ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/9 rup. 3-7
  • Nitubeho Twisunga Ukwizera Ivyo Imana Yasezeranye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nitubeho Twisunga Ukwizera Ivyo Imana Yasezeranye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Arashira Akarimbi ku vyo Agiranira n’Abantu
  • Imana Irakora Kugira ngo Irangure Ivyo Igomba
  • Imana Irabona Kazoza Imbere y’Igihe
  • Iporoje Amahanga yo Kwubaka
  • Yehova Arashigikira Igikorwa
  • Ntukigere Urambirwa!
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Yagendana n’Imana y’ukuri”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Igituma dukwiye kwitwararika icatumye Imana itonesha Nowa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/9 rup. 3-7

Nitubeho Twisunga Ukwizera Ivyo Imana Yasezeranye

“Ni jewe Mana, nta yindi duhwanye. Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba.”—Yesaya 46:9, 10.

1, 2. Ni ivyiyumviro ibihe bitandukanye bihari ku vy’ukuntu Imana igira uruhara mu bibera kw’isi?

IMANA ifise uruhara ku rugero rungana iki mu bintu bikorerwa kw’isi? Abantu bavyiyumvira mu buryo bunyuranye. Hari abiyumvira ko itabigiramwo uruhara na gato. Ngo Imana imaze kurema abantu, yoba idashaka canke idashobora kugira ico ikoze ku bwacu. Kuri bo, Imana imeze nka se w’umuhungu amushira kw’ikinga rishasha, akarihagarika neza, hanyuma akarisunika kugira ngo umwana wiwe atangure kurigenderako mw’ibarabara. Wa muvyeyi arangije, agaca yigira. Wa mwana akirwanako. Kumbure yogwa, canke ntagwe. Ivyo ari vyo vyose, ico kibazo ntikiba kikiraba uwo muvyeyi.

2 Abandi biyumvira yuko Imana iriko irayobora akantu kose ko mu buzima bwacu kandi ko idatebagana kugira uruhara mu kabaye kose mu vyo yaremye iyo biva bikagera. Ariko rero nimba ari ukwo bimeze, hari aboshika ku ciyumviro c’uko Imana idatuma haba ibintu vyiza gusa ariko kandi ko ituma haba ubukazi hamwe n’amakuba bisinzikaje abantu. Kumenya inkuru y’imvaho yerekeye ukuntu Imana ivyifatamwo biraza kudufasha kumenya ico twoyitegako. Biraheza kandi bikomeze ukwizera dufitiye iranguka kanaka ry’ivyo yasezeranye.—Abaheburayo 11:1.

3. (a) Tuzi gute ko Yehova ari Imana y’imigambi? (b) Ni kubera iki bivugwa ko Yehova ‘abumbabumba’ canke akaremarema umugambi wiwe?

3 Ikintu nyamukuru muri ico kibazo c’uko Imana ifise uruhara mu vyo abantu bakora ni uko Yehova ari Imana y’imigambi. Ivyo vyumvikanira mw’izina ryiwe nyene. “Yehova” risobanura “Atuma Biba.” Biciye ku bikorwa agenda arakora, Yehova atuma ubwiwe aba Nyenekurangura ivyo yasezeranye vyose. Ni co gituma Yehova avugwa ko ‘yabumbabumvye,’ canke ko yaremaremye, umugambi wiwe werekeye ibizoba canke ivyo azokora. (2 Abami 19:25; Yesaya 46:11) Ayo majambo avuye mw’ijambo ry’Igiheburayo ya·tsarʹ, afitaniye isano n’ijambo risobanura ngo “umubumvyi.” (Yeremiya 18:4) Nk’uko umubumvyi w’umuhinga ashobora kubumba umugoma w’ibumba akawukuramwo urwavya rw’akaroruhore, ni ko Yehova ashobora kubumbabumba ibintu canke akabihindagura kugira ngo arangure ukugomba kwiwe.—Abanyefeso 1:11.

4. Imana yateguye gute isi kugira ngo abantu bayibeko?

4 Nk’akarorero, Imana yari ifise umugambi w’uko isi yobaye ahantu h’akaroruhore aho abantu batagira agasembwa kandi b’abagamburutsi bari kuba. (Yesaya 45:18) Imbere cane yuko arema umugabo n’umugore ba mbere, Yehova yarabateguriye ibintu mu buryo buranga urukundo. Ibigabane bitangura vy’igitabu c’Itanguriro biradondora ukuntu Yehova yashinze umurango n’ijoro, ubutaka n’ikiyaga. Ubukurikira yaremye ibiterwa n’ibikoko. Iryo tegurwa ry’isi kugira ngo abantu bayibeko ryafashe imyaka ibihumbi n’ibihumbi. Uwo mugambi wararangutse ata gahaze. Umugabo n’umugore ba mbere batanguriye ubuzima bwabo muri Edeni, iparadizo yarangwamwo akanyamuneza yari yashizwemwo ivya ngombwa bikwiye kugira ngo bashobore kwinovora ubuzima. (Itanguriro 1:31) Gutyo Yehova ubwiwe yaragize uruhara mu bibera kw’isi, intambwe ku yindi araremarema ibikorwa vyiwe ku bw’umugambi wiwe uhambaye. Mbega ukwaguka kw’umuryango w’abantu kwoba kwaratumye atakigira uruhara mu vyo bakora?

Yehova Arashira Akarimbi ku vyo Agiranira n’Abantu

5, 6. Ni kuki Imana ishira akarimbi mu vyo igiranira n’abantu?

5 Naho afise ububasha bwo kubikora gutyo, Yehova ntayobora canke ngo akontorore akantu kose mu buzima bw’abantu. Hariho imvo zituma atabikora. Imvo imwe ni uko abantu baremwe mw’ishusho y’Imana, bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo, kandi badakora ibintu ku gahato. Yehova ntaduhatira ku gushitsa amabwirizwa yiwe; eka mbere ntituri abantu bagendera ku bandi. (Gusubira mu Vyagezwe 30:19, 20; Yosuwa 24:15) Naho Imana izotubaza ivyo dukora, yaraduhanye urukundo umwidegemvyo mwinshi wo kwifatira ingingo y’ukuntu twokoresha ubuzima bwacu.—Abaroma 14:12; Abaheburayo 4:13.

6 Iyindi mvo ituma Imana itayobora akantu kose kabaye ifitaniye isano na ca kibazo Shetani yavyura muri Edeni. Shetani yarahaririye ivy’uko Imana ari yo Segaba. Yeretse Eva ivyasa n’uko ari akaryo ko kwishira akizana—na we avyakiriza yompi, mu nyuma n’umunega wiwe Adamu agira ukwo nyene. (Itanguriro 3:1-6) Imana yavyishuye mu kureka abantu bakiganza mu kiringo kinaka kugira igaragaze nimba ivyo Shetani yahize vyari bifise ishingiro. Ku bw’ivyo, ibintu bibi abantu bakora muri iki gihe ntibishora kuremekwa Imana. Ku vyerekeye abantu b’abagarariji, Musa yanditse ati: “Barayihemukiye, ntibakir’abana [b’Imana], ariko vyabateye agasembga.”—Gusubira mu Vyagezwe 32:5.

7. Yehova afitiye isi n’abantu umugambi uwuhe?

7 Ariko rero, naho Yehova atanga uburenganzira bwo guhitamwo no kugerageza kwitegeka, ntiyafashe ingendo y’ukutisuka mu bikorerwa kw’isi, ivyo bikaba vyotuma tutizigira cane ko azorangura ivyo yasezeranye. Naho Adamu na Eva bagararije ivy’uko Imana ari yo Segaba, Yehova ntiyahinduye wa mugambi wiwe uranga urukundo werekeye isi n’abantu. Nta kizobuza ko ahindura iyi si iparadizo ibamwo abantu batagira agasembwa, bagamburuka, kandi b’abanyamunezero. (Luka 23:42, 43) Inkuru yo muri Bibiliya kuva mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuriwe idondora ukuntu Yehova yamye akora intambwe ku yindi kugira ngo arangure uwo mugambi.

Imana Irakora Kugira ngo Irangure Ivyo Igomba

8. Muri kwa kujana Abisirayeli mu Gihugu c’Isezerano harimwo iki?

8 Mu vyo yagiraniye n’ihanga rya Isirayeli, Imana yaragaragaje ko izorangura umugambi wayo. Nk’akarorero, Yehova yarakuye amazinda Musa yuko yorokoye Abisirayeli akabakura mu Misiri maze kandi akabajana muri ca Gihugu c’Isezerano, igihugu gitemba amata n’ubuki. (Kuvayo 3:8) Ngaho bari babwiwe ibintu bihambaye kandi bibasubiriza umutima mu nda. Vyobaye birimwo kubohora abo Bisirayeli—dushizemwo na bagenzi babo bakaba bari nk’imiliyoni zitatu—bagakurwa mu minwe y’ihanga ry’agakomeye ryarwanya ukugenda kwabo ryivuye inyuma. (Kuvayo 3:19) Igihugu bari kujanwamwo carimwo amahanga akomakomeye yari gushobora kurwanya yivuye inyuma umuzo wabo. (Gusubira mu Vyagezwe 7:1) Imbere y’uko bashikayo hariho ubugaragwa, aho nya Bisirayeli bari gukenera imfungurwa n’amazi. Ivyo vyari ibintu vyatumye Yehova agaragaza ububasha bwiwe n’Ubumana bwiwe ntangere.—Abalewi 25:38.

9, 10. (a) Ni kubera iki Yosuwa yashoboye gushinga intahe yuko ivyo Imana isezerana ari ivyo kwizigirwa? (b) Ukwizigira yuko Imana ishoboye guha impera abagororotsi bihambaye ku rugero rungana iki?

9 Imana yarayoboye Abisirayeli ibakura mu Misiri biciye mu bikorwa bikurakuranwa vy’ububasha. Ubwa mbere, yateje ivyago cumi bitikiza inganda kw’ihanga rya Misiri. Ubukurikira, yaragabuye Ikiyaga Gitukura bituma Abisirayeli bashobora guhunga, mugabo intwaramiheto z’Abanyamisiri zari zibomye inyuma ziratikira. (Zaburi 78:12, 13, 43-51) Inyuma y’ivyo, Imana yarabungabunze Abisirayeli mu kiringo c’imyaka 40 bamaze mu bugaragwa, ibagaburira mana, ibaronsa amazi, ikongera mbere ikitwararika impuzu zabo ngo ntizihere, n’ibirenge vyabo ngo ntibivyimbe. (Gusubira mu Vyagezwe 8:3, 4) Abisirayeli bamaze kwinjira muri ca Gihugu c’Isezerano, Yehova yaratumye banesha abansi babo. Yosuwa, uwagaragaje ko yizera cane ivyo Yehova yari yarasezeranye, yariboneye ivyo bintu vyose. Ni co gituma yashoboye kubwira abakurambere bo mu gihe ciwe n’ukwizigira kwinshi ati: “Mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye.”—Yosuwa 23:14.

10 Nka kumwe kwa Yosuwa wa kera, muri iki gihe Abakirisu barizigiye bimwe vyuzuye yuko Imana ifise ugushaka n’ubushobozi vyo kugira ico ikoze ku neza y’abayikorera. Ukwo kujijuka ni umuce ntahara w’ukwizera kwacu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ūtizera ntibishoboka kw ayihimbara; kuk’uwēgēra Imana akwiye kwizera yuk[o] . . . [i]ha impēra abayirondera.”—Abaheburayo 11:6.

Imana Irabona Kazoza Imbere y’Igihe

11. Ni ibintu ibihe bituma Imana ishobora kurangura ivyo isezerana?

11 Gushika aha, twabonye yuko naho Imana ireka abantu bakagira uburenganzira bwo kwihitiramwo no kwitegeka, irafise ububasha n’ukugomba vyo kugira ico ikoze ngo irangure umugambi wayo. Yamara, hariho ikindi kintu giterera umuganda ku vy’uko ivy’Imana yasezeranye vyorangutse ata kabuza. Yehova arashobora kubona imbere y’igihe ivyo muri kazoza. (Yesaya 42:9) Biciye ku muhanuzi wayo, Imana yavuze iti: “Mwibuke ivyabanje kubaho kera; kukw ari jewe Mana, ata yindi; ni jewe Mana, nta yindi duhwanye. Mpēra kw itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahēra no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba; nkavuga nt’Imigabo yanje izohama, kand’ivyo nzogomba vyose nzobishitsa.” (Yesaya 46:9, 10) Umurimyi abimenyereye arazi igihe yotera imbuto n’ahantu yoyitera, ariko aba ataramenya neza ukuntu bizogenda. Ariko rero, ‘Umwami w’ibihe bihoraho’ arafise ubumenyi ataco buhajije bwo kubona hakiri kare ata kwihenda, igihe n’ahantu akwiye gukorera ibintu kugira ngo arangure umugambi wiwe.—1 Timoteyo 1:17.

12. Ni mu buryo ki Yehova yagaragaje ukumenya ibintu imbere y’igihe mu misi ya Nowa?

12 Nurimbure ukuntu mu misi ya Nowa Imana yagaragaje ukumenya ibintu imbere y’igihe. Kubera ko ubugizi bwa nabi bwari bukwiye hose bukuzura isi, Imana yarafashe ingingo yo kurandurana n’imizi abana b’abantu bagambarara. Yarashinze igihe yokoreyeko ivyo, mu myaka 120 yakurikiye. (Itanguriro 6:3) Mu gushinga ico kiringo ntabanduka, Yehova ntiyabona gusa ivy’isangangurwa ry’abanyakibi, ico kikaba cari ikintu yari gushobora gukora ku gihe ico ari co cose. Ingengabihe ya Yehova yaratumye kandi abagororotsi bazigamwa. (Gereranya na Itanguriro 5:29.) Mu bukerebutsi bwayo, Imana yari izi hakiri kare igihe co gutangirako igikorwa coshikanye kuri iyo ntumbero. Yaramenyesheje Nowa ido n’ido ry’ibintu mu buryo bukwiye. Nowa yategerezwa kwubaka ubwato bwo “kurokora abo mu nzu yiwe,” kandi inkozi z’ikibi zategerezwa guhonywa n’umwuzure wokwiye kw’isi yose.—Abaheburayo 11:7; Itanguriro 6:13, 14, 18, 19.

Iporoje Amahanga yo Kwubaka

13, 14. Ni kuki ukwubaka bwa bwato cari igikorwa kitoroshe?

13 Rimbura ukuntu Nowa yabona ico gikorwa yashinzwe. Kubera ko Nowa yari umuntu w’Imana, yari azi ko Yehova yari gusangangura abantu batamukorera. Ariko imbere y’uko ivyo biba rero, hariho igikorwa categerezwa gukorwa—igikorwa casaba ukwizera. Ukwubaka ubwato yobaye ari iporoje amahanga. Imana yari yaratanze ido n’ido ry’ingero zabwo. Nya bwato bwobaye burebure gusumba ibibuga vy’inkino bimwebimwe vyo muri iki gihe kandi bukareha nk’inyubakwa y’amagorofa atanu. (Itanguriro 6:15) Abubatsi bobaye ari abantu batabimenyereye kandi bari ku rushi. Nta bikoresho bihanitse vyo muri iki gihe bobaye bafise. Bitayeko, kubera ko atari afise ububasha Yehova afise bwo kumenya ivya kazoza imbere y’igihe, Nowa nta buryo yari afise bwo kumenya ivyogiye biba mu myaka n’iyindi bigafasha canke bikabangamira ubwo bwubatsi. Kumbure Nowa yarazirikanye ku bibazo vyinshi. Ibikoresho vyo kwubaka bobihumbiye gute? Yotororokanije ibikoko gute? Ni imfungurwa izihe zokenewe kandi zobaye zingana gute? Ni ryari neza na neza uwo Mwuzure wari waravuzwe woshikiyeko?

14 Uretse ivyo hariho kandi ukuntu ivyo mu kibano vyari vyifashe. Ubugizi bwa nabi bwari bwimonogoje. Ba Banefili b’ibigatanya—bakaba bari uruvyaro rw’imvange z’abamarayika b’inkorakibi be n’abagore—bari bujuje ubukazi mw’isi. (Itanguriro 6:1-4, 13) Si ivyo gusa, ukwubaka ubwato ntiwobaye umugambi woranguriwe mu kinyegero. Abantu bokwibajije ico Nowa ariko arakora, kandi yokibabwiye. (2 Petero 2:5) Boba bari kuvyemera? Eka da! Imyaka mikeyi imbere yaho, umwizigirwa Henoki yari yaramamaje ivy’isangangurwa ry’inkozi z’ikibi. Kubera ko ubutumwa yashikiriza abantu batabwerekwa na gato, Imana “[yara]mujanye,” canke yaragabanije igihe ciwe co kubaho, bikagaragara ko kwari ukugira imukingire ntagandagurwe n’abansi b’Imana. (Itanguriro 5:24; Abaheburayo 11:5; Yuda 14, 15) Ico Nowa yategerezwa gukora ntikwari ukwamamaza ubutumwa abantu baterekwa vyonyene, ariko yategerezwa kandi kwubaka ubwato. Uko ubwo bwato bwariko burubakwa, cobaye nk’ikintu gikomeye kiguma cibukiriza ukwizigirwa Nowa afise naho yari mu runganwe rw’inkorakibi!

15. Ni kuki Nowa yizigira yuko yoshoboye kurangura igikorwa yari yarahawe?

15 Nowa yari azi ko uwo mugambi ushigikiwe kandi ugahezagirwa n’Imana Mushoboravyose. None si Yehova ubwiwe yari yaratanze ico gikorwa? Yehova yari yarakuye amazinda Nowa yuko we hamwe n’umuryango wiwe bokwinjiye mu bwato bwarangiye kwubakwa, kandi ko ubuzima bwabo bwozigamwe mu gihe c’Umwuzure woshitse kw’isi yose. Imana yaranashimitse ku vy’uko ivyo bizoba ata kabuza, mu kugira isezerano ku mugaragaro. (Itanguriro 6:18, 19) Bisa n’uko Nowa yari azi ko Yehova yabona imbere y’igihe kandi akarimbura ico ivyo vyose vyasaba imbere y’uko ashinga ico gikorwa. Vyongeye, Nowa yari azi ko Yehova afise ububasha bwo kubijamwo kugira ngo amufashe igihe vyobaye bikenewe. Ni co gituma ukwizera kwa Nowa kwatumye agira ico akoze. Cokimwe n’uwamukomotseko Aburahamu, Nowa yari “a[zi] neza adakekeranya yukw ico [Imana] yasezeranye ishobora no kugikora.”—Abaroma 4:21.

16. Uko iyubaka ry’ubwo bwato ryaguma ritera imbere, ukwizera kwa Nowa kwakomezwa gute?

16 Uko imyaka yagenda irengana kandi ubwato bugatangura kwuzura, ukwizera kwa Nowa kwarakomejwe. Ingorane zijanye n’ubwubatsi be n’iz’ukwungunganya ibikorwa zaratorewe umuti. Ibigeragezo vyaratsinzwe. Ntacobirwanije ngo gishobore guhagarika ico gikorwa. Umuryango wa Nowa wariboneye ukuntu Yehova yawushigikira kandi akawukingira. Uko Nowa yaja imbere, ‘ivyageza agaciro k’ukwizera kwiwe vyamutera kwihangana.’ (Yakobo 1:2-4) Amaherezo, nya bwato bwararangiye, Umwuzure uraza, kandi Nowa n’umuryango wiwe bararokoka. Nowa yariboneye iranguka ry’ivyo Imana yari yarasezeranye, nk’uko Yosuwa yavyiboneye mu nyuma. Ukwizera kwa Nowa kwaratangiwe impera.

Yehova Arashigikira Igikorwa

17. Ni mu buryo ki imisi turimwo isa n’imisi ya Nowa?

17 Yezu yari yaravuze imbere y’igihe yuko imisi turimwo yobaye isa n’imisi yo mu gihe ca Nowa. Imana yarasubiye kwiyemeza gusangangura inkozi z’ikibi kandi irashinga igihe ivyo bizoberako. (Matayo 24:36-39) Yaragize imyiteguro kugira ngo abagororotsi bazigamwe. Naho Nowa yategerezwa kwubaka ubwato, abasavyi b’Imana muri iki gihe bategerezwa kwamamaza imigambi ya Yehova, bakigisha Ijambo ryiwe, kandi bagahindura abantu abigishwa.—Matayo 28:19.

18, 19. Tuzi gute ko Yehova afata mu mugongo ukwamamaza inkuru nziza?

18 Iyo Yehova ataba kumwe na Nowa kugira ngo amushigikire kandi amufate mu mugongo, bwa bwato ntibwokwubatswe. (Gereranya na Zaburi 127:1.) Ni nk’ukwo nyene, Yehova atabafashe mu mugongo, Abakirisu b’ukuri ntivyoshoboka ko barokoka, eka ntiboruha basagamba. Ivyo Gamaliyeli yaravyemeye icese mu kinjana ca mbere, uwo akaba yari Umufarisayo yubahwa akaba n’umwigisha w’Ivyagezwe. Igihe Sentare Nkuru y’Abayuda yashaka kurandurana n’imizi za ntumwa, yakebuye iyo sentare ati: “Ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kukw iyi nama n’iki gikorwa ni vyaba biturutse mu bantu, bizosendwa: ariko ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda.”—Ivyakozwe 5:38, 39.

19 Kubona umurimo wo kwamamaza inkuru nziza waratunganiwe mu kinjana ca mbere no muri iki gihe, vyagaragaje ko iki atari igikorwa cashinzwe n’abantu ariko ko ari igikorwa c’Imana. Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ibintu bimwebimwe vyagiye biraba bishimishije vyafashije kugira ngo iki gikorwa gitunganirwe ku rugero runini gutyo.

Ntukigere Urambirwa!

20. Ni nde adushigikira mu gihe twamamaza inkuru nziza?

20 Naho tubayeho mu “bihe bigoye,” turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova ari we vy’ukuri afise ibintu mu minwe. Arashigikira akongera agafata mu mugongo abasavyi biwe, uko bakora kugira ngo barangize ukwamamaza inkuru nziza imbere y’uko igihe Imana yashinze co gusangangura iyi si mbi kigera. (2 Timoteyo 3:1; Matayo 24:14) Yehova adutera akamo ngo tube “abakozi bakorana” na we. (1 Ab’i Korinto 3:9, NW) Nta mazinda kandi yuko Kirisitu Yezu ari kumwe na twe muri iki gikorwa, n’uko dushobora kwizigira yuko abamarayika badufata mu mugongo bakongera bakatuyobora.—Matayo 28:20; Ivyahishuriwe 14:6.

21. Ntidukwiye kwigera turambirwa mu kujijuka ukuhe?

21 Kubera ko Nowa hamwe n’umuryango wiwe bagaragaje ko bizeye ivyo Yehova yasezeranye, bararokotse muri uwo Mwuzure w’amazi. Abagaragaza ukwizera nk’ukwo nyene muri iki gihe bazorokoka wa “mubabaro mwinshi.” (Ivyahishuriwe 7:14) Tubayeho mu gihe ceza umutima vy’ukuri. Hari ibintu bikomakomeye biri imbere! Vuba, Imana igiye guhaguruka kugira ngo izane ijuru rishasha be n’isi nshasha vy’ubuninahazwa, aho ubutungane buzosasagara. (2 Petero 3:13) Ntukigere na rimwe urambirwa mu vyo wajijutsemwo, yuko ikintu cose Imana ivuze ishobora no kugikora.—Abaroma 4:21.

Ibintu Twokwibuka

◻ Ni kuki Yehova adakontorora akantu kose abantu bakora?

◻ Ubushobozi Yehova afise bwo kurangura umugambi wiwe bwagaragaye gute mu vyo yagiraniye na Isirayeli?

◻ Ubushobozi Yehova afise bwo kubona ivya kazoza bwagaragaye gute mu gihe ca Nowa?

◻ Ni ukwizigira ukuhe dushobora kugira mu vyo Imana yasezeranye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika