‘Abapfuye Bazozurwa’
“Inzamba izovuga, abapfuye [bazurwe] batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa.”—1 AB’I KORINTO 15:52.
1, 2. (a) Ni isezerano rihumuriza irihe ryatanzwe biciye ku muhanuzi Hoseya? (b) Tuzi gute ko Imana igabirije kuzura abapfuye bagasubira kuba bazima?
WOBA umaze kubura umuntu wakunda cane? Urazi rero akababaro urupfu rushobora gutera. Ariko rero, Abakirisu barahumurizwa n’isezerano Imana yatanze ibicishije ku muhanuzi Hoseya, iti: “Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe?”—Hoseya 13:14.
2 Iciyumviro c’uko abapfuye basubira kuba bazima gisa n’ikintu kitumvikana ku bakunda guharira. Ariko nta gukeka ko Imana Mushoboravyose ifise ububasha bwo gukora igitangaro nk’ico! Ikibazo nyaco ni ukumenya niba Yehova ashaka kugarura abapfuye bakaba bazima. Wa mugabo w’umugororotsi Yobu yabajije ati: “Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho?” Maze yatanze inyishu isubiriza umutima mu nda ati: “Wompamagaye nkakwitaba; wobaye wifuza igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:14, 15) Ijambo ‘kwipfuza’ ryerekana ugushashara cane ari kwo gushaka. (Gereranya na Zaburi 84:2.) Ni vyo, Yehova si we azobona izuka rirabaye—arashashaye cane gusubira kubona abizerwa bapfuye, bakaba ari bazima mu bwenge bwiwe.—Matayo 22:31, 32.
Yezu Ahishura Ivyerekeye Izuka
3, 4. (a) Yezu yahishuye iki ku vyerekeye icizigiro c’izuka? (b) Ni kuki Yezu yazutse ari impwemu atazutse mu mubiri?
3 Abantu ba kera b’ukwizera nka Yobu ntibatahura ivy’izuka vyose nk’uko biri. Yezu ni we yahishuye mu buryo bwuzuye ivy’ico cizigiro c’igitangaza. Yarerekanye uruhara nyamukuru ubwiwe afise igihe yavuga ati: “Uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira.” (Yohana 3:36) Ubwo buzima buzoronkerwa he? Kuri benshi mu bagaragaza ukwizera, hazoba ari kw’isi. (Zaburi 37:11) Ariko rero, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.” (Luka 12:32) Ubwami bw’Imana ni ubwo mw’ijuru. Kubera ico, iryo sezerano risobanura yuko hari “ubusho buto” buzotegerezwa kuba kumwe na Yezu mw’ijuru, ari ibiremwa vy’impwemu. (Yohana 14:2, 3; 1 Petero 1:3 4) Ese ukuntu ari icizero c’akaroruhore! Mu nyuma Yezu yahishuriye intumwa Yohani yuko ubwo “busho buto” bwonganye n’abantu 144 000 gusa.—Ivyahishuriwe 14:1.
4 Ariko ni gute abo 144 000 bokwinjiye mu buninahazwa bw’ijuru? Yezu ‘ubuzima n’ukutabora yabiserurishije inkuru nziza.’ Biciye ku maraso yiwe, yasatuye “[i]nzira nshasha kandi nzima” ijana mw’ijuru. (2 Timoteyo 1:10; Abaheburayo 10:19, 20, Ubwuzure Bushasha) Ubwa mbere, yarapfuye nk’uko Bibiliya yari yarabimenyesheje. (Yesaya 53:12) Maze, nk’uko intumwa Petero mu nyuma yabimenyesheje, “uwo Yezu Imana yaramuzuye.” (Ivyakozwe 2:32) Ariko Yezu ntiyazutse ari umuntu buntu. Yari yaravuze ati: “Umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubu[zima].” (Yohana 6:51) Kugarukana umubiri wiwe vyotumye iyo ncungu iba impfagusa. Kubera ico, Yezu “yishwe [ari mu m]ubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu.” (1 Petero 3:18) Yezu rero “yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira [ku bwacu],” ni ukuvuga “[u]busho buto.” (Abaheburayo 9:12) Yarashikirije Imana agaciro k’ubuzima bwiwe bwa kimuntu butagira agasembwa nk’incungu icungura umuryango w’abantu b’abanyavyaha, hanyuma ba bandi 144 000 ni bo babaye aba mbere mu kwungukira kuri iyo ncungu.
5. Ni icizigiro ikihe cahawe abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere?
5 Yezu si we wenyene yozukiye ubuzima bw’ijuru. Paulo yabwiye Abakirisu bagenziwe b’i Roma yuko basizwe impwemu yera kugira ngo babe abana b’Imana be n’abaraganwa na Kirisitu, baramutse bemeje ugusigwa kwabo mu kwihangana gushika kw’iherezo. (Abaroma 8:16, 17) Paulo yasiguye kandi ati: “Ko twakoranijwe na we n’igishushanyo c’urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n’ic’ukuzuka kwiwe na co.”—Abaroma 6:5.
Ukuburanira Icizigiro c’Izuka
6. Ni kuki icizigiro c’izuka cagwanijwe i Korinto, kandi intumwa Paulo yakoze iki?
6 Izuka ni umuce w’ ‘inyigisho y’ishimikiro’ y’Ubukirisu. (Abaheburayo 6:1, 2) Naho bimeze bityo, iyo nyigisho yararwanijwe i Korinto. Bigaragara yuko bamwe mu bari muri iryo shengero bohejwe na filozofiya y’Abagiriki, bavuga bati: “[Nt]a wuzuka.” (1 Ab’i Korinto 15:12) Igihe inkuru z’ivyo zashikira intumwa Paulo, yaraburaniye icizigiro c’izuka, canecane icizigiro c’Abakirisu basizwe. Reka twihweze amajambo ya Paulo nk’uko yanditse muri 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 15. Kuba warasomye ico kigabane cose uko kingana nk’uko vyasabwe mu kiganiro giheruka, uraza gusanga bigufashije.
7. (a) Paulo yashimitse ku kibazo nyamukuru ikihe? (b) Ni bande babonye Yezu yazutse?
7 Mu mirongo ibiri ya mbere yo muri 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 15, Paulo ashikiriza umutwe-shimikiro w’ikiganiro ciwe. Agira ati: “Ndasubira kubibutsa, benewacu, ya nkuru nziza nabamenyesheje, ari yo mwakiriye mugahagararamwo, ari yo idahengeshanya kubakiza . . . ahandi ho mwoba mwemereye ubusa.” (UB) Niba Abanyakorinto barananiwe guhagarara bashikamye mu nkuru nziza, boba bemereye ubusa ukuri. Paulo yabandanije ati: “Nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga; akiyereka Kefa, maz’akiyereka bamwe cumi na babiri, akongera akiyerekera hamwe bene Data basāga amajana atanu, mur’abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe bārasinziriye: maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose. Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana [yavutse atageze, NW].”—1 Ab’i Korinto 15:3-8.
8, 9. (a) Ukwemera izuka guhambaye ku rugero rungana iki? (b) Bishoboka ko Yezu yabonekeye “bene Data basāga amajana atanu” ryari?
8 Ku bari bemeye inkuru nziza, izuka rya Yezu nticari ikintu umuntu yemera ashatse. Hariho abantu bavyiboneye, bashobora kwemeza yuko “Kristo yapfiriye ivyaha vyacu” kandi ko yazutse. Umwe muri abo yari Kefa, uwuzwi cane mw’izina rya Petero. Inyuma yaho Petero amariye kwihakana Yezu muri rya joro yagurishwa akanafatwa, ategerezwa kuba yarahumurijwe cane n’ukubonekerwa na we. “Bamwe cumi na babiri,” ari bo za ntumwa uko ari umugwi, na bone baragendewe na Yezu yari yazutse—kikaba ari ikintu gitegerezwa kuba carabafashije gutsinda ubwoba bari bafise no kuba ivyabona bashize amanga b’izuka rya Yezu.—Yohana 20:19-23; Ivyakozwe 2:32.
9 Kirisitu yabonekeye kandi umugwi munini gusumba, “bene Data basāga amajana atanu.” Kubera yuko muri Galilaya ari ho gusa yari afise abayoboke benshi gutyo, ivyo bishobora kuba vyabaye ca gihe kivugwa muri Matayo 28:16-20, hamwe Yezu yatanga ibwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa. Ese ukuntu abo bantu bashobora gushinga intahe ikomeye! Bamwebamwe bari bakiriho igihe Paulo yandika iri kete rya mbere ku B’i Korinto, mu 55 G.C. Ariko urabona yuko abari bamaze gupfa bavugwa yuko bari ‘basinziriye mu rupfu.’ Ntibaribwazurwe ngo bahabwe impera yabo y’ijuru.
10. (a) Ikoraniro rya nyuma Yezu yagiranye n’abigishwa biwe ryavuyemwo iki? (b) Yezu yabonekeye gute Paulo ‘ari nk’umwana yavutse atageze’?
10 Uwundi muntu tutokwihoza yiboneye Yezu yazutse yari Yakobo, mwene Yozefu na Mariya nyina wa Yezu. Imbere y’iryo zuka, bigaragara yuko Yakobo ataribwabe uwizeye. (Yohana 7:5) Ariko Yezu amaze kumubonekera, Yakobo yarizeye kandi kumbure aragira uruhara mu guhindura abandi benewabo. (Ivyakozwe 1:13, 14) Kw’ikoraniro rya nyuma yagiranye n’abigishwa biwe igihe yaca aduga mw’ijuru, Yezu yabashinze ibanga ryo “[ku]ba ivyabona . . . gushitsa ku mpera y’isi.” (Ivyakozwe 1:6-11) Mu nyuma yabonekeye Sawuli w’i Taruso, umuntu yahama Abakirisu. (Ivyakozwe 22:6-8) Yezu yabonekeye Sawuli ‘ari nk’umwana yavutse atageze.’ Vyari nk’aho Sawuli yoba yari amaze kuzukira ubuzima bw’impwemu, gutyo agashobora kubona Umukama yaninahajwe, hagisigaye ibinjana ngo igihe nyaco c’iryo zuka gishike. Ivyo bintu vyabaye vyaratangiriye bukwi na bukwi Sawuli mu ngendo yiwe yo kurwanya bunyamaswa ishengero ry’Abakirisu, kandi bituma agira ihinduka riboneka. (Ivyakozwe 9:3-9, 17-19) Sawuli yacitse intumwa Paulo, umwe mu bashigikiye ukwizera kw’Abakirisu bivuye inyuma.—1 Ab’i Korinto 15:9, 10.
Ukwizera Izuka Kurakenewe Cane
11. Paulo yashize ku kabarore gute ingene ari ikinyoma kuvuga ngo ‘nta zuka rihari’?
11 Izuka rya Yezu rero kwari ukuri kwemejwe neza. Paulo yabajije ati: “Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka?” (1 Ab’i Korinto 15:12) Abantu nk’abo ntibari bafise gusa amakenga canke ibibazo bibaza ku vyerekeye izuka, ariko baraserura ku mugaragaro yuko bataryemera. Ni co gituma Paulo yashize ku kabarore ivy’uko ukwiyumvira kwabo kwarimwo amakosa. Avuga yuko niba Kirisitu atazutse, ubutumwa bw’Abakirisu rero bwari ikinyoma, kandi ko abashinga intahe yuko Kirisitu yazutse bari rero “abashingira Imana intahe y’ikinyoma.” Niba Kirisitu atazutse, nta ncungu rero Imana yarishwe; Abakirisu bobaye bari ‘bakiri mu vyaha vyabo.’ (1 Ab’i Korinto 15:13-19; Abaroma 3:23, 24; Abaheburayo 9:11-14) Kandi Abakirisu ‘basinziriye mu rupfu,’ bamwebamwe bakaba bapfuye bwa bamaratiri, boba baraherengeteye ata cizigiro nyakuri bafise. Ese ukuntu abo Bakirisu boba rero bateye akagongwe niba ubu buzima bwobaye ari bwo gusa bari biteze! Boba bacumukuriye ubusa.
12. (a) Kwita Kirisitu ‘umushuzo w’abasinziriye mu rupfu’ bishaka kuvuga iki? (b) Yezu yatumye gute izuka rishoboka?
12 Ariko ukwo si ko ibintu vyari vyifashe. Paulo abandanya agira ati: “Kristo yarazutse mu bapfuye.” Vyongeye, ‘ni we mushuzo w’abasinziriye mu rupfu.’ (1 Ab’i Korinto 15:20) Igihe Abisirayeli baha Yehova umushuzo w’ivyimburwa vyabo babigiranye ukugamburuka, yarabahezagira mu kubaha umwimbu mwinshi. (Kuvayo 22:29, 30; 23:19; Imigani 3:9, 10) Mu kwita Yezu ‘umushuzo,’ Paulo yashaka kuvuga yuko hari irindi sarura ry’abantu bozutse mu bapfuye bakaja mu buzima bw’ijuru. Paulo avuga ati: “Nk’uk’urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye kwazanywe n’umuntu. Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.” (1 Ab’i Korinto 15:21, 22) Yezu yatumye izuka rishoboka mu gutangako incungu ubuzima bwiwe bwa kimuntu butagira agasembwa, aba yugururiye abantu inzira yo kubohozwa bakava mu buja bw’icaha n’urupfu.—Ab’i Galatiya 1:4; 1 Petero 1:18, 19.a
13. (a) Ukuzukira ijuru kuba ryari? (b) Bishoboka bite ko abasizwe bamwebamwe ‘badasinzira mu rupfu’?
13 Paulo abandanya agira ati: “Arik’umuntu wese mu mwanya wiwe: Kristo ni we mushuzo, maz’aba Kristo bazobonerwa bazuke, ah’azozira.” (1 Ab’i Korinto 15:23) Kirisitu yazutse mu 33 G.C. Ariko rero, abayoboke biwe basizwe—ni ukuvuga “aba Kristo”—bobwirijwe kurindira gushika inyuma gatoyi y’aho Yezu yomariye kuba ahari bwa Mwami, ubuhanuzi bwa Bibiliya bukaba bwerekana ko ico gihe cashitse mu 1914. (1 Ab’i Tesalonike 4:14-16; Ivyahishuriwe 11:18) Twovuga iki ku bobaye ari bazima mu gihe c’ukwo kuhaba kwiwe? Paulo avuga ati: “Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’inzamba y’iherezo izovugira. Kukw inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa.” (1 Ab’i Korinto 15:51, 52) Birumvikana, si abasizwe bose basinzira mu mva barindiriye izuka. Abapfa mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu barahindurwa nk’aka kanya.—Ivyahishuriwe 14:13.
14. Abasizwe “[ba]batirizwa kuba abapfuye” mu buryo ki?
14 Paulo abaza ati: ‘Ahandi ho, bazogira bate ababatirizwa kuba abapfuye? Asangwa abapfuye batazurwa namba, ni iki gituma babatizwa kugira ngo bamere batyo? Natwe n’iki gituma twama turi mw irinde?’ (1 Ab’i Korinto 15:29, 30, NW) Paulo ntiyashaka kuvuga yuko abantu bazima bǎriko babatizwa ku bw’abapfuye, nk’uko impinduro zimwezimwe za Bibiliya zishaka kuvyerekana. Nakare, ibatisimu ijanye n’ivy’ukuba umwigishwa kw’Abakirisu, ubugingo bwapfuye na bwo bukaba budashobora kuba abigishwa. (Yohana 4:1) Ahubwo, Paulo yariko aravuga ivy’Abakirisu bazima, abenshi muri bo bakaba ‘bama bari mw irinde’ nka Paulo ubwiwe. Abakirisu basizwe ‘babatirijwe mu rupfu rwa Kirisitu.’ (Abaroma 6:3) Kuva bagisigwa, ni nk’uko boba ‘babatirizwa’ kuja mu ngendo yobajanye mu rupfu nk’urwo Kirisitu yapfuye. (Mariko 10:35-40) Bopfuye bafise icizigiro c’ukuzukira ijuru kw’ubuninahazwa.—1 Ab’i Korinto 6:14; Ab’i Filipi 3:10, 11.
15. Ni ingeramizi izihe Paulo ashobora kuba yaraciyemwo, kandi ukwizera izuka kwagize uruhara uruhe mu vy’ukuzirinda?
15 Ubu na ho Paulo asobanura yuko we ubwiwe yagiye mw’irinde rikomeye ku buryo yashoboye kuvuga ati: “Uko bukeye ndapfa.” Kugira ngo ntihagire bamwebamwe bavuga ko arenza urugero, Paulo yongerako ati: “Indahiro ndahiye ni mwebge vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.” Mu Bwuzure Bushasha uwo murongo uhindurwa uku: “Uko bukeye uko bwije ndapfa: indahiro ndahiye ni mwebwe benewacu, mwebwe gahimbare mfise muri Kristu Yezu Umukama wacu.” Nk’akarorero, Paulo aravuga ingeramizi yaciyemwo, ku murongo wa 32 avuga yuko “[y]arwaniye n’ibikōko muri Efeso.” Abaroma kenshi bica inkozi z’ikibi mu kuziterera inyamaswa, mu bibuga vy’inkino. Niba Paulo yararinze ivy’ukunigana n’inyamaswa bunyamaswa, yoba gusa yarokotse abifashijwemwo na Yehova. Ata cizigiro c’izuka afise, guhitamwo iyo ngendo y’ubuzima yamushira muri mwene ako kaga vy’ukuri kwobaye ari nk’ukugabura inyama. Ata cizigiro c’ubuzima bwo muri kazoza, kurinda amagume n’ukwibabaza vyajana n’ugukorera Imana nta kintu kinini vyobaye bivuze. Paulo avuga ati: “Namb’abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.”—1 Ab’i Korinto 15:31, 32; raba 2 Ab’i Korinto 1:8, 9; 11:23-27.
16. (a) Imvugo ngo “nitwīrīre, twinywere kukw ejo tuzopfa” ishobora kuba yakomotse he? (b) Kugira ico ciyumviro vyoteye ngeramizi izihe?
16 Paulo ashobora kuba yasubiyemwo amajambo ari muri Yesaya 22:13, ayadondora agatima k’ababa muri Yeruzalemu bagambarara, k’uko ngo ibintu vyose bishika biba vyaranditswe imbere y’igihe. Canke ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi ivyo Abepikureyo bemera, abagaya icizigiro ico ari co cose c’ubuzima bw’inyuma yo gupfa bakemera yuko ivyinezerezo vy’umubiri ari vyo vyiza nyamukuru mu buzima. Ivyo ari vyo vyose, iyo filozofiya ya “twīrīre, twinywere” ntiyari ijanye no kuyobokera Imana. Ni co gituma Paulo agabisha ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33) Kwivanga n’abatera akagere izuka vyoshoboye kuba nk’ishano. Ukwo kuja hamwe na bo gushobora kuba kwaragize uruhara mu ngorane Paulo yategerezwa kwicarira mw’ishengero ry’i Korinto, nk’ubushegabo, amacakubiri, ugushengezanya muri sentare, hamwe n’ukutubaha za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba.—1 Ab’i Korinto 1:11; 5:1; 6:1; 11:20-22.
17. (a) Paulo yinginze Abanyakorinto kugira iki? (b) Ni ibibazo ibihe bigisigaye kwishurwa?
17 Gutyo Paulo yinginga Abanyakorinto mu buryo bwiza ati: “Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.” (1 Ab’i Korinto 15:34) Ukubona izuka mu buryo bubi vyajanye bamwe ku guta ubwenge, nk’aho boba bari baborewe. Bari bakeneye kwikangura bakagumana urugero. Abakirisu basizwe muri iki gihe na bone barakeneye kuba maso mu vy’impwemu, ntiboshwe n’ukuntu isi ibona ibintu kurimwo ugukekeranya. Bategerezwa kwumira ku cizigiro cabo c’ukuzukira ijuru. Ariko hariho ibibazo vyari bigisigaye—ku Banyakorinto b’ico gihe no kuri twebwe bo muri iki gihe. Nk’akarorero, abo 144 000 bazukira kuja mw’ijuru baba bari mu mero iyihe? Kandi twovuga iki ku bandi amamiliyoni bakiri mu mva ariko badafise icizigiro c’ijuru? Izuka rizoba rivuze iki ku bantu nk’abo? Mu kiganiro cacu gikurikira, turihweza ibindi bintu bisigaye Paulo yavuze ku vy’izuka.
[Akajambo k’epfo]
a Ku vyerekeye incungu, raba ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 1991.
Woba Wibuka?
◻ Ni ibiki Yezu yahishuye ku vyerekeye izuka?
◻ Bamwebamwe mu biboneye izuka rya Yezu ni bande?
◻ Ni kuki inyigisho y’ivy’izuka yarwanijwe, kandi Paulo yakoze iki kuri ivyo?
◻ Ni kuki ukwizera izuka gukenewe cane ku Bakirisu basizwe?
[Ifoto ku rup. 23]
Umukobwa wa Yayiro yabaye ikimenyamenya c’uko izuka rishoboka
[Ifoto ku rup. 24, 25]
Ata cizigiro c’izuka kiriho, ugupfa rumaratiri kw’Abakirisu bizerwa kwobaye ataco kuvuze