ryari irihe? Yezu yavuze ati: “Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.” (Yohana 13:34) Ego cane, urukundo ni wo muti w’ingorane nyinshi zishikira abantu. Ku kindi igihe, babajije Yezu ibwirizwa rihambaye kuruta ayandi yishura ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. Iryo ni ryo rihambaye rya mbere. Har’irindi rya kabiri rimeze nka ryo, n’iri: Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.”—Matayo 22:37-40.

Yezu yaratweretse mu mvugo no mu ngiro ukuntu twokunda Imana na bagenzi bacu. Reka turimbure uturorero dukeyi maze turabe ico dushobora kumwigirako.

Inyigisho Ziwe

Mu nsiguro imwe mu zizwi cane mu nkuru y’ivyabaye, Yezu Kirisitu yabwiye abayoboke biwe ati: “Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.” (Matayo 6:24) Mbega inyigisho Yezu yigishije yerekeye gushira Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu yoba ikiri ngirakimazi muri iki gihe, aho usanga abantu benshi cane bemera ko amahera atorera umuti ingorane zose? Ego ni vyo, turakeneye amahera kugira ngo twitunge. (Umusiguzi 7:12) Yamara rero, nimba turetse “Itunga” rikaba umwami wacu, ‘ugukunda amahera’ kuzotwifatira, kuganze ubuzima bwacu bwose. (1 Timoteyo 6:9, 10) Benshi mu baguye muri uwo mutego vyabashikanye ku gutakaza umuryango wabo, amagara yabo, eka mbere n’ubuzima bwabo.

Ku rundi ruhande, guhanga amaso Imana ikaba Umwami wacu biratuma ubuzima bugira ico buvuze. Kubera ko ari we Muremyi, ni we Soko ry’ubuzima, gutyo akaba ari we musa dukwiriye gusenga. (Zaburi 36:9; Ivyahishuriwe 4:11) Abiga ivyerekeye kamere ziwe bagaheza bakamukunda usanga bagira agatima ko kwitondera amabwirizwa yiwe. (Umusiguzi 12:13; 1 Yohana 5:3) Tubigize biratugirira ikimazi.—Yesaya 48:17.

Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarigishije kandi abigishwa biwe uburyo bwo kugaragariza urukundo bagenzi babo. Yavuze ati: “Ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” (Matayo 7:12) Ijambo “abantu” Yezu yakoresheje ngaha rishiramwo mbere n’abansi b’umuntu. Muri iyo nsiguro nyene, yavuze ati: “[Nimubandanye gukunda] abansi banyu, musabire ababahama.” (Matayo 5:43, 44) None urukundo nk’urwo ntirwotorera umuti ingorane nyinshi duhangana na zo muri iki gihe? Indongozi y’Umuhindu Mohandas Gandhi ni uko yavyiyumvira. Igihe kimwe ngo yavuze ati: “[Nitwashika] ku kwumvikanira ku nyigisho zatanzwe na Kirisitu muri ya Nsiguro yo ku Musozi, tuzoba dushize mu buryo ingorane . . . z’isi yose.” Inyigisho Yezu yigishije zerekeye urukundo zishizwe mu ngiro zirashobora gutorera umuti ingorane nyinshi z’abantu.

Ibikorwa Vyiwe

Yezu ntiyigishije gusa ukuri gushika ku mutima kwerekeye ukuntu twogaragaza urukundo, ariko kandi yarashize mu ngiro ivyo yigisha. Nk’akarorero, yashize ineza y’abandi imbere y’iyiwe bwite. Umusi umwe Yezu hamwe n’abigishwa biwe bari mu bikorwa vyinshi vyo gufasha abantu ku buryo ata n’akanya bari bafise ko gutamira utwo kurya. Yezu yabonye yuko bikenewe ko abigishwa biwe baruhuka gatoyi, maze abatwara ahantu hiherereye. Mugabo aho bagereyeyo, basanga isinzi ry’abantu ribarindiriye. Wewe woba wari kuvyifatamwo gute ubonye isinzi ry’abantu ryiteze ko ukora igihe wumva yuko ukeneye kuruhuka gatoyi? Yezu nya shengero “[ryaramuteye] akagongwe” maze “atangura kubigisha vyinshi.” (Mariko 6:34) Ako gatima ko kwitwararika abandi kama gatuma Yezu abagarukira.

Yezu ivyo yagiriye abantu ntikwari ukubigisha gusa. Yaranabafashije mu buryo ngirakimazi. Nk’akarorero, igihe kimwe yaragaburiye abantu barenga 5 000 bari bamwumvirije gushika bugorovye. Haciye igihe gito, yaragaburiye irindi sinzi ry’abantu—ico gihe bakaba bari abarenga 4 000—bari bamwumvirije mu kiringo c’imisi itatu, bakaba ata kintu bari basigaranye co gufungura. Ku gihe ca mbere, yakoresheje imikate itanu n’udufi tubiri, kuri ico ca kabiri na ho akoresha imikate indwi n’udufi dukeyi. (Matayo 14:14-22; 15:32-38) Uti ni ibitangaro? Egome, yari umuntu akora ibitangaro.

Yezu kandi yarakijije abantu batari bake bari bakitswe n’amagara. Yarakijije impumyi, ibimuga, abanyamibembe be n’ibipfamatwi. Emwe, yarazuye mbere n’abapfuye! (Luka 7:22; Yohana 11:30-45) Igihe kimwe hari umunyamibembe yamutakambiye ati: “Ukunze, woshobora kumpumanura.” None Yezu yavyakiriye gute? “Amugirira akagongwe, aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.” (Mariko 1:40, 41) Biciye ku bitangaro mwene ivyo, Yezu yaragaragarije urukundo abari mu mubabaro.

Woba ubona ko bigoye kwemera ibitangaro Yezu yakoze? Hari abo bigora. Ariko rero, niwibuke ko Yezu yakora ibitangaro vyiwe bene umurango babona. Eka mbere n’abatamwerekwa bagerageza kumutora amahinyu igihe cose, ntibashobora guhakana yuko yakora ibitangaro. (Yohana 9:1-34) Vyongeye, ibitangaro yakora vyari bifise intumbero. Vyarafashije abantu kumenya ko ari We yatumwe n’Imana.—Yohana 6:14.

Mu gukora ibitangaro, Yezu ntiyariko arironderera kumenyekana. Ahubwo, yahayagije Imana, yo Soko ry’ububasha bwiwe. Igihe kimwe Yezu yari mu nzu yuzuyemwo abantu i Kaperinawumu. Hari umugabo w’ikimuga yashaka ko akizwa mugabo ntiyashobora kwinjira. Nuko bagenzi biwe bamwururukirizayo ari ku nderuzo bamucishije ku gisenge. Abonye ukwizera bafise, Yezu yarakijije ico kimuga. Ivyo vyatumye abantu “bahimbaza Imana” bongera bavuga bati: “Ntitwaribgabone ben’ibi.” (Mariko 2:1-4, 11, 12) Ibitangaro Yezu yakoze vyatumye Yehova ahayagizwa, we Mana yiwe, biranafasha abari mu ngorane.

Ariko rero, ugukiza abarwaye ku gitangaro si co kintu nyamukuru cari kiraje ishinga Yezu mu gikenurwa ciwe. Umwe mu banditse inkuru y’ubuzima bwa Yezu yasiguye ati: “Ibi vyandi[tswe] kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubu[zima] mw izina ryiwe.” (Yohana 20:31) Ego ni ko, Yezu yaje kw’isi kugira ngo abantu bafise ukwemera bashobore kuronka ubuzima.

Incungu Yatanze

Hari aho wobaza uti: ‘Ko Yezu yaje kw’isi, yoba yaje ava hehe?’ Yezu ubwiwe yavuze ati: “[Sina]kūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’uwantumye agomba.” (Yohana 6:38) Yabayeho ari Umwana w’ikinege w’Imana imbere y’uko aba umuntu nkatwe. None ico uwamutumye kw’isi yagomba cari igiki? Yohani, umwe mu banditse Injili avuga ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [n]i rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:16) None ivyo vyoshobotse gute?

Bibiliya irahishura ukuntu urupfu rwabaye ikintu zina muntu adashobora gusimba. Wa mugabo n’umugore ba mbere Imana yabahaye ubuzima hamwe n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Ariko rero, bahisemwo kugarariza Umuremyi wabo. (Itanguriro 3:1-19) Ico kintu bakoze, ni ukuvuga icaha ca mbere c’abantu, catumye uruvyaro rwa Adamu na Eva ruragwa iragi ribi ry’urupfu. (Abaroma 5:12) Kugira ngo abantu baronke ubuzima nyakuri, icaha n’urupfu bikwiye kurandurwa.

Nta muhinga n’umwe mu vya siyansi ashobora gukuraho urupfu mu guhindagura utugingo ngengakamere. Yamara, Umuremyi w’abantu arafise uburyo bwo gutuma abantu bagamburuka baba abatagira agasembwa kugira ngo bashobore kubaho ibihe bidahera. Muri Bibiliya iyo ntunganyo yitwa incungu. Umugabo n’umugore ba mbere barigurishije bagurisha n’uruvyaro rwabo mu buja bw’icaha n’urupfu. Baremeye bafata ubuzima bw’abantu batagira agasembwa bagamburukira Imana babukaba ubuzima bwo kutisunga Imana, bifatira ingingo mu vy’ukumenya iciza n’ikibi. Kugira ngo ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa bugarukanwe, igiciro kingana n’ica bwa buzima bw’umuntu butagira agasembwa abavyeyi bacu ba mbere bari batakaje, categerezwa gutangwa. Kubera ko barazwe agasembwa, abantu ntibari bakwije ibisabwa kugira ngo batange ico giciro.—Zaburi 49:7.

Ni co gituma rero Yehova Imana yabigiyemwo kugira ngo aze gufasha. Yarimuriye ubuzima butagira agasembwa bw’Umwana wiwe w’ikinege mu nda y’inkumi, iyavyaye Yezu. Mu myaka mirongo iheze, ushobora kuba woteye akagere iciyumviro c’uko isugi yovyara. Ariko rero muri iki gihe, abahinga baragwijije ibikoko hanyuma bagakura utubuto ngengabuzima mu gikoko kimwe bakadushira mu kindi. None ni nde ashobora guharira yuko Umuremyi afise ububasha bwo kudakurikiza uburyo busanzwe bwo kurondoka?

Igiciro co gucungura abantu mu caha n’urupfu cabonetse biciye ku buzima bw’umuntu atagira agasembwa. Yamara, umwana yavukiye kw’isi ari Yezu yategerezwa gukura akaba “umuganga” ashoboye gutanga “umuti” wo gukiza ingorane z’abantu. Ivyo yabigize biciye mu kubaho atagira agasembwa, adakora icaha. Yezu ntiyabonye gusa umubabaro w’abantu bugarijwe n’icaha, ariko yarabonye ko umuntu hari ibintu adashobora gushikako. Ivyo vyatumye mbere arushiriza kuba umuganga w’umunyembabazi. (Abaheburayo 4:15) Igihe yakiza abantu ku gitangaro ari kw’isi yaragaragaje ko afise ishaka n’ubushobozi bwo gukiza abarwaye.—Matayo 4:23.

Inyuma y’igikenurwa yaranguye mu myaka itatu n’igice ngaha kw’isi, Yezu yaragandaguwe n’abamurwanya. Yarerekanye yuko umuntu atagira agasembwa ashobora kugamburukira Umuremyi naho mbere hoba hari ibigeragezo bikomeye cane. (1 Petero 2:22) Ubuzima bwiwe bwa kimuntu butagira agasembwa yatanzeko inkuka bwabaye igiciro c’incungu gishobora kubohoza zina muntu wese agakira icaha n’urupfu. Yezu Kirisitu yavuze ati: “Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe.” (Yohana 15:13) Ku musi ugira gatatu inyuma y’aho apfiriye, Yezu yarazuwe agira ubuzima bw’impwemu, kandi haciye indwi nka zingahe aduga mw’ijuru kugira ngo ashikane igiciro c’incungu kwa Yehova Imana. (1 Ab’i Korinto 15:3, 4; Abaheburayo 9:11-14) Mu kugira gutyo, Yezu yari ashoboye gutuma agaciro k’inkuka y’incungu yiwe gakora ku bamuyobokera bose.

Woba witeguriye kwungukira kuri ubwo buryo bwo gukizwa indwara zo mu vy’impwemu, iz’umutima n’iz’umubiri? Gushikira ivyo bisaba ukwizera Yezu Kirisitu. Ni kuki none utokwiyizira ku Muganga? Urashobora kubigira mu kwiga ivyerekeye Yezu Kirisitu hamwe n’uruhara afise mu vy’ukurokora abantu b’abizigirwa. Ivyabona vya Yehova bazonezerwa no kubigufashamwo.

[Ifoto ku rup. 5]

Yezu arafise ishaka n’ubushobozi vyo gukiza uwukitswe n’amagara

[Ifoto ku rup. 7]

Urupfu rwa Yezu rukwerekeye gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika