Ni Kuki Twokwemera Yezu Kirisitu?
“EKA n’abantu benshi batari Abakirisu baremera yuko yari umwigisha ahambaye kandi w’umunyabwenge. Mu vy’ukuri yari umwe mu bantu bemerwa kuruta abigeze kubaho bose.” (The World Book Encyclopedia) Uwo ni nde? Ni Yezu Kirisitu, uwashinze Ubukirisu.
Yamara naho ico gitabu kivuga gutyo, ku bantu imiliyoni amajana baba mu bihugu vyo mu Buseruko hamwe n’ahandi, Yezu Kirisitu ni umuntu atazwi, ni izina gusa boba bibuka mu bitabu basomye mu mashure yisumbuye. Eka no mu nsengero z’Abitwa Abakirisu, hariho abanyatewolojiya be n’abihebeye Imana bavuga ko mu vy’ukuri tutazi Yezu, gutyo bakaba bashize ugukekeranya ku vy’uko za nkuru zine zivuga ivy’ubuzima bwiwe (Injili) dusanga muri Bibiliya ari iz’ukuri.
Mbega none abo banditsi b’Injili boba bariremaremeye inkuru y’ubuzima bwa Yezu? Habe na gato! Wa mutohozakahise azwi cane yitwa Will Durant, amaze gutohoza izo nkuru zo mu Njili, yanditse ati: “Kuba abantu bari ku rushi kandi basanzwe boba barikuriye mu mutwe mw’iyaruka rimwe ivy’umuntu afise ububasha buhambaye kandi akwegera cane gutyo, bakikurira mu mutwe ivy’inyifato runtu ziri hejuru gutyo be n’ukubona ivy’ubuvukanyi bw’abantu mu buryo bunyura ubwenge gutyo, vyoba ari igitangaro c’akajoreza kuruta ico ari co cose canditse mu Njili. Inyuma y’ibinjana bibiri vy’Ubushakashatsi mu vy’Inkuru za Bibiliya, ivyegeranyo vy’ubuzima bwa Kirisitu, kamere ziwe n’ivy’inyigisho ziwe, biguma bitomotse mu buryo bwumvikana, bikaba kandi ari vyo bintu vy’akaroruhore mu nkuru y’ivyabaye y’abantu mu Burengero.”
Yamara, hariho abokwikuramwo Yezu Kirisitu ngo ntibakwiye kumwitwararika, bafatiye ku vyo abivuga ko ari abayoboke biwe bakoze. Mu Buyapani hari abovuga bati: ‘Bararekuriye ibombe ruhonyanganda kuri Nagasaki kandi aho ari ho hari Abakirisu benshi gusumba ibisagara vyinshi vyo mu Buyapani.’ Mugabo none woshobora guta ishavu ku muganga ku bw’indwara y’umurwayi mu gihe nya murwayi ananiwe gukurikiza amabwirizwa y’uwo muganga? Abantu benshi bivuga ko ari Abakirisu bamaze igihe kirekire birengagiza umuti Yezu yabahaye wotuma ingorane abantu bafise zija mu buryo. Yamara, Yezu yaratanze umuti w’ingorane zacu za misi yose hamwe n’ubucumukure abantu barimwo kw’isi yose. Ni co gituma tuguteye akamo ngo usome ikiganiro gikurikira hanyuma wirabire uko Yezu yari ameze.