ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/7 rup. 27-32
  • ‘Urupfu Ruzorandurwa’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Urupfu Ruzorandurwa’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bazukana Umubiri Bwoko Ki?
  • Hazobaho Izuka ryo kw’Isi?
  • Ni Ba Nde Bariko Baragaruka?
  • Izuka Rizoba ku Rutonde
  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • “Abapfuye bazurwa bate?”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/7 rup. 27-32

‘Urupfu Ruzorandurwa’

“Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.”—1 AB’I KORINTO 15:26.

1, 2. (a) Ni icizigiro ikihe intumwa Paulo yerekanye ku vyerekeye abapfuye? (b) Paulo yihweza ikibazo ikihe cerekeye izuka?

“NDEMERA . . . izuka ry’umubiri, n’ubuzima budahera.” Ukwo ni ko Keredo y’Abatumwa ivuga. Abagatolika n’Abaporotisanti nyene baradondagura ayo majambo n’ubwira bwinshi, ntibamenye ko ivyo bemera bisa canecane na filozofiya y’Abagiriki, ata kintu bisa intumwa zigeze zemera. Ariko intumwa Paulo yariyamirije filozofiya y’Abagiriki, kandi ntiyemera ko hariho ubugingo budahwera. Mugabo, yaremera ashikamye yuko muri kazoza hazobaho ubuzima, yandika ahumekewe ati: “Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.” (1 Ab’i Korinto 15:26) Ariko none ivyo bisigura iki ku bana b’abantu bageramiwe n’ugupfa?

2 Mu kwishura, reka dusubire ku kiganiro Paulo yagize ku vyerekeye izuka, canditse muri 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 15. Uribuka yuko mu mirongo itangura Paulo yagaragaje yuko izuka ari umuce ukomeye w’inyigisho y’Abakirisu. Ubu na ho hari ikibazo yihweza, ari co c’iki: “Arik’umuntu yobaza, at’Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki?”—1 Ab’i Korinto 15:35.

Bazukana Umubiri Bwoko Ki?

3. Ni kuki bamwebamwe banka kwemera izuka?

3 Mu kuvyura ico kibazo, Paulo ashobora kuba yashaka kurwanya akosho ka filozofiya ya Pulato. Uwo Pulato yigisha yuko umuntu afise ubugingo budahwera bubandanya kubaho iyo umubiri upfuye. Ku bakuranye iciyumviro mwene ico, birumvikana ko inyigisho ya gikirisu yasa n’iyidakenewe. Nimba ubugingo bubandanya kubaho inyuma yo gupfa, izuka ryoba rivuze iki? Vyongeye, izuka ryasa n’iritumvikana. Iyo umubiri umaze guhinduka umukungugu, izuka ryoshobora kuhaba gute? Umusobanuzi umwe w’ivya Bibiliya, Heinrich Meyer, avuga yuko ukuja impaka kw’Abanyakorinto bamwebamwe kwari gushimikiye kumbure “ku ciyumviro ca filozofiya c’uko ukugarukanwa kw’ivyari bigize umubiri kudashoboka.”

4, 5. (a) Ni kuki ibihari vy’abatagira ukwizera vyari ivy’ubupfu? (b) Sigura ikigereranirizo Paulo yatanze ku ‘kabuto.’ (c) Abazuka Imana ibaha umubiri bwoko ki?

4 Paulo arerekana ko ukwiyumvira kwabo kutari gufashe, ati: “Wa gipfu we, ic’ubiba ntikimera kitabanje gupfa. Kand’ic’ubiba, ntubiba umutumba uzohaba, arik’ubiba akabuto uko kari, ari nk’ak’ingano, cank’akandi kose. Arikw Imana igaha umutumba, nk’uko yagomvye, kand’akabuto kose igaha umutumba wako ukwako.” (1 Ab’i Korinto 15:36-38) Imana ntiyozuye imibiri abantu bari bafise bakiri kw’isi. Ahubwo hobayeho ihindurwa.

5 Paulo agereranya izuka n’ukumera kw’akabuto. Akabuto gatoyi k’ingano ntigasa namba n’igiterwa kizokura kivuye muri ko. Igitabu kimwe, The World Book Encyclopedia, kivuga giti: “Iyo akabuto gatanguye kumera, kanywa amazi menshi cane. Ayo mazi aratuma haba amahinduka menshi adasubira inyuma, y’ibikagize imbere muri ko. Aratuma kandi intimbatimba z’imbere zikagize zivyimba zikamenera mu gishishwa.” Mu vy’ukuri, ako kabuto karapfa ntikabe kakiri akabuto, hanyuma kagahinduka igiterwa gitanguye gukura. “Imana igaha umutumba,” mu buryo bw’uko yashizeho amategeko yo mu vya siyansi agenga ikura ryako, hanyuma akabuto kose kakaronka umutumba nk’uko ubwoko bwako buri. (Itanguriro 1:11) Muri ubwo buryo nyene, Abakirisu basizwe babanza gupfa nk’abantu. Maze, igihe Imana yashinze kigeze, irabagarukana mu buzima bafise imibiri mishasha rwose. Paulo yabwiye Abafilipi ati: “[Yezu Kirisitu] azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe.” (Ab’i Filipi 3:20, 21; 2 Ab’i Korinto 5:1, 2) Bazurwa mu mibiri y’impwemu hanyuma bakaba mu karere k’impwemu.—1 Yohana 3:2.

6. Ni kuki bihuje n’ubwenge kwemera ko Imana ishobora guha abazutse imibiri ibereye y’impwemu?

6 Twovuga none ko ivyo ata wovyemera? Oya twovyemera. Paulo aratanga ivyiyumviro avuga ko ibikoko bifise imibiri y’ubwoko butandukanye. Turetse ivyo, arahushanya abamarayika n’abantu bagizwe n’inyama n’amaraso, ati: “Har’imitumba yo kw ijuru n’imitumba yo kw isi.” N’ibiremwa bidahumeka biri kwinshi cane. Paulo yavuze ko “Inyenyeri [ita]nganya ubgiza na mugenzi wayo,” abivuga kera cane imbere y’uko siyansi itora ibisyo vyo mu kirere nk’inyenyeri z’ubururu, ibisyo vy’umutuku, n’ivy’umweru. Turavye ivyo vyose, ntivyumvikana none yuko Imana ishobora guha abasizwe bazutse imibiri y’impwemu ibereye?—1 Ab’i Korinto 15:39-41.

7. Ukutabora bisobanura iki? Ukudapfa kwo?

7 Maze Paulo aravuga ati: “N’ukuzuka kw’abapfuye ni nk’uko: habibga ikibora, hazurwa ikitabora.” (1 Ab’i Korinto 15:42) Umubiri w’umuntu, no mu gihe woba utagira agasembwa, ni uwushobora kubora. Urashobora kwicwa. Nk’akarorero, Paulo yavuze yuko uwazutse Yezu “atazosubira mw iborero.” (Ivyakozwe 13:34) Ntiyokwigeze asubira kugira ubuzima afise umubiri w’umuntu ubora, naho nyene woba ari uwutagira agasembwa. Imibiri Imana iha abasizwe bazutse ni iyidashobora kubora—idashobora kugerwako n’urupfu canke ugutituka. Paulo arabandanya ati: “Habibga igikēngērwa, hazurwa ic’icubahiro; habibga ikinyantege nke, hazurwa ic’inkomezi; habibga umubiri w’inyama, hazurwa umubiri w’impwemu.” (1 Ab’i Korinto 15:43, 44) Mu nyuma Paulo aravuga ati: “Uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.” Ukudapfa gusigura ubuzima butagira iherezo, budashobora kwicwa. (1 Ab’i Korinto 15:53; Abaheburayo 7:16) Muri ubwo buryo, abo bene kuzuka bagira “ishusho y’uw’ijuru,” Yezu, uwatumye izuka ryabo rishoboka.—1 Ab’i Korinto 15:45-49.

8. (a) Tuzi gute yuko abazuka ari ba bandi nyene nk’uko bari bakiri bazima kw’isi? (b) Ni ubuhanuzi ubuhe buzoshitswa izuka niryaba?

8 Naho abazuka bahindurwa gutyo, baguma ari ba bantu nyene nk’uko bari imbere y’uko bapfa. Bazuranwa bwa bwenge nyene na za kamere nyene za gikirisu zihambaye. (Malaki 3:3; Ivyahishuriwe 21:10, 18) Muri ivyo, basa na Yezu Kirisitu. Yarahindutse ava mu mero y’impwemu aja mu y’umuntu. Mu nyuma yarapfuye hanyuma arazuka ari impwemu. Yamara “Yesu Kristo uko yar’ar’ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.” (Abaheburayo 13:8) Urumva agateka keza ntangere abasizwe bafise! Paulo avuga ati: “Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi. Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?”—1 Ab’i Korinto 15:54, 55; Yesaya 25:8; Hoseya 13:14.

Hazobaho Izuka ryo kw’Isi?

9, 10. (a) Mu bijanye na 1 Ab’i Korinto 15:24, “iherezo” ni iki, kandi ni ibintu ibihe bijanye na ryo biba? (b) Ni ibiki bitegerezwa kuba kugira ngo urupfu rurandurwe?

9 Hoba hariho kazoza kabikiwe abadafise icizigiro c’ukuzogira ubuzima bw’impwemu mw’ijuru budashobora gupfa? Cane nyene kariho! Paulo amaze gusigura yuko izuka ry’abaja mw’ijuru ryobaye mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu, araca ku mayange ibintu bikurikira, ati: “Iherezo rizoca rishika, ah’azoshikiriza Imana ubgami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukūrah’ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose.”—1 Ab’i Korinto 15:23, 24.

10 “Iherezo” rivugwa ni iherezo rya ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi, igihe Yezu azosubiza Ubwami Imana yiwe ari yo Se, abigiranye ukwicisha bugufi n’ukudahemuka. (Ivyahishuriwe 20:4) Umugambi w’Imana wo “gukoraniriza vyose muri Kristo” uzoba warangutse. (Abanyefeso 1:9, 10) Mugabo ubwa mbere, Kirisitu azoba yarahoneje “ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose” burwanya ukugomba kw’Imana kwo kuruta ibindi vyose. Ivyo birimwo ibiruta ka gatikizo kazoba kuri Harumagedoni. (Ivyahishuriwe 16:16; 19:11-21) Paulo avuga ati: “[Kirisitu] guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.” (1 Ab’i Korinto 15:25, 26) Ni vyo, amakanda yose y’icaha n’urupfu bikomoka kuri Adamu nta wuzomenya n’iyo yaciye. Imana itegerezwa rero kuzoba yogeje ‘imva’ mu kugarukana mu buzima abapfuye.—Yohana 5:28.

11. (a) Tuzi gute ko Imana ishobora kurema bushasha ubugingo bwapfuye? (b) Abazozukira kuba kw’isi bazohabwa umubiri bwoko ki?

11 Ivyo bisobanura ukuremwa bushasha kw’ubugingo-bantu. Vyoba bidashoboka? Oya birashoboka, kuko Zaburi 104:29, 30 ituraganira yuko Imana ishobora kubikora, iti: “Ubikūramw’impwemu, bigaca bipfa, bikīsubirira mu mukungugu wavyo. Urungika impwemu yawe, bikaremwa.” Naho abazutse bazoba ari ba bandi nyene b’imbere y’uko bapfa, ntibarinda kuzoba bafise ya mibiri nyene. Nka kumwe kw’abazukira kuba mw’ijuru, Imana izobaha umubiri nk’uko nyene ibishaka. Nta nkeka, imibiri mishasha bazogira izoba imeze neza, kandi birumvikana ko izoba isa n’imibiri bari bafise ubwa mbere kugira ngo bashobore kwibukwa n’ababo.

12. Izuka ryo kw’isi rizoba ryari?

12 None izuka ryo kw’isi rizoba ryari? Marita yaravuze ivya musazawe Lazaro yari yapfuye, ati: “Ndazi kw azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” (Yohana 11:24) Ivyo yabimenye gute? Izuka ryarahaririweko cane mu gihe ciwe, kuko Abafarisayo baryemera ariko Abasadukayo ntibaryemere. (Ivyakozwe 23:8) Mugabo Marita ategerezwa kuba yari azi ivy’ivyabona b’imbere y’Ubukirisu bari bizigiye izuka. (Abaheburayo 11:35) Ikindi, ashobora kuba yari yarabonye muri Daniyeli 12:13 yuko izuka rizoba ku musi w’imperuka. Ashobora kuba mbere yari yavyumviye kuri Yezu ubwiwe. (Yohana 6:39) Uwo ‘musi w’iherezo’ uhura na ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi. (Ivyahishuriwe 20:6) Ibaze rero akanyamuneza kazohibera mu gihe c’uwo “musi,” ico kintu gihambaye nicatangura!—Gereranya na Luka 24:41.

Ni Ba Nde Bariko Baragaruka?

13. Ni ibiki vyeretswe vyerekeye izuka vyanditswe mu Vyahishuriwe 20:12-14?

13 Mu Vyahishuriwe 20:12-14 handitswe ivyo Yohani yeretswe vyerekeye izuka ryo kw’isi, ngo: “Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubu[zima]. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze. Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze. Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.”

14. Mu bazozuka harimwo ba nde?

14 Izuka rizoba ririmwo “abahambaye n’aboroshe,” abantu bakomakomeye na batobato babayeho hanyuma bagapfa. Washaka mbere muri abo hazoba harimwo n’impinja! (Yeremiya 31:15, 16) Mu Vyakozwe 24:15, harahishura iyindi nsiguro ihambaye: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” Abakomakomeye bo muri abo ‘bagororotsi’ bazoba ari abagabo n’abagore b’abizerwa ba kera, nka Abeli, Henoki, Nowa, Aburahamu, Sara, na Rahabu. (Abaheburayo 11:1-40) Ibaze kuzoba ushobora kuganira n’abantu nk’abo, ukaronka insiguro z’ibintu vyo muri Bibiliya vyabaye kera uzihawe n’abavyiboneye! Mu ‘bagororotsi’ hazoba kandi harimwo ba bantu ibihumbi b’abatinyamana bapfuye mu bihe vya vuba bakaba batari bafise icizigiro c’ukuzukira kuja mw’ijuru. Woba ufise umuntu wo mu muryango canke umuntu ukunda yoshobora kuzoba ari muri abo? Ese ukuntu bihoza umutima kumenya ko ushobora kwongera kubabona! None “abagabitanya” bazogaruka na bo ni bande? Muri abo harimwo amamiliyoni, kumbure amamiliyaridi, bapfuye batararonka akaryo ko gushobora kwiga no gushira mu ngiro ukuri kwa Bibiliya.

15. Ivy’uko abazogaruka “ba[zo]cirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo” bisobanura iki?

15 Ni mu buryo ubuhe abazogaruka “ba[zo]cirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze”? Ivyo bitabu si inzandiko z’ivyo bakoze kera; igihe bapfa bari bakuweko ivyaha bari barakoze mu gihe bamaze ari bazima. (Abaroma 6:7, 23) Ariko rero, abantu bazoba bazutse bazoba bakiri musi y’icaha gikomoka kuri Adamu. Ivyo bitabu rero bitegerezwa kuzoba vyerekana amabwirizwa ava ku Mana abantu bose bategerezwa gukurikiza kugira ngo bungukire bimwe vyuzuye ku ncungu ya Yezu Kirisitu. Kubera ko ikanda ryose ry’icaha gikomoka kuri Adamu rizoba ryazimanganijwe, ‘urupfu ruzorandurwa’ ruveho buhere. Mu mpera ya nya myaka igihumbi, Imana ‘izoba vyose ku muntu wese.’ (1 Ab’i Korinto 15:28, NW) Umuntu ntazoba agikeneye Umuherezi Mukuru canke Umucunguzi. Abantu bose bazosubizwa muri ya mero y’ukutagira agasembwa Adamu yarimwo.

Izuka Rizoba ku Rutonde

16. (a) Ni kuki vyumvikana kwemera yuko izuka rizoba ku rutonde? (b) Ni ba nde bisa n’uko bazoba mu ba mbere bazozuka mu bapfuye?

16 Kubera ko izuka ry’ukuja mw’ijuru ririmwo urutonde, “umuntu wese mu mwanya wiwe,” biboneka ko izuka ryo kw’isi ritazozana umugwirirano w’abantu urimwo akajagari. (1 Ab’i Korinto 15:23) Birumvikana, abazoba bahejeje kuzuka bazokenera kwitabwaho. (Gereranya na Luka 8:55.) Bazoba bakeneye gufashwa ku vy’umubiri, na canecane gufashwa mu vy’impwemu kugira ngo baronke ubumenyi ntangabuzima bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kirisitu. (Yohana 17:3) Bose bagarukiye icarimwe mu buzima, ntivyoshoboka ko bitabwaho mu buryo bubereye. Birumvikana rero kwiyumvura ko izuka rizoba intambwe ku yindi. Bisa n’uko Abakirisu b’abizerwa bapfuye hagisigaye igihe gito ngo ibintu vya Shetani biveho bazozuka mu ba mbere. Turashobora kandi kwitega ko ba bagabo b’abizerwa ba kera bazoba bashinzwe gukora nk’ “abaganwa” bazozuka kare.—Zaburi 45:16.

17. Ni ibibazo bimwebimwe nk’ibihe vyerekeye izuka Bibiliya ataco ibivugako, kandi ni kuki Abakirisu badakwiye kurazwa ishinga n’ibibazo mwene ivyo mu buryo budakwiriye?

17 Mugabo rero, kuri mwene ivyo ntidukwiye gukovya ngo ibintu vyemerwe vyanse bikunze. Hariho ibibazo bitari bike Bibiliya itagira ico ibivugako. Ntivuga ido n’ido ukuntu izuka ry’abantu rizomera, igihe rizoberako, canke ibibanza rizoberamwo. Bibiliya ntitubwira ukuntu abo bazogaruka bazoronka uburaro, ivyokurya n’ivyambarwa. Eka mbere ntidushoboye kwemeza ukuntu Yehova azotunganya ibibazo nk’irerwa n’ibungabungwa ry’abana bazutse, canke ukuntu azotunganya ibintu bimwebimwe vyoba vyerekeye abagenzi bacu hamwe n’abo dukunda. Ego niko, kwibaza ivyerekeye ibintu mwene ivyo ni ibisanzwe. Ariko vyoba bitaranga ubwenge gufata umwanya ngo tugerageze kwishura ibibazo bitishurika muri iki gihe. Ico dukwiye kwitwararika ni ugukorera Yehova turi abizerwa, n’ukuronka ubuzima budashira. Abakirisu basizwe icizigiro cabo ni ic’izuka ry’ubuninahazwa bakaja mw’ijuru. (2 Petero 1:10, 11) “Izindi ntama” bizigiye kuragwa ubuzima budashira mu karere ko kw’isi k’Ubwami bw’Imana. (Yohana 10:16; Matayo 25:33, 34) Nayo ku vy’ido n’ido ry’ivyerekeye izuka bitazwi, ico tugira gusa ni ukwizigira Yehova. Ubuhirwe bwacu bwo muri kazoza buri mu minwe y’Umwe ashobora “[gu]hāza ukwipfuza kw’ibiriho vyose.”—Zaburi 145:16; Yeremiya 17:7.

18. (a) Intsinzi Paulo yerekana ni iyihe? (b) Ni kuki twizigira izuka tudakeka?

18 Paulo asozera iciyumviro ciwe avuga ati: “Imana ishimwe, iduha gutsinda kubg’Umwami wacu Yesu Kristo.” (1 Ab’i Korinto 15:57) Egome, ugutsinda urupfu ruturuka kuri Adamu kwarabonetse biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, kandi abasizwe n’ “izindi ntama” bompi barasangiye iyo ntsinzi. Nkako nyene, “izindi ntama” bakiri bazima muri iki gihe bafise icizigiro kidasanzwe ku b’iri yaruka. Kubera ko bari mu bagize “ishengero ryinshi” ridasiba kwongerekana, bashobora kuzorokoka ya ‘marushwa ahambaye’ yimirije vyongeye ntibazokwigere bashikirwa n’urupfu rw’umubiri! (Ivyahishuriwe 7:9, 14) Ariko rero, n’abapfa kubera “ibihe n’ibiza ku muntu” canke baguye mu minwe y’abakozi ba Shetani, barashobora gushira agatima ku cizigiro c’izuka.—Umusiguzi 9:11.

19. Abakirisu bose muri iki gihe bakwiye gukurikira impanuro iyihe?

19 Ni co gituma turindiranye umushasharo uwo musi ntangere, aho urupfu ruzohindurwa ubusa, rukarandurwa. Icizigiro cacu kitanyiganyiga dufise ku muhango Yehova yaduhaye w’izuka kiratuma tubona ibintu ata kwibesha. Ivyodushikira muri ubu buzima vyaba ibiki—naho kwoba ari ugupfa—nta kintu na kimwe gishobora kutwaka impembo Yehova yadusezeraniye. Ku bw’ico, impanuro Paulo aha Abanyakorinto mu kurangiza irabereye muri iki gihe, nk’uko nyene yari ibereye imbere y’imyaka ibihumbi bibiri ihise, ari yo y’iyi: “Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami.”—1 Ab’i Korinto 15:58.

Woshobora Gusigura?

◻ Paulo yishuye gute ikibazo cerekeye imibiri abasizwe bohawe bazutse?

◻ Ni gute kandi ryari urupfu amaherezo ruzohindurwa ubusa, rukarandurwa?

◻ Mu bazozukira kw’isi hazoba harimwo na ba nde?

◻ Dukwiye kugira agatima kameze gute ku bintu Bibiliya ataco ibivugako?

[Ifoto ku rup. 28]

Urubuto ‘rurapfa’ mu gushikirwa n’ihinduka rikomeye cane

[Ifoto ku rup. 31]

Abagabo n’abagore b’abizerwa ba kera, nka Nowa, Aburahamu, Sara na Rahabu, bazoba barimwo mu bazutse

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika