‘Komeza Kugendera Muri Kirisitu’
“Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko [mukomeza ku]gendera muri we.”—AB’I KOLOSAYI 2:6.
1, 2. (a) Bibiliya idondora gute ubuzima Henoki yamaze akorera Yehova adahemuka? (b) Yehova yadufashije gute kugira ngo tugendane na we, nk’uko vyerekanwa mu b’i Kolosayi 2:6, 7?
WOBA umaze kwitegereza agahungu gatoyi kariko kagendana na se? Ako kana gasangiye urugendo na se karigana intambwe yose ateye, ukabona mu maso kuzuye urweze; se agenda agafasha, mu maso hiwe ubwaho hakayangana kubera urukundo n’ishimwe. Birakwiriye rero kubona Yehova akoresha ikigereranirizo nk’ico nyene mu kuvuga ubuzima umuntu aba yamaze mu murimo amukorera adahemuka. Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana rivuga yuko wa mugabo w’umwizerwa Henoki ‘yagumye agendana n’Imana [y’ukuri].’—Itanguriro 5:24; 6:9.
2 Nk’uko nyene se w’umwitwararitsi yofasha agahungu kiwe kugendana na we, ni ko Yehova yaduhaye imfashanyo nziza ishoboka. Yarungitse Umwana wiwe w’ikinege kw’isi. Muri vyose, mu ngendo y’ubuzima bwiwe bwose hano kw’isi, Yezu Kirisitu yaragaragaje se wiwe wo mw’ijuru mu buryo butagira agasembwa. (Yohana 14:9, 10; Abaheburayo 1:3) Kugira ngo tugendane n’Imana rero, turakeneye kugendana na Yezu. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mukomeza kugendera muri we, mushinze imizi muri we, mwubatswe muri we, mushikamishijwe mu kwizera nk’uko mwigishijwe, musesekara ishimwe.’—Ab’i Kolosayi 2:6, 7.
3. Dukurikije Ab’i Kolosayi 2:6, 7, ni kuki dushobora kuvuga ko kugendera muri Kirisitu bitarimwo ukubatizwa gusa?
3 Kubera ko bashaka kugendera muri Kristo, bakihata kugira ngo bakurikire intambuko ziwe zitunganye, abigishwa ba Bibiliya b’inzirabugunge baremera kubatizwa. (Luka 3:21; Abaheburayo 10:7-9) Kw’isi yose, mu 1997 honyene, abarenga 375 000 barateye iyo ntambwe ihambaye—bakaba bagize incahagati y’abarenga 1 000 babatizwa uko bukeye. Iryo yongerekana ni inkoramutima pe! Ariko rero, amajambo Paulo yavuze yanditswe mu B’i Kolosayi 2:6, 7 arerekana yuko kugendera muri Kirisitu atari ukubatizwa gusa. Irivuga ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo ‘mukomeze kugenda’ ridondora igikorwa gitegerezwa kuba ari ikibandanya, gikomeza. Uretse ivyo, Paulo arongerako yuko kugendana na Kirisitu birimwo ibintu bine: gushinga imizi muri Kirisitu, kwubakwa muri we, gushikamishwa mu kwizera, no gusesekara ishimwe. Reka twihweze imvugo imwe yose hanyuma turabe ukuntu idufasha kubandanya kugendera muri Kirisitu.
Woba ‘Ushinze Imizi Muri Kirisitu’?
4. ‘Gushinga imizi muri Kirisitu’ bisobanura iki?
4 Ica mbere dukeneye nk’uko Paulo avyandika, ni ‘ugushinga imizi muri Kirisitu.’ (Gereranya na Matayo 13:20, 21.) Umuntu ashobora gukora gute agana ku gushinga imizi muri Kirisitu? Urabona, imizi y’igiterwa ntiba ahabona, ariko ni iya nkenerwa cane kugira ngo ico giterwa kibeho—iratuma kiguma hamwe kandi ikakigaburira. Muri ubwo buryo nyene, akarorero Kirisitu yatanze be n’inyigisho yiwe biri n’ico bikora kuri twebwe, ubwa mbere bikaba biba mu buryo butaboneka, bikanyengetera mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu. Ni na ho bitugaburirira kandi bikanadukomeza. Iyo tubiretse ngo biyobore ukwiyumvira kwacu, ibikorwa vyacu n’ingingo dufata, bituma twegurira Yehova ubuzima bwacu.—1 Petero 2:21.
5. Dushobora gute ‘kugira icipfuzo gikaze’ c’ivyokurya vyo mu buryo bw’impwemu?
5 Yezu yarakunda ubumenyi buva ku Mana. Mbere yabusanishije n’ivyokurya. (Matayo 4:4) N’ikivyemeza, muri ya Nsiguro yo ku Musozi yarasubiyemwo ivyanditswe 21 vyo mu bitabu umunani bitandukanye vyo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. Kugira ngo dukurikire akarorero kiwe, dukwiye kugira nk’uko intumwa Petero abidukeburamwo—ngo ‘tugire icipfuzo gikaze’ c’ivyokurya vyo mu buryo bw’impwemu “nk’inzoya zivutse vuba.” (1 Petero 2:2) Iyo uruyoya ruvutse vuba rwipfuza kwonka, ntiruhisha na gato icipfuzo gikaze rufise. Niba ubu tutumva tumerewe gutyo ku vyerekeye ivyokurya vyo mu buryo bw’impwemu, amajambo ya Petero aturemesha ‘kugira’ ico cipfuzo gikaze. Gute? Ingingo dusanga muri Zaburi 34:8 irashobora gufasha: “Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’Uhoraho aryoshe.” Mu gihe tuguma ‘twumvirizako’ kw’Ijambo rya Yehova, ari ryo Bibiliya, kumbure tugasoma agahimba karyo uko bukeye uko bwije, tuzosanga rinuze kandi riryoshe mu vy’impwemu. Mu nyuma, ukuryipfuza kwacu kuzokwongerekana.
6. Ni kubera iki kuzirikana ku vyo dusoma ari ngirakamaro?
6 Ariko rero, iyo tumaze kwihereza ibifungurwa, ni ngirakamaro y’uko umushishito ubisya ukabinoza. Ni co gituma dukeneye kuzirikana ku vyo dusoma. (Zaburi 77:11, 12) Nk’akarorero, uko dusoma ca gitabu Yule Mtu Mkuu Zaidi Aliyepata Kuishi, ikigabane cose kiza kirarushiriza kutugirira akamaro igihe duhagaze tukibaza duti: ‘Ni umuce uwuhe wa kamere-muntu ya Kirisitu mbona muri iyi nkuru, kandi noshobora kuyigana gute mu buzima bwanje bwite?’ Kuzirikana muri ubwo buryo bizotuma dushobora gushira mu ngiro ivyo twiga. Maze igihe duhanganye n’ingingo dutegerezwa gufata, twoshobora kwibaza ico Yezu yari gukora iyo aba ari we. Mu gihe dufashe ingingo yacu duhuje n’ivyo, tuba dutanze ikimenyamenya c’uko vy’ukuri twashinze imizi muri Kirisitu.
7. Dukwiye kubona gute ivyokurya bigumye vyo mu buryo bw’impwemu?
7 Paulo kandi araduhimiriza ngo twihereze “ivyo kurya bigumye,” ari vyo bintu vy’ukuri bigera kure vyo mw’Ijambo ry’Imana. (Abaheburayo 5:14) Gusoma Bibiliya tukayiheza twoshobora kubigira intumbero yacu ya mbere muri ivyo. Maze hariho ibindi bintu birashe vyo kwiga, nk’ivyerekeye inkuka y’incungu Kirisitu yatanze, ya masezerano atandukanye Yehova yagirana n’igisata ciwe, canke bumwebumwe mu butumwa menyeshakazoza dusanga muri Bibiliya. Hariho amayagwa umurengera azodufasha kwihereza no gusya tukanoza mwene ivyo vyokurya bigumye vyo mu buryo bw’impwemu. Kwihereza ubumenyi mwene ubwo twobigira dufise intumbero iyihe? Si ukugira turonke impamvu yo kwiyemera, ahubwo ni ukwubaka urukundo dufitiye Yehova no kugira ngo turushirize kumwiyegereza. (1 Ab’i Korinto 8:1; Yakobo 4:8) Mu gihe twihereje ubwo bumenyi tubushashaye, tukabwirabishako twebwe ubwacu, vyongeye tukabukoresha kugira ngo dufashe abandi, tuzoba turiko turigana Kirisitu vy’ukuri. Ivyo bizodufasha gushinga imizi muri we mu buryo bubereye.
Woba ‘Uriko Wubakwa Muri Kirisitu’?
8. ‘Kwubakwa muri Kirisitu’ bisobanura iki?
8 Ku vy’umuce ukurikira w’ukugendera muri Kirisitu, Paulo ava ningoga ku kigereranirizo kimwe akaja ku kindi—akava ku giterwa akaja ku nyubakwa. Iyo twiyumviriye inzu iriko irubakwa, ntitwiyumvira gusa umushinge, ariko turiyumvira n’inyubakwa iwudugirako ku mugaragaro, biturutse ku gikorwa kinini kitoroshe. Na twebwe nyene turakwiye gukora igikorwa kinini kitoroshe kugira ngo twubake kamere hamwe n’ingeso bisa n’ivya Kirisitu. Igikorwa nk’ico kitoroshe ntikibura kubonwa, nk’uko na Paulo yandikiye Timoteyo ati: ‘Iterambere ryawe niribonekere abantu bose.’ (1 Timoteyo 4:15; Matayo 5:16) Bimwebimwe mu bikorwa vya gikirisu bitwubaka ni ibihe?
9. (a) Kugira ngo dushobore kwigana neza Kirisitu mu gikenurwa cacu, ni intumbero ngirakimazi zimwezimwe izihe twoshobora kwishingira? (b) Tuzi gute ko Yehova ashaka ko tunezererwa igikenurwa cacu?
9 Yezu yadushinze kwamamaza no kwigisha inkuru nziza. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Yaratanze akarorero katagira agasembwa, arashinga intahe ashize amanga kandi mu buryo kirumara. Birumvikana, ntituzokwigera dukora neza nk’uko yakoze. Ariko ntikibuza ko intumwa Petero adushingira iyo ntumbero ati: “Mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya.” (1 Petero 3:15) Niba utiyumvamwo ko ‘uhora witeguriye kwishura umuntu,’ ntiwihebure. Niwishingire intumbero zigereranye zizogufasha gutera uja imbere buhorobuhoro ngo ushikire urwo rugero. Kwitegura imbere y’igihe vyotuma ushobora kunyuranya uburyo ukoresha bwo gutanguza ikiyago, canke ugashobora gushiramwo icanditswe kimwe canke bibiri. Woshobora kwishingira intumbero zo kurushirizaho gusigira abantu ivyandikano vya Bibiliya, kurushirizaho gusubira kugendera abantu, canke gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ntukwiye gushimika bimwe birengeje urugero urondera gukora vyinshi—nko gukora amasaha menshi, gusigira abantu ivyandikano vyinshi, canke kurongora inyigisho za Bibiliya nyinshi—ahubwo ukwiye kurondera ko ivyo ukora biba vyiza. Ukwishingira intumbero zigereranye no kwihata ngo tuzishikeko birashobora kudufasha kunezererwa ukwitanga mu gikenurwa. Ico ni co Yehova ashaka—ashaka ko tumukorera “[tu]nezerewe.”—Zaburi 100:2; gereranya na 2 Ab’i Korinto 9:7.
10. Ibindi bikorwa bimwebimwe vya gikirisu dukwiye gukora ni ibihe, kandi ivyo bidufasha gute?
10 Hariho n’ibikorwa turangura mw’ishengero bitwubaka muri Kirisitu. Igihambaye kuruta ibindi ni ukwerekana urukundo dufitaniye, kuko ico ari co kimenyetso kiranga Abakirisu b’ukuri. (Yohana 13:34, 35) Mu gihe tukiriko turiga, abenshi muri twebwe turahava tukikundira uwutwigisha, kandi nkako nyene ivyo ni ibisanzwe. Ariko muri ico gihe none twoshobora gukurikira impanuro ya Paulo idusaba ‘kwaguka’ mu gushika ku kumenya abandi mw’ishengero? (2 Ab’i Korinto 6:13) Abakurambere na bo nyene barakeneye ko tubakunda kandi tukabashima. Mu gihe dusenyeye ku mugozi umwe na bo, tukarondera impanuro baduha ishingiye ku Vyanditswe kandi tukayemera, tuzoba tuborohereje cane igikorwa bakora. (Abaheburayo 13:17) Ico gihe nyene, ivyo bizoterera agacumu k’ubumwe mu vy’ukwubakwa kwacu muri Kirisitu.
11. Dukwiye kubona gute ibatisimu mu buryo butarimwo ukwibesha?
11 Ibatisimu ni igihe giteye akanyamuneza! Ariko ntidukwiye kwitega ko igihe cose co mu buzima bukurikira inyuma yaho kiba inkoramutima nk’ukwo. Igice kinini c’ukwubakwa kwacu muri Kirisitu kirimwo ‘ukugenda ku rutonde muri iyo nzira nyene.’ (Ab’i Filipi 3:16) Ivyo si ukuvuga ko ari ukubaho nk’igihwiji, mu buryo burambira. Ahubwo gusa bisobanura gushishikara kugenda uraba imbere—mu yindi mvugo, ni ugutsimbataza utumenyero twiza two mu vy’impwemu kandi tukatugumya umutarekura uko bukeye uko bwije, uko umwaka utashe. Nitwibuke ko “uwihangana, agashitsa kw iherezo, [ari] we azokira.”—Matayo 24:13.
Woba ‘Uriko Urashikamishwa mu Kwizera’?
12. ‘Gushikamishwa mu kwizera’ bisobanura iki?
12 Muri iyo mvugo igira gatatu ivuga ivy’ukugendera kwacu muri Kirisitu, Paulo aduhimiriza ‘gushikamishwa mu kwizera.’ Hari impinduro imwe ivuga ngo “mwemezwe ku biraba ukwizera,” kuko ijambo ry’Ikigiriki Paulo yakoresheje hano rishobora gusobanura “kwemeza, gutangira icemeza, no gutuma [ikintu] kidashobora gukurwaho biciye mu mategeko.” Uko dukura mu vy’ubumenyi, turahabwa izindi mpamvu zo kubona ko ukwizera Yehova Imana kwacu gufise ishingiro rikomeye, kandi nkako, ko kwemewe n’amategeko. Ivyo biraheza bikongereza ugushikama kwacu. Bica biza birarushirizaho kugora isi ya Shetani kutuyovya. Ivyo biratwibutsa ya nkeburo Paulo yaduha ngo ‘dushikire ugukomera.’ (Abaheburayo 6:1) Ugukomera n’ugushikama birajana.
13, 14. (a) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Kolosayi bari bahanamiwe n’ibiki mu gushikama kwabo? (b) Ni ibiki bishobora kuba vyari biraje ishinga intumwa Paulo?
13 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Kolosayi bari bahanamiwe n’ibibabuza gushikama. Paulo yabuye ati: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu [“filozofiya,” NW] ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.” (Ab’i Kolosayi 2:8) Paulo ntiyashaka ko abo Bakolosayi bari bagiye mu ‘bwami bw’Umwana [w’Imana] ikunda’ batwarwa ngo bazimizwe bakuwe mu muhezagiro barimwo wo mu vy’impwemu. (Ab’i Kolosayi 1:13) Bari kuzimizwa hakoreshejwe ibiki? Paulo yadomye urutoke kuri “filozofiya,” ikaba ari yo ncuro yonyene iryo jambo riza muri Bibiliya. Yoba yariko avuga ivya ba bafilozofe b’Abagiriki nka Plato na Sokrate? Naho abo bari bahanamiye Abakirisu b’ukuri, muri iyo misi ijambo “filozofiya” ryakoreshwa muri vyinshi. Mu bisanzwe ryarakoreshwa ku mirwi myinshi y’ivyiyumviro no ku makoraniro menshi y’abantu basangiye ivyiyumviro—ushizemwo mbere n’ivy’idini. Nk’akarorero, Abayuda bo mu kinjana ca mbere nka Yozefe na Filo, idini yabo bayita ngo ni ifilozofiya—kugira ngo kumbure abantu barushirize kuyikunda.
14 Amafilozofiya amwamwe yoba yaraza ishinga Paulo yari ayo mu buryo bw’idini. Hirya muri ico kigabane nyene co mw’ikete yandikiye ab’i Kolosayi, yabwiye abantu bigisha ngo “Ntugafateko, ntugatamireko, ntugakoreko,” akaba yariko yerekeza ku bintu vyari mu Vyagezwe vya Musa vyari vyarakuweho n’urupfu rwa Kirisitu. (Abaroma 10:4) Turetse amafilozofiya ya gipagani, hariho ibintu vyariko bibosha vyari bihanamiye iryo shengero mu vy’impwemu. (Ab’i Kolosayi 2:20-22) Paulo yarababuriye kwirinda filozofiya yari mu bigize “ivya mbere vyo mw isi.” Inyigisho mwene iyo y’ikinyoma yari iyituruka mu bantu.
15. Dushobora gute kwirinda gutwarwa n’ivyiyumviro dukunda guhura na vyo binyuranye n’Ivyanditswe?
15 Ugushirwa imbere kw’ivyiyumviro vy’abantu bidashingiye kw’Ijambo ry’Imana bimwe bikomeye, kurashobora guhanamira ugushikama kw’Umukirisu. Muri iki gihe dutegerezwa kuba maso ku bihanamizi mwene ivyo. Intumwa Yohani yahimirije iti: “Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana.” (1 Yohana 4:1) Mu gihe rero uwo mwigana kw’ishure yogerageza kukwumvisha yuko kubaho wisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya ari ikintu cataye igihe, canke umubanyi agasa n’uwukwosha ngo ugire agatima k’ugukunda amaronko, kibure uwo mukorana akagutsindikiriza ku rwenge ngo urenge ku vyo ijwi ryawe ryo mu mutima ryigishijwe na Bibiliya rikubwira, canke mbere ukumva uwo musangiye ukwizera avuga ibintu vy’ukunegura abandi mw’ishengero abavuga nabi afatiye ku vyiyumviro vyiwe bwite, ntugapfe guha umutima ivyo bavuga. Niwigizeyo ikintu cose kitajanye n’Ijambo ry’Imana. Twese tugenjeje gutyo, tuzosanga tugumije ugushikama kwacu uko tugendera muri Kirisitu.
‘Nusesekare Ukwizera n’Ishimwe’
16. Umuce ugira kane w’ukugendera muri Kirisitu ni uwuhe, kandi ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza?
16 Umuce ugira kane w’ukugendera muri Kirisitu Paulo avuga ni uw’uko ‘twosesekara ukwizera n’ishimwe.’ (Ab’i Kolosayi 2:7) Ijambo ‘gusesekara’ riratwibutsa uruzi rwuzuye gushika mu nkombe zarwo. Ivyo bishaka kuvuga ko kuri twebwe Abakirisu, ugushima kwacu gukwiye kuba ikintu kibandanya canke camaho. Umwe wese muri twebwe yoshobora neza kwibaza ati: ‘Jewe noba nshima?’
17. (a) Ni kuki twoshobora kuvuga ko twese turi n’ibintu vyinshi vyotuma dushima, no mu bihe nyene bigoye? (b) Wewe ubona ingabirano zimwezimwe ziva kuri Yehova zituma canecane ushima ari izihe?
17 Mu vy’ukuri, twese turafise impamvu zihagije zotuma dusesekara ugushimira Yehova imisi yose. Eka no mu bihe bigoye vy’akataraboneka, harashobora kuba hariho ibintu bitobito bituma twumva turuhuriwe. Nk’umugenzi arashobora kukugaragariza impuhwe. Nk’uwo dukunda ashobora kudukuyakuya aduhumuriza. Turashobora kuryama neza tukaruhuka, tukumva ingoga ziragarutse. Turashobora kurya utwo kurya turyoshe tukatumara inzara. Akaririmbo k’inyoni, agatwengo k’umwana, ijuru ry’ubururu risayangana, akayaga gapfutse—ivyo vyose hamwe n’ibindi nyene, ni ibintu dushobora kwibonera ku musi umwe. Biroroshe cane ko ibintu mwene ivyo umuntu yohava abibona nk’ibisanzwe. Mbega none ivyo vyose ntibikwiye gutuma dushima? Ivyo vyose biva kuri Yehova, we Soko ry’ ‘ingabirano nziza yose n’ituro ritunganye ryose.’ (Yakobo 1:17) Vyongeye yaraduhaye ingabirano zirenze izo—nk’akarorero, ubuzima ubwabwo. (Zaburi 36:9) Uretse ivyo, yaranaduhaye akaryo ko kubaho ibihe bidashira. Kugira ngo Yehova aturonse iyo ngabirano, yarigoye bimwe biherejeko mu kurungika Umwana wiwe w’ikinege, ‘uwamuhimbara cane.’—Imigani 8:30; Yohana 3:16.
18. Twoshobora kwerekana gute ko ubwacu dushimira Yehova?
18 Ese ukuntu rero aya majambo y’umwanditsi wa zaburi ari ay’ukuri, ngo ‘Ni vyiza gushimira Yehova.’ (Zaburi 92:1) Muri ubwo buryo nyene, Paulo yaribukije Abakirisu b’i Tesalonike ati: “Mwame mukenguruka muri vyose.” (1 Ab’i Tesalonike 5:18; Abanyefeso 5:20; Ab’i Kolosayi 3:15) Umwe wese muri twebwe yoshobora kwiyemeza kurushiriza kuba uwushima. Amasengesho yacu si ngombwa ngo abe ayagizwe gusa n’ugusaba Imana ivyo dukeneye. Ivyo si bibi mu gihe bibereye. Ariko ibaze nka hamwe woba ufise umugenzi yama akuvugisha igihe gusa ari n’ico agukeneyeko! Wumva none tutonasenga Yehova tumushimira kandi tumushemeza gusa? Uzi ukuntu amasengesho mwene ayo ategerezwa kuba amuhimbara igihe yitegereje iyi si y’intashima! Ica kabiri tuhakura ni uko amasengesho mwene ayo ashobora kudufasha kubona canecane ibintu vyiza vyo mu buzima, bikatwibutsa ukuntu vy’ukuri twahezagiwe.
19. Ni mu buryo ki imvugo Paulo akoresha mu B’i Kolosayi 2:6, 7 yerekana ko twese twoshobora kubandanya kuryohora ibintu mu kuntu tugendana na Kirisitu?
19 Ntubona none ko mu murongo umwe w’Ijambo ry’Imana dushobora gukuramwo ubuyobozi bwinshi buranga ubwenge? Impanuro Paulo aduha ngo tubandanye kugendana na Kirisitu ni ikintu umwe wese akwiye kurondera gushira ku muzirikanyi. Nitwiyemeze rero ‘gushinga imizi muri Kirisitu,’ ‘twubakwe muri Kirisitu,’ ‘dushikamishwe mu kwizera,’ kandi tube ‘dusesekara ishimwe.’ Impanuro mwene iyo ni iya nkenerwa canecane ku babatijwe vuba. Mugabo twese iraturaba. Iyumvire ukuntu umuzi mukuru w’igiti uguma ukura uja mu kuzimu, n’ukuntu inzu iriko irubakwa iguma iduga. Ni ko ukugendana na Kirisitu kwacu kutigera kugira iherezo. Turakeneye gukura muri vyinshi. Yehova azodufasha anaduhezagire, kuko ashaka ko tuguma nantaryo tugendana na we hamwe n’Umwana wiwe akunda cane.
None Wokwishura Iki?
◻ Mu kugendera muri Kirisitu harimwo ibiki?
◻ ‘Gushinga imizi muri Kirisitu’ bisobanura iki?
◻ Twoshobora gute ‘kwubakwa muri Kirisitu’?
◻ Ni kuki ‘gushikamishwa mu kwizera’ ari ngirakamaro?
◻ Ni impamvu izihe dufise zotuma ‘dusesekara ishimwe’?
[Ifoto ku rup. 22]
Imizi y’igiti ishobora kuba itari ahabona, ariko irakironsa ibifungurwa kandi ikagishigikira ntikinyiganyige